36 YOSIYA
Yaragarukanye abantu kuri Yehova
YOSIYA yari afise imyaka itandatu gusa igihe sekuru wiwe Manase yapfa. Ako gahungu gashobora kuba kari kazi ko sekuru wako yigeze kuba akora ibibi mugabo agahinduka agasubira gukorera Yehova. Ico kintu Yosiya ashobora kuba atigeze acibagira. Amoni se wa Yosiya ni we yaciye aba umwami. Ariko Amoni yari umuntu mubi. Yaratumye abantu basubira gusenga ibigirwamana no gukora ibibi vyinshi. Yapfuye amaze imyaka ibiri gusa ku ngoma. Yosiya yaciye aba umwami afise imyaka umunani.
Yosiya ashobora kuba yari afise abantu bamubera akarorero keza mu bijanye no gukorera Yehova. Aho twovuga nk’umuhanuzi Zefaniya na Yeremiya, umuhanuzikazi Hulida hamwe n’umuherezi mukuru Hilikiya. Ku vyerekeye Yosiya, Bibiliya ivuga iti: «Akiri muto [afise nk’imyaka 16], atangura kurondera Imana ya sekuruza Dawidi.» Afise nk’imyaka 20, yarafashe iya mbere mu gufasha abantu kugaruka kuri Yehova. Yehova yarakoresheje uwo mwami akiri muto w’umutima rugabo n’inkomezi mu gutuma abantu baheba gusenga ibigirwamana no gukora ibindi bibi.
Yosiya yarashitse no mu karere kahora kegukira bwa bwami bwo mu buraruko bugizwe n’imiryango cumi ya Isirayeli. Hari haheze igihe kirekire benshi mu Bisirayeli bahora baba muri ako karere bajanywe mu bunyagano. Abantu nka bose bari basigaye bahaba bari abanyamahanga. Ariko ico nticabujije ko Yosiya aja kubomagura ibicaniro n’ibigirwamana vyariyo.
Naho Yosiya yabaye umwami akiri muto, yararwanye urugamba abigiranye umutima rugabo rwo kugarukana abantu kuri Yehova
Haheze imyaka, Yosiya yararonse umuhezagiro atari yiteze. Igihe bariko barasanura urusengero rwa Yehova, umuherezi mukuru Hilikiya yarubuye umuzingo warimwo amategeko Yehova yatanze biciye kuri Musa. Uwo muzingo wari uwa kera cane, bikaba bishoboka ko wanditswe na Musa ubwiwe. Barazaniye Yosiya uwo muzingo, na we arumviriza yitonze igihe bariko baramusomera n’ijwi ryumvikana ivyanditsemwo. Ibintu bamusomeye vyaramubabaje cane! Yaciye arushiriza gutahura ukuntu abantu bari baragambaraye cane amategeko y’Imana. Yarabonye ko Yehova yari yarashavuriye cane abantu biwe. None Yosiya yoba yari kugira umutima rugabo wo kugira ico akoze?
Yosiya yaciye ubwo nyene arungika abantu batanu ngo baje gusiguza Yehova. Abo bantu bagiye ku muhanuzikazi Hulida, na we arababwira ko Yehova yari yarababajwe cane n’ukuntu abantu bo mu Buyuda bari bamaze igihe kirekire bamugarariza. Yababwiye ko Ubuyuda na Yeruzalemu vyari bigiye gushikirwa n’ivyago. Ariko kandi yarababwiye ko Yehova yari yarabonye umutima rugabo wa Yosiya n’ukuntu amugamburukira, hamwe n’ivyo yakoze vyose kugira afashe abantu kumugarukako. Rero ivyo vyago ntivyoje ku ngoma ya Yosiya.
Naho vyari ukwo, Yosiya yarakoze ibishoboka vyose kugira afashe abanyagihugu kugaruka kuri Yehova. Yosiya n’abanyagihugu baragize isezerano ku mugaragaro ryo gukurikiza amategeko y’Imana yose. Yaciye akomeza isekeza yarimwo ryo kurwanya ibigirwamana. Kugira afashe abantu kwijukira ugusenga kw’ukuri, yaratunganije Pasika ikomeye cane. We n’abatware biwe baratanze intererano y’ibitungwa vyinshi ngo bikoreshwe nk’ibimazi vya Yehova, abaririmvyi na bo barashemeza Yehova mu kumuririmbira indirimbo nyeranda. Iyo yabaye imwe muri Pasika zikomeye abasavyi b’Imana bahimbaje.
Yosiya yagumye agaragaza umutima rugabo n’ukwizera gukomeye mu gihe cose yamaze muri urwo rugamba rwo kurwanya ugusenga kw’ikinyoma. Igihe kimwe yaratuririye amagufa y’abantu ku gicaniro cakoreshwa mu gusenga kw’ikinyoma aca arakibomora. Aho yari ashikije ubuhanuzi hari haheze imyaka 300 buvuzwe. (1 Abm. 13:2) Mu Buyuda, Yosiya mbere yarabomaguye ibicaniro n’ibigirwamana abantu bari barakoze kuva igihe umwami Salomo yaheba Yehova. Ariko rero, vyarashitse Yosiya arafata ingingo itaranga ubukerebutsi. Yaragiye kurwana na Farawo Neko umwami wa Misiri. Yehova abicishije kuri Neko yaraburiye Yosiya ngo ntaje muri iyo ntambara. Ariko biboneka ko Yosiya atigeze arondera gusiguza abahanuzi ba Yehova ngo amenye nimba vy’ukuri ivyo Neko yavuze yabibwiwe n’Imana. Ahubwo yaciye aja muri iyo ntambara. Kuba Yosiya yaragiye kurwana n’igisoda gikomeye nk’ico, womenga yari agaragaje umutima rugabo. Ariko mu vy’ukuri, kwari ukwishira mu kaga kandi ntivyaranga ubukerebutsi. Yaguye muri iyo ntambara afise imyaka 39 gusa.
None Yehova yoba yaribagiye ibintu vyiza vyose Yosiya yakoze? Habe namba! Umuhanuzi Yeremiya yararirimbiye uwo mwami mwiza indirimbo y’intimba. Bishoboka ko abasavyi b’Imana bamaze imyaka myinshi baririmba iyo ndirimbo ibabaje. Yosiya niyazuka, kumbure azosoma ibintu vyose yakoze vyanditse muri Bibiliya kandi azomenya ko Yeremiya yanditse indirimbo ivuga ibintu vyiza vyose yaranguye. Nta gukeka ko Yehova yakunda Yosiya kandi ko atazigera yibagira ukwizera n’umutima rugabo yagaragaje.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Yosiya yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Ni ibiki tuzi ku bijanye na Shafani umunyamabanga wa Yosiya akaba n’umwimuzi? (w02 15/12 19 ing. 2-6)
2. Kubera iki Yosiya yitaburiyeko impuzu igihe bamusomera amategeko? (w14 15/4 32)
3. Twisunze ibivugwa n’abahinga mu vya kahise, Farawo Neko yoba yarabayeho vy’ukuri? (2 Ngo. 35:22; it «Néko» ing. 1-wcgr) A
StockStudio/Alamy Stock Photo
IfotoA: I Megido, aho Yosiya yarwaniye na Farawo Neko
Ifoto A: I Megido, aho Yosiya yarwaniye na Farawo Neko
StockStudio/Alamy Stock Photo
4. Hulida yavuze ko Yosiya ‘yohambwe mu mva yiwe amahoro.’ None ko Yosiya yaguye mu ntambara, ubwo buhanuzi bwarangutse gute? (2 Abm. 22:20; w00 15/9 30 ing. 2-3-wcgr)
Rondera ivyigwa wohakura
Hari abakirisu barezwe n’abavyeyi badasenga Yehova. Ni ivyigwa ibihe bokwigira kuri Yosiya, uwari afise umuvyeyi yasenga ibigirwamana?
Yosiya yararondeye uwomufasha gutahura Ivyanditswe. (2 Ngo. 34:21) Twomwigana gute? B
Ifoto B
Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Yosiya?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Yosiya niyazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Raba ivyo wokwigira ku ngingo Yosiya yafashe no ku bandi bakiri bato babiri babaye abami b’Ubuyuda.
«Rwaruka, mwipfuza ko ubuzima bwanyu buzomera gute?» (w23.09 8-13)
Isekeza Yosiya yagize ryo gukura ibigirwamana mu gihugu yoba ari we yaryishoboje? Raba inyishu muri iyi videwo.
Ico twigira kuri Yosiya: Kunda Yehova, wanke ikibi: Igice ca 2—Agace (3:43)