ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp22 no. 1 rup. 8-9
  • 2 | Nturondere kwihora

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 2 | Nturondere kwihora
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya ivuga iti:
  • Ico bisobanura:
  • Ivyo wokora:
  • Igihe hari uwakubabaje
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Nari umuntu yadundumiwe kandi yitwaza igikenye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Turashobora gutsinda urwanko
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
  • Ingene wotsinda urwanko
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
wp22 no. 1 rup. 8-9
Abagabo babiri barakaye bicaye ku mashami abiri y’igiti barabana. Umwe wese ariko aragegena n’umusumeno ishami yicayeko.

INGENE WOTSINDA URWANKO

2 | Nturondere Kwihora

Bibiliya ivuga iti:

“Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi. . . . Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose. Ntimwihore, . . . kuko vyanditswe ngo: ‘“Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko,” ni ko Yehova avuga.’”​—ABAROMA 12:17-19.

Ico bisobanura:

Naho ari ibisanzwe gushavura iyo hagize uwutubabaza, Imana ntiyemera ko twihora. Ahubwo, ituremesha kurindira kuko vuba igiye kuzotorera umuti akarenganyo kose.​—Zaburi 37:7, 10.

Ivyo wokora:

Iyo abantu b’abanyagasembwa bihoye, bica bituma haba urukwegane rw’inzankano. Igihe rero hagize uwukubabaza canke akakugirira nabi, ntumwihore. Nugerageze kwigumya maze uzigame amahoro. Mu bihe bimwebimwe, biraba vyiza uvyirengagije. (Imigani 19:11) Ariko ntiwumve, woshobora guhitamwo kuvuga ivy’iyo ngorane nimba ubona ko hari ico vyofasha. Nk’akarorero, igihe baguhohoteye woshobora kubimenyesha igipolisi canke abandi bategetsi.

Kwihora ni ukwigirira nabi

Bite ho nimba bisa n’ibidashoboka ko mutunganya iyo ngorane mu mahoro? Tuvuge iki hoho nimba warakoze uko ushoboye kwose kugira ngo mutunganye iyo ngorane mugabo bikanka? Ntuce urondere kwihora. Ivyo vyoshobora gutuma ibintu vyunyuka. Ahubwo riho, nuhagarike urwo rukwegane rw’inzankano. Niwige kwizigira uburyo Imana itorera umuti ingorane. ‘Nuyizigire, na yo izogira ico ikoze.’​—Zaburi 37:3-5.

Yaratsinze agatima ko kwihora

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 9]

Adrián.

Igihe Adrián yari umuyabaga, yari afise urwanko rwinshi ku buryo yagenda ararwanira mu mabarabara kugira ngo yihore. Avuga ati: “Akenshi naraja mu vyo kurasana, kandi incuro nyinshi baranta ku nzira ndi intere, nuzuyeko amaraso.”

Adrián yaratanguye kwiga Bibiliya afise imyaka 16. Yongerako ati: “Uko natera imbere mu kwiga Bibiliya, ni ko nabona ko nkwiye guhindura kamere nari mfise.” Yari akeneye kwikuramwo urwanko no kureka gukoresha igikenye. Yarashimye canecane icigwa yakuye mu Baroma 12:17-19 cerekeye kutihora. Avuga ati: “Nahavuye ntahura ko Yehova azokuraho akarenganyo mu buryo abona ko bubereye no ku gihe kibereye. Buhorobuhoro, naratsinze agatima ko kurwana.”

Umusi umwe ku mugoroba, Adrián yaratewe n’abo mu kagwi bahoze badacana uwaka. Umukuru w’ako kagwi yamubwiye ati: “Vyura umutwe turabe!” Adrián avuga ati: “Numvise umengo nokwivuna.” Ariko aho kwivuna, Adrián yaciye atura Yehova isengesho rigufi maze aca arigira.

Adrián abandanya ati: “Bukeye, narahuye n’umukuru w’ako kagwi ari wenyene. Naciye ndibwaribwa nshaka kwihora, ariko na ho nyene ndasaba Yehova mu gacerere ngo amfashe kwigumya. Naratangaye mbonye uwo musore aciye aza imbere yanje ambwira ati: ‘Mbabarira ku vyabaye ejo ku mugoroba. Sha, icompa nkamera nkawe. Ndipfuza kwiga Bibiliya.’ Emwe, narahimbawe kubona narashoboye kwigumya! Ivyo vyatumye na we nyene atangura kwiga Bibiliya.”

Ushaka kumenya n’ibindi ku nkuru ya Adrián, nusome Umunara w’Inderetsi No. 5 2016, urupapuro rwa 14-15.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika