ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 22
  • Abigishwa Bane Bahamagarwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abigishwa Bane Bahamagarwa
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Abigishwa bane bazoba abarovyi b’abantu
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yararwanye urugamba kugira ngo atsinde ubwoba n’ugukekeranya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yararwanije ubwoba n’ugukekeranya
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yezu yiyereka abarovyi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 22

Ikigabane ca 22

Abigishwa Bane Bahamagarwa

INYUMA y’aho bageragereje kugandagura Yezu mu gisagara c’iwabo c’i Nazareti, arimuka aja mu gisagara c’i Kaperinawumu hafi y’Ikiyaga c’i Galilaya. Ivyo bishitsa ubundi buhanuzi bwa Yesaya. Ni bumwe bwavuga yuko abantu b’i Galilaya baba hambavu y’ikiyaga bobonye umuco munini.

Uko Yezu ashishikara igikorwa ciwe c’ugutwara umuco mu kwamamaza ivy’Ubwami aho hantu, abona bane mu bigishwa biwe. Abo bari bafatanije na we urugendo imbere yaho, ariko bari baciye bisubirira ku murimo wabo wo kuroba igihe bagarukana na Yezu bavuye i Yudaya. Yezu ubu bisa n’uko abarondera, kuko ari igihe c’uko aronka abamufasha batayegayega kandi badahorereza, abo ashobora kumenyereza ngo bazoshishikare uwo murimo niyamara kugenda.

Nuko, Yezu ariko agendagenda ku nkengera y’ikiyaga abona Simoni Petero na bagenziwe bariko boza insenga zabo, aja iyo bari. Yurira mu bwato bwa Petero amusaba kubusoza ngo buve ku nkombe. Bigiye kure y’inkombe gatoya, Yezu yicara muri bwa bwato atangura kwigisha amasinzi ari ku nkengera.

Inyuma y’ivyo, Yezu abwira Petero ati: “Igira mw idamba, muterere insenga zanyu murobe.”

Petero asubizayo ati: “Erega Mwigisha, twakesheje ijoro ryose twātamye, nta co twafashe: ariko kubg’ijambo ryawe ndaterera insenga.”

Igihe insenga zibijwe mu mazi, hafatwa umukimba munini w’amafi gushika n’aho insenga zitangura kuvudagurika. Ba bagabo baranyaragasa bākura bagenzi babo bari mu bwato hafi yabo ngo baze babafashe. Vuba, ubwo bwato bwompi bwuzura ifi nyinshi gushika n’aho butangura kuzama. Petero ivyo ngo abibone, yitura imbere ya Yezu, avuga ati: “Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’umunyavyaha.”

Yezu aramwishura ati: “Nta co utinya, uhereye none uzoroba abantu.”

Yezu atumira kandi Andereya mwenewabo na Petero. Arabahimiriza ati: “Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu.” Abarovyi bagenzi babo, ari bo Yakobo na Yohani bene Zebedayo, bahabwa ubwo butumire nyene, na bo nyene bitaba ata kugonanwa. Nuko abo bane baheba umurimo wabo w’ukuroba, bacika abayoboke bane ba mbere ba Yezu batayegayega kandi badahorereza. Luka 5:1-11; Matayo 4:13-22; Mariko 1:16-20; Yesaya 9:1, 2.

▪ Ni kubera iki Yezu ahamagara abigishwa biwe ngo bamukurikire, kandi abo ni bande?

▪ Ni igitangaro ikihe gitera ubwoba Petero?

▪ Ni uburovyi nyabaki Yezu atumirira abigishwa biwe kugira?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika