ICIGWA CA 37
Yehova avugana na Samweli
Umuherezi mukuru Eli yari afise abahungu babiri b’abaherezi bakorera kw’ihema ryeranda. Umwe yitwa Hofuni, uwundi Finehasi. Abo bahungu ntibagamburukira Yehova kandi bafata abantu nabi cane. Igihe Abisirayeli baba bazaniye ibimazi Yehova, Hofuni na Finehasi baca bitorera inyama nzizanziza bakazitwara. Eli yarumvise ivyo abahungu biwe bakora, ariko ntiyabahanuye. None Yehova yoba yari kubireka gutyo?
Naho Samweli yari muto cane kuri Hofuni na Finehasi, ntiyabiganye. Yehova yarashima Samweli. Umusi umwe mw’ijoro Samweli aryamye, yarumvise ijwi rimuhamagara. Yaciye avyuka, yiruka iyo Eli ari, amubwira ati: ‘Sabwe!’ Ariko Eli yamubwiye ati: ‘Sinaguhamagaye. Subira kuryama.’ Samweli yaciye asubira kuryama. Rya jwi ryarongeye kumuhamagara. Samweli yumvise iryo jwi ubugira gatatu, Eli yaciye amenya ko ari Yehova yariko arahamagara Samweli. Yabwiye Samweli ko asubiye kwumva iryo jwi, yoca avuga ati: ‘Mbwira Yehova. Jewe umusavyi wawe ndiko ndumviriza.’
Samweli yarasubiye kuryama. Haciye akanya, yagiye yumva ijwi rimuhamagara riti: ‘Samweli! Samweli!’ Na we yishura ati: ‘Mbwira, kuko jewe umusavyi wawe ndiko ndumviriza.’ Yehova yaciye amubwira ati: ‘Bwira Eli ko ngomba kumuhana n’umuryango wiwe. Arazi ko ivyo abahungu biwe bakorera kw’ihema ryanje ryeranda ari bibi, ariko nta co abagira.’ Bukeye, Samweli yaruguruye imiryango ija kw’ihema ryeranda nk’uko yama abigira. Yaratinye kubwira umuherezi mukuru ivyo Yehova yari yamubwiye. Mugabo Eli yaramuhamagaye amubaza ati: ‘Mwananje, Yehova yakubwiye ibiki? Bimbwire vyose.’ Samweli yaciye abimubwira vyose.
Yehova yagumye ari kumwe na Samweli uko yagenda arakura. Mu gihugu cose, Abisirayeli bose bari bazi ko Yehova yatoye Samweli ngo abe umuhanuzi n’umucamanza.
«Niwibuke rero Umuremyi wawe ahambaye mu misi y’ubuto bwawe.»—Umusiguzi 12:1