ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • th icigwa 18 rup. 21
  • Gushikiriza amakuru yigisha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gushikiriza amakuru yigisha
  • Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Ivyo bijanye
  • Gushwashwanuka
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Insiguro Iri n’Ico Yigisha Abakwumviriza
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gukora ku mutima abakwumviriza
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Kwerekana akamaro k’ivyo wigisha
    Niwijukire gusoma no kwigisha
Ibindi
Niwijukire gusoma no kwigisha
th icigwa 18 rup. 21

ICIGWA CA 18

Gushikiriza amakuru yigisha

Icanditswe

1 Abakorinto 9:19-23

INCAMAKE: Nutume abakwumviriza bazirikana ku vyo uriko urababwira ku buryo bumva ko bize ikintu c’ingirakamaro.

UKO WOBIGIRA:

  • Nuzirikane ivyo abakwumviriza basanzwe bazi. Aho gusubiramwo gusa ivyo bamaze kwumva, nutume babona ico ciyumviro mu buryo bushasha.

    Inama ngirakamaro

    Ivyiyumviro bamenyereye nubiceko urengana, ariko utebe ku vyiyumviro bishasha.

  • Nugire ubushakashatsi kandi uzirikane. Igihe bishoboka, nukoreshe ibintu badakunze kwumva canke ibintu biherutse kuba kugira usigure ivyiyumviro nyamukuru. Nuzirikane cane ku kiganiro uzoshikiriza hamwe n’isano gifitaniye n’uburorero utegekanya gukoresha.

    Inama ngirakamaro

    Igihe utegura ikiganiro cawe, nuzirikane bigera kure mu kwibaza utubazo nk’utu: ‘igiki? kuki? ryari? hehe? nde? be na gute?’ Nuryoshe ikiganiro cawe mu kuza urabaza tumwetumwe muri utwo tubazo wongera utwishura.

  • Nubereke ko ivyo uvuga bibafitiye akamaro. Nubereke ukuntu ivyiyumviro bishingiye ku Vyanditswe vyobafasha mu buzima bwa misi yose. Nuvuge ibintu, inyifato be n’ibikorwa babona ko bihambaye.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika