48 SITEFANO
Yari «yuzuye ukwizera n’impwemu nyeranda»
SITEFANO yari umuntu adatunganye. Ariko igihe ubuzima bwiwe bwari mu kaga, Bibiliya ivuga ko «mu maso hiwe hasa n’ah’umumarayika.» Yari atekanye, afise amahoro, naho yagira yiburanire imbere y’Inama nkuru, ikaba yari sentare nkuru y’Abayuda. Iyo sentare nyene ni yo yari yaraciriye Yezu urwo gupfa amezi makeyi imbere y’aho. None yashoboye gute gutekana kandi ubuzima bwiwe bwari mu kaga? Ni kubera yari afise umutima rugabo.
Bibiliya ivuga ko Sitefano yari «yuzuye ukwizera n’impwemu nyeranda.» Intumwa zari zaramushinze igikorwa co kwitwararika ko abakene bo mw’ishengero baronka ivyo bakeneye. Umusi umwe, hari Abayuda bashavuriye cane Sitefano baca batangura kumuhaririza. Ariko Sitefano yabishuranye ububasha budasanzwe ku buryo batashoboye kumutsinda. Ivyo vyatumye bashavura cane, baca baramufata bamujana imbere y’Inama nkuru. Iyo Nama nkuru ni yo yari gucira Sitefano urubanza rwo gupfa canke gukira.
Sitefano ashobora kuba yari azi ivyo Yezu yasezeraniye abigishwa biwe boshikiwe n’ibintu nk’ivyo. Yabasezeraniye ati: «Ntimuze muhagarike umutima imbere y’igihe ku vyo muzovuga. Muze muvuge ico muhawe cose muri uwo mwanya nyene, kuko atari mwebwe muzoba muriko muravuga, ahubwo ni impwemu nyeranda.» (Mrk. 13:11) Nta gukeka ko ayo majambo ya Yezu yatumye Sitefano arushiriza kugira umutima rugabo. Kandi igihe yari ahagaze imbere y’Inama nkuru, impwemu nyeranda yaramufashije gutekana ku buryo abantu bamuravye babona asa n’umumarayika.
Iyo sentare yari igizwe n’abagabo 71, bose bakaba bari indongozi mw’idini ry’Abayuda. Bari mu nzu nini ya sentare, bakaba bari bicaye mu mirongo itatu, bagize igice c’umuzingi. Hariho n’abanditsi babiri bandika ibivugwa vyose. Sitefano yari ahagaze imbere yabo. Yagirizwa ko yavuze nabi urusengero n’amategeko ya Musa. Ico cari icaha cotuma umuntu yicwa. Umuherezi mukuru Kayifa yaciye asaba Sitefano ngo yisigure.
Sitefano yaciye atangura kuvuga kahise k’ihanga rya Isirayeli kuva kuri Aburahamu. Yaravuze n’ivyerekeye Yozefu, ingene benewabo bamurwanije, bakaba ari bo ihanga rya Isirayeli ryakomotseko. Yaravuze n’ivyerekeye Musa abigiranye icubahiro, arerekana ingene iryo hanga ryamugararije. Ahumekewe n’Imana, yaravuze n’amakuru yerekeye Musa atanditse mu Vyanditswe vy’igiheburayo.
Ibintu vyose Sitefano yavuze vyarerekanye ko yubaha cane amategeko ya Musa, ihema ryeranda be n’urusengero. Ariko kandi, yarerekanye ko abasavyi b’Imana bagumye bagarariza abo Yehova yabarungikira ngo babayobore.
Sitefano yabwirijwe kuburanira ukwizera kwiwe imbere y’abantu banka abakirisu kandi bari biyemeje kumwica
Nta gukeka ko Sitefano yabona ko abo bagabo bataza kumugirira imbabazi. Yehova abicishije ku mpwemu yiwe nyeranda, yaramuhaye umutima rugabo wo gushira ahabona ububi bwabo. Yavuze ko ari «abantu b’intabarirwa», ko ‘bama barwanya impwemu nyeranda’ nk’uko ba sekuruza babo babigira. N’ikirushirije kuba kibi, bari barishe umwe Musa yari yaravuze ko yoje, umuhanuzi aruta Musa. Sitefano yavuze ko bahemukiye uwo mugororotsi, Yezu we Mesiya, batako baramwica.
Abagize Inama nkuru bumvise ivyo Sitefano avuze, baciye baraka, «batangura kumuhekenyera imisaya.» Ariko Yehova yaramuremesheje mu kumwereka ibintu vyariko birabera mw’ijuru. Sitefano yabidondoye ati: «Ehe mbona ijuru ryuguruye n’Umwana w’umuntu ahagaze iburyo bw’Imana.» Abagize Inama nkuru bumvise ayo majambo baciye bashangashirwa. Uti kubera iki? Bashobora kuba bari bamaze kwumva amajambo mwene ayo. Igihe bacira urubanza Yezu amezi makeyi imbere y’aho, yababwiye ati: «Muzobona Umwana w’umuntu yicaye iburyo bw’Imana Nyenububasha.» (Mat. 26:64) Sitefano yari yerekanye ko ivyo Yezu yavuze vyarangutse. Yezu yari ahagaze iruhande ya Yehova!
N’ishavu n’akantu, baciye bakwegera Sitefano hanze y’igisagara, bamwicisha amabuye. Sitefano yaciye asaba Umukama ngo yakire impwemu yiwe, kumbure akaba yari akimubona muri iryo yerekwa. Yaciye asaba Yehova ikintu ca nyuma ati: «Ntubaharureko iki gicumuro.» Sitefano yaciye asinzira mu rupfu, apfa ari intahemuka. Ni we yabaye umukirisu wa mbere yishwe azira ukwizera kwiwe. Ariko hari umusore yashigikiye iyicwa rya Sitefano atokwigeze yibagira ayo majambo ya nyuma Sitefano yavuze. Turabona ivyiwe mu kigabane ca 50, 51, n’ica 53.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Sitefano yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Kubera iki intumwa zahisemwo Sitefano hamwe n’abandi bagabo «buzuye impwemu n’ubukerebutsi» ngo bagabure ibifungurwa? (Ivyak. 6:3-5; bt 46-47 ing. 17-18) A
Ifoto A
2. Ni amakuru ayahe Sitefano yavuze ku vyerekeye Musa ata handi twoyasanga muri Bibiliya? (bt 54 ing. 13, akajambo k’epfo.)
3. Ni igiki cafashije Sitefano kuguma atekanye igihe yariko arahamwa? (w18.10 32)
4. Mu Vyakozwe 7:59 hoba herekana ko Sitefano yasenze Yezu? (w05 1/1 31)
Rondera ivyigwa wohakura
Sitefano yari «yuzuye ukwizera n’impwemu nyeranda.» Yari yuzuye kandi «ubuntu bw’Imana n’ububasha.» Ariko yaremeye kuja mu vyo kugabura ibifungurwa. (Ivyak. 6:2, 5, 8) Abavukanyi bafise ubuhanga canke bajejwe amabanga akomeye bomwigana gute? B
Ifoto B
Sitefano yarasengeye abariko baramuhama. Twogaragariza gute urukundo abaduhama n’abaturwanya? (Mat. 5:44-48)
Ni mu buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Sitefano?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Kubera iki ushima kuba Sitefano yaracaguwe ngo aje gufadikanya na Kristu kuganza?
Rondera kumenya n’ibindi
Raba ingene twoburanira ukwizera kwacu tubigiranye icubahiro n’umutima rugabo nk’uko na Sitefano yabigize.
«Sitefano yari “yuzuye ubuntu bw’Imana n’ububasha”» (bt 53-56 ing. 9-19)
Igihe abasavyi b’Imana bahamwa muri iki gihe, bogaragaza gute umutima rugabo nka Sitefano?