Ikigabane ca 23
Igituma abantu barwara
WOBA uzi umuntu arwaye?— Rimwe na rimwe birashika ukarwara? Urashobora gufatwa n’ibicurane, canke ukaribwa mu nda. Abantu bamwebamwe barasinzikara. Ntibashobora mbere no guhagarara ata muntu abaseguye. Ivyo birakunda gushika igihe abantu bageze mu zabukuru.
Umwe wese ararwara rimwe na rimwe. Woba uzi igituma abantu barwara, bagasaza kandi bagapfa?— Umusi umwe, barazanye kuri Yezu umugabo atashobora gutambuka, maze Yezu arerekana igituma abantu barwara kandi bapfa. Reka ndakuyagire iyo nkuru.
Yezu yari acumbitse mu nzu imwe yo mu gisagara co mu micungararo y’Ikiyaga c’i Galilaya. Isinzi ry’abantu ryaraje kumuraba. Haje abantu benshi cane ku buryo ata nzira yaboneka abandi bocamwo ngo binjire mu nzu. Nta n’umwe yashobora mbere kwegera umuryango. Yamara, abantu baguma baza! Umugwi umwe w’abantu waje uzanye umugabo amugaye, adashobora no gutambuka. Vyasaba ko abagabo bane bamurerura ku nderuzo.
Woba uzi igituma bashaka kuzana kuri Yezu uwo mugabo arwaye?— Barizera yuko Yezu yoshobora kumufasha. Bemera yuko Yezu yoshobora kumukiza iyo ndwara. Woba uzi ingene babigenjeje kugira ngo bashikane uwo mugabo amugaye kuri Yezu, kandi muri iyo nzu hari huzuye abantu?—
Ishusho ubona ngaha irerekana ukuntu babigenjeje. Ubwa mbere, buriranye uwo mugabo hejuru ku gisenge. Cari igisenge gishashe. Maze baciye batobora umwenge munini muri ico gisenge. Amaherezo, baramanuye inderuzo uwo mugabo arwaye aryamyeko, bayicishije muri nya mwenge, bamushikana hasi muri ico cumba. Ese ukuntu bari bafise ukwizera gukomeye!
Abantu bose bari muri iyo nzu, baratangaye babonye ibibaye. Uwo mugabo amugaye yari ku nderuzo, bagiye babona abamanukamwo hagati. Yezu yoba yarashavuye igihe yabona ivyo abo bantu bakoze?— Nta na gato! Yaranezerejwe no kubona ingene bafise ukwizera. Yaciye abwira uwo mugabo w’ikimuga ati: “Ivyaha vyawe urabihariwe”.—Ni twe tubihiritse.
Yezu yabwiye wa mugabo amugaye gukora iki?
Hari abantu bamwebamwe bibajije ko bitari bibereye yuko Yezu avuga atyo. Ntibibaza ko yoshobora guharira ivyaha. Kugira rero Yezu yerekane ko ashoboye vy’ukuri guharira ivyaha, yabwiye uwo mugabo ati: “Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe”.
Iki gitangaro kitwigishije iki?
Yezu avuze ivyo, uwo mugabo aca arakira! Ntiyari akiri ikimuga. Ico gihe yari ashoboye guhagarara ata wumuseguye, kandi agatambuka. Abantu babonye ico gitangaro barajorewe. Kuva babaho ntibari bwigere babona ikintu gitangaje nk’ico! Barashemeje Yehova kubera yabahaye uyo Mwigisha Ahambaye, uwashobora no gukiza abantu indwara zabo.—Mariko 2:1-12.
Ico gitangaro tucigirako iki?— Twiga yuko Yezu afise ububasha bwo guharira ivyaha no gukiza abarwaye. Mugabo, turacigirako ikindi kintu, ikintu gihambaye cane. Twiga yuko abantu barwara kubera icaha.
Vyagenze gute ngo twese tube abanyavyaha?
Kubera yuko rimwe na rimwe twese turwara, vyoba bisobanura yuko twese turi abanyavyaha?— Ego cane, Bibiliya ivuga yuko twese tuvukana icaha. Woba uzi ico kuvukana icaha bisobanura?— Bisobanura yuko tuvuka turi abanyagasembwa. Rimwe na rimwe turakora ibintu bibi naho tubikora tutabishaka. Vyagenze gute kugira ngo twese tugire icaha?—
Twavukiye mu caha kubera yuko umugabo wa mbere Adamu atagamburukiye Imana. Yaracumuye igihe yarenga kw’itegeko ry’Imana. Maze twese Adamu aba aturaze icaha. Woba uzi ingene yatwanduje icaha? Reka ngerageze kubigusigurira mu buryo ushobora gutahura.
Kumbure uramaze kubona umuntu ariko yotsa imikate mw’iforoma. Imikate yoza imeze gute mu gihe iforoma ifise ahantu ihomberanye? Woba uzi uko yoza imeze?— Aho hantu hahomberanye hoza haratuma imikate yose yokejwe muri iyo foroma iza ihomberanye, si ko?—
Adamu yari ameze nk’iyo foroma, natwe tukaba tumeze nk’uyo mukate. Yacitse umunyagasembwa igihe yarenga kw’itegeko ry’Imana. Ni nk’aho hari ahantu yari ahomberanye. Yibarutse ibibondo, vyobaye bimeze gute?— Abana biwe bose bogize ako kanenge nyene k’agasembwa.
Abana benshi ntibavuka bafise agasembwa kagaragara ushobora kubona. Nk’akarorero, ntibafise ukuguru kumwe canke ukuboko kumwe. Mugabo, agasembwa bafise kaba gakomeye ku buryo barwara impera n’imperuka bagapfa.
Icaha cacu nicakurwaho, tuzogira amagara ameze gute?
Nk’uko tubizi, hari abantu usanga barwaragurika kuruta abandi. Kubera iki? Kwoba ari kubera yuko bavukana ivyaha biruta ivy’abandi?— Ekaye, abantu bose bavukana icaha kingana. Twese tuvuka turi abanyagasembwa. Bitebe bitebuke, umuntu wese azorwara indwara kanaka. Mbere n’abantu bagerageza kugamburuka amategeko yose y’Imana kandi ntibakore ibintu bibi, bazorwara.
None, ni kubera iki abantu bamwe barwaragurika kuruta abandi?— Imvo zibitera ni nyinshi. Vyoshobora guterwa n’uko ata bifungurwa bihagije baronka. Canke bashobora kuba badafungura imfungurwa zibereye. Ikindi gishobora kuba kibitera ni uko bashobora guterama cane, ntibaronke umwanya uhagije wo kuryama. Canke bashobora kuba batambara impuzu zisusurutsa imbere yo gusohoka, igihe hakanye. Imibiri y’abantu bamwebamwe usanga ari magaramake, ku buryo idashobora kurwanya indwara, naho bokwitwararika umubiri wabo gute.
Hoba hari igihe tutazoba tukirwara? Hoba hari igihe tuzoba twakuweko icaha?— Yezu yakoreye iki wa mugabo w’ikimuga?— Yezu yaramuhariye ivyaha maze aramukiza. Muri ubwo buryo, Yezu yarerekanye ico umusi umwe azokorera abantu bose bagerageza kwihata gukora ibigororotse.
Nitwagaragaza ko tudashaka gukora icaha, be n’uko twanka ikibi, Yezu azodukiza. Mu gihe kiri imbere azodukurako agasembwa dufise ubu. Ivyo azobigira igihe azoba ari Umwami wo mu Bwami bw’Imana. Icaha ntikizokurwa kuri twebwe bukwi na bukwi. Kizogenda kirakurwaho buhorobuhoro mu kiringo kinaka. Maze, amaherezo icaha nicamara kutuvako, ntituzosubira kurwara. Twese tuzogira amagara atagira agasembwa. Ese ukuntu azoba ari umuhezagiro ukomeye!
Kugira ngo umenye vyinshi ku vyerekeye ukuntu icaha kigira ico gikoze kuri umwumwe wese, soma Yobu 14:4; Zaburi 51:5; Abaroma 3:23; 5:12; na 6:23.