ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp22 no. 1 rup. 10-11
  • 3 | Nukure urwanko mu mutima wawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 3 | Nukure urwanko mu mutima wawe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya ivuga iti:
  • Ico bisobanura:
  • Ivyo wokora:
  • Sitefano yari «yuzuye ubuntu bw’Imana n’ububasha»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Sitefano Aterwa Amabuye
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ingene wotsinda urwanko
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
  • Turashobora gutsinda urwanko
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
wp22 no. 1 rup. 10-11
Umuntu yihaye ishusho ariko araramukanya n’uwo badasangiye ubwoko. Ibitutu vyabo biberekana bariko barahazuka bafise ivyapa vyo kwiyamirizanya.

INGENE WOTSINDA URWANKO

3 | Nukure Urwanko Mu Mutima Wawe

Bibiliya ivuga iti:

“Muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha, kugira mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.”​—ABAROMA 12:2.

Ico bisobanura:

Imana iritaho ivyo twiyumvira. (Yeremiya 17:10) Turakwiye gukora n’ibindi, uretse gusa kwirinda kuvuga canke gukora ibintu bibabaza. Urwanko ruhera mu mutima. Ku bw’ivyo rero, turakwiye kurandurana n’imizi akantu kose k’urwanko koba kari mu vyiyumviro vyacu. Aho ni ho gusa ‘twohinduka’ maze tukikuramwo urwanko.

Ivyo wokora:

Nusuzume utibesha ingene wiyumvira abandi be n’ingene ubabona, na canecane abo mudasangiye ubwoko canke igihugu. Niwibaze uti: ‘Ndababona gute? Ukuntu ndababona vyoba bishingiye ku vyo jewe ubwanje ndabaziko, canke bishingiye gusa ku mwikeko?’ Niwirinde imbuga hwaniro, amasinema canke ukwinezereza bikokeza urwanko n’ububisha.

Ijambo ry’Imana rirashobora kudufasha kwikuramwo urwanko mu mutima wacu

Ntivyama vyoroshe gusuzuma ivyiyumviro vyacu ata kwihenda. Ariko Ijambo ry’Imana rirashobora kudufasha “gutahura ivyiyumviro n’imigabo vy’umutima” wacu. (Abaheburayo 4:12) Nugume rero usuzuma ivyo Bibiliya ivuga. Nugereranye ivyo Bibiliya yigisha be n’ivyo wiyumvira, uce ugerageza guhuza ivyiyumviro vyawe n’ivyo Bibiliya yigisha. Ijambo ry’Imana rirashobora kudufasha kwikuramwo urwanko ‘ruhamangiye’ mu mutima wacu.​—2 Abakorinto 10:4, 5.

Inkuru y’ivyabaye​—STEPHEN

Yarahinduye ivyiyumviro

Stephen.

Stephen n’abo mu muryango wiwe baramaze igihe bankwa n’abazungu. Ivyo vyatumye atwarwa n’ivyiyumviro vy’umugwi umwe w’ivya politike waharanira agateka ka zina muntu. Mu nyuma, Stephen ubwiwe yahavuye aja mu bikorwa vy’ubukozi bw’ikibi. Avuga ati: “Igihe kimwe jewe n’abagenzi banje twararavye amasinema yerekana amagorwa abashumba bakuwe muri Afrika baboneye muri Amerika. Ishavu ryaciye riduga duca turengera ku misore y’abazungu twari kumwe muri ico kibanza c’amasinema. Twaciye tuja no mu micungarararo yaho kurondera abandi bazungu twokubita.”

Stephen yarahinduye ivyiyumviro igihe yatangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Avuga ati: “Kubera ko nama mbona akarenganyo gashingiye ku moko, Ivyabona barantangaje cane. Nk’akarorero, igihe Icabona w’umuzungu yaba afashe urugendo rwa kure, yasigira abana biwe umuryango w’abirabure. Ikindi gihe na ho, umuryango w’abazungu warahaye indaro umusore umwe w’umwirabure yari akeneye aho kuba.” Ivyo vyaratumye Stephen ajijuka ko Ivyabona vya Yehova ari bo bakirisu b’ukuri bagize umuryango ukundana Yezu yari yaravuze.​—Yohani 13:35.

Ni igiki none cafashije Stephen guhagarika ibikorwa vy’urwanko? Yafashijwe n’icanditswe co mu Baroma 12:2. Avuga ati: “Naratahuye ko nari nkwiye guhindura ivyiyumviro. Uretse ko nari nkwiye kuba umunyamahoro, nategerezwa no guhindura ivyiyumviro ngatahura ko ubwo ari bwo buryo bwiza bwo kubaho.” Ubu Stephen amaze imyaka irenga 40 yarikuyemwo urwanko.

Ushaka kumenya n’ibindi ku nkuru ya Stephen, nusome Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2015, urupapuro rwa 10-11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika