ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 26 rup. 66-rup. 67 ing. 7
  • “Ibicumuro vyawe birababariwe”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ibicumuro vyawe birababariwe”
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Asubiye Iwabo i Kaperinawumu
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ubwo Imana izombabarira?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Imana “yiteguriye kubabarira”
    Niwiyegereze Yehova
  • “Ibicumuro vyawe birababariwe”
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 26 rup. 66-rup. 67 ing. 7
Bazanira umuntu w’ikimuga Yezu bamucishije ahantu batoboye hejuru ku gisenge

IKIGABANE CA 26

“Ibicumuro vyawe birababariwe”

MATAYO 9:1-8 MARIKO 2:1-12 LUKA 5:17-26

  • YEZU ABABARIRA IBICUMURO UMUGABO AMUGAYE AKONGERA AKAMUKIZA

Abantu bo mu mihingo yose baramaze kwumva ivyerekeye Yezu. Benshi mbere baragira ingendo bavuye iyo catawe kugira bumvirize inyigisho ziwe bongere barabe ibitangaro akora. Ariko rero inyuma y’imisi mikeyi arasubira i Kaperinawumu, ikibanza nyamukuru aranguriramwo igikorwa ciwe. Inkuru y’uko yagarutse ntiteba gukwiragira muri ico gisagara kiri ku nkengera y’Ikiyaga c’i Galilaya. Ivyo bituma abantu benshi baza ku nzu arimwo. Muri bo harimwo Abafarizayo n’abigisha b’amategeko Imana yahaye Abisirayeli bavuye i Galilaya hose n’i Yudaya, tutibagiye n’i Yeruzalemu.

“Nuko abantu benshi bakoranira ng’aho, kugeza n’aho ata kibanza gisigara, habe no hambavu y’umuryango, hanyuma atangura kubabwira ijambo ry’Imana.” (Mariko 2:2) Ivyo biracira inzira ikintu gitangaje vy’ukuri. Ivyo biradufasha kubona ko Yezu afise ububasha bwo gukuraho umuzi w’ingorane z’abantu no gusubiza amagara meza abo ashatse bose.

Igihe Yezu ariko arigisha muri iyo nzu yuzuye abantu, abagabo bane barazana umuntu amugaye ku nderuzo. Bipfuza ko Yezu amukiza. Ariko kubera isinzi ry’abantu, ‘ntibashobora kumushikana aho Yezu ari.’ (Mariko 2:4) Iyumvire nawe ingene bibabaza! Nuko burira hejuru ku nzu maze bakurako ibisakazo. Baca bururutsa ya nderuzo iriko wa muntu amugaye.

Yezu yoba ashavuzwa n’uko bamuciriyemwo? Habe namba! Ukwizera kwabo kuramukora ku mutima cane, maze akabwira uwo mugabo amugaye ati: “Ibicumuro vyawe birababariwe.” (Matayo 9:2) Ariko none Yezu yoba ashoboye vy’ukuri kubabarira ibicumuro? Abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo ivyo baravyiyamiriza, bakiyumvira bati: “Kubera iki uyu mugabo avuga gutyo? Ararogose. Ni nde ashoboye kubabarira ibicumuro atari umwe, ari we Mana?”​—Mariko 2:7.

Yezu aramenya ivyo biyumvira, akababwira ati: “Kubera iki muriko mwiyumvira ivyo bintu mu mitima yanyu? Icoroshe ni ikihe? Ni ukubwira ico kimuga ngo: ‘Ibicumuro vyawe birababariwe,’ canke kuvuga ngo: ‘Haguruka utore inderuzo yawe utambuke’?” (Mariko 2:8, 9) Ego cane, yishimikije incungu azohava atanga, Yezu arashoboye kubabarira uwo mugabo ibicumuro vyiwe.

Yezu aca yereka iryo sinzi, harimwo n’abariko baramunebagura, ko afise ububasha bwo kubabarira ibicumuro mw’isi. Arahindukira akaraba nya mugabo amugaye, hama akamutegeka ati: “Ndabikubwiye: Haguruka, tora inderuzo yawe witahire.” Ubwo nyene uwo mugabo arahaguruka, agasohoka afise inderuzo yiwe bose bororera. Abantu barumirwa! Baninahaza Imana bati: “Ntitwari bwigere tubona ikintu nk’ico”!​—Mariko 2:11, 12.

Birahambaye kubona Yezu avuga ko ibicumuro bifitaniye isano n’indwara be n’uko kubabarirwa ibicumuro bifitaniye isano n’amagara meza. Bibiliya yigisha ko umuvyeyi wacu wa mbere Adamu yacumuye be n’uko twese twarazwe ingaruka z’icaha, ni ukuvuga indwara n’urupfu. Ariko mu gihe c’intwaro y’Ubwami bw’Imana, Yezu azobabarira ivyaha abantu bose bakunda Imana kandi bakayikorera. Ico gihe nta ndwara zizosubira kubaho.​—Abaroma 5:12, 18, 19.

  • Ni igiki gituma Yezu akiza umugabo amugaye i Kaperinawumu?

  • Bigenda gute ngo uwo mugabo ashikire Yezu?

  • Iyo nkuru itwigisha iki ku bijanye n’isano riri hagati y’igicumuro n’indwara, kandi ni icizigiro ikihe ivyo biduha?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika