22 YONATANI
Yaragize umutima rugabo aranka guhemukira umugenzi
ABAGABO babiri bafise ibirwanisho bariko baraduga bukebuke umusozi uhanamye. Bagiye gutera abasoda benshi b’Abafilisitiya. Umwe muri abo bagabo babiri ni Yonatani umuhungu wa Sawuli umwami wa mbere wa Isirayeli. Ari kumwe n’umusore w’umutima rugabo amutwaza ibirwanisho. Yonatani yari yamuremesheje ngo amukurikire baje kurwanya Abafilisitiya. Yamubwiye ati: «[Nta] cobuza Yehova gukiza akoresheje benshi canke bakeyi.» Yehova ntiyatevye kwerekana ko ivyo Yonatani yavuze ari ukuri. Yarafashije abo bagabo 2 kwica abasoda 20! Ivyo vyaraciriye inzira intsinzi ikomeye Abisirayeli batahukanye.
Iyo nkuru irerekana ingene Yonatani yari afise umutima rugabo udasanzwe. Ariko uwo mutima rugabo yarawugaragaje no mu bindi bihe vyinshi mu buzima bwiwe. Yari intahemuka kandi akenshi umuntu arakenera umutima rugabo kugira abe intahemuka. Yonatani ntiyigeze ahemukira se wiwe Sawuli, mugabo Sawuli yahavuye ahinduka aragambararira Yehova. Ariko imbere ya vyose, Yonatani yari akeneye umutima rugabo kugira agume ari intahemuka kuri Yehova.
Igihe Yonatani yari afise imyaka nka 50, yarabaye umugenzi wa Dawidi. Dawidi yari ahejeje kwica ikigatanya c’Umufilisitiya citwa Goliyati. Nta gukeka ko ivyo vyatumye Sawuli n’abandi bantu bose bashimagiza Dawidi. None Yonatani yavyakiriye gute? Ntiyamugiriye ishari. Ahubwo yaciye amuha inkota yiwe, umuheto wiwe n’umukaba wiwe kugira aze arabikoresha mu ntambara. Uwo muheto yari ingabire idasanzwe kubera ko Yonatani yari yarabaye umuhanga mu kuwurasisha imyampi. Naho Yonatani yarusha Dawidi nk’imyaka 30, barasezeranye kuguma ari abagenzi ibihe vyose kandi barashikije iryo sezerano.
Yonatani yabwirijwe gushira imbere kudahemukira Imana kuruta kudahemukira se wiwe
Mu ntango na Sawuli yarakunda Dawidi. Ariko yahavuye amugirira ishari, atangura kumwanka. Yashaka ko na Yonatani yanka Dawidi. Mugabo Yonatani ntiyigeze ahemukira umugenzi wiwe Dawidi, naho Yehova yari yahisemwo Dawidi ngo azosubirire Sawuli ku ngoma aho guhitamwo Yonatani. Igihe Sawuli yavuga ko agomba kwica Dawidi, Yonatani yaraburaniye uwo mugenzi wiwe. Ivyo vyamusavye umutima rugabo udasanzwe. Uti kubera iki? Kubera ko naho Sawuli yari yitereye mu myaka, yari akiri umurwanyi akomeye. Igihe kimwe Yonatani yaraburaniye Dawidi, Sawuli aca aramutera icumu ngo amwice kandi yari umuhungu wiwe! Naho iryo cumu ritamufashe, Yonatani yarababajwe cane n’ico kintu. Yaciye aja aho Dawidi ari aramubwira ko Sawuli yiyemeje kumwica. Emwe Yonatani yari umugenzi wa Dawidi w’intahemuka. Yonatani kandi yarasavye Dawidi ngo azokwitwararike umuryango wiwe nivyashika agapfa.
Kubera ko Sawuli yagumye arondera kwica Dawidi, Dawidi yahavuye ahunga. Sawuli n’ingabo ziwe bagumye bahiga Dawidi bica biba ngombwa ko aguma yinyegeza mu bibanza bitandukanye. Yonatani yoba yarigeze ajana n’ababa bagiye guhiga Dawidi? Nta na hamwe Bibiliya ivyerekana kandi twokwemera tudakeka ko atigeze ajana na bo. Igihe kimwe Yonatani yaramenye aho Dawidi yinyegeje aca araja kumuraba. None ni kubera iki yagiye kumuraba? Bibiliya yerekana ko Yonatani «[yamuremesheje] kwizigira Yehova.» Yamubwiye ati: «Ntutinye kuko dawe Sawuli atazogenda agutoye. Uzoba umwami wa Isirayeli, nanje nze ubwa kabiri.» Abo bagenzi babiri baciye basezerana, kandi ntibigeze basubira kubonana.
Inyuma y’aho gato, Yonatani yarerekanye ko ari intahemuka kuri se wiwe mu kujana na we kurwanya Abafilisitiya, abansi b’abasavyi b’Imana. Ariko ico gihe Sawuli yari yaramaze kuba umuntu mubi, yarahevye Yehova. Yaragiye no ku mupfumu! Yehova ntiyari akimuhezagira. Sawuli yahavuye akomerekera muri iyo ntambara, aca arihohosha. N’abahungu biwe batatu, ushizemwo Yonatani, bapfiriye muri iyo ntambara.
Dawidi yarababaye cane. Yaciye atunganya akaririmbo k’intimba, aravuga ingene yari atuntuye n’ingene yakunda uwo mugenzi wiwe. Ako karirimbo yakise «Umuheto», kumbure kubera yibuka wa muheto Yonatani yari yaramugabiye imyaka myinshi imbere y’aho. Dawidi yanditse ati: «Mwenewacu Yonatani, intuntu iranyishe kubera wewe. Nagukunda cane.» Dawidi yagumye yibuka isezerano bagiraniye na Yonatani. Amaze kuba umwami, yararondeye aboba bagisigaye mu muryango wa Yonatani maze aratora umuhungu wa Yonatani yari amugaye yitwa Mefibosheti. Yaciye amutwara i Yeruzalemu aguma amwitwararika.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Yonatani yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Abafilisitiya bari bande? (w95 1/2 31-wcgr)
2. Ijambo «ipimu» rivugwa muri iyo nkuru ryerekana gute ko ari iy’ukuri? (w05 15/3 29) A
Ifoto A: Ibuye ryo gupima rya pimu
3. Ni kubera iki bishobora kuba bitari vyoroshe kujabuka imanga y’i Mikimashi? Ni igiki gishobora kuba caratumye Yonatani yoroherwa no kuyijabuka? (it «Mikmas[h]» ing. 4-wcgr) B
Todd Bolen/BiblePlaces.com
Ifoto B: Aho imanga y’i Mikimashi ishobora kuba yari iherereye
Ifoto B: Aho imanga y’i Mikimashi ishobora kuba yari iherereye
Todd Bolen/BiblePlaces.com
4. Ni ibiki Dawidi yakoze kugira ashitse isezerano yagiriraniye na Yonatani ryo kwitwararika umuryango wiwe? (it «Mephibosheth» No. 2 ing. 1-wcgr)
Rondera ivyigwa wohakura
Yonatani yashira imbere kudahemukira Yehova kuruta kudahemukira Sawuli. Ni ryari vyoba ngombwa ko dushira imbere kudahemukira Yehova kuruta uwundi wese? C
Ifoto C
Inkuru ya Dawidi na Yonatani ikwigisha iki ku vyerekeye . . .
ubugenzi?
ukwicisha bugufi?
ukudahemuka?
Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Yonatani?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Yonatani niyazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Ni ibiki vyatumye Yonatani na Dawidi baba abagenzi somambike, kandi natwe tworonka gute abagenzi nk’abo muri iki gihe?
Nufashe abana bawe kubona ivyo bokwigira ku buzima bwa Yonatani.