Ubwami bw’Imana buzoza ryari?
“MUKAMA, iki gihe ni ho ugira usubize ubwami Isirayeli?” (Ibikorwa 1:6). Intumwa zari zishashaye cane kumenya igihe Yezu yoshingiye Ubwami bwiwe. Muri iki gihe haciye nk’imyaka 2.000, abantu baracashashaye kumenya inyishu y’iki kibazo: Ubwami bw’Imana buzoza ryari?
Kubera ko Yezu yahisemwo yuko Ubwami buba co ciyumviro nyamukuru c’ivyo yigisha, uca witega ko yagize ico avuze kuri ico ciyumviro. Kandi nkako yarakivuze! Yaravuze akatari gake ibijanye n’ikiringo kanaka cashinzwe yise “ukuhaba” kwiwe (Matayo 24:37). Ukwo kuhaba kwiwe kurafitaniye isano rya hafi n’ishingwa ry’Ubwami arongoye ari Mesiya. None ukwo kuhaba ni iki? Reka turabe ibintu bine Bibiliya ihishura ku bijanye n’ukuhaba kwa Kristu.
1. Ukuhaba kwa Kristu kwotanguye haciye igihe kirekire cane apfuye. Yezu yaratanze ikigereranyo aho yigereranije n’umugabo “yafashe urugendo aja mu gihugu ca kure kwihesha ububasha bwa cami” (Luka 19:12). None ico kigereranyo c’ivy’ubuhanuzi carangutse gute? Urabona, Yezu yarapfuye hanyuma arazuka; mu nyuma yarafashe urugendo aja mu “gihugu ca kure”, ni ukuvuga mw’ijuru. Nk’uko yari yarabivuze mu kindi kigereranyo gisa n’ico, ukugaruka kwiwe mu bubasha bwa cami kwobaye gusa “haciye igihe kirekire”.—Matayo 25:19.
Haciye imyaka nk’ingahe Yezu aduze mw’ijuru, intumwa Paulo yanditse ati: “Uwo muntu [Yezu] yashikanye ikimazi kimwe ku bw’ibicumuro ibihe vyose hanyuma yicara iburyo bw’Imana, kuva ubwo ararindira gushika abansi biwe bagizwe nk’intebe y’ibirenge vyiwe” (Abaheburayo 10:12, 13). Rero, kuva Yezu ashitse mw’ijuru, haraciye igihe kirekire arindiriye kwimikwa. Ukwo kurindira amaherezo kwararangiye igihe Yehova Imana yimika Umwana wiwe akamugira Umwami w’Ubwami arongoye ari Mesiya, ubwari bwarasezeranywe kuva kera. Ico gihe ni ho ukuhaba kwa Kristu kwatangura. None abantu bari kw’isi, ubwo boba boshoboye kubona ico kintu gihambaye?
2. Ukwo kuhaba ntikubonwa n’amaso y’abantu. Niwibuke yuko Yezu yavuze ibijanye n’ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe (Matayo 24:3). Iyo ukuhaba kwiwe kuza kuba ari ukubonwa n’amaso y’abantu, ubwo ikimenyetso cobaye kigikenewe? Tubitangire akarorero: Iyumvire yuko ufashe urugendo ugiye kuratira ijisho ikiyaga. Woshobora kubona ivyapa vy’ibarabara bigenda bikuyobora aho giherereye. Ariko umaze gushika ku nkengera ugahagarara iruhande y’amazi, imbere yawe hari amazi ageza ibuheramaso, ubwo woba wokwitega kubona icapa cerekana aho ikiyaga giherereye canditseko n’ibidome bininibinini ngo “Ikiyaga”kiri ngaha? Oya nawe nu! Icapa cerekana amerekero y’ikintu, kandi ico kintu ushobora kukibona n’amaso yawe bitagoranye, wumva coba gikenerewe iki?
Yezu yaravuze ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe, atari kugira ngo yerekane ikintu abantu boshoboye kubona n’amaso yabo, ariko kugira ngo abafashe gutahura neza ikintu cari kubera mw’ijuru. Ni co gituma Yezu yavuze ati: “Ubwami bw’Imana ntibuzoza bwibonekeza bimwe bitangaje” (Luka 17:20). None, ico kimenyetso cokweretse gute ababa kw’isi ko ukuhaba kwa Kristu kwatanguye?
3. Ukuhaba kwa Yezu kworanzwe n’ibihe bidurumbanye cane ngaha kw’isi. Yezu yavuze ko ukuhaba kwiwe ari Umwami mw’ijuru, kworanzwe kw’isi n’intambara, amapfa, vya nyamugigima, ibiza be n’ubugarariji (Matayo 24:7-12; Luka 21:10, 11). Ni igiki cotumye haba ayo makuba yose? Bibiliya isigura yuko Shetani, we “mutware w’iyi si”, ishavu riniga kubera ko azi yuko asigaranye igihe gito cane, narirya ubu ukuhaba kwa Kristu ari Umwami kumaze gutangura (Yohani 12:31; Ivyahishuwe 12:9, 12). Ibimenyamenya nk’ivyo vyibonekeza vyerekana uburake bwa Shetani be n’ukuhaba kwa Kristu, vyarongerekanye cane muri iki gihe cacu. Canecane guhera mu 1914, umwaka abatohozakahise biyemerera ko ari ho hatanguye ihinduka rihambaye, ni ho ivyo bimenyamenya vyigaragaje ku rugero rutari bwigere rubaho, kandi kw’isi yose.
Ivyo vyose womengo ni amakuru mabi, ariko si ukwo biri. Vyerekana ko Ubwami burongowe na Mesiya ubu buriko buraganza mw’ijuru. Vuba, iyo ntwaro igiye kuganza iyi si yose. None, abantu boshoboye kumenya gute ibijanye n’ubwo Bwami kugira ngo bemere ubutegetsi bwabwo maze babe abatwarwa babwo?
4. Ukuhaba kwa Yezu kurangwa n’igikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose. Yezu yavuze yuko ukuhaba kwiwe kwobaye nk’uko “imisi ya Nowa”a yari imeze (Matayo 24:37-39). Nowa ntiyari umwubatsi w’ubwato gusa, yari n’“umwamamaji w’ubugororotsi” (2 Petero 2:5). Nowa yaraburiye abantu yuko urubanza rw’Imana rwari rwimirije. Yezu yavuze yuko abayoboke biwe bo kw’isi bobaye bariko barakora ikintu gisa n’ico mu gihe c’ukuhaba kwiwe. Yavuze imbere y’igihe ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze umuhero uzoca uza”.—Matayo 24:14.
Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Ubwami bw’Imana buzokuraho intwaro zose z’iyi si. Igikorwa co kwamamaza kirakangura abantu kugira babone yuko iyo ntwaro yo mw’ijuru iri hafi kugira ico ikoze, kikabaronsa bose akaryo ko guhunga agatikizo kimirije maze bakaba abatwarwa b’ubwo Bwami. Ikibazo gihambaye rero gica kiba iki: Uzovyakira gute?
Ubwami bw’Imana bwoba buzosobanura inkuru nziza kuri wewe?
Ubutumwa Yezu yigisha bwari ubujanye n’icizigiro ntangere. Inyuma ya bwa bugarariji bwo muri Edeni, ubu hakaba haciye imyaka ibihumbi, Yehova Imana yaratunganije ivyo gushinga intwaro izotuma ibintu bisubira mu buryo, igatuma abantu b’intahemuka basubira kumererwa nk’uko Imana yabishaka mu ntango, ni ukuvuga bakabaho ibihe bidahera mw’iparadizo ngaha kw’isi. Ni igiki coza ceza umutima kuruta kumenya ko iyo ntwaro yari yarasezeranywe kuva kera ubu iriko iraganza mw’ijuru? Ico si iciyumviro c’amayobera, gisiga ubwenge, ahubwo ni ukuri kuzima.
Ubu, Umwami yagenywe n’Imana ariko araganza hagati y’abansi biwe (Zaburi 110:2). Muri iyi si yononekaye yitandukanije n’Imana, Mesiya ariko arashitsa icipfuzo ca Se wiwe co kurondera abo bose bashaka kumenya Imana nk’uko iri koko be no kuyisenga “mu mpwemu no mu kuri” (Yohani 4:24). Icizigiro co kubaho ibihe bidahera munsi y’ubutegetsi bw’Ubwami bw’Imana kirashoboka ku bantu b’ubwoko bwose, ku bato canke abakuze be no ku bantu bakomoka mu miryango itandukanye (Ibikorwa 10:34, 35). Tukuremesheje kutagisha ako karyo keza igitangaza kari imbere yawe. Niwige ibijanye n’Ubwami bw’Imana ubu kugira ngo uze wibereho ibihe bidahera mu gihe c’ubutegetsi bwabwo bugororotse.—1 Yohani 2:17.
[Akajambo k’epfo]
a Amajambo Yezu yavuze aradufasha gukosora iciyumviro kitari co kiboneka mu kuntu impinduro zimwezimwe za Bibiliya zihindura ukutari ko ijambo “ukuhaba”. Impinduro zimwe zirihindura ngo “ukuza”, “umuzo” canke “ukugaruka”, izo nsobanuro zose zikaba zerekeza ku kintu gishika akanya gato. Mugabo urabona ko Yezu atasanishije ukuhaba kwiwe n’Umwuzure wo mu gihe ca Nowa, ico kikaba ari ikintu cabayeho rimwe, ahubwo ko yagusanishije n’“imisi ya Nowa”, ico kikaba cari ikiringo kitari gisanzwe. Cokimwe n’ico kiringo ca kera, ukuhaba kwa Kristu cobaye ikiringo abantu bobaye batwawe cane n’ibintu vyo mu buzima bwa misi yose, ku buryo batitaho imburi iriko iratangwa.
[Amafoto ku rup. 8, 9]
Amakuru mabi twumva buri musi yerekana ko himirije ibintu vyiza
[Abo dukesha ifoto ku rup. 8]
Igikoho gikorora indege: U.S. Army photo