ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yc icig. 1 rup. 4-5
  • Ibanga duhimbarwa no kumenya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibanga duhimbarwa no kumenya
  • Niwigishe abana bawe
  • Ivyo bijanye
  • Ibanga wobwira abandi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ibirimwo
    Be maso!—2018
  • Ibanga Abakirisu Batokwubahuka Kubika!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • «Ubukerebutsi bw’Imana butekeye mw’ibanga ryeranda»
    Niwiyegereze Yehova
Ibindi
Niwigishe abana bawe
yc icig. 1 rup. 4-5
Abamarayika bariko barumviriza igihe Yezu ariko arabwira abantu ivyerekeye Ubwami bw’Imana

ICIGWA CA 1

Ibanga duhimbarwa no kumenya

Hoba hari umuntu amaze kukubwira ikintu ariko ntakibwire abandi?—a Ico kintu citwa ibanga kubera ko abandi baba batakizi. Bibiliya iravuga ibijanye n’ibanga ridasanzwe ryitwa “ibanga ryeranda.” Ni ryeranda kuko riva ku Mana. Kandi ryitwa ibanga kubera ko abantu batari barizi. Mbere n’abamarayika baripfuza kumenya vyinshi ku biryerekeye. None urashaka kumenya iryo banga iryo ari ryo?—

Wibaza ko aba bamarayika bashaka kumenya iki?

Kera cane, Imana yararemye umugabo n’umugore ba mbere. Bitwa Adamu na Eva. Imana yarabahaye ahantu heza cane ho kuba hitwa umurima wa Edeni. Iyo Adamu na Eva bagamburukira Imana, bo hamwe n’abana babo bari gutuma isi yose iba Iparadizo ikamera nk’uwo murima wa Edeni. Kandi bari kuba mw’Iparadizo ibihe bidahera. None uribuka ico Adamu na Eva bakoze?—

Adamu na Eva baragambarariye Imana, kandi ni co gituma ubu tutaba mw’Iparadizo. Mugabo Imana yavuze ko izotuma isi yose iba nziza cane, abantu bose bakabaho ibihe bidahera kandi banezerewe. None yobigenjeje gute? Haraciye igihe kirekire abantu batazi ukuntu Imana yobigenjeje. Ryari ibanga.

Igihe Yezu yaza kw’isi, yarigishije abantu ibintu vyinshi ku bijanye n’iryo banga. Yavuze ko ryari ryerekeye Ubwami bw’Imana. Yezu yabwiye abantu gusenga basaba ngo ubwo Bwami buze. Buzotuma isi iba Iparadizo nziza cane.

Uraryohewe no kumenya iryo banga?— Niwibuke ko abagamburukira Yehova ari bo bonyene bazoba mw’Iparadizo. Bibiliya iratubwira inkuru nyinshi z’abagabo n’abagore bagamburukiye Yehova. Urashaka kubamenya?— Reka turabe bamwebamwe muri bo be n’ukuntu twomera nka bo.

SOMA MURI BIBILIYA YAWE

  • Mariko 4:11

  • 1 Petero 1:12

  • Itanguriro 1:26-28; 2:8, 9; 3:6, 23

  • Matayo 6:9, 10

  • Zaburi 37:11, 29

a Muri izi nkuru, uraza kubona akamenyetso nk’aka (—) kaza inyuma y’ibibazo bimwebimwe. Ico kiba ari igihe ciza co guhagarara ukareka umwana wawe akishura.

IBIBAZO:

  • Ni ibanga ridasanzwe irihe Bibiliya ivuga?

  • Ni kubera iki ubu tutaba mw’Iparadizo?

  • Ni igiki Yezu yigishije abantu ku bijanye n’iryo banga?

  • Ni igiki wokora kugira uzobe mw’Iparadizo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika