45 PETERO
«Ndi umucumuzi»
PETERO yari umurovyi akora cane, agakorana n’izindi ncuti ziwe. Yari afise umutima rugabo. Akenshi yiyumviriye ikintu yaca akivuga kandi abonye ko hari igikeneye gukorwa yaca agikora. Umusi umwe, mwenewabo Andereya yaje ariruka amubwira ati: «Twabonye Mesiya.» Ubwo nyene yaciye aja kumuraba, arahava aba umwigishwa wiwe.
Haheze amezi makeyi, Yezu yaraje i Kaperinawumu aho Petero yaba. Yezu yasanze Petero arushe kuko yari yamaze ijoro ryose aroba ariko ntiyaronka urufi na rumwe. Yezu yamubwiye ngo ajane ubwato ahari amazi menshi hanyuma aterere insenga mu mazi. Petero yagumanye amakenga. Mu bisanzwe ku murango nta wushobora kuronka amafi! Yaciye abwira Yezu ati: «Twaraye turaroba ijoro ryose, ariko nta na kamwe twafashe.» Ariko yarakoze ivyo Yezu amubwiye. Mu kanya isase bari barovye amafi yuzuye ubwato bubiri, ku buryo butangura kwibira! Petero yaciye agira ubwoba, aca apfukama imbere ya Yezu amubwira ati: «Mukama, igira kure yanje kuko ndi umucumuzi.» Yabona ko ari umucumuzi, ko atabereye kuba kumwe n’uwo Mwana w’Imana yakora ibitangaro nk’ivyo. Yezu yamusubirije umutima mu nda ati: «Ntutinye. Guhera ubu uzoza uraroba abantu ari bazima.»
Yezu yarabonye kamere nziza Petero afise kandi yahavuye amutora muri za ntumwa ziwe 12. Petero yaragaragaje umutima rugabo mu buryo bwinshi. Igihe Yezu yaba avuze ikintu ariko abigishwa biwe ntibagitahure, akenshi Petero yaca amusaba ngo abasobanurire. Igihe Yezu yagendagenda ku mazi, Petero wenyene ni we yagize umutima rugabo wo kumusaba ngo na we nyene agendere ku mazi.
Akenshi, Petero yaravuga ibintu atari akwiye kuvuga. Yari akeneye umutima rugabo kugira yemere gukosorwa, agire n’ivyo ahinduye
Petero yaragaragaje umutima rugabo no mu bundi buryo. Igihe umuntu akosowe, bisaba umutima rugabo kugira yisuzume atibesha kandi yicishije bugufi, yemere amakosa yiwe maze akosore ibikenewe. Petero yaragaragaje mwene uwo mutima rugabo incuro nyinshi. Igihe Yezu yababwira ko agiye gupfa, Petero yaciye amukarira ati: «Ntibikabe Mukama!» Yezu yaciye amukosora bimwe bikomeye kuko ivyo bintu yari avuze bitari bihuye n’ivyo Yehova agomba, ahubwo vyari ivyiyumviro nk’ivya Shetani. Petero abigiranye ukwicisha bugufi yaremeye gukosorwa.
Mw’ijoro buca Yezu apfa, yarigishije intumwa ziwe icigwa ku bijanye n’ukwicisha bugufi. Yarabogeje ibirenge, ico kikaba ari igikorwa cakorwa n’umusuku wo hasi. Petero yaciye amwankira, amubwira ati: «Oya ntuzopfa unyogeje ibirenge!» Yezu yaciye amukosora bimwe bikomeye. Petero noneho yaciye arenza urugero, abwira Yezu ngo ntamwoze ibirenge gusa, ahubwo amwoze n’amaboko n’umutwe. Yezu yaciye asubira kumukosora. Mu nyuma, Yezu yaravuze ko intumwa ziwe ziza kumuta. Petero yaciye avuga ashimitse ko naho abandi bomuta, wewe atogenda amutaye! Yezu yaciye amubwira ko aza kumwihakana gatatu muri iryo joro.
Haheze amasaha makeyi, Yezu baramufashe, baramuboha baramujana. Petero abigiranye umutima rugabo, yarabakurikiye agendera kure yabo. Yari mu kigo c’umuherezi mukuru igihe bariko baragiriza Yezu ibinyoma, bamukorera n’ayandi mabi. Bamwe mu bari ng’aho baramenye ko Petero ari umwigishwa wa Yezu. Nk’uko Yezu yari yabivuze, Petero yaramwihakanye incuro zitatu, mbere avuga ko atamuzi.
Ako kanya nyene, Yezu yarasohotse aca araraba Petero. Petero yari atuntujwe cane n’ivyo yakoze. Yaciye ava muri ico kigo «arasohoka hanze, araturikisha ararira.» Haheze amasaha makeyi, Yezu yarishwe bunyamaswa. Nta gukeka ko Petero yagize umubabaro atari bwigere agira mu buzima bwiwe. Ariko ntiyaciye atana n’akabando. Yarumiyeko arabandanya kwifatanya n’izindi ntumwa. Mu nyuma Yezu amaze kuzuka yaramwiyeretse ari wenyene. Bibiliya ntivuga ivyo Yezu yamubwiye, ariko Petero yarumvise aruhuriwe kubera ko Yezu yari yamubabariye.
Haheze imisi, igihe Yezu yahurira n’intumwa ziwe ku kiyaga ca Galilaya, hari ikintu kiranga umutima mwiza yakoreye Petero. Nk’uko nyene Petero yari yihakanye Yezu incuro zitatu, Yezu yaramuhaye akaryo ko guserura ko amukunda incuro zitatu nyene. Yezu yaciye amushinga igikorwa gihambaye ati: «Gaburira intama zanje ntonto.» Nk’uko biboneka mu kigabane ca 49, Petero yarakoze ico gikorwa neza cane, aragaragaza umutima rugabo udasanzwe.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Petero yerekanye gute umutima rugabo muri ico kiringo c’ubuzima bwiwe?
Niwinjire mu mizi
1. Mu bihe vya Bibiliya, igikorwa co kuroba cagenda gute? (it «Chasse et pêche» ing. 6-7-wcgr) A
Ifoto A
2. Kubera iki Yezu yise Simoni ngo Kefa (Petero)? («Tu es Simon» amakuru adufasha kwiga Yoh. 1:42, nwtsty-wcgr)
3. Yezu yashaka kuvuga iki igihe yabwira Petero na Andereya ko bobaye «abarovyi b’abantu»? (Mat. 4:18-20; w16.05 9 ing. 3-4) B
Ifoto B
4. Gatoyi imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yabajije Petero ati: «Urankunda kurusha izi?» None aho ashobora kuba yashaka kuvuga iki? («m’aimes-tu plus que ceux-ci ?» amakuru adufasha kwiga Yoh. 21:15, nwtsty-wcgr)
Rondera ivyigwa wohakura
Wigiye iki kuri Petero ku bijanye no kuguma ukorera Yehova naho woba ukora amakosa kenshi? C
Ifoto C
Kuzirikana ku kuntu Yehova na Yezu bahariye Petero baherejeko vyokumarira iki?
Wokwigana gute umutima rugabo Petero yagaragaje muri iyi nkuru?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni kamere nziza izihe Petero yagaragaje muri iyi nkuru zituma uhimbarwa no kuba Yehova yaramutoye ngo afadikanye na Kristu kuganza?
Rondera kumenya n’ibindi
Abavyeyi bokoresha gute akarorero ka Petero mu kwigisha abana imbabazi za Yehova?
Raba ingene Petero yumiye kuri Yezu n’igihe abandi bari bamutaye.