ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w18 Gitugutu rup. 32
  • Wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ivyo bijanye
  • Sitefano yari «yuzuye ubuntu bw’Imana n’ububasha»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Sitefano Aterwa Amabuye
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • 3 | Nukure urwanko mu mutima wawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
w18 Gitugutu rup. 32

Wari Ubizi?

Ni igiki cafashije umwigishwa Sitefano kuguma atekanye igihe yariko arahamwa?

Sitefano aguma atekanye igihe ari imbere y’Inama nkuru

SITEFANO yari imbere y’umugwi w’abagabo bamurwanya. Abo bacamanza 71, abari bagize Inama Nkuru ari yo sentare nkuru ya Isirayeli, bari bamwe mu bagabo bakomeye cane muri iryo hanga. Bari bakoranijwe n’Umuherezi mukuru Kayifa, uwari ahagarikiye iyo sentare igihe Yezu yacirwa urwo gupfa mu mezi makeyi imbere y’aho. (Mat. 26:57, 59; Ivyak. 6:8-12) Igihe baza barazana ivyabona vy’ibinyoma, barabonye ikintu gitangaje cane kuri Sitefano: Mu maso hiwe hari hameze “nko mu maso h’umumarayika.”​—Ivyak. 6:13-15.

Ni igiki none cafashije Sitefano kuguma atekanye muri ico gihe c’iterabwoba? Atararengutswa imbere y’iyo Nama Nkuru, yarakora n’umutima wiwe wose igikorwa co kwamamaza abifashijwemwo n’impwemu y’Imana. (Ivyak. 6:3-7) Mu gihe co gusambishwa na ho, iyo mpwemu nyene yaramufashije mu kumuremesha no mu kumwibutsa. (Yoh. 14:16) Igihe yariko ariburanira n’umutima rugabo nk’uko bivugwa mu Vyakozwe ikigabane ca 7, impwemu nyeranda yaramwibukije ivyanditswe nka 20 canke birenga vyo mu Vyanditswe vy’igiheburayo. (Yoh. 14:26) Ariko rero ukwizera kwiwe kwararushirije gukomera igihe yabona Yezu ari iburyo bw’Imana.​—Ivyak. 7:54-56, 59, 60.

Na twebwe vyoshobora gushika tugahura n’abadutera ubwoba canke abaduhama. (Yoh. 15:20) Igihe twama dusoma Ijambo ry’Imana kandi tukagira umwete mu busuku, tuba twemeye ko impwemu ya Yehova ikorera muri twebwe. Vyongeye, turaronka inguvu zo guhangana n’abaturwanya, ariko kandi tukagumana amahoro yo mu mutima.​—1 Pet. 4:12-14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika