51 BARUNABA
«Umwana w’uruhoza»
HAHEZE nk’imyaka itatu Sawuli w’i Taruso acitse umukirisu, yarasubiye i Yeruzalemu kuraba abavukanyi. (Gal. 1:15-19) Wewe yababona nk’abavukanyi, ariko bobo baramutinya kuko bibuka ingene yahora abahama. Biboneka ko benshi batemera ko yahindutse vy’ukuri. Ariko hari umugabo umwe atatinye Sawuli ahubwo yamugaragarije umutima mwiza. Uwo mugabo bahavuye bamwita Barunaba.
Abakirisu b’i Yeruzalemu baratinye gufasha Sawuli w’i Taruso igihe yacika umukirisu, ariko Barunaba yaragize umutima rugabo aramufasha
Barunaba atangura kuvugwa muri Bibiliya ari umukirisu yitwa Yozefu. Nko kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu, Yozefu yaragurishije itongo ryiwe, aca aratanga amahera yarigurishije kugira afashe abakirisu bagenziwe bari n’ivyo bakeneye. Kubera ko yari azwi ko afise umutima mwiza kandi ko yama yiteguriye guhoza abandi, intumwa zamwise Barunaba bisobanura ngo: «Umwana w’uruhoza.» Mu nyuma, nko mu 36 inyuma ya Kristu, igihe Sawuli yaza i Yeruzalemu, Barunaba yaramwakiriye yongera aramugaragariza umutima mwiza. Bibiliya ivuga iti: «Barunaba aca aramufasha, amujana ku ntumwa.»
Kuva ico gihe, Sawuli na Barunaba baciye baba abagenzi somambike. Sawuli yaramamaje inkuru nziza n’umwete ku buryo hari Abayuda bashatse kumwica. Abavukanyi baciye bamurungika i Taruso, akaba ari ho yavuka. Haciye nk’imyaka icenda, Barunaba na we yararungitswe i Antiyokiya muri Siriya kuremesha abari baherutse kuba abakirisu. Bibiliya ivuga ko Barunaba «yari umuntu mwiza kandi yuzuye impwemu nyeranda n’ukwizera.» Ivyo vyatumye abantu benshi bemera inkuru nziza i Antiyokiya ku buryo akenera abamufasha. Yaciye aja i Taruso kurondera umugenzi wiwe Sawuli, baca barakorana ico gikorwa co kwamamaza n’umwete. Barafashije no mu bijanye no kwegeranya imfashanyo zo gufasha abakirisu bakenye.
Sawuli, uwahavuye yitwa Pawulo, yaragiye kwamamaza mu kandi karere ari kumwe na Barunaba. Pawulo na Barunaba bari bakeneye umutima rugabo kugira barangure ico gikorwa. Nk’akarorero, igihe bashika muri Ikoniyo, hari Abayuda bashatse kubica baca baravayo baja i Lusitira. Mu ntango, abantu b’i Lusitira barashatse kubasenga biyumvira ko ari imana. Ariko Abayuda bamwebamwe b’i Antiyokiya no muri Ikoniyo, baraje maze batangura kuvuga ibinyoma kuri Pawulo na Barunaba. Abantu b’i Lusitira baciye bemera ivyo abo Bayuda bavuze. Baciye bahindukirira Pawulo bamutera amabuye, hanyuma bamuburutira inyuma y’igisagara biyumvira ko yapfuye. Igihe abakirisu b’i Lusitira bakikuza Pawulo, yarashoboye guhaguruka maze aratambuka basubira mu gisagara. Iyumvire ingene Barunaba yumvise aruhuriwe aho aboneye ko Pawulo yari akiri muzima! Baciye bava i Lusitira. Ariko ata gihe kinini kihaciye, baragarutse i Lusitira kugira baremeshe abavukanyi. Mbega ukuntu bagaragaje umutima rugabo!
Barunaba na Pawulo barakoreye cane Yehova bari kumwe, mbere no mu bihe bitoroshe. Ariko rero, vyarashitse baracanamwo. Barunaba yashaka kujana na muvyarawe Mariko mu rugendo rukurikira. Ariko Pawulo ntiyabishimye kubera Mariko yari yarigeze kubata bari mu rugendo nk’urwo. Yaba Pawulo canke Barunaba, umwe wese yumiye ku vyiyumviro vyiwe. «Baca barashavuranira, barashwana bimwe bikaze» ku buryo batandukana.
None Barunaba yoba yagumye ashavuriye Pawulo canke yaramubabariye? Yari akeneye umutima rugabo kugira akore ikibereye maze yirinde kubika inzika. Igihe bishitse ntitwumvikane n’umukirisu mugenzi wacu biroroshe ko tumushavurira, tukamuvuga nabi canke mbere tugahagarika kwitaba amakoraniro. Bisaba umutima rugabo kugira ntituvyifatemwo muri ubwo buryo. Naho ari ukwo, dutegerezwa gukora ivyo dushoboye vyose kugira tubabarire abavukanyi bacu. Igihe tubigenjeje gutyo, tuba tunezereje Yehova.
Naho vyashitse Pawulo na Barunaba bagacanamwo, bompi bagumye basukurira Yehova. Barunaba na Mariko baciye bafata ubwato baja i Shipure, babandanya guhindura abantu abigishwa. Pawulo yabandanije urugendo rwiwe ari kumwe na Silasi kandi Yehova yarabafashije kuremesha amashengero bongera barabwira inkuru nziza abantu benshi.
Pawulo na Barunaba boba bagumye bashavuraniye? Eka data. Ivyo tuvyemezwa n’uko Pawulo yavuze neza Barunaba mu makete yandikiye amashengero. Nk’akarorero, mw’ikete yandikiye Abakorinto yavuze ko Barunaba yakora cane kugira aronke amahera amufasha kubandanya igikorwa co kwamamaza. (1 Kor. 9:6) Pawulo kandi ntiyagumye ashavuriye Mariko. Muri rimwe mu makete yanditse, Pawulo yabwiye abavukanyi ko bakwiye gufata neza Mariko «incuti ya Barunaba.» (Kol. 4:10, 11) Naho Pawulo na Barunaba batasubiye kwamamaza bari kumwe, bagumye ari abagenzi. Emwe, Barunaba yagumye abwira abantu inkuru nziza yongera abahoza! N’igihe yakorana na Mariko, nta gukeka ko yamwigishije ibintu vyinshi. Mu kigabane gikurikira turaza kuraba ingene Mariko yagaragaje umutima rugabo.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Barunaba yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Barunaba yari Umulewi. Twisunze amategeko ya Musa, Abalewi ntibaronka intoranwa. None Barunaba yakuye he itongo? (Guh. 18:20; Ivyak. 4:36, 37; w98 15/4 20 ing. 4, akajambo k’epfo-wcgr)
2. Kubera iki Barunaba yiswe intumwa? (Ivyak. 14:14; it «Barnabas» ing. 3-wcgr)
3. Barunaba na Pawulo barabwiye inkuru nziza umugabo umwe yitwa Serejiyo Pawulosi i Shipure. None Luka, uwanditse igitabu c’Ivyakozwe, yoba yarihenze igihe yavuga ko Serejiyo Pawulosi yari «buramatari»? (Ivyak. 13:7, 12; it «Chypre» ing. 6-wcgr) A
Bank of Cyprus Cultural Foundation Collection
Ifoto A: Igiceri cubuwe i Shipure kiriko ishusho ya Kolode. Yari umwami w’abami w’Uburoma igihe Barunaba na Pawulo baja i Shipure. Kuri ico giceri herekana ko umutegetsi w’iryo zinga ari «buramatari»
4. Kubera iki bidatangaje kubona abantu b’i Lusitira baripfuje guha ikaze Pawulo na Barunaba mu kubashikanira ibimazi? (bt 109, uruzitiro)
Rondera ivyigwa wohakura
Ni mu buryo ubuhe twogaragaza ubwakiranyi nka Barunaba?
Biboneka ko Barunaba ari we yatunganije urugendo rwa mbere rwo kuja kwamamaza. Ariko Pawulo yahavuye ashingwa amabanga menshi gusumba Barunaba. Naho vyari ukwo, Barunaba ntiyigeze agirira ishari Pawulo. Twokwigana gute Barunaba? B
Ifoto B
Ni mu buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Barunaba?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Kubera iki ushima kuba Barunaba yaracaguwe ngo aje gufadikanya na Kristu kuganza?
Rondera kumenya n’ibindi
Kubera iki ubugenzi Barunaba yagiraniye na Pawulo butwereka ko abantu bafise kamere zitandukanye bashobora gukorana neza?
Muri iyi videwo, nurabe ingene abantu bashobora gutorera umuti ingorane igihe bishitse bakagira ico batumvikanako nk’uko Barunaba na Pawulo babikoze.