ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/12 rup. 30-31
  • Ibanga wobwira abandi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibanga wobwira abandi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ibirimwo
    Be maso!—2018
  • Ibanga duhimbarwa no kumenya
    Niwigishe abana bawe
  • Ibanga Abakirisu Batokwubahuka Kubika!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • «Ubukerebutsi bw’Imana butekeye mw’ibanga ryeranda»
    Niwiyegereze Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/12 rup. 30-31

Niwigishe abana bawe

Ibanga wobwira abandi

HARI uwoba amaze kukubwira ibanga?​—a Hariho ibanga nagomba kukubwira. Muri Bibiliya iryo banga ryitwa “rya banga ryeranda ryagumijwe mu gacerere igihe kirekire cane.” (Abaroma 16:25) Mu ntango, Imana ni yo yonyene yari izi iryo “banga ryeranda.” Reka turabe ingene Imana yabigenjeje kugira ngo abantu benshi bamenye iryo banga.

Mu gutangura, woba uzi ico ikintu ‘ceranda’ gisobanura?​— Ikintu ceranda gisobanura ikintu kidahumanye, kidasanzwe. Iryo banga rero ryitwa ibanga ryeranda kubera ko riva ku Mana, na yo ikaba idahumanye. Wibaza ko ari bande bipfuje kumenya iryo banga ridasanzwe?​— Ni abamarayika. Bibiliya ivuga iti: “Ivyo bintu nyene abamarayika baripfuza kuvyihweza bitonze.” Emwe, baripfuje gutahura iryo banga ryeranda.​—1 Petero 1:12.

Igihe Yezu yaza kw’isi, yaravuze ibijanye n’iryo banga ryeranda, aratangura no kurisigura. Yabariye abigishwa biwe ati: “Mwebwe mwarahawe kumenya ibanga ryeranda ry’ubwami bw’Imana.” (Mariko 4:11) Wabonye ico rya banga ryeranda ryerekeye?​— Ryerekeye Ubwami bw’Imana, ari na bwo Yezu yatwigishije gusenga dusaba!​—Matayo 6:9, 10.

Reka ubu na ho turabe ukuntu vyagenze ngo Ubwami bw’Imana bube ibanga “igihe kirekire cane.” Inyuma y’aho Adamu na Eva barengeye itegeko ry’Imana maze bakirukanwa muri rya tongo ryo muri Edeni, abasavyi b’Imana bahavuye bamenya ko Imana yari igifise umugambi wo gutuma isi yose iba Iparadizo. (Itanguriro 1:26-28; 2:8, 9; Yesaya 45:18) Baranditse ibijanye n’agahimbare abantu bokwironkeye kw’isi itwarwa n’Ubwami bw’Imana. Ariko rero, amakuru menshi y’ido n’ido ajanye n’ubwo Bwami yagumye ari ibanga gushika aho Yezu aziye kw’isi, agatangura kubisigura.​—Zaburi 37:11, 29; Yesaya 11:6-9; 25:8; 33:24; 65:21-24.

Ubu na ho nuzirikane ku bijanye n’Umutware aganza Ubwami bw’Imana. Woba uzi uwo Imana yacaguye ngo abe Umutware?​— Ni Umwana wayo, “Umuganwa w’amahoro” Yezu Kristu. Bibiliya ivuga iti: “Ubutware bwa kiganwa buzoba ku rutugu rwiwe.” (Yesaya 9:6, 7) Wewe na jewe tubwirizwa kwironsa “ubumenyi butagira amakosa bw’ibanga ryeranda ry’Imana, ari ryo Kristu.” (Abakolosayi 2:2) Turakeneye kumenya ko Imana yafashe ubuzima bw’umumarayika wa mbere (Umwana w’impwemu) yiremeye, ica ibushira mu nda ya Mariya. Uwo Mwana, uwari yahoze ari umumarayika w’ubushobozi, ni we Imana yarungitse kw’isi ngo yitange kugira dushobore kuronka ubuzima budahera.​—Matayo 20:28; Yohani 3:16; 17:3.

Ariko rero, hariho n’ibindi dukeneye kumenya ku bijanye n’iryo banga ryeranda uretse ukumenya gusa ko Imana yacaguye Yezu ngo abe Umutware w’Ubwami bwayo. Kimwe mu bigize iryo banga ryeranda ni uko hari abandi bazoba bari kumwe mw’ijuru na Yezu uwamaze kuzuka, hakazoba harimwo abagabo n’abagore. Bazotegeka bari kumwe na Yezu mw’ijuru!​—Abanyefeso 1:8-12.

Reka twihweze amazina ya bamwebamwe mu bazotegeka bari kumwe na Yezu mw’ijuru. Yezu yabwiye intumwa ziwe z’intahemuka ko yari agiye mw’ijuru kuzitegurira ikibanza. (Yohani 14:2, 3) Wihweje ivyanditswe bikurikira, uraza kubona amazina ya bake mu bagabo n’abagore bazotegeka bari kumwe na Yezu mu Bwami bwa Se.​—Matayo 10:2-4; Mariko 15:39-41; Yohani 19:25.

Igihe kirekire caraheze ata wuramenya igitigiri c’abazoganza bari kumwe na Yezu mw’ijuru, bari mu bagize Ubwami bwiwe. Mugabo ubu turazi ico gitigiri. Woba ukizi none?​— Bibiliya ivuga ko ari 144.000. Ico na co nyene ni kimwe mu bigize rya banga ryeranda.​—Ivyahishuwe 14:1, 4.

Woba wemera ko iryo “banga ryeranda ry’ubwami bw’Imana” ari ryo banga ryiza igitangaza kuruta ayandi yose uwo ari we wese yoshobora kumenya?​— Nimba uvyemera rero, reka tugerageze kwiga ivyo dushoboye vyose ku bijanye na ryo kugira ngo dushobore gusigurira ivyo bintu abantu benshi bashoboka.

a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.

IBIBAZO:

  • Rya banga twavuga ryitwa ngw’iki, kandi ni kubera iki ryitwa gutyo?

  • Iryo banga ni irihe, kandi ni nde yatanguye kwigisha abantu ibijanye na ryo?

  • Ibintu bimwebimwe bijanye n’iryo banga ryeranda wize ni ibihe?

  • Woshobora gute gusigurira umugenzi ibijanye na rya banga ryeranda?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika