ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 37 rup. 90-rup. 91 ing. 1
  • Yehova avugana na Samweli

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova avugana na Samweli
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Samweli yarumira ku bigororotse
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • ‘Yabandanije gukurira imbere ya Yehova’
    Niwigane ukwizera kwabo
  • ‘Yabandanije gukurira imbere ya Yehova’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Samweli yagumye akora ibintu vyiza
    Niwigishe abana bawe
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 37 rup. 90-rup. 91 ing. 1
Samweli ariko arugurura imiryango y’ihema ryeranda

ICIGWA CA 37

Yehova avugana na Samweli

Umuherezi mukuru Eli yari afise abahungu babiri b’abaherezi bakorera kw’ihema ryeranda. Umwe yitwa Hofuni, uwundi Finehasi. Abo bahungu ntibagamburukira Yehova kandi bafata abantu nabi cane. Igihe Abisirayeli baba bazaniye ibimazi Yehova, Hofuni na Finehasi baca bitorera inyama nzizanziza bakazitwara. Eli yarumvise ivyo abahungu biwe bakora, ariko ntiyabahanuye. None Yehova yoba yari kubireka gutyo?

Naho Samweli yari muto cane kuri Hofuni na Finehasi, ntiyabiganye. Yehova yarashima Samweli. Umusi umwe mw’ijoro Samweli aryamye, yarumvise ijwi rimuhamagara. Yaciye avyuka, yiruka iyo Eli ari, amubwira ati: ‘Sabwe!’ Ariko Eli yamubwiye ati: ‘Sinaguhamagaye. Subira kuryama.’ Samweli yaciye asubira kuryama. Rya jwi ryarongeye kumuhamagara. Samweli yumvise iryo jwi ubugira gatatu, Eli yaciye amenya ko ari Yehova yariko arahamagara Samweli. Yabwiye Samweli ko asubiye kwumva iryo jwi, yoca avuga ati: ‘Mbwira Yehova. Jewe umusavyi wawe ndiko ndumviriza.’

Samweli ariko arabwira Eli ivyo Yehova yamubwiye

Samweli yarasubiye kuryama. Haciye akanya, yagiye yumva ijwi rimuhamagara riti: ‘Samweli! Samweli!’ Na we yishura ati: ‘Mbwira, kuko jewe umusavyi wawe ndiko ndumviriza.’ Yehova yaciye amubwira ati: ‘Bwira Eli ko ngomba kumuhana n’umuryango wiwe. Arazi ko ivyo abahungu biwe bakorera kw’ihema ryanje ryeranda ari bibi, ariko nta co abagira.’ Bukeye, Samweli yaruguruye imiryango ija kw’ihema ryeranda nk’uko yama abigira. Yaratinye kubwira umuherezi mukuru ivyo Yehova yari yamubwiye. Mugabo Eli yaramuhamagaye amubaza ati: ‘Mwananje, Yehova yakubwiye ibiki? Bimbwire vyose.’ Samweli yaciye abimubwira vyose.

Yehova yagumye ari kumwe na Samweli uko yagenda arakura. Mu gihugu cose, Abisirayeli bose bari bazi ko Yehova yatoye Samweli ngo abe umuhanuzi n’umucamanza.

«Niwibuke rero Umuremyi wawe ahambaye mu misi y’ubuto bwawe.»​—Umusiguzi 12:1

Ibibazo: Samweli yoba yari ameze nka Hofuni na Finehasi? Ni ibiki Yehova yabwiye Samweli?

1 Samweli 2:12-17, 22-26; 3:1-21; 7:6

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika