ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/1 rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ivyo bijanye
  • Sitefano yari «yuzuye ubuntu bw’Imana n’ububasha»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Sitefano Aterwa Amabuye
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • 3 | Nukure urwanko mu mutima wawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/1 rup. 31

Ibibazo vy’abasomyi

Amajambo Sitefano yavuze ari mu Vyakozwe 7:59 yoba yerekana ko amasengesho akwiye guturwa Yezu?

Mu Vyakozwe 7:59 havuga hati: “Maze bakiriko baratera Stefano amabuye, arambaza, aravuga, ati Mwami Yesu, akīra ubugingo bganje”. Ayo majambo yatumye abantu bamwebamwe bibaza ibibazo, kubera ko Bibiliya ivuga yuko Yehova ari we ‘yumva ivyo asabwa’ (Zaburi 65:2). Sitefano yoba yarasenze Yezu koko? Ivyo none vyoba vyerekana ko Yezu ari we Yehova?

Bibiliya imwe (King James Version) ivuga yuko Sitefano yariko “yambaza Imana”. Ni co gituma rero benshi bashika ku ciyumviro nk’ico umusobanuzi wa Bibiliya yitwa Matthew Henry yashitseko, akaba yavuze ati: “Hano Sitefano yariko asenga Yezu, ari co gituma natwe dutegerezwa kumusenga”. Ariko rero, ico ciyumviro si co. Uti kubera iki?

Igitabu kimwe (Barnes’ Notes on the New Testament) canditswe n’uwitwa Barnes kivuga kidacisha ku ruhande giti: “Ijambo Imana ntiriboneka mu gisomwa co mu ntango, rikaba rero ritari rikwiye kuboneka mu mpinduro y’uwo murongo. Nta na hamwe worisanga mu [vyandikano vy’iminwe] vya kera canke mu mpinduro za kera”. Vyaje gute ngo iryo jambo “Imana” ryinjizwe muri uwo murongo? Incabwenge Abiel Abbot Livermore yavuze yuko ivyo ari “akarorero kamwe kerekana ingene abahinduzi bagira aho bahengamiye mu vy’idini”. Ni co gituma impinduro za Bibiliya zo mu gihe ca none zikuramwo iyo mvugo yerekeza ku Mana yashizwemwo bidakwiriye.

Naho ari ukwo, impinduro nyinshi za Bibiliya zivuga yuko Sitefano “yasenze” Yezu. Kandi akajambo k’epfo ko muri Bibiliya Traduction du monde nouveau kavuga yuko ijambo “kwambaza” rishobora kandi guhindurwa ngo “intakambo, isengesho”. Ivyo ntivyoba none vyerekana ko Yezu ari Imana Mushoboravyose? Ekaye. Inyizamvugo imwe y’uwitwa Vine (Vine’s Expository Dictionary of Old and New Testament Words) isigura yuko muri ico canditswe, ijambo ryo mu kigiriki ryo mu ntango e·pi·ka·leʹo risobanura: “Kwitura, gutakamba; . . . kwitwara ku mukuru”. Paulo yakoresheje iryo jambo nyene igihe yavuga ati: “Nzokwitwara kuri Kayisari” (Ivyakozwe 25:11). Birabereye rero kubona Bibiliya imwe (The New English Bible) ivuga yuko Sitefano “yatabaje” Yezu.

Ni igiki catumye Sitefano atera mwene ako kamo? Nk’uko mu Vyakozwe 7:55, 56 habivuga, Sitefano ‘yuzuye impwemu yera, yahanze amaso mw’ijuru, abona ubwiza bw’Imana, na Yezu ahagaze iburyo bw’Imana’. Mu bisanzwe, ivyo Sitefano yasavye yari kubibwira Yehova mw’izina rya Yezu. Mugabo biboneka yuko Sitefano abonye mw’iyerekwa Yezu uwari yazutse, yumvise muri we ko ata comubuza kwitura Yezu ata handi aciye, mu kuvuga ati: “Mwami Yesu, akīra ubugingo bganje”. Sitefano yari azi yuko Yezu yari yahawe ububasha bwo kuzura abapfuye (Yohana 5:24-29). Nuko rero yaciye asaba Yezu ngo azigame ubugingo bwiwe, ari yo nguvu y’ubuzima yiwe, gushika ku musi Yezu yomuzuye akamuha ubuzima budahwera mw’ijuru.

Ayo majambo magufi Sitefano yavuze twoba twoyafatirako kugira ngo tuze turasenga Yezu? Ihibambewe. Kimwe coco, Sitefano yaratandukanije neza Yezu na Yehova kuko iyo nkuru ivuga yuko yabonye Yezu “ahagaze i buryo bg’Imana”. Ikindi kandi, ivyo bintu vyabaye imbonekarimwe. Uwundi muntu umwe gusa yabwiye Yezu amajambo mwene ayo, ni intumwa Yohani uwavuganye na Yezu ata handi aciye igihe yamubona mw’iyerekwa, nk’ukwo kwa Sitefano.​—Ivyahishuriwe 22:16, 20.

Naho abakirisu batura amasengesho yabo yose Yehova Imana we abibereye, na bo nyene barafise ukwizera kutanyiganyiga yuko Yezu ari “izuka n’ubuzima” (Yohani 11:25, UB). Ukwizera ububasha Yezu afise bwo kuzura abayoboke biwe mu bapfuye, kurashobora kudufasha kandi kukadukomeza mu bihe bigoye nk’uko vyagenze kuri Sitefano.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika