ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 22 rup. 58-rup. 59 ing. 6
  • Abigishwa bane bazoba abarovyi b’abantu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abigishwa bane bazoba abarovyi b’abantu
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Abigishwa Bane Bahamagarwa
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yararwanye urugamba kugira ngo atsinde ubwoba n’ugukekeranya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yararwanije ubwoba n’ugukekeranya
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yezu yiyereka abarovyi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 22 rup. 58-rup. 59 ing. 6
Yezu ariko avugana na Petero, Andereya, Yakobo na Yohani ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya

IKIGABANE CA 22

Abigishwa bane bazoba abarovyi b’abantu

MATAYO 4:13-22 MARIKO 1:16-20 LUKA 5:1-11

  • YEZU AHAMAGARA ABIGISHWA NGO BAMUKURIKIRE BADAHENGESHANYA

  • ABAROVYI B’IFI BACIKA ABAROVYI B’ABANTU

Inyuma y’aho abantu b’i Nazareti bageragereje kumwica, Yezu aca yimukira mu gisagara ca Kaperinawumu, hafi y’Ikiyaga c’i Galilaya, kikaba citwa kandi “ikiyaga ca Genesareti.” (Luka 5:1) Ivyo birashitsa ubuhanuzi bwo mu gitabu ca Yesaya buvuga yuko abantu b’i Galilaya baba hafi y’ikiyaga bobonye umuco mwinshi.​—Yesaya 9:1, 2.

Ego cane, aho i Galilaya Yezu abandanya kumenyesha ko “ubwami bwo mw’ijuru bwegereje.” (Matayo 4:17) Yezu arabona bane mu bigishwa biwe. Bari bahoze bagendana na we, ariko igihe bagaruka bavuye i Yudaya, baciye basubira ku gikorwa cabo co kuroba. (Yohani 1:35-42) Ubu rero harageze ko bagumana na Yezu kugira abigishe ingene bazosigara barakora igikorwa co kwamamaza atakihari.

Igihe Yezu ariko aragendagenda ku nkengera y’ikiyaga, abona Simoni Petero na mwene wabo Andereya hamwe n’abandi bariko baroza insenga zabo. Yezu aregera akurira mu bwato bwa Petero, maze akamusaba kubusoza agana mu kiyaga. Bigiye imbere gato, Yezu aricara maze agatangura kwigisha ukuri kwerekeye Ubwami amasinzi y’abantu akoraniye ku nkengera y’ikiyaga.

Inyuma y’ivyo, Yezu abwira Petero ati: “Igira aho amazi agera kure, hanyuma muterere insenga zanyu murobe.” Petero yishura ati: “Mwigisha, twacumukuye ijoro ryose ntitwafata namba, mugabo ko ubitegetse ndamanura insenga.”​—Luka 5:4, 5.

Andereya, Yakobo na Yohani bariko banigana n’insenga bazikwegera mu bwato; Petero yikubita imbere ya Yezu

Baramanura insenga maze bagafata ifi nyinshi cane ku buryo insenga zitangura gutabuka! Ubwo nyene baca bahamagara bagenzi babo bari mu bwato buri hafi yabo ngo baze kubafasha. Mu kanya ubwo bwato bwose buruzura ifi ku buryo butangura kuzama. Petero ngo abibone, yikubita imbere ya Yezu avuga ati: “Va aho ndi, Mukama, kuko ndi umunyabicumuro.” Yezu amwishura ati: “Yaco utinya. Guhera ubu uzohora uroba abantu ari bazima.”​—Luka 5:8, 10.

Yezu abwira Petero na Andereya ati: “Nimunkurikire, nanje nzobagira abarovyi b’abantu.” (Matayo 4:19) Aratumira n’abandi barovyi babiri, ari bo Yakobo na Yohani, abahungu ba Zebedayo. Na bo nyene baca bamukurikira badatebaganye. Uko ari bane baraheba igikorwa cabo co kuroba, bakaba abigishwa ba mbere ba Yezu bagendana na we badahengeshanya.

  • Ni bande Yezu atora ngo bamukurikire badahengeshanya, kandi bahora bakora iki?

  • Ni igitangaro ikihe gitera ubwoba Petero?

  • Ni uburovyi bwoko ki abo bigishwa bane bagiye gutangura?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika