ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/2 rup. 21-25
  • Ukuhaba kwa Kristu gusobanura iki kuri wewe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuhaba kwa Kristu gusobanura iki kuri wewe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni ikiringo kirekire
  • Ibijanye no kumenya ico kimenyetso
  • Iyaruka ribona ico kimenyetso iryo ari ryo
  • “Mugume muteramye”
  • Ibibazo Biva ku Basomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • “Ubwami bwawe nibuze”
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Ubwami bw’Imana buzoza ryari?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ukuza kwa Yezu Canke Ukuhaba kwa Yezu—Dufate Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/2 rup. 21-25

Ukuhaba kwa Kristu gusobanura iki kuri wewe?

“Ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?”.​—MAT. 24:3.

1. Ni ikibazo gishimishije ikihe intumwa za Yezu zamubajije?

HARACIYE hafi imyaka ibihumbi bibiri zine mu ntumwa za Yezu zibajije ikibazo mu kiyago zagiranye n’uwo Shebuja wazo mu mwiherero ku Musozi w’Imyelayo. Zamubajije ziti: “Ivyo bintu bizoba ryari, kandi ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?” (Mat. 24:3). Muri ico kibazo, izo ntumwa zarakoresheje izi mvugo zibiri zishimishije: “ukuhaba kwawe” be n’“insozero y’ivy’isi”. None izo mvugo zerekeza ku ki?

2. Ijambo “insozero” ryerekeza ku ki?

2 Duhereye kuri iyo mvugo ya kabiri, reka turimbure ijambo “insozero”, rino rikaba ari ijambo rikoreshwa mu guhindura ijambo ry’ikigiriki syn·teʹlei·a. Mu Mpinduro y’isi nshasha, iryo jambo riguma rihindurwa ngo “insozero”, mu gihe ijambo ry’ikigiriki bifitaniye isano, ari ryo te’los, ryoryo rihindurwa ngo “umuhero”. Itandukaniro riri hagati y’insobanuro y’ayo majambo abiri rishobora kwerekanwa twihweje ibijanye n’insiguro itangwa ku Ngoro y’Ubwami. Insozero y’iyo nsiguro ni igice ca nyuma aho umushikirizansiguro amara umwanya mutoyi ariko aributsa abamwumviriza ivyo yariko araca irya n’ino, maze akerekana ingene nya mayagwa aberekeye. Ico twokwita umuhero ari ryo herezo ry’iyo nsiguro na co, ni igihe umushikirizansiguro aba avuye ku mukiruruko. Muri ubwo buryo nyene, nk’uko Bibiliya ibivuga, iyo mvugo “insozero y’ivy’isi” yerekeza ku kiringo gishikana ku muhero w’ivy’isi, n’uwo muhero nyene urimwo.

3. Ni ibintu bimwebimwe ibihe biba mu gihe c’ukuhaba kwa Yezu?

3 Ijambo “ukuhaba” izo ntumwa zakoresheje mu kibazo zabajije, ryoryo bite? Iryo ni ijambo rikoreshwa mu guhindura ijambo ry’ikigiriki pa·rou·siʹaa. Pa·rou·siʹa ya Kristu, ari kwo kuhaba kwiwe, yatanguye igihe Yezu yimikwa akaba Umwami mw’ijuru mu 1914 kandi irabandanya gushika muri ya “makuba akomeye”, igihe aza guhonya ababi (Mat. 24:21). Hari ibintu vyinshi bitandukanye biba mu gihe c’ukwo kuhaba kwa Yezu, muri ivyo hakaba harimwo “imisi ya nyuma” y’ivy’iyi si mbi, ivy’uko abatowe batororokanywa be n’uko bazurirwa ubuzima bwo mw’ijuru (2 Tim. 3:1; 1 Kor. 15:23; 1 Tes. 4:15-17; 2 Tes. 2:1). Vyoshobora kuvugwa yuko ikiringo kigize “insozero y’ivy’isi” (syn·teʹlei·a) ari ico kiringo nyene citwa ukuhaba kwa Kristu (pa·rou·siʹa).

Ni ikiringo kirekire

4. Ni mu buryo ki ukuhaba kwa Yezu gufitaniye isano n’ivyabaye mu gihe ca Nowa?

4 Iciyumviro c’uko ijambo pa·rou·siʹa ryerekeza ku kiringo kirekire kirahuza n’amajambo Yezu yavuze yerekeye ukuhaba kwiwe (Soma Matayo 24:37-39.). Urabona yuko Yezu atasanishije ukuhaba kwiwe n’ikiringo gisa na kigufi rya Segenya ryo mu gihe ca Nowa ryamaze. Ahubwo riho, yasanishije ukuhaba kwiwe n’ikiringo kirekire cane cashikanye kuri nya Segenya. Muri ico kiringo Nowa yarubatse ubwato yongera aramamaza inkuru nziza gushika igihe amaherezo nya Segenya ryashika. Ivyo bintu vyabaye mu myaka mirongo. Mu buryo nk’ubwo nyene, ukuhaba kwa Kristu kurimwo ibintu biba bishikana kuri ya makuba akomeye, n’ayo makuba nyene arimwo.​—2 Tes. 1:6-9.

5. Amajambo dusanga mu Vyahishuwe ikigabane ca 6 yerekana gute ko ukuhaba kwa Yezu ari ikiringo kirekire?

5 Hariho ubundi buhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekana neza yuko ukuhaba kwa Kristu kwerekeza ku kiringo kirekire uretse ukuba kwerekeza gusa ku kuza kwiwe kugira ngo ahonye ababi. Igitabu c’Ivyahishuwe kidondora Yezu ariko agendera kw’ifarasi yera kandi ahabwa urugori (Soma Ivyahishuwe 6:1-8.). Inyuma y’aho Yezu yambikiwe urugori akaba Umwami mu 1914, aradondorwa ko agenda “atsinda no kugira ngo anonosore intsinzi yiwe”. Iyo nkuru ica yerekana ko akurikirwa n’abagendera ku mafarasi y’amabara atandukanye. Mu buryo bw’ubuhanuzi, ivyo bigereranya intambara, amapfa n’ibiza, ivyo bintu vyose bikaba vyabaye mu kiringo kirekire kivugwa ko ari “imisi ya nyuma”. Turiko turabona iranguka ry’ubwo buhanuzi muri iki gihe cacu.

6. Mu Vyahishuwe ikigabane ca 12 hadufasha gute gutahura ibijanye n’ukuhaba kwa Kristu?

6 Mu Vyahishuwe ikigabane ca 12 haratanga ayandi makuru y’ido n’ido ajanye n’ishingwa ry’Ubwami bw’Imana mw’ijuru. Muri ico kigabane, dusoma ibijanye n’intambara ibera mu karere kataboneka k’impwemu. Mikaheli, uno akaba ari Yezu Kristu ari mu kibanza ciwe co mw’ijuru, be n’abamarayika biwe bararwanya wa Mubesheranyi n’amadayimoni yiwe. Ivyo bituma Shetani wa Mubesheranyi be n’isinzi ry’ayo madayimoni yiwe bakororerwa kw’isi. Buno rero, iyo nkuru ica itubwira ko wa Mubesheranyi afise inzigo nyinshi kubera yuko “azi ko afise igihe gito” (Soma Ivyahishuwe 12:7-12.). Biribonekeza rero ko ishingwa ry’Ubwami burongowe na Kristu mw’ijuru rikurikirwa n’ikiringo kirangwa n’‘amagorwa’ yiyongereye ashikira isi n’abayibako.

7. Zaburi igira kabiri ivuga ivyerekeye iki, kandi ni akaryo akahe kadondorwa muri iyo zaburi abantu bahabwa?

7 Zaburi igira kabiri na yo nyene iravuga mu buryo bw’ubuhanuzi ibijanye n’ukwimikwa kwa Yezu akaba Umwami ku Musozi Siyoni wo mw’ijuru (Soma Zaburi 2:5-9; 110:1, 2.). Ariko rero, iyo zaburi irerekana kandi yuko hariho ikiringo aho abategetsi b’isi be n’abatwarwa babo bahabwa akaryo ko kuyobokera ubutegetsi bwa Kristu. Barahanurwa ‘guca ubwenge’ no kwemera “kugīrwa inama”. Egome, muri ico gihe ‘abahungira [ku Mana] bose’, ivyo bakabigira mu gusukurira Yehova be n’uwo Mwami yagenye, ni bo baba ‘bahiriwe’. Gutyo rero, abo bantu bararonka akaryo ko kugira amahinduka akenewe mu gihe c’ukuhaba kwa Yezu ari mu bubasha bw’ubwami.​—Zab. 2:10-12.

Ibijanye no kumenya ico kimenyetso

8, 9. Ni bande boshoboye kumenya ikimenyetso c’ukuhaba kwa Kristu kandi bagatahura insobanuro yaco?

8 Igihe Abafarizayo babaza Yezu ibijanye n’igihe Ubwami bwoziye, yabishuye avuga ko butoje “bwibonekeza bimwe bitangaje”, nk’uko bashobora kuba baravyiyumvira (Luka 17:20, 21). Abatemera ntibobitahuye. Mbega nyene bobitahuye gute? Honyene, ntibanarushe bemera ko Yezu ari we yobaye Umwami wabo. Ni bande none boshoboye kumenya ikimenyetso c’ukuhaba kwa Kristu kandi bagatahura ico gisobanura?

9 Yezu yaciye avuga ko abigishwa biwe boshoboye kubona ico kimenyetso nka kurya nyene bobonye neza “umuravyo, mu kuravya kwawo, wakira mu gice kimwe munsi y’ijuru ugashika mu kindi” (Soma Luka 17:24-29.). Biri n’ico bivuze kubona muri Matayo 24:23-27 herekeza neza na neza kuri ico kimenyetso c’ukuhaba kwa Kristu.

Iyaruka ribona ico kimenyetso iryo ari ryo

10, 11. (a) Ni insobanuro iyihe yigeze gutangwa ku bijanye n’“iyaruka” rivugwa muri Matayo 24:34? (b) Abigishwa ba Yezu bashobora kuba baratahuye ata gukeka yuko ari bande bategerezwa kuba bari mu bagize iryo “yaruka”?

10 Iki kinyamakuru carigeze gusigura yuko mu kinjana ca mbere, “iri yaruka” rivugwa muri Matayo 24:34 ryasobanura ‘amasinzi y’Abayuda b’intigaya b’ico gihe’b. Iyo nsobanuro yasa n’iyumvikana kubera yuko ahandi hantu hose Yezu yakoresheje iryo jambo “iyaruka”, wasanga ryerekeza ku kintu kibi; kandi, mu kudondora iryo yaruka akenshi usanga yakoresha ijambo risigura ikintu kibi, nk’akarorero, yaravuze ko ari iyaruka “ribi” (Mat. 12:39; 17:17; Mrk. 8:38). Ku bw’ivyo rero, ku bijanye n’iranguka ryo mu gihe ca none, vyiyumviriwe ko Yezu yariko yerekeza kw’“iyaruka” ribi ry’abatemera bobonye ivyoranze “insozero y’ivy’isi” (syn·teʹlei·a) be n’umuhero wavyo (teʹlos).

11 Ni ivy’ukuri ko igihe Yezu yakoresha ijambo “iyaruka” mu buryo ryerekeza ku kintu kibi, yaba ariko abwira abantu babi bo mu gihe ciwe canke avuga ibiberekeye. Ariko none amajambo yavuze muri Matayo 24:34 yoba na yo nyene yategerezwa kuba yerekeza kuri abo bantu nyene? Niwibuke yuko bane mu bigishwa ba Yezu ari bo bari bamwegereye “biherereye” (Mat. 24:3). Kubera ko Yezu atakoresheje amajambo yerekeza ku kintu kibi igihe yabwira izo ntumwa ivyerekeye “iri yaruka”, zarashoboye gutahura ata gukeka yuko zo ubwazo hamwe n’abigishwa bagenzi bazo bobaye mu bagize iryo “yaruka” ritovuyeho “ivyo bintu vyose bitabaye”.

12. Amakikuro y’amajambo Yezu yavuze ahishura iki ku bijanye n’abo yariko yerekezako igihe yakoresha ijambo “iyaruka”?

12 Twoba twisunga iki kugira ngo dushike kuri ico ciyumviro? Tugishikako mu kurimbura twitonze amakikuro y’ico canditswe. Nk’uko vyanditswe muri Matayo 24:32, 33, Yezu yavuze ati: “Nimufatire ku kigereranyo c’igiti c’umusukoni muhigire iki kintu: Ishami ryaco rikiri rito iyo rikimara gutoha hanyuma rikazana amababi, muca mumenya yuko agatasi kari hafi. Na mwebwe nyene, nimwabona ivyo bintu vyose, muze mumenye ko ari hafi ku muryango” (Gereranya na Mariko 13:28-30; Luka 21:30-32.). Muri Matayo 24:34 na ho, dusoma duti: “Ni ukuri, ndababwiye yuko iri yaruka ritazogenda rivuyeho ivyo bintu vyose bitabaye”.

13, 14. Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko abigishwa ba Yezu bategerezwa kuba ari bo bari bagize “iyaruka” yerekejeko?

13 Yezu yavuze ko abigishwa biwe, abari bimirije gusigwa impwemu nyeranda, ari bo bari bakwiye kugira ivyo bahigiye baramutse babonye “ivyo bintu vyose” bibaye. Yezu rero ategerezwa kuba yariko yerekeza ku bigishwa biwe igihe yavuga aya majambo ati: “Iri yaruka [ntiri]zogenda rivuyeho ivyo bintu vyose bitabaye”.

14 Abo bigishwa ba Yezu bobaye batandukanye n’abatemera. Bobo ntibobonye gusa ico kimenyetso, ariko kandi botahuye n’insobanuro yaco. ‘Bokwigiye’ ku biranga ico kimenyetso maze ‘bakamenya’ insobanuro yavyo nyakuri. Botahuye neza na neza yuko “ari hafi ku muryango”. Ni ivy’ukuri ko Abayuda batemera be n’abakirisu basizwe b’abizigirwa, bose babonye mu kinjana ca mbere iranguka rigufi ry’amajambo ya Yezu, yamara abo bayoboke biwe basizwe ni bo bonyene ico gihe bashoboye kugira ico bigiye ku vyabaye, ni ukuvuga ko ari bo bashoboye gutahura insobanuro nyakuri y’ivyo babonye.

15. (a) Ni bande bagize “iyaruka” ryo mu gihe ca none Yezu yerekejeko? (b) Ni kubera iki bidashoboka ko duharura ikiringo nyezina “iri yaruka” rimara? (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 25.)

15 Muri iki gihe, abadafise ugutahura kwo mu buryo bw’impwemu biyumviriye ko ata “[k]wibonekeza bimwe bitangaje” kwabaye mu bijanye n’ikimenyetso cerekeye ukuhaba kwa Yezu. Bibaza ko ibintu vyose bibandanya biba nk’uko vyaba kera (2 Pet. 3:4). Abavukanyi ba Kristu basizwe b’abizigirwa, bano bakaba bagize umugwi wa Yohani wo mu gihe ca none, bobo baramenye ico kimenyetso nka kurya nyene boshoboye kubona umuravyo igihe urabije, bongera baratahura insobanuro nyakuri yaco. Bwa mugwi, abo basizwe ni bo bagize “iyaruka” ry’ababayeho mu gihe ca none ritazogenda rivuyeho “ivyo bintu vyose bitabaye”c. Ivyo bica vyerekana ko hari abavukanyi ba Kristu basizwe bazoba bakiri kw’isi ya makuba akomeye yari yaravuzwe niyatangura.

“Mugume muteramye”

16. Abigishwa ba Kristu bose bategerezwa gukora iki?

16 Ariko rero, hari n’ikindi gikenewe uretse ukumenya ico kimenyetso. Yezu yongeyeko ati: “Ico ndababwiye, ndakibwiye bose: Mugume muteramye” (Mrk. 13:37). Ivyo birahambaye cane kuri twebwe twese turiho muri iki gihe, twaba turi abasizwe canke abagize isinzi rinini. Imyaka 90 iramaze guhera kuva Yezu yimitswe akaba Umwami mw’ijuru mu 1914. Naho vyoba bigoye gute, dutegerezwa kwama twiteguye kandi tukaguma duteramye. Gutahura ko Kristu ari ho ari mu buryo butaboneka kandi ari mu bubasha bw’Ubwami, biradufasha kubigenza gutyo. Biradufasha kandi kuguma turi maso ku bijanye n’uko vuba agiye kuza kugira ngo ahonye abansi biwe “kw’isaha [tu]tiyumvira”.​—Luka 12:40.

17. Kuba dutahura ukuhaba kwa Yezu bikwiye gutuma twumva tumerewe gute, kandi ni umwiyemezo uwuhe dukwiye kugira?

17 Kuba dutahura insobanuro y’ukuhaba kwa Kristu biradufasha kurushiriza kubona ko ibintu vyihutirwa. Turazi yuko Yezu ari ho ari kandi ko yamaze gutangura kuganza mu buryo butaboneka ari Umwami mw’ijuru kuva mu 1914. Vuba agiye kuza kugira ngo ahonye ababi yongere agire ibintu vyinshi cane ahinduye kuri uwu mubumbe wose. Ku bw’ivyo rero, turakwiye kurushiriza kwiyemeza kugira uruhara twivuye inyuma muri ca gikorwa Yezu yabuye igihe yavuga ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze umuhero [teʹlos] uzoca uza”.​—Mat. 24:14.

[Utujambo tw’epfo]

a Insobanuro y’ijambo pa·rou·siʹa igaragarira mw’itandukaniro riri hagati y’amajambo ‘ukuhaba’ kw’intumwa Paulo be n’‘ukutahaba’ kwiwe akoreshwa mu 2 Abakorinto 10:10, 11 no mu Bafilipi 2:12. Niba wipfuza kumenya vyinshi kuri ivyo, raba igitabu Étude perspicace, Imbumbe ya 2, ku rupapuro rwa 648-651.

b Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 1995, ku rupapuro rwa 21-25, 29 (mu gifaransa ni ku rupapuro rwa 11-15, 19, 30-31).

c “Iri yaruka” ribaho mu kiringo gisa n’igihurirana n’ikiringo ibivugwa mw’iyerekwa rya mbere ryo mu Vyahishuwe bimara (Ivyah. 1:10–3:22). Ivyo bintu biranga umusi w’Umukama vyatanguye kuva mu 1914 bikaba bizobandanya gushika igihe uwa nyuma wo mu basizwe b’abizigirwa azopfa maze akazurwa.​—Raba igitabu La Révélation: le grand dénouement est proche!, ku rupapuro rwa 24, ingingo ya 4.

Wokwishura gute?

• Tumenya gute ko ukuhaba kwa Yezu ari ikiringo kirekire?

• Ni bande bamenya ikimenyetso c’ukuhaba kwa Yezu kandi bagatahura insobanuro yaco?

• Iyaruka ryo mu gihe ca none rivugwa muri Matayo 24:34 rigizwe na bande?

• Ni kubera iki bidashoboka ko duharura ikiringo nyezina “iri yaruka” rimara?

[Uruzitiro ku rup. 25]

Twoba dushobora guharura ikiringo “iri yaruka” rimara?

Ijambo “iyaruka” akenshi ryerekeza ku bantu b’imyaka itandukanye babayeho mu kiringo kinaka canke mu gihe haba ikintu kinaka. Nk’akarorero, muri Kuvayo 1:6 hatubwira hati: “Nuko Yosefu arapfa, n’abo bavukana bose barapfa, bo [“n’iryo yaruka ryose”, “NW”]”. Yozefu na benewabo bari bafise imyaka itandukanye, ariko bose bashikiwe n’ikintu kimwe kandi kibashikira mu kiringo kimwe. Muri “iryo yaruka” harimwo bamwebamwe muri benewabo na Yozefu bari bavutse imbere y’uko avuka. Bamwe muri abo barabandanije kubaho Yozefu amaze gupfa (Ita. 50:24). Abandi bo muri “iryo yaruka”, nka Benyamini, bavutse Yozefu yaramaze kuvuka kandi bashobora kuba barabandanije kubaho inyuma y’aho apfiriye.

Rero, igihe ijambo “iyaruka” rikoreshwa mu kwerekeza ku bantu babayeho mu kiringo kinaka, umwanya nyezina ico kiringo kimara ntushobora kumenyekana kiretse gusa igihe hoba hatanzwe aho ico kiringo kirangirira kandi kikaba atari kirekire birenze. Ku bw’ivyo, mu gukoresha iyi mvugo ngo “iri yaruka” nk’uko vyanditswe muri Matayo 24:34, Yezu ntiyabwiye abigishwa biwe uburyo bwobafashije kumenya igihe “imisi ya nyuma” yorangiriye. Ahubwo riho, yaciye ashimika ku vy’uko batoshoboye kumenya “uwo musi n’iyo saha”.​—2 Tim. 3:1; Mat. 24:36.

[Ifoto ku rup. 22]

Inyuma y’aho Yezu yambikiwe urugori akaba Umwami mu 1914, aradondorwa ko agenda “atsinda”

[Ifoto ku rup. 24]

‘Iri yaruka ntirizogenda rivuyeho ivyo bintu vyose bitabaye’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika