ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg rup. 4-7
  • Urashobora kugira umutima rugabo!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urashobora kugira umutima rugabo!
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Urashobora kugira umutima rugabo nka Yezu!
  • Bibiliya yodufasha gute kurushiriza kugira umutima rugabo?
  • “Gira umutima rugabo . . . ukore”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • «Ya ntambwe yo mu muryango wa Yuda»
    “Ingo unkurikire”
  • “Ugire umutima rugabo kandi ukomere cane”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Numpe umutima rugabo
    Turirimbire Yehova tunezerewe
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg rup. 4-7

INTANGAMARARA

Urashobora kugira umutima rugabo!

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

1-3. Kubera iki amajambo Yezu yavuze ngo «Haguruke tugende» aranga umutima rugabo?

«HAGURUKE tugende.» Ayo ashobora kuba ari yo majambo aranga umutima rugabo kuruta ayandi yose abantu bamaze kuvuga. Uti kubera iki? Turabona inyishu turavye uwayavuze n’igituma yayavuze.—Mat. 26:46.

Yezu ari mw’itongo ry’i Getsemani arindiriye ko baza kumufata.

«Haguruke tugende.»​—⁠Mat. 26:46

2 Yezu Kristu ni we yabwiye ayo majambo abigishwa biwe. Ntiryari ryo rya mbere ayababwiye. (Yoh. 14:31) Ariko aha hoho, ibintu ntivyari vyoroshe. Yari mw’itongo ry’i Getsemani inyuma y’igisagara ca Yeruzalemu. Hari mw’ijoro kandi Yezu yari azi ko hari abantu bafise ibirwanisho bariko baraza. Yari azi ico bashaka kumukorera. Yari agiye gushikirwa n’ikigeragezo gikomeye ata wundi muntu kirashikira. Yari azi kandi ko abwirizwa guhangana n’ico kigeragezo ari wenyene.

3 Yezu ntiyarondeye gukwepa ico kigeragezo. Naho yari gushobora gusaba umumarayika w’inkomezi ngo amukingire, ntiyabigize. (Mat. 26:53) Ahubwo, yivugiye gusa ati: «Haguruke tugende.» None yari agiye he? Yari agiye guhura n’abo bantu bariko baramurondera. Kubera iki yemeye gukora ikintu nk’ico giteye akaga? Kubera yakunda Se wiwe, agakunda n’abigishwa biwe.

4-5. Kugira umutima rugabo bisobanura iki, kandi kubera iki tuwukeneye?

4 Nta gukeka ko Yezu Kristu ari we yagaragaje umutima rugabo kuruta abandi bose babayeho. Woba uri umwigishwa wiwe? Na wewe nyene urafise umutima rugabo. Abakirisu b’ukuri babwirizwa kugira umutima rugabo. Kubera ko tubayeho mu bihe bigoye kandi biteye akaga, turakeneye kugaragaza iyo kamere kuruta ikindi gihe cose.

5 None kugira umutima rugabo bisobanura iki? Kugira umutima rugabo ntibisigura kudatinya akaga, kwita mu kaga bidakenewe canke kubona ko ata na kimwe cokugirira nabi. Ntibisigura kandi gukora ibintu vy’ububisha kugira werekane ko ukomeye. (Zab. 11:5) Uwo si wo mutima rugabo Yezu yerekanye. Ahubwo kugira umutima rugabo bisigura kugira inguvu zo gukora ivyo Imana igomba naho vyoba bitoroshe canke biteye ubwoba.

Urashobora kugira umutima rugabo nka Yezu!

6. Amajambo Yezu yabwiye intumwa ziwe yokuremesha gute igihe wibaza ko udafise umutima rugabo?

6 Ushobora kuba wibaza nimba wogira umutima rugabo nka Yezu igihe woshikirwa n’ingorane. Nimba ari ukwo, niwibuke iki kintu: Yezu aradutahura. Cokimwe na Se wiwe, Yezu ntiyigera yitega ko dukora ibirenze ivyo dushoboye. (Zab. 103:14; Yoh. 14:9) Nk’akarorero, muri rya joro yari mw’itongo ry’i Getsemani, yasavye intumwa ziwe kuguma ziri maso ariko vyarazinaniye. Mugabo yababwiranye umutima mwiza ati: «Nkako, umutima urashashaye ariko umubiri uragoyagoya.» (Mat. 26:41) Yaratahura ubugoyagoye bwabo, kandi nawe aragutahura.

7-8. Yezu yerekanye gute ko yizigira abigishwa biwe?

7 Yezu kandi yarerekanye ko yizigira abigishwa biwe. Iyumvire ingene bumvise baremye igihe yababwira ati: «Nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi.» (Yoh. 16:33) Yari azi ko bashobora kumwigana kandi barabikoze. Yezu yararemesheje abantu incuro zitari nke. Yararemesheje umuntu amugaye, aca amubwira ko ibicumuro vyiwe bibabariwe. (Mat. 9:2) Yararemesheje umugore umwe ahejeje kumukiza indwara isesereza cane. (Mat. 9:22) Yararemesheje abigishwa biwe igihe bagira ubwoba kubera igihuhusi. (Mat. 14:27) Yaranaremesheje ari mw’ijuru intumwa Pawulo igihe abacamanza bashangashiwe bagomba kumwica.—Ivyak. 23:​9-11.

8 Na wewe uwo Mwami wacu w’umutima rugabo arakuremesha. Ashaka ko ‘ugira umutima rugabo’ kandi arazi ko wobishobora. Se wiwe Yehova yaraguhaye ibikenewe vyose kugira ugire umutima rugabo.

Bibiliya yodufasha gute kurushiriza kugira umutima rugabo?

9. Ijambo ry’Imana ryodufasha gute kugira umutima rugabo?

9 Yehova yarandikishije muri Bibiliya uburorero bwinshi bwodufasha kugira umutima rugabo. Turasangayo uburorero bw’abagabo n’abagore, abato n’abakuze kandi bashikiwe n’ibintu bitandukanye mu buzima. Cokimwe n’umuhanuzi Eliya, nta gukeka ko bose bari ‘bameze nkatwe.’ (Yak. 5:17) Cokimwe natwe twese, barakora amakosa kandi vyarashika bakagira ubwoba. Kandi cokimwe natwe, barahuye n’ingorane zitandukanye, mbere bamwe muri bo barashikiwe n’ibintu biteye akaga. Ariko ivyo vyose barabitsinze nka kumwe kwa Yezu. Baragize umutima rugabo, baba badusigiye akarorero kakituremesha no muri kino gihe.

10-11. Iki gitabu cogufasha iki, kandi wogikoresha gute? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo «Ingene twokoresha iki gitabu mu kwiyigisha no mu gusenga kwo mu muryango.»)

10 Iki gitabu kigenewe kugufasha kurushiriza kugira umutima rugabo. Mu bigabane 54 bikigize, uzobona ingene Yehova yafashije abantu badatunganye nka wewe kugira umutima rugabo bari bakeneye. Nusome inkuru y’umuntu wese, hama ugire ubushakashatsi kugira umenye vyinshi ku bijanye n’uwo muntu. Niwabigira, uzorushiriza kumenya abo bagabo n’abagore bavugwa muri Bibiliya.

11 Ese uburorero bwabo bwogufasha kurushiriza kugira umutima rugabo kugira ushobore kwihanganira iyi «misi ya nyuma» igoye. (2 Tim. 3:1) Buri musi, niwame wibuka aya majambo asubiriza umutima mu nda Yehova yavuze ati: «Sinzokwigera ndaguta, kandi sinzokwigera ndaguheba.» Ivyo bizotuma dushobora «kugira umutima rugabo tukavuga duti: “Yehova ni umutabazi wanje, nta co nzotinya.”»—Heb. 13:​5, 6.

Ingene twokoresha iki gitabu mu kwiyigisha no mu gusenga kwo mu muryango

  • Nusome iyo nkuru (1), usome ivyanditswe bijanye n’iyo nkuru (2), wongere usenge kandi uzirikane ku kibazo co kuganirako (3).

  • Niwihweze amafoto (4). Wokwigira iki ku bantu bari kuri ayo mafoto, ingorane bagize n’umutima rugabo bagaragaje?

    Igicapo c’urupapuro rwa 28 n’urwa 29, cerekana aho umuntu asanga ibintu bine vya mbere bigize iki gitabu.
  • Niwinjire mu mizi (5) iyo nkuru mu gusoma amarabiro batanze.

  • Rondera ivyigwa wokura (6) muri iyo nkuru, ingene wobishira mu ngiro n’ingene wobikoresha mu gufasha abandi.

  • Zirikana (7) ico iyo nkuru ikwigisha ku vyerekeye Yehova, umugambi wiwe na kazoza kacu.

  • Rondera kumenya n’ibindi (8) mu gusoma ibiganiro batanze no mu kuraba amavidewo berekanye mu mpera y’ikigabane.

    Igicapo c’urupapuro rwa 30 n’urwa 31, cerekana aho umuntu asanga ikintu ca gatanu gushika ku c’umunani mu bigize iki gitabu.

Ushaka kumenya n’ibindi, nurabe ibindi biganiro vyo kuri jw.org, amavidewo canke insiguro bivuga ibijanye n’umuntu yavuzwe muri iyo nkuru.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika