ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 81 rup. 190-rup. 191 ing. 2
  • Insiguro yo ku musozi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Insiguro yo ku musozi
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Igituma Yezu yari Umwigisha Ahambaye
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Tubandanye gukora iciza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • “Nabise abagenzi”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Urakeneye Kwiga Ivyerekeye Imana
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 81 rup. 190-rup. 191 ing. 2
Yezu ariko arashikiriza abantu benshi ya nsiguro yo ku musozi

ICIGWA CA 81

Insiguro yo ku musozi

Yezu ahejeje gutora za ntumwa 12, yaciye amanuka umusozi aja ahantu hari hakoraniye abantu benshi. Bari baje bava i Galilaya, i Yudaya, i Tiro, i Sidoni, muri Siriya no hakurya ya Yorodani. Bari bazanye abantu barwaye ingwara zitandukanye harimwo n’abarwaye amadayimoni. Bose Yezu yarabakijije. Yaciye yicara atangura kubigisha. Yaravuze ivyo dutegerezwa gukora kugira tube abagenzi b’Imana. Dutegerezwa gutahura ko dukeneye kumenya Yehova kandi tukamukunda. Ariko ntidushobora gukunda Imana nimba tudakunda abantu nkatwe. Ntidukwiye kurenganya abandi, kandi dutegerezwa kugirira neza abantu bose, mbere n’abatwanka.

Yezu yavuze ati: ‘Ntimukwiye gukunda abagenzi banyu gusa. Murakwiye gukunda n’abansi banyu kandi mugaharira abandi bivuye ku mutima. Hagize uwugushavurira, nuce ugenda umusabe ikigongwe. Nimufate abandi nk’uko mushaka ko na bo babafata.’

Yezu ariko arashikiriza abantu benshi ya nsiguro yo ku musozi

Yezu yarabahaye kandi impanuro nziza ku bijanye n’amahera. Yavuze ati: ‘Kuba umugenzi wa Yehova biraruta kugira amahera menshi. Umusuma yoshobora kwiba amahera yawe ariko nta n’umwe ashobora kwiba ubugenzi ufitaniye na Yehova. Ntimugume mwiganyira ngo tuzorya iki, tuzonywa iki canke tuzokwambara iki? Nimurabe inyoni. Imana yama izigaburira. Kwiganyira ntibica bituma mubaho igihe kirekire. Nimwibuke ko Yehova azi ivyo mukeneye.’

Abo bantu ntibari bwigere bumva umuntu yigisha nka Yezu. Abakuru b’amadini yabo ntibari bwabigishe ibintu nk’ivyo. None ni kubera iki Yezu yigisha neza? Ni kubera ivyo yigisha yabikura kuri Yehova.

«Nimwikorere ingogo yanje kandi munyigireko, kuko nitonda kandi nicisha bugufi, namwe muzokwumva muruhuriwe.»​—Matayo 11:29

Ibibazo: Dutegerezwa gukora iki kugira tube abagenzi ba Yehova? Yehova ashaka ko dufata abandi gute?

Matayo 4:24–5:48; 6:19-34; 7:28, 29; Luka 6:17-31

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika