ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/5 rup. 3-8
  • Ukwizera be na Kazoza Kawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukwizera be na Kazoza Kawe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibintu Vyari Bimeze Gute Muri Kahise?
  • Nta Muti Abantu Boshobora Kubitorera
  • Ukuntu Ivyabona vya Yehova Babona Kazoza
  • Kazoza k’Ubutegetsi bw’Abantu
  • Niwizere Ivyo Yehova Yasezeranye
  • Ubwami bw’Imana—Ubutegetsi Bushasha bw’Isi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Yehova Arashitsa Ivyo Yasezeraniye Abizerwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Yehova ni Imana y’urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Kazoza katubikiye iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/5 rup. 3-8

Ukwizera be na Kazoza Kawe

‘Ukwizera ni ukurindira udakekeranya ibintu wizigiye.’—ABAHEBURAYO 11:1, NW.

1. Abantu nka bose bashaka kazoza kameze gute?

WOBA witwararika ivya kazoza? Abantu nka bose baravyitwararika. Ico bizigiye ni kazoza k’amahoro, ugukira ubwoba, ukuba ahantu heza, akazi kimbuka kandi gateye umunezero, amagara meza, n’ukuramba. Nta mazinda, iyaruka ryose ryo muri kahise ryamye rishaka ivyo bintu. Kandi muri iki gihe, muri iyi si yuzuye umudurumbanyo gutya, ubuzima nk’ubwo ni ikintu cipfuzwa gusumba ikindi gihe cose.

2. Umukuru umwe mu vy’intwaro yaseruye ate ukuntu abona kazoza?

2 Uko abana b’abantu batera begereza ikinjana ca 21, hoba hariho uburyo na bumwe bwo kwemeza ukuntu kazoza kazoba kameze? Uburyo bumwe bwaraseruwe n’umukuru umwe mu vy’intwaro w’Umunyamerika, Patrick Henry, ubu hakaba haheze imyaka irenga 200. Yavuze ati: “Sinzi uburyo na bumwe bw’ukumenya kazoza atari ugukoresha kahise.” Dufatiye kuri ukwo kubona ibintu, kazoza k’umuryango w’abantu gashobora kumenyekana ku rugero runini hishimikijwe ivyo umuntu yakoze muri kahise. Benshi baremera ico ciyumviro.

Ibintu Vyari Bimeze Gute Muri Kahise?

3. Inkuru y’ivyabaye yerekana iki ku vyerekeye ivyizero vya kazoza?

3 Niba kazoza kagiye gusubiramwo ivya kahise, wumva ivyo vyoba ari ibiremesha? Kazoza koba karabereye keza amāruka yabayeho gushika muri iyi myaka iheze? Si cane. Naho abantu bagize ivyizigiro mu myaka ishika ibihumbi, kandi naho habaye iterambere mu vy’ubutunzi ahantu hamwehamwe, inkuru y’ivyabaye yerekeye umuntu yuzuyemwo ivy’agahotoro, ubukozi bw’ikibi, ubukari, intambara, n’ubukene. Iyi si yarashikiwe n’ibīza bikurakuranwa, ahanini bitewe n’ubutegetsi bw’abantu butamara inyota. Bibiliya ivugisha ukuri iti: “Umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.”—Umusiguzi 8:9.

4, 5. (a) Ni kuki abantu bari bafise ivyizigiro mu ntango z’ikinjana ca 20? (b) Ni igiki cashikiye ivyizigiro bari bafise vyerekeye kazoza?

4 Ikintu c’ukuri ni uko ivyago vyashikiye abana b’abantu muri kahise biguma vyisubiramwo—mugabo bikaba ku rugero runini kuruta, kandi bigatikiza inganda gusumba. Iki kinjana ca 20 kirabigaragaza. Abana b’abantu boba barakuye icigwa ku makosa yo hambere vyongeye bakayirinda? Erega mu ntango y’iki kinjana, benshi barizeye kuzogira kazoza keza gusumba, kubera ko hari habayeho ikiringo gisa na kirekire c’amahoro no kubera ko hari iterambere mu vyo guhingura ibintu, mu vya siyansi, no mu vy’indero. Hari umuporofeseri umwe wo muri kaminuza yavuze yuko mu ntango y’imyaka y’1900, abantu bemera ko bitosubiye gushoboka ko haba intambara kubera ko “abantu bari basirimutse cane birenze.” Umugabo umwe yigeze kuba umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza yaragize ico avuga ku kuntu abantu babona ibintu ico gihe, ati: “Ibintu vyose vyorushirijeho kugenda biba vyiza. Iyo ni yo si navukiyemwo.” Ariko mu nyuma avuga ati: “Nk’aka kanya, ata wari avyiteze, umusi umwe mu gitondo mu 1914, vyose birarangira.”

5 Naho benshi bari bizeye kazoza keza ico gihe, ico kinjana gishasha capfuye gutangura gusa iyi si ica ishikirwa n’ikiza kibi rwose kitaribwigere giterwa n’umuntu—Intambara ya I y’Isi Yose. Nk’akarorero k’ivyerekeye ingene yari imeze, rimbura ivyabaye mu 1916 mu rugamba rumwe igihe ingabo z’Abongereza zatera ingabo z’Abadagi iruhande y’Uruzi Somme mu Bufaransa. Mu masaha gusa, Ubwongereza bwatakaje abantu 20 000, kandi n’abandi benshi barishwe mu ruhande rw’Abadagi. Imyaka ine y’iryo ririka yahitanye ubuzima bw’abasoda hafi imiliyoni cumi n’abasivile benshi. Abanyagihugu bo mu Bufaransa baramaze igihe batanze imihoho kubera ko bari batakaje abantu benshi cane. Ubutunzi bwaratembejwe, bivamwo kwa Gutemba Gukomeye kw’Ubutunzi kwo mu myaka y’1930. Ntibitangaje kubona hari abavuze yuko umusi Intambara ya I y’Isi Yose yatangura ari wo musi isi yagwara ibisazi!

6. Ubuzima bwoba bwarabaye bwiza kuruta inyuma y’Intambara ya I y’Isi Yose?

6 None ako ni ko kazoza iryo yaruka ryari ryizigiye? Eka namba. Ivyizigiro vyabo vyari bihomvaguritse; eka mbere ivyo vyose nta kintu na kimwe ciza kuruta vyazanye. Mu 1939, hashize imyaka 21 gusa inyuma y’Intambara ya I y’Isi Yose, ikiza kibi rwose kuruta gitewe n’umuntu carabaye—Intambara ya II y’Isi Yose. Yahitanye ubuzima bw’abagabo, abagore n’abana nk’imiliyoni 50. Icucagirwa ry’amabombe ryarasenyaguye ibisagara. Mu Ntambara ya I y’Isi Yose, abasoda nk’ibihumbi barishwe mu rugamba rumwe mu masaha gusa, mu Ntambara ya II y’Isi Yose na ho ibibombe ruhonyanganda bibiri gusa bigandagura abantu barenga 100 000 mu masegonda makeyi gusa. Ikintu benshi biyumvira ko cabaye ikibi kibishe kurusha ivyo, ni kwa kugandagurwa umukuzako kw’amamiliyoni y’abantu mu makambi y’itunaniro y’Abanazi.

7. Ni ibiki vyabaye muri iki kinjana cose?

7 Hari amasôko y’inkuru atari make avuga yuko nk’igihe twoharuriramwo intambara ziba hagati y’amahanga, ugusubiranamwo kw’abanyagihugu hamwe n’abo intwaro ubwazo zishe mu bo zitwara, abishwe muri iki kinjana bose hamwe boshika mu miliyoni hafi 200. Hariho mbere isôko ntangamakuru rimwe rivuga imiliyoni 360. Iyumvire agacavutu k’ivyo vyose—umubabaro, amosozi, amaganya, ubuzima buhayogerera! Vyongeye, incahagati y’abantu nk’40 000, benshi muri bo bakaba ari abana, barapfa imisi yose biturutse ku mpamvu zijanye n’ubukene. Igitigiri nk’ico gatatu, uko bukeye baricirwa mu vy’ugukorora inda. Kandi hafi abantu umuliyaridi usanga bakenye cane ku buryo babura imfungurwa zikenewe kugira bakore umusi w’ibikorwa ukwiye. Ivyo vyose ni ikimenyamenya c’ivyari vyarabuwe mu buhanuzi bwa Bibiliya c’uko tubayeho mu “misi y’iherezo” y’ivy’iyi si mbi.—2 Timoteyo 3:1-5, 13; Matayo 24:3-12; Luka 21:10, 11; Ivyahishuriwe 6:3-8.

Nta Muti Abantu Boshobora Kubitorera

8. Ni kuki abategetsi ba kimuntu badashobora gutorera umunti ingorane z’isi?

8 Uko iki kinjana ca 20 cegereza iherezo ryaco, ibiba muri co vyiyongera ku vyabaye mu binjana vyahise. None ivyo vyabaye bitubwira iki? Bitubwira yuko indongozi za kimuntu zitigeze zitorera umuti ingorane zikomeye z’isi, yuko ata wo bariko baratora ubu, kandi ko batazowutora muri kazoza. Kutuzanira kazoza dushaka birabarengeye, naho nyene boba bafise imigabo myiza gute. Vyongeye, abakuru bamwebamwe nta n’imigabo myiza gutyo bagira; bironderera igiti n’ububasha babitumwe n’ukwikunda be n’ukwironderera amaronko, atari kubera ineza y’abandi.

9. Ni kuki dushobora kugonanwa yuko siyansi ishobora gutorera umuti ingorane z’umuntu?

9 Siyansi none yoba ifise inyishu? Ihibambewe iyo turimbuye kahise. Abanyasiyansi bo mu vy’intwaro barakoresheje amahera menshi cane, umwanya munini cane n’utwigoro dukomeye rwose mu guhingura ibirwanisho vy’ubumara biyogeza inganda, ivyicisha imikorobo hamwe n’ibindi vy’ubundi bwoko bitikiza mu buryo buteye ubwoba. Amahanga, dushizemwo n’ayakenye, asohora amamiliyaridi arenga 700 y’amadolari ku birwanisho uko umwaka utashe! Vyongeye, ‘iterambere mu vya siyansi’ riri n’uruhara runaka mu vy’ukuzana ubumara bwagiyemwo mu gutosekaza impemu, ubutaka, amazi, hamwe n’imfungurwa.

10. Ni kuki indero itangwa mu mashure na yo nyene idashobora gutuma haba kazoza keza kuruta?

10 Twoshobora none kwizigira ko inzego z’ivy’indero zo mw isi zizofasha mu vy’ukwubaka kazoza keza mu kwigisha ingingo ngenderwako zo mu vy’ukwigenza runtu zikirurutse, mu kwigisha ugusonera abandi n’ugukunda mugenzi wacu? Ekaye. Ahubwo riho, zishimika ku vy’ubuzi, ku vy’ukwicira amahera. Zirazana agatima k’ukurushanywa gakomeye, si ak’ugushira hamwe; nta n’imico ngirakamaro ayo mashure yigisha. Ahubwo, menshi muri yo usanga arenza uruho rw’amazi ku vy’umwidegemvyo w’ivy’uguhuza ibitsina, ari kwo kwazanye iyongerekana rinini rwose ry’inda zitwarwa n’imiyabaga hamwe n’indwara zandukira biciye ku bihimba vy’irondoka.

11. Ni gute ivyerekeye amashirahamwe y’ivy’ubudandaji bituma tugonanwa ku vya kazoza?

11 Mbega none amashirahamwe akomakomeye y’ivy’ubudandaji yo mw isi yoba azogira igihe akangukira kubungabunga uwu mubumbe wacu no kugaragaza ugukunda abandi mu guhingura ibintu bizoba biri n’ico bimaze koko atari ivyo kwungukirako gusa? Ivyo bisa n’ibidashoboka. Boba bazohagarika gukora amasenema yuzuye ubukazi n’ubushegabo yo kuri televiziyo agira uruhara mu kwonona imizirikanyi y’abantu na canecane iy’abakiri bato? Kahise k’ejobundi ntikaremesha na gato, kubera yuko ahanini televiziyo yacitse inyabarega y’ubushegabo n’ubukazi.

12. Abantu bamerewe gute ku vyerekeye indwara n’urupfu?

12 Vyongeye, naho abaganga bokora bivuye ku mutima gute, ntibashobora gutsinda indwara n’urupfu. Nk’akarorero, mu mpera z’Intambara ya I y’Isi Yose, ntibashoboye gutsinda ya nyonko yo muri Esupanye; kw isi yose yahitanye ubuzima bw’abantu imiliyoni nka 20. Muri iki gihe, indwara y’umutima, kanseri, hamwe n’izindi ndwara zica, zirabica bigacika. Vyongeye ubuvuzi ntibwatsinze ca kiza ceze ca SIDA. Ahubwo riho, hari raporo y’Ishirahamwe Mpuzamakungu yasohowe muri Munyonyo 1997 yashitse ku vy’uko ugukwira hose kw’umugera wa SIDA kugeze ku ncuro zibiri gusumba uko kwiyumvirwa imbere yaho. Abantu amamiliyoni baramaze kugandagurwa na yo. Mu mwaka wa vuba, abandi bantu imiliyoni zitatu baranduye umugera wayo.

Ukuntu Ivyabona vya Yehova Babona Kazoza

13, 14. (a) Ivyabona vya Yehova babona gute kazoza? (b) Ni kuki abantu badashobora kuzana kazoza keza kuruta?

13 Ariko rero, Ivyabona vya Yehova baremera ko abana b’abantu bafise kazoza kakaka, keza bisumbirije! Mugabo ntibiteze ko ako kazoza keza kazozanwa n’utwigoro abantu bagira. Ahubwo, bahanze amaso Umuremyi, Yehova Imana. Arazi ukuntu kazoza kazoba kameze, kandi kazoba ari keza igitangaza! Arazi kandi yuko abantu badashobora kuzana kazoza nk’ako. Kubera ko Imana ari yo yabaremye, irazi neza cane aho bageza kuruta uwundi uwo ari we wese. Mw Ijambo ryayo, iratubwira neza yuko itaremanye abantu ubushobozi bwo kwigaba ngo baroranirwe ata buyobozi bw’Imana baronse. Kuba Imana yararetse igihe kirekire ngo abantu bategeke batamwisunga, vyaragaragaje neza ko ivyo bintu batabishoboye na gato. Umwanditsi umwe yariyemereye ati: “Ubwenge bw’umuntu bwaragerageje uburyo bwose bushoboka bwo gukoresha ubutegetsi, ariko biba impfagusa.”

14 Muri Yeremiya 10:23, tuhasoma amajambo y’uwo muhanuzi yahumekewe ngo: “[Yehova], nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.” Vyongeye, Zaburi 146:3 havuga hati: “Ntimukishimire abahambaye, cank’umwana w’umuntu n’umwe, ata co yoshobora gukiza.” Kukaba nkako, kubera ko tuvuka turi abanyagasembwa nk’uko mu Baroma 5:12 havyerekana, Ijambo ry’Imana riratugabisha ngo na twebwe ubwacu ntitukiyizigire. Yeremiya 17:9 havuga hati: “Umutima uribesha kuruta ibindi vyose.” Gutyo, Imigani 28:26 havuga hati: “Uwizigira uwiwe mutima aba ar’igipfu, arik’ūgendana ubgenge azorokorwa.”

15. Ni hehe dushobora kuronkera ubwenge bwo kuturongora?

15 None ubwo bwenge dushobora kubukura hehe? “Ukwubaha [Yehova] ni kwo tanguriro ry’ubgenge, kand’ukumenya Uwera ni kwo kumenya ubwenge.” (Imigani 9:10) Yehova wenyene ni we afise ubwenge bushobora kuturongora bukatujabutsa ibi bihe biteye ubwoba. Kandi yaraduhaye uburyo bwo gushikira ubwo bwenge bwiwe biciye ku Vyanditswe Vyeranda, ivyo yahumetse kugira ngo bituyobore.—Imigani 2:1-9; 3:1-6; 2 Timoteyo 3:16, 17.

Kazoza k’Ubutegetsi bw’Abantu

16. Ni nde yagennye kazoza?

16 Ni igiki none Ijambo ry’Imana ritubwira ku vyerekeye kazoza? Ritubwira yuko ata gukeka na gato, kazoza katazoba ari ukwisubiramwo kw’ivyo abantu bagize muri kahise. Urumva rero ko ukubona ibintu kwa Patrick Henry kutari kwo. Kazoza k’iyi si n’abantu bari kuri yo ntigakwiye kugenwa n’abantu, ahubwo gakwiye kugenwa na Yehova Imana. Ukugomba kwiwe kugiye kuzogirwa kw isi, si ukw’umuntu n’umwe canke ihanga, ry’iyi si. “Mu mutima w’umuntu haba imigabo myinshi, arikw inama y[a Yehova] ni yo izoguma.”—Imigani 19:21.

17, 18. Ukugomba kw’Imana ni ukuhe ku vyerekeye igihe turimwo?

17 Ukugomba kw’Imana ni ukuhe none ku vyerekeye igihe turimwo? Yagabiye kuzana iherezo ry’ivy’iyi si irangwa n’ubukazi be n’ubushegabo. Ukuganza nabi kw’ubutegetsi bwa kimuntu kumaze ibinjana n’ibindi ubu bwa vuba kuzosubirirwa n’ubutegetsi butunganijwe n’Imana. Ubuhanuzi buri muri Daniyeli 2:44 buvuga buti: “Ku ngoma z’abo bami [abariho ubu], Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami [mw ijuru] butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.” Ubwo Bwami buzokuraho n’akosho kabi ka Shetani Diyabule, kikaba ari ikintu abantu batoshoboye kwigera bagira. Ugutegeka iyi si kwiwe kuzorangira ubutakigaruka.—Abaroma 16:20; 2 Ab’i Korinto 4:4; 1 Yohana 5:19.

18 Urabona ko iyo ntwaro yo mw ijuru izokomvomvora buhere imero zose z’ubutegetsi bwa kimuntu. Ugutegeka iyi si ntikuzorekerwa mu maboko y’abantu. Abagize Ubwami bw’Imana bazohagarikira ibigirwa kw isi vyose bari mw ijuru, ku neza y’abana b’abantu. (Ivyahishuriwe 5:10; 20:4-6) Kw isi, abantu b’abizerwa bazokora ibihuje n’amategeko y’Ubwami bw’Imana. Ubwo ni bwo butegetsi Yezu yatwigishije gusaba igihe yavuga, ati: “Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru.”—Matayo 6:10.

19, 20. (a) Bibiliya idondora gute ivyaringanijwe vyerekeye Ubwami? (b) Ubutegetsi bwabwo buzogirira iki abana b’abantu?

19 Ivyabona vya Yehova barizera ubwo Bwami bw’Imana. Ni bwo rya ‘juru rishasha’ intumwa Petero yandika ati: “Nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha n’isi nsha, ivyo ukugororoka kuzobamwo.” (2 Petero 3:13) Iyo ‘si nshasha’ ni ikibano c’abantu gishasha kizotwarwa n’ijuru rishasha, ari bwo Bwami bw’Imana. Iyo ni ya ndinganizo Imana yahishura mu vyo yeretse intumwa Yohani, uno yandika ati: “Mbona ijuru risha n’isi nsha: kukw ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyagiye, . . . [Imana i]zohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.”—Ivyahishuriwe 21:1, 4.

20 Urabona ko iyo si nshasha izoba ari iyigororotse. Ibintu vyose bitagororotse bizoba vyakuweho n’igikorwa c’Imana, biciye ku ntambara ya Harumagedoni. (Ivyahishuriwe 16:14, 16) Ubuhanuzi bwo mu Migani 2:21, 22 bubivuga muri ubu buryo: “Abagororotsi bazokwībēra m[w isi], kand’abatunganye bazokwamayo. Arikw abanyavyaha bazokomborwa m[w isi, NW], kand’abaguranyi bazorandurwa muri [y]o.” Zaburi 37:9 na yo isezerana iti: “Inkozi z’ibibi zizorandurwa, arikw abarorereye Uhoraho bazoragwa [isi, NW].” Ntiwoshima none kuba mw isi nshasha mwen’iyo?

Niwizere Ivyo Yehova Yasezeranye

21. Ni kuki dushobora kwizera ivyo Yehova yasezeranye?

21 Twoba dushobora kwizera ivyo Yehova yasezeranye? Umve ivyo avuga biciye ku muhanuzi wiwe Yesaya: “Mwibuke ivyabanje kubaho kera; kukw ari jewe Mana, ata yindi; ni jewe Mana, nta yindi duhwanye. Mpēra kw itanguriro nkavuga ivy’iherezo, ngahēra no mu bihe vya kera nkavuga ibitaraba; nkavuga nt’Imigabo yanje izohama, kand’ivyo nzogomba vyose nzobishitsa.” Igice ca nyuma c’umurongo w’11 kivuga giti: “Narabivuze; no kubishitsa nzobishitsa; narabigabiye, no kubikora nzobikora.” (Yesaya 46:9-11) Egome, turashobora kwizera Yehova n’ivyo yasezeranye nk’aho ivyo vyasezeranywe vyoba vyaramaze kuranguka. Bibiliya ibigaragaza muri ubu buryo: ‘Ukwizera ni ukurindira udakekeranya ibintu wizigiye, iyerekana ryibonekeje ry’ibitarabonwa.’—Abaheburayo 11:1, NW.

22. Ni kuki dushobora kwizera yuko Yehova azorangura ivyo yasezeranye?

22 Abantu bicisha bugufi baragaragaza ukwo kwizera kubera bazi ko Imana izorangura ivyo yasezeranye. Nk’akarorero, muri Zaburi 37:29 tuhasoma ibi: “Abagororotsi bazoragwa [isi, NW], ba[y]ibemw’ibihe bidashira.” Ivyo none twoshobora kuvyemera? Ego cane, kubera ko mu Baheburayo 6:18, havuga hati: ‘Ntibishoboka ko Imana ibesha.’ None Imana yoba ari yo yiganziye isi ku buryo ishoboye kuyiha abicisha bugufi? Ivyahishuriwe 4:11 haratangaza hati: “Waremye vyose; icatumye bibaho kand’icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.” Gutyo, Zaburi ya 24:1 ivuga iti: “Isi n’iy[a Yehova], n’ibiyuzuye, isi n’abayibamwo.” Yehova ni we yaremye isi, akaba ari we ayigaba, akaba kandi ayiha abamwizeye. Ikiganiro gikurikira kiraja kudufasha kwubaka ukwizera kwacu muri ivyo, kitwereke ingene Yehova yashikije ivyo yasezeraniye abantu biwe mu bihe vya kera no muri iki gihe turimwo, n’igituma dushobora kugira ukwizera gukomeye kw’uko ivyo azobikora muri kazoza.

Isubiramwo

◻ Ni igiki cashikiye ivyizigiro vy’abantu mu nkuru yose y’ivyabaye?

◻ Ni kuki tudakwiriye guhanga amaso abantu kugira ngo turonke kazoza keza kuruta?

◻ Ukugomba kw’Imana ni ukuhe ku vyerekeye kazoza?

◻ Ni kuki twizeye ko Imana izorangura ivyo yasezeranye?

[Ifoto ku rup. 4]

Ikibombe: U.S. National Archives photo; abana bicwa n’inzara: WHO/OXFAM; impunzi: UN PHOTO 186763/J. Isaac; Mussolini na Hitler: U.S. National Archives photo

[Abo dukesha ifoto]

Bibiliya ivugisha ukuri iti: “Ntibiri mu muntu . . . kwitunganiriza intambuko ziwe.”—Yeremiya 10:23

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika