ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/10 rup. 18-23
  • Ijambo ry’Imana Rigumaho Ibihe Bidashira

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ijambo ry’Imana Rigumaho Ibihe Bidashira
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igihe Ryahangana n’Utwigoro two Kurizimanganya
  • Ukurinda Iryo Jambo ngo Ntiryononwe
  • Ubutumwa Bushika Irya n’Ino ku Mubumbe
  • Yehova ni Imana iyaga n’abasavyi bayo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Bibiliya Iva ku Mana Koko?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Bibiliya—Kuki hari izitandukanye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ukuntu Bibiliya yadushikiriye
    Be maso!—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/10 rup. 18-23

Ijambo ry’Imana Rigumaho Ibihe Bidashira

“Arikw ijambo ry’Imana yacu rizohorah’ibihe bidashira.”—YESAYA 40:8.

1. (a) Ngaha imvugo ngo ‘ijambo ry’Imana’ isobanura iki? (b) Amasezerano atangwa n’abantu ameze gute agereranijwe n’ijambo ry’Imana?

ABANTU bahengamiye ku gushira ukwizigira kwabo mu masezerano y’abagabo n’abagore bahambaye. Mugabo naho ayo masezerano yoba asa n’ayaryohera abantu bipfuza cane kumererwa neza mu buryo babayeho, agereranijwe n’ijambo ry’Imana yacu ameze nk’amashurwe ayāma. (Zaburi 146:3, 4) Ubu haraciye imyaka 2 700, Yehova Imana yarahumekeye umuhanuzi Yesaya kwandika ibi: “Abafise umubiri bose [ni] ivyatsi gusa, n’ubgiza bgabo bgose bumeze nk’amashurwe yo ku musozi: . . . Ivyatsi birūma, amashurwe agakabirana, arikw ijambo ry’Imana yacu rizohorah’ibihe bidashira.” (Yesaya 40:6, 8) Iryo ‘jambo’ rigumaho ni iriki? Ni ibivugwa n’Imana vyerekeye intego ifise. Muri iki gihe turafise iryo ‘jambo’ mu buryo bwanditse muri Bibiliya.—1 Petero 1:24, 25.

2. Ku biraba Isirayeli n’Ubuyuda vya kera, Yehova yasohoje ijambo ryiwe ahanganye n’udutima be n’ibikorwa nyabaki?

2 Abantu bari babayeho mu misi ya Isirayeli ya kera bariboneye ukuri kw’ivyo Yesaya yashize mu nyandiko. Biciye ku bahanuzi biwe, Yehova yabûye yuko kubera ukumuhemukira gukomeye, ubwa mbere bwa bwami bwa Isirayeli bugizwe n’imiryango cumi, hagakurikira bumwe bugizwe n’imiryango ibiri bwa Yuda, bwojanywe guhabishwa. (Yeremiya 20:4; Amosi 5:2, 27) Nubwo bahamye abahanuzi ba Yehova bakanabica, bagaturira ikizingo carimwo ubutumwa bw’Imana bw’imburi, vyongeye bagatera akamo Misiri ngo ibafashe mu vya gisirikare kugira babuze isohora ryabwo, ijambo rya Yehova ntiryananiwe. (Yeremiya 36:1, 2, 21-24; 37:5-10; Luka 13:34) Ikindi, isezerano Imana yatanze ry’ukugarukana amasigarira y’Abayuda yigaye bakaza mu gihugu cabo, ryaragize iranguka ryibonekeje.—Yesaya, ikigabane ca 35.

3. (a) Ni ayahe masezerano yashizwe mu nyandiko na Yesaya dukwiye kwitwararika bimwe bidasanzwe? (b) Ni kuki ujijutse ko ivyo bintu bizoba koko?

3 Biciye kuri Yesaya, Yehova kandi yarabuye ko hobaye ubutegetsi bugororotse ku bana b’abantu biciye kuri Mesiya, ukubohorwa icaha n’urupfu, hamwe n’uguhindurwa kw’isi ikaba iparadizo. (Yesaya 9:6, 7; 11:1-9; 25:6-8; 35:5-7; 65:17-25) Ivyo na vyo vyoba bizohava bikaba? Eka nta mazinda na makeyi! “Imana . . . [nti]zi kubesha.” Yaratumye ijambo ryayo ry’ubuhanuzi rishirwa mu nyandiko ngo bitugirire akamaro, kandi yararavye neza ko rizigamwe.—Tito 1:2; Abaroma 15:4.

4. N’ubwo ibizingo vya Bibiliya vyo mu ntango bitarinzwe, ni igiki cemeza ko ijambo ry’Imana ari “rizima”?

4 Yehova ntiyarinze ibizingo vy’intango abanditsi biwe ba mbere banditsemwo ubwo buhanuzi. Mugabo “ijambo” ryiwe, intēgo yamenyesheje, ryarahinyuje ko ari ijambo rizima. Iyo ntēgo iguma itera yunguruza ata kiyibuza, kandi uko yunguruza, ivyiyumviro n’ibivyurangiro biri imbere mu bantu b’ubuzima yerekeye birigaragaza. (Abaheburayo 4:12) Ikindi kandi, inkuru y’ivya kahise irerekana yuko ukurindwa hamwe n’uguhibanurwa kw’Ivyanditswe vyahumetswe ubwavyo kwagizwe ku bw’Imana.

Igihe Ryahangana n’Utwigoro two Kurizimanganya

5. (a) Ni akigoro nyabaki kagizwe n’umwami w’Umusiriya kugirango ahonye Ivyanditswe vy’Igiheburayo vyahumetswe? (b) Ni kuki yananiwe?

5 Incuro zitari nke, abategetsi baraharanije ngo bahonye ivyo vyandiko vyahumetswe. Mu mwaka w’168 B.G.C., Umwami Antiyoki Epifani w’Umusiriya, yarashingiye igicaniro Zeyu mu rusengero rwari rwaherejwe Yehova. Yaranahigahīze ‘ibitabu vy’Ivyagezwe,’ arabiturira, yongera amenyesha yuko umuntu wese afise mwen’ivyo Vyanditswe yokwishwe. Uko amakopi yaturiye i Yeruzalemu n’i Yudaya angana kwose, ntiyashoboye kuzimanganya Ivyanditswe buhere. Imigerēro y’Abayuda ico gihe yari isabagiye mu bihugu vyinshi, kandi buri sinagogi yari ifise icegeranyo cayo c’ibizingo.—Gereranya n’Ivyakozwe 13:14, 15.

6. (a) N’akigoro gaki gakomeye kagizwe ko guhonya Ivyanditswe vyakoreshwa n’Abakirisu ba mbere? (b) Iherezo ryabaye irihe?

6 Mu 303 G.C., Umwami w’abami Dioclétien w’Umuroma na we nyene yaravumereye yuko ibibanza vy’amakoraniro ya gikirisu bitātagurwa, n’uko ‘Ivyanditswe vyabo bitongorwa n’umuriro.’ Ihonya mwen’iryo ryarababandanije rimara imyaka nka cumi. Yamara naho uruhamo rwari uruteye ubwoba, Dioclétien ntiyashobokewe no kurandura Ubukirisu, eka n’Imana ntiyemereye abakozi b’uwo mwami w’abami guhonya amakopi yose y’igice na kimwe coco c’Ijambo ryayo ryahumetswe. Ariko mu kuntu bene kurirwanya bakiriye igabanganywa n’ikwiririzwa ry’Ijambo ry’Imana, barerekanye icari mu mitima yabo. Bariyerekanye ko bari abantu bahumwe amaso na Shetani, kandi bakagira igomba ryiwe.—Yohana 8:44; 1 Yohana 3:10-12.

7. (a) Ni utwigoro duki twagizwe two kuniga ikwiragira ry’ubumenyi bwa Bibiliya mu Buraya bw’i burengerazuba? (b) Ni ibiki vyaranguwe mu guhibanura no gusohora Bibiliya?

7 Utwigoro two kuniga ikwiragira ry’ubumenyi bwa Bibiliya twarafashe n’izindi mero. Igihe Ikilatini cazima ntikibe kikiri ururimi rwa buri musi, abarwanije bivuye inyuma ihibanurwa rya Bibiliya mu ndimi zikoreshwa n’abantu basanzwe ntibari abategetsi ba gipagani, ariko bari abavuga ko ari Abakirisu—Pāpa Geregori w’VII (1073-85) na Pāpa Inosenti wa III (1198-1216). Mu kugira akigoro ngo hazimanganywe ukudahuza ivyiyumviro n’ubukuru bwa Ekeleziya, Inama ya Gatolika y’i Roma yabereye i Toulouse mu Bufaransa mu 1229, yategetse yuko ngo uwutihebeye Imana adashobora gutunga ibitabu vya Bibiliya mu rurimi rw’abanyagihugu. Ya Sentare Nserekezi yarakoreshejwe bimwe vy’agahahazo, kugira ikomeze iryo tegeko. Yamara, inyuma y’imyaka 400 iyo Sentare yamaze ikora, abakunzi b’Ijambo ry’Imana bari bahibanuye Bibiliya yose kandi bakaba bariko bakwiragiza integuro zayo mu ndimi nka 20, kugerekako n’indimirimi zindi, hamwe n’ibihimba bikurubikuru vyayo mu zindi ndimi 16.

8. Mu kinjana ca 19, ni ibiki vyariko bishika mu vy’uguhibanura Bibiliya n’ukuyigabanganya mu Burusiya?

8 Ekeleziya Gatolika y’i Roma si yo yonyene yaharanya ngo ibuze ko Bibiliya ishikira abantu basanzwe. Mu ntango z’ikinjana ca 19, Pavsky, umuporofeseri wo kuri St. Petersburg Academy of Divinity, yarahibanuye Injili ya Matayo ayikura mu Kigiriki ayishira mu Kirusiya. Ibindi bitabu vy’Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu na vyo nyene vyarahibanuwe mu Kirusiya, Pavsky akora nk’umuteguranyandiko. Ivyo vyaragabanganijwe cane kugeza aho mu 1826, bivuye ku rwenge rwa Ekeleziya, umutsari ashwirurwa ngo ashirishe Ishirahamwe ry’Ivya Bibiliya ry’Uburusiya munsi y’ubuhagarikizi bwa “Sinodi Nyeranda” ya Ekeleziya Orotodogisi y’Uburusiya, ari na vyo vyaciye bizimanganya rwose ibikorwa vyaryo. Mu nyuma Pavsky yarahibanuye Ivyanditswe vy’Igiheburayo abikuye mu Giheburayo abishira mu Kirusiya. Nko muri ico gihe nyene, Makarios, umwe mu bakuru ba Ekeleziya Orotodogisi, na we nyene yarahibanuye Ivyanditswe vy’Igiheburayo abikura mu Giheburayo abishira mu Kirusiya. Bompi barahaniwe utwigoro twabo, impibanuro zabo na zo zishirwa mu nshinguranyandiko za Ekeleziya. Ikeleziya yiyemeje kugumya Bibiliya mu rurimi rw’Igisilave rwa kera, ico gihe rukaba rutasomwa canke ngo rutahurwe n’abantu basanzwe. Igihe utwigoro tw’abantu two kugira bironkere ubumenyi bwa Bibiliya tutari tugishoboye kuzimanganywa ni ho honyene “Sinodi Nyeranda,” mu 1856, yatangura guhingura impibanuro ya gisinodi, ibigira ikurikije amategeko nyobozo yitondewe kugira biyemeze ko imvugo zikoreshejwe zoba zihuje n’ivyiyumviro vya Ekeleziya. Gutyo, ku vyerekeye ukwandagara kw’Ijambo ry’Imana, itandukaniro ryariko rigaragazwa hagati y’ukuntu indongozi z’idini zaboneka inyuma n’agatima zari zifise, nk’uko vyahishuwe n’amajambo be n’ibikorwa vyabo.—2 Ab’i Tesalonike 2:3, 4.

Ukurinda Iryo Jambo ngo Ntiryononwe

9. Abahibanuzi bamwebamwe ba Bibiliya berekanye gute urukundo bafitiye Ijambo ry’Imana?

9 Mu bahibanuye kandi bagakoporora Ivyanditswe, hǎrimwo abantu bakunda vy’ukuri Ijambo ry’Imana kandi bakagira utwigoro dukomeye kugira batume rironkeka ku wo ari we wese. William Tyndale yarishwe rumaratiri (mu 1536) azira ivyo yakoze kugirango Bibiliya iboneke mu Congereza. Francisco de Enzinas yarapfunzwe na Sentare Nserekezi ya Gatolika (inyuma yo mu 1544) azira uguhibanura n’ugusohora Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu mu Gisupanyoli. Robert Morrison (kuva mu 1807 gushika mu 1818), yarahibanuye Bibiliya mu Gishinwa ahakwa kuhasiga agatwe.

10. Ni uturorero utuhe twerekana yuko hariho abahibanuzi bavyurirwa ingiro n’utwosho tundi atari ugukunda Ijambo ry’Imana?

10 Rimwe na rimwe ariko, hariho ibindi bintu atari ugukunda Ijambo ry’Imana vyatumye igikorwa c’abakoporozi n’abahibanuzi gikorwa. Zirikana uturorero tune: (1) Abasamariya barubatse urusengero ku Musozi Gerizimu ngo ruhíge n’urusengero rw’i Yeruzalemu. Mu gushigikira ivyo, hari ikintu congewemwo muri Pentateki y’Abasamariya, muri Kuvayo 20:17. Hongewemwo itegeko, nk’uko ryoba ririmwo muri Dekalogi (ya Mabwirizwa Cumi), ryo kwubaka igicaniro c’amabuye ku Musozi Gerizimu no kuhashikanira ibimazi. (2) Umuntu yahibanuye ubwa mbere igitabu ca Daniyeli ngo kije muri Bibiliya y’Ikigiriki yitwa Septante yarihaye imyidegemvyo mu mpinduro ziwe. Yarasobekanzemwo amajambo yiyumviriye ko yosigura canke agakirurutsa ivyari mu gisomwa c’Igiheburayo. Yarasimvye utuntu dutoduto yiyumvira yuko tutokwemereka ku basomyi. Igihe yahibanura ubuhanuzi bwerekeye igihe c’uguseruka kwa Mesiya, ubwo dusanga muri Daniyeli 9:24-27, yarafuditse ikiringo cavuzwe hanyuma arongerako, arajoborora, ndetse arahindukiranya amajambo, kumbure arondera gutuma ubwo buhanuzi busa n’ubushigikira urugamba rw’Abamakabe. (3) Mu kinjana ca kane G.C., mu rwandiko-cegeranyo rw’Ikilatini, umuvugizi w’ivy’Ubutatu w’umwete ndengarugero, biboneka yuko yashizemwo amajambo ngo “mw ijuru, Data, Jambo, na mutima mutagatifu; kandi abo batatu ni umwe” nka kumwe ayo yoba ari ayadonzwe akuwe muri 1 Yohana 5:7. Mu nyuma ako gace karinjijwe mu gisomwa c’umuzingo wa Bibiliya y’Ikilatini. (4) Louis XIII (1610-43), mu Bufaransa, yarahaye uruhusha Jacques Corbin ngo ahibanure Bibiliya mu Gifaransa kugirango aje impaka n’utwigoro tw’Abaporotisanti. Kubera ko iyo ari yo ntumbero Korbin yari afise, yarinjijemwo ivyongewe mu gisomwa bimwebimwe, gushiramwo n’ivy’ “inkuka nyeranda y’Imisa” mu Vyakozwe 13:2.

11. (a) Ni mu buryo ki Ijambo ry’Imana ryagumyeho nanzi ubugunge bw’abahibanuzi bamwebamwe? (b) Hari ikimenyamenya kingana gute gitangwa n’ibizingo vya kera, kigaragaza ico Bibiliya yavuze mu ntango? (Raba uruzitiro.)

11 Yehova ntiyatangiriye mwen’ukwo kujōbororwa kw’Ijambo ryiwe, eka na kwone ntikwahinduye intēgo yiwe. None kwagize ingaruka nki? Ukwongeramwo ivyerekeza ku Musozi Gerizimu ntikwatumye idini y’Abasamariya icika wo muhora Imana ikoresha kugirango ihunde abantu imigisha. Ahubwo riho, kwaratanze ikimenyamenya c’uko naho idini y’Abasamariya yavuga ko yemera ya Pentateki, itari ishoboye kwizigirwa ko yokwigisha ukuri. (Yohana 4:20-24) Ugukebanya imvugo muri Bibiliya yitwa Septante ntikwabujije ko Mesiya aza ku gihe cari carabuwe biciye ku muhanuzi Daniyeli. Ikindi kandi, naho iyo Septante yakoreshwa mu kinjana ca mbere, Abayuda biboneka ko bari bamenyereye kwumva Ivyanditswe bisomwa mu Giheburayo mu masinagogi yabo. Ingaruka yavyo, “abantu bāri barorereye” aho igihe c’ukuranguka kw’ubwo buhanuzi cegereza. (Luka 3:15) Nayo ivyongewemwo muri 1 Yohana 5:7 kugirango hashigikirwe Ubutatu, no mu Vyakozwe 13:2 kugirango Imisa ihabwe urufatiro, ivyo ntivyahinduye ukuri. Kandi mu nyuma ubwo bugunge bwarashizwe ku kabarore koko. Umuganda w’ibizingo vy’ivyandiko vy’intango vya Bibiliya uratanga uburyo bw’ugusuzuma impibanuro iyo ari yo yose ko ari yo koko.

12. (a) Ni ibiki abahibanuzi ba Bibiliya bamwebamwe bahinduye bikomakomeye? (b) Ivyo vyari ibigera kure ku rugero ki?

12 Utundi twigoro two guhindura Ivyanditswe twarimwo ibiruta ukwandika ukundi amajambo y’imirongo mikeyi. Ivyo vyabaye igitero ku karanga k’Imana y’ukuri ubwayo. Ukuntu ayo mahinduka ameze n’ukuntu angana, ubwakwo kwarerekanye neza akosho kava kw isôko rifise ububasha kuruta umuntu munaka uwo ari we wese canke iyungungane iryo ari ryo ryose rya kimuntu—me, akosho kava ku mwansi mukuru wa Yehova, Shetani umwe Diyabule. Abahibanuzi n’abakoporozi baroroheye ako kosho—bamwe babigiranye ishaka, abandi batinyatinya—batangura gukuramwo izina bwite ry’Imana, ari ryo Yehova, mw Ijambo ryayo ryahumetswe, barikura mu bibanza ibihumbi ryabonekamwo. Hakiri nka kare, impibanuro zagizwe zikura mu Giheburayo zishira mu Kigiriki, mu Kilatini, mu Kidagi, mu Congereza, mu Gitaliyano, mu Giholandi no mu zindi, zarakuyemwo izina ry’Imana hose canke zirigumiza gusa mu bibanza bikeyi. Ryaranakuwe mu makopi y’Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu.

13. Ni kuki akigoro gakwiye henshi kagizwe k’ukujoborora Bibiliya katatumye izina ry’Imana rizimangana mu bwibutsi bw’abantu?

13 Yamara, iryo zina rurangwa ntiryazimanganijwe mu bwibutsi bw’abantu. Impibanuro zakuye mu Giheburayo zigashira mu Gisupanyoli, mu Giporotugali, mu Kidagi, mu Congereza, mu Gifaransa, no mu zindi nyinshi, zaragenjeje kwo zirashiramwo izina bwite ry’Imana. Nko mu kinjana ca 16, izina bwite ry’Imana ryaratanguye kandi gusubira kuboneka mu mpibanuro zitari zimwe zo mu Giheburayo z’Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu; nko mu kinjana ca 18, mu Kidagi; nko mu kinjana ca 19 mu Gikorowate no mu Congereza. Naho nyene abantu boshobora kugerageza kwigizayo izina ry’Imana, “umusi w[a Yehova]” niwashika ni ho, nk’uko Imana ibimenyesha, ‘amahanga azomenya ko jewe ndi Yehova.’ Iyo ntēgo yamenyeshejwe y’Imana ntizonanirwa.—2 Petero 3:10; Ezekiyeli 38:23; Yesaya 11:9; 55:11.

Ubutumwa Bushika Irya n’Ino ku Mubumbe

14. (a) Nko mu kinjana ca 20, Bibiliya yari yacapuwe mu ndimi zingahe z’i Buraya, kandi vyakoze iki? (b) Nko mu mpera z’1914, Bibiliya yaronkeka mu ndimi zingahe zo muri Afirika?

14 Mu ntangotango z’ikinjana ca 20, Bibiliya yari imaze gucapurwa mu ndimi 94 z’i Buraya. Yaragabishije Abigishwa ba Bibiliya bo muri ako karere k’isi ku vy’uko ivyo bishikiragihe nyiganzasi vyozananye n’iherezo ry’Ibihe vy’Abanyamahanga mu 1914, kandi vy’ukuri vyarazananye. (Luka 21:24) Imbere yuko wa mwaka w’agakura w’1914 uhita, Bibiliya, yaba yose canke ibitabu bimwebimwe vyayo, yari yasohowe mu ndimi 157 za Afirika, ziyongeye ku ndimi z’Icongereza, Igifaransa, n’Igiporotugali zakoreshwa henshi. Gutyo haba hashizweho ishingiro ry’ukwigisha ukuri kwa Bibiliya kubohora mu vy’impwemu abaciye bugufi bo mu moko menshi n’imigwimigwi y’ibihugu bahaba.

15. Igihe hatangura imisi y’iherezo, Bibiliya yaronkeka ku rugero rungana iki mu ndimi abantu bavuga muri za Amerika?

15 Igihe isi yinjira muri ya misi y’iherezo yari yarabûwe, Bibiliya yararonkeka muri za Amerika. Inyambukira ziva mu Buraya bari baje bayizanye mu ndimi zabo zitari zimwe. Porogarama igera kure y’ivy’ukwigisha Bibiliya yari ikôkeye, hagashikirizwa insiguro z’icese, hakanagirwa igabanganywa rinini ry’ivyandikano vya Bibiliya bisohorwa n’Abatohoji Nkwiramahanga ba Bibiliya, nk’uko Ivyabona vya Yehova bari bazwi ico gihe. Vyongeye, icapurwa rya Bibiliya ryari rimaze gutangura kugirwa n’amashirahamwe y’ivya Bibiliya mu ndimi 57 zindi kugira bakwize ibikenewe n’imvukira zo mu gihimba c’isi co mu Burengerazuba.

16, 17. (a) Bibiliya yari yacitse iyironkeka ku rugero rungana iki aho igihe cashika c’ugukora ubukwiririji ku mubumbe wose? (b) Ni mu buryo ki Bibiliya yahinyuje vy’ukuri yuko ari igitabu kigumaho kandi c’akosho kanini?

16 Aho igihe gishikiye c’ugukwiririza inkuru nziza ku mubumbe wose imbere y’uko ‘umuhero uza,’ Bibiliya ntiyari akaje vuba namba kuri Aziya n’amazinga ya Pasifike. (Matayo 24:14) Yari yatanguye gusohorwa mu ndimi 232 ziranga ako karere k’umubumbe. Zimwezimwe zari Bibiliya zuzuye; nyinshi zari impibanuro z’Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu; ibindi vyari ibigizwe n’igitabu kimwekimwe rudende c’Ivyanditswe Bitagatifu.

17 Mu buryo bwumvikana, Bibiliya ntiyagumaho bwa karangavyahise gasa. Mu bitabu vyose vyahabaye, ni co gitabu cari cahibanuwe kandi cagabanganijwe cane kurusha vyose. Mu buryo buhwanye n’ico kimenyamenya c’uko yari yikundiwe n’Imana, ivyashizwe mu nyandiko muri ico gitabu vyariko birataha. Inyigisho zayo hamwe n’impwemu yari inyuma yazo, navyone vyariko bigira ico bikoze kiramba ku buzima bw’abantu mu bihugu vyinshi. (1 Petero 1:24, 25) Mugabo hari n’ibindi vyari buze—ibindi vyinshi.

Woba Wibuka?

◻ “Ijambo ry’Imana yacu” rigumaho ibihe bidashira ni iriki?

◻ Ni ibiki vyagizwe kugirango hageragezwe ivy’ukuzimanganya Bibiliya, kandi iherezo ryabaye irihe?

◻ Ni gute ukutononekara kwa Bibiliya kwakingiwe?

◻ Ni gute ivyo Imana yavuze vy’intēgo yayo vyagaragaye ko ari ijambo rizima?

[Uruzitiro ku rup. 20]

Twoba vy’Ukuri Tuzi Ico Bibiliya Yavuze mu Ntango?

Ibizingo vyandikishijwe iminwe bingana nk’6 000 vy’Igiheburayo birashingira intahe ibiri mu Vyanditswe vy’Igiheburayo. Bikeyi muri vyo bihēra ku kiringo c’imbere y’Ubukirisu. Ibizingo bitari munsi ya 19 bihari vy’Ivyanditswe vy’Igiheburayo vyuzuye, bihera ku kiringo c’imbere y’uko havumburwa ivy’ugucapurira ku nyuguti zipangwa zigapangurwa. Turetse ivyo, guhera muri ico kiringo nyene, hariho impibanuro zagizwe mu ndimi 28 zindi.

Ku Vyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu, ibizingo nk’5 000 vyo mu Kigiriki vyarapanzwe birashingurwa. Kimwe muri vyo cashizweko itariki y’125 G.C., gutyo ikaba imyaka mikeyi gusa inyuma y’igihe c’iyandika ry’intango. Kandi uduhimba tumwetumwe vyiyumvirwa ko duhēra imbere yaho cane. Kuri 22 muri vya bitabu 27 vyahumetswe, hariho ibizingo bikwiyekwiye vyandikishijwe iminwe biva kuri 10 gushika kuri 19. Igitigiri gitoyi muri vyose c’ibizingo vyandikishijwe iminwe ku co ari co cose mu bitabu vyo muri ico gihimba ca Bibiliya ni bitatu—ku Vyahishuwe. Ikizingo kimwe c’Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu vyuzuye gihera ku kinjana ca kane G.C.

Nta kindi candikano ca kera na kimwe cemezwa n’ivyo bimenyamenya isema vyanditswe kera.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika