ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 26
  • Asubiye Iwabo i Kaperinawumu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Asubiye Iwabo i Kaperinawumu
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • “Ibicumuro vyawe birababariwe”
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Igituma abantu barwara
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ubwo Imana izombabarira?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Gukora Ibikorwa Vyiza kw’Isabato
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 26

Ikigabane ca 26

Asubiye Iwabo i Kaperinawumu

GUSHIKA ubu Yezu aravugangwa hirya no hino, kandi abantu benshi baguma bagira ingendo bagashika mu bibanza vyiherereye Yezu arimwo. Ariko rero inyuma y’imisi mikeyi, agaruka i Kaperinawumu hampande y’Ikiyaga c’i Galilaya. Bidatevye inkuru ikwiragira mu gisagara yuko agarutse iwabo, kandi benshi baraza ku nzu arimwo. Abafarizayo hamwe n’abigisha b’Ivyagezwe baza bavuye kure, nk’i Yeruzalemu.

Ishengero ry’abantu ni rinini ku buryo ubwinjiriro buheba bukazima, kandi nta wundi muntu n’umwe yoronka aho aca ngo yinjire imbere. Hariteguriwe kuba ikintu c’igitangaza vy’ukuri. Ibintu bishika iki gihe birahambaye cane, kuko bidufasha gutahura yuko Yezu afise ububasha bwo gukuraho inyendamuvano y’umubabaro abantu barimwo hanyuma agasubiza amagara abo ahitamwo bose.

Bugingo Yezu ariko arigisha nya shengero, abagabo bane bazana kuri iyo nzu ikimuga ku nderuzo. Bashaka ko Yezu abakiriza umugenzi, ariko kubera iryo shengero, ntibashobora kwinjira. Ese ingene bivuna umutima! Yamara ntibarambirwa. Burira hejuru ku nzu, bahatobora ikirohori, bururutsa inderuzo iriko nya mugabo w’ikimuga, bamushikana hasi iruhande ya Yezu.

Yezu yoba ashavuzwa n’uko bamuciriyemwo? Habe namba! Ahubwo nyabuna atangajwe n’ukwizera bafise. Abwira nya kimuga ati: “Ivyaha vyawe urabihariwe.” Ariko Yezu arashoboye vy’ukuri guharira ivyaha? Abanyabwenge b’ivyanditswe si ko bibaza. Biyumvira mu mitima yabo bati: “N’iki gitumye uyo avuga artyo? Ararogose: ni nde ashobora guharira ivyaha, atar’umwe, ni we Mana?”

Yezu amenya ivyiyumviro vyabo, ababwira ati: “N’iki gitumye mwībūranya ivyo mu mitima yanyu? Icoroshe n’ikihe, n’ukubarira ikimuga, nt’Uhariwe ivyaha vyawe; canke n’ukukibarira, nti Vyuka, wikorere inderuzo yawe, ugende?”

Maze, Yezu arareka iryo shengero, ushizemwo n’abamunegura, ngo babone ikintu c’agatangaza kiza guhishura yuko afise ububasha bwo guharira ivyaha kw’isi, n’uko ari we muntu ahambaye kuruta ababayeho bose vy’ukuri. Ahindukirira ca kimuga, akibwiriza ati: “Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe.” Na we buno nyene arabigira, arisohokera afise ya nderuzo yiwe imbere yabo bose! Abo bantu barajorerwa, baninahaza Imana, ndetse barikugura bati: “Ntitwaribgabone ben’ibi”!

Woba wabonye yuko Yezu avuga ko ivyaha bifitaniye isano n’ukurwara, be n’uko uguharira ivyaha gufitaniye isano n’ukuronka amagara meza? Bibiliya irasigura yuko umuvyeyi wacu wa mbere Adamu yakoze icaha, n’uko twese twarazwe inkurikizi z’ico caha, ni ukuvuga ukurwara n’ugupfa. Ariko ku ngoma y’ubutegetsi bw’Ubwami bw’Imana, Yezu azoharira ivyaha vy’abo bose bakunda Imana kandi bakayisaba, hanyuma rero ukurwara kwose kuzokurwaho. Ese ukuntu ivyo bizoba ari vyiza! Mariko 2:1-12; Luka 5:17-26; Matayo 9:1-8; Abaroma 5:12, 17-19.

▪ Ibintu vyari vyifashe gute igihe haba ikintu c’agatangaza vy’ukuri?

▪ Vyagenze gute kugira ngo ca kimuga gishikire Yezu?

▪ Ni kubera iki twese turi abanyavyaha, ariko Yezu yatanze gute icizigiro c’uko uguharirwa ivyaha vyacu n’ukugira amagara y’agahore bishoboka?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika