ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bm igice 19 rup. 22
  • Yezu atanga ubuhanuzi bwoshikije ibintu bihambaye cane

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu atanga ubuhanuzi bwoshikije ibintu bihambaye cane
  • Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ivyo bijanye
  • Intumwa zisaba ikimenyetso
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ingene dushobora kumenya ko Harumagedoni iri hafi
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ku bijanye n’“umuhero”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ukuhaba kwa Kristu gusobanura iki kuri wewe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
bm igice 19 rup. 22
Yezu ari ku Musozi w’Imyelayo ariko araganira na bamwe mu ntumwa ziwe

IGIHIMBA CA 19

Yezu atanga ubuhanuzi bwoshikije ibintu bihambaye cane

Yezu aradondora ibintu bizoranga ukuhaba kwiwe mu bubasha bw’ubwami be n’insozero y’ivy’iyi si

IGIHE bane mu ntumwa za Yezu bari ku Musozi w’Imyelayo, aho bashobora kubona epfo ukuntu Yeruzalemu be n’urusengero rwaho biteye igomwe, baramubajije biherereye ku bijanye n’ibintu bimwebimwe yari avuze. Yezu yari ahejeje kuvuga ko urusengero rw’i Yeruzalemu rwosambuwe. Kandi imbere y’aho, yari yarababwiye ibijanye n’“insozero y’ivy’isi.” (Matayo 13:40, 49) Ico gihe izo ntumwa zabajije ziti: “Ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?”​—Matayo 24:3.

Mu nyishu Yezu yabahaye, yaravuze ivyoshitse imbere y’uko Yeruzalemu hasangangurwa. Ariko ivyo yavuze, vyari vyerekeye n’ibindi bintu bikomeye kuruta ivyo. Mu nyuma, ubwo buhanuzi bwiwe bwogize iranguka rihambaye kuruta kw’isi yose. Yezu yarabuye ibijanye n’ibintu vyobaye be n’ukuntu vyoba bimeze kw’isi, vyose hamwe bikaba vyobaye bigize ikimenyetso. Ico kimenyetso cokweretse abari kw’isi yuko ukuhaba kwa Yezu ari Umwami mw’ijuru, kwamaze gutangura. Mu yandi majambo, ico kimenyetso cokwerekanye ko Yehova Imana yamaze kwimika Yezu akaba Umwami w’ubwami yorongoye ari Mesiya bwari bumaze igihe bwarasezeranywe. Ico kimenyetso cobaye gisobanura ko ubwo Bwami bwimirije gukuraho ubukozi bw’ikibi maze bugatuma abantu baronka amahoro nyakuri. Rero, ivyo Yezu yavuze vyoranze imisi ya nyuma y’ivy’iyi si ishaje, ni ukuvuga ibintu vyo muri iki gihe bijanye n’amadini, ivya politike be n’ivyo mu kibano. Vyoranze kandi ko intango y’isi nshasha yegereje.

Mu gusigura ivyobaye kw’isi mu kiringo c’ukuhaba kwiwe ari Umwami mw’ijuru, Yezu yavuze ko hobaye intambara hagati y’ibihugu, amapfa, vya nyamugigima bikomakomeye be n’ibiza bikwiragiye hose. Ubugarariji bwogwiriye. Abigishwa ba Yezu b’ukuri bokwamamaje kw’isi yose inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana. Ivyo vyose vyoshitse ku rugero rw’agaheta mu gihe c’“amakuba akomeye” atigeze kubaho.—Matayo 24:21.

None abayoboke ba Yezu bomenye gute ko ayo makuba yegereje? Yezu yavuze ati: ‘Nimwigire ku giti c’umusukoni.’ (Matayo 24:32) Iyo amababi atanguye kunaga ku mashami y’umusukoni, vyerekana ko agatasi kegereje. Muri ubwo buryo nyene, igihe bobonye ivyo bintu vyose Yezu yavuze biriko birashika mu gihe kinaka, vyobaye ari ikimenyetso c’uko iherezo riri hafi. Nta wundi atari Data yomenye umusi nyezina be n’isaha amakuba akomeye yotanguriyeko. Ni co gituma Yezu yahimirije abigishwa biwe ati: “Mugume muri maso, kuko mutazi aho igihe cashinzwe kizogerera.”—Mariko 13:33.

​—Bivugwa muri Matayo ikigabane ca 24 n’ica 25; Mariko ikigabane ca 13; Luka ikigabane ca 21.

  • Intumwa za Yezu zifuza kumenya vyinshi ku vyerekeye iki?

  • Ikimenyetso Yezu yatanze casobanura iki, kandi ni ibiki vyobaye bikigize?

  • Ni impanuro iyihe Yezu yahaye abigishwa biwe?

IKIMENYETSO C’UKUHABA KWA KRISTU

Yezu yaravuze ko hobayeho ikimenyetso cokwerekanye ko igihe c’uko Imana ikuraho ivy’iyi si yononekaye cegereje. Kuva aho Intambara ya mbere y’isi yose ibereye, abantu bariboneye ivyo Yezu yari yaravuze ko vyobaye. Amahinduka ahambaye agirwa hirya no hino kw’isi, haba mu vy’idini, mu vya politike no mu vy’imibano, ariko atwerekeza mu buryo bwihuta kandi budakekeranywa kw’iherezo ry’ivy’iyi si. Yezu yigishije abayoboke biwe ko kugira ngo baze barokoke, bategerezwa ‘kuguma bari maso’ kandi bakagira ico bakoze ata gufyina kugira baje ku ruhande rw’Imana ku bijanye na ca kibazo c’uwukwiriye kugaba no kuganza.a​—Luka 21:36; Matayo 24:3-14.

a Niba wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye n’ubuhanuzi bwa Yezu, raba ibivugwa mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova, ku kigabane ca 9.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika