URURIRIMBO RWA 105
“Imana ni urukundo”
Integuro icapuwe
1. Imana kw’ar’urukundo
‘Tuzogendana na yo.’
Nimba turi n’urukundo
Tuzokorana na yo.
Ni ho tworonk’ubuzima,
Bwa bundi turondera.
Urukundo nk’urwa Kristu
Ni rwo tuzogendera.
2. Gukund’ukuri n’Imana
Bituma dukundana.
Yiteguye kudufasha
Mu gihe vyogorana.
Urukundo rurenzako;
Ntaho rugir’ishari.
Twikundir’abavukanyi
Twirind’uburakari.
3. Inzika ntikadutware;
Ntituyih’ikibanza.
Yehova natuyobore,
Twemere kw’atuganza.
Twikundir’Imana yacu
Hamwe n’abantu nkatwe.
Twamane rer’urukundo
Kukw’ari co twasabwe.
(Raba kandi Mrk. 12:30, 31; 1 Kor. 12:31–13:8; 1 Yoh. 3:23.)