49 PETERO
Yarabaye igitandara
INYUMA gatoyi y’aho Yezu abonaniye na Petero, yaramuhaye izina rishasha. Yamubwiye ati: «Uri Simoni mwene Yohani, uzokwitwa Kefa.» Izina «Kefa» ari ryo «Petero» mu kigiriki, risobanura «Igitandara.» None ni kubera iki Yezu yise Petero iryo zina? Igitandara kirakomeye cane. Baragikoresha mu kwubaka amazu. Bigaragara rero ko Yezu yashaka kwerekana ko uwo mugenzi wiwe yogize umutima rugabo kandi agakomeza abavukanyi.
None Petero yoba yarabaye nk’igitandara koko? Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 45, ntiyama ameze nk’igitandara. Vyarashika agakekeranya canke agafata ingingo zitabereye kubera ubwoba. Ariko Yezu yagumye yizigiye uwo mugenzi wiwe. Yari azi neza ko hogeze igihe Petero akarushiriza kugira umutima rugabo.
Inyuma y’aho Kristu atangiye ubuzima bwiwe maze akazuka, yaciye azeza intumwa ziwe igikorwa gihambaye. Petero yari ashashaye gukora ico gikorwa. Yaragaragaje umutima rugabo akatari gake mu buzima bwiwe. Igihe kimwe ku musi mukuru wabereye i Yeruzalemu, yarahagaze imbere y’amasinzi y’Abayuda arababwira adaca ku ruhande ko ari bo bishe Mesiya. Abatari bake baciye «basogotwa mu mitima» kubera ivyo bakoze maze barigaya. Ivyo vyatumye abantu nka 3.000 babatizwa baba abigishwa ba Yezu.
Ni igiki cafashije Petero kugira ukwizera gukomeye n’umutima rugabo?
Petero yashira imbere igikorwa co kwamamaza. Yezu yaramuhaye «impfunguruzo z’Ubwami.» Yari amujeje ibanga ryo kwigisha ukuri imigwi itatu y’abantu kugira bagire icizigiro co kuzofadikanya na Yezu kuganza. Petero rero yaravuze inkuru nziza n’umutima rugabo kandi atarobanura. Yarayibwiye Abayuda, hanyuma Abasamariya, mu nyuma na ho abanyamahanga. Yaragize ingendo mu turere dutandukanye, rimwe na rimwe akajana n’umugore wiwe, agiye kwamamaza no kuremesha abavukanyi. Mbere yarashitse n’i Babiloni, aca yiberayo.
Mu myaka mirongo Petero yamaze akora ico gikorwa, yarahuye n’ingorane yongera arahamwa cane. We n’izindi ntumwa barapfunzwe incuro irenga imwe. Indongozi z’idini ry’Abayuda zabategetse kudasubira kwamamaza. Ariko Petero yabishuye ati: «Dutegerezwa kugamburukira Imana aho kugamburukira abantu.» Naho baciye babakubita, barabandanije kubwira abantu inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana n’Umwami Yehova yagenye Yezu Kristu.
Urwo ruhamo rwarakomeye cane. Sitefano yarishwe nk’uko twabibonye mu kigabane c’imbere y’iki. Haheze nk’imyaka cumi, intumwa Yakobo umugenzi wa Petero na we nyene yarishwe. Umutegetsi w’umubisha yicishije Yakobo yarabonye ko vyahimbaye Abayuda banka abakirisu, aca ategeka ko na Petero afatwa. Petero baramuboshe, bamwugaranira mw’ibohero ari kumwe n’abasoda bamucunga. Imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yari yaravuze ko Petero yopfunzwe maze akicwa. Petero rero ashobora kuba yaribajije nimba ico gihe cari kigeze.
Mw’ijoro haraje umumarayika. Yaravyuye Petero, aramukurako iminyororo, aramujana amukuye muri iryo bohero, bararengana abarinzi, baca mw’irembo rinini bashika no mw’ibarabara. None Petero yaciye akora iki? Ntiyaciye ahunga. Yaciye aja aho yari azi ko abavukanyi bakoraniye bariko barasenga Yehova. Iyumvire ukuntu abo bavukanyi bumvise baremye bamubonye!
Petero ntiyigeze yibagira aya mategeko Umukama yamuhaye: «Uzokomeze benewanyu»; «gaburira intama zanje ntonto.» (Luka 22:32; Yoh. 21:17) Yaramamaje n’ubutinyutsi yongera arakomeza abasavyi b’Imana aho yaja hose. Ntiyari atunganye. Yarakora amakosa. Vyarigeze gushika arakora ikintu kitabereye kubera gutinya abantu, biba ngombwa ko iyindi ntumwa imukosora. Yaremeye gukosorwa abigiranye ukwicisha bugufi kandi ntiyasubiye gukora iryo kosa. Yagumye aremesha abavukanyi. Yaranditse amakete abiri ahumekewe n’Imana, akaba ari mu bitabu bigize Bibiliya. Petero yarakoreye Imana adahemuka gushika igihe bamuta mw’ibohero mu nyuma bakamwica. Yagumanye ukwizera n’umutima rugabo. Emwe Petero yarabaye «igitandara» koko!
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Petero yerekanye gute umutima rugabo muri ico kiringo c’ubuzima bwiwe?
Niwinjire mu mizi
1. Yezu yarahaye Petero «impfunguruzo z’Ubwami.» None yazikoresheje gute? (Mat. 16:18, 19; ijwbq ikiganiro 124 ing. 1-5) A
Ifoto A: Petero yarabwiye inkuru nziza Abayuda i Yeruzalemu, Abasamariya i Samariya, n’abanyamahanga i Sezariya
2. Ni igiki cerekana ko ku rugero kanaka Petero atinubana n’imbere y’uko aja kwa Koruneliyo? (Ivyak. 10:5-7, 23; bt 77 ing. 1, akajambo k’epfo) B
Ifoto B: Ahahora igisagara ca Yopa
3. Ni igiki cerekana ko Petero yemeye impanuro yahawe na Pawulo? (w17.04 26-27 15-17)
4. Kubera iki Petero yimukiye i Babiloni? (it «Captivité» ing. 24-wcgr)
Rondera ivyigwa wohakura
Igihe Petero yariko abwira isinzi ry’abantu ryari i Yeruzalemu, yavugana umutima rugabo mugabo akigengesera. Ni ryari canecane dukenera umutima rugabo n’ukwigengesera?
Naho Petero yari intumwa, yaremeye gukosorwa na Pawulo. Twomwigana gute? C
Ifoto C
Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo Petero yagaragaje muri iyi nkuru?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni kamere nziza izihe Petero yagaragaje muri iyi nkuru zituma uhimbarwa no kuba Yehova yaramutoye ngo afadikanye na Kristu kuganza?
Rondera kumenya n’ibindi
Akarorero ka Petero kadufasha gute kwizigira Yehova no gutsinda ubwoba?
Nukoreshe aka gakorwa mu kugira ivyo wigiye ku nkuru ivugwa mu Vyakozwe ikigabane ca 10.
«Imana ntigira nkunzi» (Urukurikirane rwo kuri internet «Udukorwa tujanye no kwiga Bibiliya»-wcgr)