Ubuzima Inyuma yo Gupfa—Abantu Bavyemerako Iki?
“Umuntu ni yapfa, mbeg’azosubira kubaho?”—YOBU 14:14.
1, 2. Ni mu buryo ubuhe abantu benshi barondera guhumurizwa iyo babuze uwabo?
MU NZU imwe itegurirwamwo abaja gufubwa mu Gisagara ca New York, incuti n’abagenzi batonze mu gacerere hampande y’isandugu ipfunduruye y’ikiziga c’umuhungu yari amaze imyaka 17, ubusore bwiwe bukaba bwari bwagongowe na kanseri. Nyina wiwe yavunitse umutima aguma asubiramwo yiyuha iryosozi ati: “Tommy ubu ari mu buhirwe burushirije. Imana yashatse ko Tommy aja kubana na yo mw’ijuru.” Ivyo ni vyo yari yarigishijwe kwemera.
2 Kure yaho, nko ku birometero 11 000 i Jamunagari mu Buhindi, mukuru mu bahungu batatu ariko yatsa inkwi ziri ku gicaniro co guturirirako ikiziga ca se. Ukuruguta kw’umuriro kurengerwa n’ibisabisho Umuburahamani atera mu rurimi rwa kera rw’Abahindi ati: “Ubugingo butigera bupfa nibubandanye utwigoro twabwo two gucika umwe na kwa kuri ntabanduka.”
3. Ni ibibazo ibihe abantu bamaze imyaka n’iyindi bibaza?
3 Urupfu ni ikintu twese tubona hirya no hino. (Abaroma 5:12) Ni ibisanzwe ko twibaza niba urupfu ari ryo herezo ry’ibintu vyose. Igihe Yobu wa musavyi w’umwizerwa wa Yehova Imana wo mu gihe ca kera yazirikana ku kuntu ibiterwa biza biracibwa bikongera kunaga, yavuze ati: “Harih’ivyizigiro vy’igiti, iyo giciwe, yuko kizokwongera kunaga, kand’ibitontomya vyaco ko bitazobura.” Twovuga iki none ku vyerekeye abantu? Yobu yabajije ati: “Umuntu ni yapfa, mbeg’azosubira kubaho?” (Yobu 14:7, 14) Hose abantu baramaze imyaka n’imyaka bazirikana ku bibazo bikurikira: Hoba hariho ubuzima inyuma yo gupfa? Niba buriho, ni ubuzima bumeze gute? Kubera ivyo, abantu bashitse ku kwemera iki? Kandi kuki?
Inyishu Nyinshi Yamara Iciyumviro Ni Kimwe
4. Abantu bo mu madini anyuranye bamera iki ku vyerekeye ubuzima bw’inyuma yo gupfa?
4 Abitwa Abakirisu benshi bemera yuko inyuma yo gupfa, abantu baja mw’ijuru canke bakaja mu muriro udahera. Abahindu bobo bemera ko iyo umuntu apfuye yongera kuvukira mu kindi kiremwa. Nk’uko Abisilamu bavyemera, ngo hariho umusi w’urubanza inyuma y’ugupfa, aho Allah azovuga uko umwumwe yigenjeje mu buzima maze amurungike mw’iparadizo canke mu muriro udahera. Mu bihugu bimwebimwe, ivyo abantu bemera ku vyerekeye abapfuye usanga ari igisukirane gitangaje c’imigenzo yaho n’ivyitwa Ubukirisu. Nk’akarorero muri Siri Lanka, Ababuda n’Abagatolika barareka inzugi n’amadirisha bikaguma bitaburuye igihe mu rugo rwabo hari umuntu yapfuye kandi isandugu y’ikiziga igaterekwa ku buryo ibirenge vy’uwasandavye biraba mu muryango wo hanze. Bemera yuko ngo ubwo buryo butuma umushaha canke ubugingo bw’uwo yasandavye bworoherwa gusohoka. Abagatolika n’Abaporotisanti benshi bo muri Afirika y’Uburengero bari n’umugenzo wo gupfuka ivyirore iyo hari umuntu yapfuye kugira ngo ntihagire uwuhava avyirabamwo akabona umuzimu w’uwo yapfuye. Maze, haheze imisi 40, incuti n’abagenzi barahimbaza iduga ry’umutima wiwe mw’ijuru.
5. Amadini menshi ahuriye ku nyigisho iyihe?
5 Naho hari iryo tandukaniro, bisa n’uko amadini menshi n’imiburiburi yemeranya ku kintu kimwe. Bemera yuko imbere mu muntu hariho ikintu—citwa ubugingo, umutima canke umushaha—kidahwera kandi kibandanya kubaho umubiri umaze gupfa. Amadini n’utudumbi bishika amajana n’amajana vy’Abitwa Abakirisu nka vyose birashigikira inyigisho yuko ubugingo budahwera. No mw’idini y’Abayuda iyo ni inyigisho yemewe. Ni ryo shingiro nyene ry’inyigisho y’idini y’Abahindu y’uko umuntu yapfuye yongera kuvukira mu kindi kiremwa. Abisilamu bemera yuko ubugingo bubandanya kubaho iyo umubiri upfuye. Imvukira za Ostraliya, abemera ivy’imizimu bo muri Afirika, Abashinto, mbere n’Ababuda, bose barigisha ico ciyumviro nyene mu buryo bunyuranye.
6. Incabwenge zimwezimwe zibona gute iciyumviro c’uko ubugingo budahwera?
6 Mugabo, hari abiyumvira ukundi bakavuga ko akenge gahera iyo umuntu apfuye. Kuri bo, iciyumviro c’uko inyiyumvo be n’ubwenge bibandanya kubaho mu bugingo butakiri umuntu, bw’igitutu butandukanye n’umubiri, gisa n’ikitumvikana. Uwitwa Miguel de Unamuno, incabwenge wo muri Esupanye wo mu kinjana ca 20, yandika ati: “Kwemera ukudahwera kw’ubugingo ni ukwipfuza ko ubugingo butopfa, ariko kukaba ukuvyipfuza umuntu akobeje ku buryo ataba agikoresha n’ubwenge bwiwe.” Mu bandi bemera ibintu bisa n’ivyo harimwo abantu banyuranye nka ba bafilozofe ba kera bazwi cane, ari bo Aristote na Epikuro, umuganga Hipokarate, wa mufilozofe David Hume wo muri Ekose, ya ncabwenge Averowesi w’Umwarabu, be n’uwatanguye kuba umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi inyuma y’ukwikukira kwabwo, ari we Jawaharlal Nehru.
7. Ni ibibazo bihambaye ibihe vyerekeye inyigisho y’ukudahwera kw’ubugingo ubu dukwiye kurimbura?
7 Kubera ko duhanganye n’ivyiyumviro be n’inyigisho nk’ivyo bidahuye, dukwiye kwibaza duti: Twoba vy’ukuri dufise ubugingo budahwera? Niba vy’ukuri ubugingo bushobora gupfa, vyashobotse bite none ngo mwene iyo nyigisho y’ikinyoma igire ikibanza gihambaye mu madini menshi rwose yo muri iki gihe? Ico ciyumviro cavuye hehe? Ni ngombwa ko dutora inyishu z’ukuri kandi zimara akanyota kuri ivyo bibazo kubera yuko kazoza kacu gahagaze kuri ivyo. (1 Ab’i Korinto 15:19) Mugabo, tubanze twihweze ukuntu iyo nyigisho y’ukudahwera kw’ubugingo yatanguye.
Ingene Iyo Nyigisho Yavutse
8. Sokarate na Pulato bagize uruhara uruhe mu vy’ukuremesha iciyumviro c’uko ubugingo budahwera?
8 Ba bafilozofe b’Abagiriki bo mu kinjana ca gatanu B.G.C. ari bo Sokarate na Pulato ni bo bavugwa yuko bari mu ba mbere baremesheje inyigisho y’uko ngo ubugingo budahwera. Ariko si bo bari batanguje ico ciyumviro. Ahubwo, barakiryohoye bongera bagihinduramwo inyigisho y’ivya filozofiya, gutyo batuma kirushiriza kuba igishimisha abize bo mu gihe cabo n’abo hanyuma. Ikitoharirwa ni uko abo mw’idini ya Zorowasiteri bo mu Buperesi bwa kera be n’Abanyamisiri b’imbere yabo, na bo nyene baremera yuko ubugingo budahwera. Ikibazo rero twokwibaza ni iki: Iyo nyigisho yakomotse he?
9. Imico kama y’Abanyamisiri, Abaperesi n’Abagiriki yari isangiye isoko ry’akosho irihe?
9 Igitabu kimwe, The Religion of Babylonia and Assyria kivuga giti: “Mw’isi kera, Misiri, Ubuperesi n’Ubugiriki vyari vyinjiwemwo n’inyigisho z’i Babiloni.” Ku biraba ivyo Abanyamisiri bemera mu vy’idini, ico gitabu kibandanya kivuga giti: “Turavye imigenderanire ya mbere yari hagati ya Misiri na Babiloni nk’uko bihishurwa n’ibisate vyanditsweko vy’ahitwa El-Amarna, hategerezwa kuba hariho uturyo twinshi two kwinjiza ivyiyumviro vy’i Babiloni n’imigenzo yaho mu gusenga kw’Abanyamisiri.”a Ibintu vyinshi nk’ivyo birashobora kuvugwa ku vyerekeye imico kama y’Abaperesi n’iy’Abagiriki ba kera.
10. Abanyababiloni babona gute ubuzima inyuma yo gupfa?
10 Mugabo, Abanyababiloni ba kera boba baremera ukudahwera kw’ubugingo? Kuri ico kintu, Porofeseri Morris Jastrow, yitirirwa izina rya se, wo kuri Kaminuza y’i Pennsylvania muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yanditse ati: “Baba abanyagihugu, zaba indongozi z’ivyiyumviro vy’idini [vy’i Babiloni], ntibigeze biyumvira ko icabayeho gishobora kuzimanganywa buhere. Urupfu [uko bǎbibona] rwari nk’urugendo rwo kuja mu buzima bw’ubundi buryo, kandi iyo abantu banse kwemera ko ubugingo [bw’ubuzima bwa none] budahwera baba gusa bashimitse ku vy’uko ata wushobora gukira ihinduka ry’ukubaho rizanwa n’urupfu.” Egome, Abanyababiloni baremera yuko ubuzima bwo mu buryo bunaka canke mu mero yinaka bubandanya kubaho inyuma y’ugupfa. Ivyo barabiserura mu guhambana ibintu abantu ngo bazobikoreshe mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
11, 12. Inyuma y’Umwuzure, ni hehe inyigisho y’ukudahwera kw’ubugingo yatanguriye?
11 Biragaragara rero ko inyigisho yerekeye ukudahwera kw’ubugingo itangurira muri Babiloni ha kera. Ivyo vyoba hari ico bivuze? Cane nyene, kubera yuko nk’uko Bibiliya ivyerekana, igisagara ca Babeli ari yo Babiloni cashinzwe na Nimurodi, umwuzukuruza wa Nowa. Inyuma ya wa Mwuzure watera mu gihe ca Nowa ugakwira ku mubumbe wose, abantu bose bavuga ururimi rumwe bakagira n’idini imwe gusa. Nimurodi ntiyari gusa ‘uwurwanya Yehova.’ We n’abayoboke biwe bashaka “[k]wironker[a] izina rya rurangiranwa.” Gutyo rero, igihe Nimurodi yashinga ico gisagara akanahubaka umunara, yari atanguje iyindi dini.—Itanguriro 10:1, 6, 8-10; 11:1-4.
12 Uko inkuru mpererekano zibivuga, Nimurodi yapfuye urupfu rubi. Inyuma y’ugupfa kwiwe, birumvikana ko Abanyababiloni boba baragiye mu vyo kumutera iteka ry’uko ari we yanshinze ico gisagara, akacubaka, akaba na we mwami wa mbere waco. Kubera ko imana Maraduki (Merodaki) yabonwa nk’uko ari yo yashinze Babiloni kandi abami ba Babiloni batari bake bakaba baranayitirirwa, incabwenge zimwezimwe zavuze yuko Maraduki igereranya Nimurodi yagizwe nk’imana. (2 Abami 25:27; Yesaya 39:1; Yeremiya 50:2) Niba ari ukwo bimeze, iciyumviro rero c’uko umuntu afise ubugingo bubandanya kubaho iyo apfuye gitegerezwa kuba cari ceze n’imiburiburi aho Nimurodi apfiriye. Ivyo ari vyo vyose, inkuru z’ivyabaye zirahishura yuko inyuma y’Umwuzure, aho inyigisho y’ivy’ukudahwera kw’ubugingo yavukiye ari i Babeli, ni ho Babiloni.
13. Inyigisho y’ukudahwera kw’ubugingo yakwiragiye gute mw’isi hose, kandi ivyo vyavuyemwo iki?
13 Bibiliya ibandanya yerekana yuko Imana yatangiriye utwigoro tw’abo bubatsi b’umunara i Babeli mu kuyoberanya imvugo yabo. Kubera yuko batari bagishobora guhanahana ivyiyumviro, barataye umugambi wabo maze basabagizwa “mw’isi yose.” (Itanguriro 11:5-9) Dukwiye kugumiza mu muzirikanyi yuko naho nyene imvugo ya benekugerageza kwubaka umunara yahindutse, ivyiyumviro vyabo be n’ivyo bemera vyo ntivyahindutse. Ivyo vyatumye aho baja hose bahajana ivyiyumviro vyabo vy’idini. Muri ubwo buryo inyigisho zo mu vy’idini za Babiloni—dushizemwo na ya yindi y’ukudahwera kw’ubugingo—zarakwiragiye kw’isi yose kandi ziba ishingiro ry’amadini makurumakuru yo mw’isi. Gutyo rero inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma yari ishinzwe, muri Bibiliya ikaba idondorwa mu buryo bukwiriye ko ari “Babuloni Hahambaye, nyina wa ba maraya, kandi [hakaba] nyina w’ibihumanya vyo mw’isi.”—Ivyahishuriwe 17:5.
Inganji y’Isi Yose y’Idini y’Ikinyoma Ishwara mu Buseruko
14. Inyigisho z’Abanyababiloni z’ivy’idini zakwiragiye gute muri ca gihugu amahanga c’Ubuhindi?
14 Abatohozakahise bamwebamwe bavuga yuko haciye imyaka irenga 3 500 abadimudimu bitwa Abariyani bimutse bakava mu buraruko bushira uburengero bakaja mu Mwonga w’Uruzi Indus, ubu igice kinini c’aho hantu hakaba ari muri Pakistani no mu Buhindi. Kuva aho barakwiragiye mu biyaya vy’Uruzi Gange no mu Buhindi bwose. Abahinga bamwebamwe bavuga yuko ivyiyumviro vy’idini ry’izo nyambukira vyari bishingiye ku nyigisho z’abantu ba kera bo muri Irani na Babiloni. Ivyo vyiyumviro vy’idini rero ni vyo vyabaye imizi y’idini ry’Abahindu.
15. Iciyumviro c’ubugingo budahwera cagize akosho gute mw’idini y’Abahindu yo mu gihe ca none?
15 Mu Buhindi, iciyumviro c’ubugingo budahwera carafashe imero y’inyigisho ivuga yuko ngo umuntu yapfuye yongera kuvukira mu kindi kiremwa. Abanyabwenge bo mw’idini y’Abahindu, kubera ko bari bahanganye na ya ngorane ikwiye hose y’ikibi hamwe n’umubabaro biri mu bantu, bashitse ku citwa itegeko rya Karma, iryerekeye ivy’uko ibintu biba biri n’ikibituma. Iryo tegeko barisukiranije n’inyigisho y’ukudahwera kw’ubugingo, bashika ku nyigisho y’ivy’uko uwapfuye yongera kuvukira mu kindi kiremwa, aho ivyiza n’ibibi vyakozwe mu buzima bumwe bivugwa ko bitangirwa impera canke bigahanirwa mu buzima bukurikira. Ico umwizerwa aba arondera ni icitwa moksha, ni ukuvuga uguhabuzwa akareka kuza arasubira kuvuka yongera apfa hanyuma akiyunga n’icitwa ukuri ntabanduka, canke Nirvana. Mu binjana n’ibindi, uko idini y’Abahindu yakwiragira ni ko n’inyigisho y’uko umuntu yapfuye avukira mu kindi kiremwa yakwiragira. Kandi iyo nyigisho ni yo canecane idini y’abahindu yo muri iki gihe ihagazeko.
16. Ni inyigisho iyihe yerekeye ubuzima bw’inyuma yo gupfa yabaye nyamukuru mu vyiyumviro no mu migenzo vyerekeye idini vy’abantu benshi bo muri Aziya yo mu Buseruko?
16 Hari ayandi madini yamutse kw’idini ry’Abahindu, nk’idini y’Ababuda, iy’Abajayini, be n’iy’Abasiki. Ayo na yo yemera ko umuntu yapfuye avukira mu kindi kiremwa. Ikindi kandi, uko idini y’Ababuda yinjira mu gice kinini ca Aziya yo mu Buseruko—ni ukuvuga mu Bushinwa, muri Koreya, mu Buyapani be n’ahandi—yarahinduye kinini mu mico kama n’idini vy’abantu b’iyo ntara yose. Ivyo vyatumye haduka amadini arimwo uruvange rw’inyigisho zihurikiyemwo ibintu bivuye mw’idini y’Ababuda, mu bupfumu hamwe no mu vy’ugusenga aba kera. Ayakomakomeye muri ayo ni idini ya Tawo, iy’Ubukomfisiyani, hamwe n’iya Shinto. Muri ubwo buryo, inyigisho y’uko ubuzima bubandanya umubiri umaze gupfa yaratsimbataye mu vyiyumviro no mu migenzo vy’amadini vy’abantu benshi bo muri ico gice c’isi.
Twovuga Iki ku Vyerekeye Idini y’Abayuda, Abitwa Abakirisu n’Abisilamu?
17. Abayuda ba kera bemera iki ku vyerekeye ubuzima bw’inyuma yo gupfa?
17 Abantu bakurikira amadini y’Abayuda, iy’Abitwa Abakirisu, be n’Abisilamu boba bemera iki ku vyerekeye ubuzima inyuma yo gupfa? Muri ayo madini, iy’Abayuda ni yo ya kera kuruta ayandi. Imizi yayo itangurira kuri Aburahamu, ubu hakaba haheze nk’imyaka 4 000—kera cane imbere y’uko Sokarate na Pulato banonosora ca ciyumviro c’uko ubugingo budahwera. Abayuda ba kera bemera izuka ry’abapfuye, ntibemera ukudahwera kuri mu muntu. (Matayo 22:31, 32; Abaheburayo 11:19) None vyagenze gute rero ngo iyo nyigisho yuko umuntu afise ubugingo budahwera yinjire mw’idini y’Abayuda? Inkuru z’ivyabaye ziratanga inyishu.
18, 19. Inyigisho y’ukudahwera kw’ubugingo yinjiye gute mw’idini y’Abayuda?
18 Mu 332 B.G.C., Alegizandere Mukuru yarigaruriye Ubuseruko bwo Hagati, dushizemwo na Yeruzalemu. Kubera ko abasubiriye Alegizandere babandanije umugambi wiwe wo gukwiragiza ahandi ivyiyumviro vy’Abagiriki, imico kama y’uburyo bubiri—iy’Abagiriki n’iy’Abayuda—yaravanganye. Abayuda mu nyuma baragwijije ubumenyi bw’ivyiyumviro vy’Abagiriki, bamwe baranacika abafilozofe.
19 Uwitwa Filo w’i Alegizandiriya wo mu kinjana ca mbere G.C., yari umwe muri mwene abo bafilozofe b’Abayuda. Yarubaha cane Pulato kandi akihata kugira ngo asigure ivy’idini y’Abayuda akoresheje filozofiya y’Abagiriki, aba aciriye inzira abashakashatsi b’ivyiyumviro b’Abayuda bo mu nyuma ziwe. Igitabu citwa Talimudi—canditswemwo insobanuro zerekeye amategeko yatanzwe ku munwa n’abarabi—na co nyene kirimwo ivyiyumviro vy’Abagiriki. Igitabu kimwe Encyclopaedia Judaica kivuga yuko “Abarabi ba Talimudi bemera yuko ubugingo bubandanya kubaho iyo umuntu apfuye.” Mu nyuma, ibitabu vy’Abayahudi bivuga ivy’amayobera nk’icitwa Kabala, birashika no ku kwigisha yuko uwapfuye yongera kuvukira mu kindi kiremwa. Iciyumviro c’ukudahwera kw’ubugingo rero cisobetse mw’idini y’Abayuda buhorobuhoro biciye kuri filozofiya y’Abagiriki. Twovuga iki ku kuntu iyo nyigisho yinjiye mu Bitwa Abakirisu?
20, 21. (a) Abakirisu ba mbere babona gute filozofiya za Pulato canke iz’Abagiriki? (b) Ni igiki catumye ivyiyumviro vya Pulato bisukiranywa n’inyigisho z’Abakirisu?
20 Ubukirisu nyakuri bwatanguranye na Yezu Kirisitu. Ku vyerekeye Yezu, Miguel de Unamuno, uwo twavuze haruguru, yanditse ati: “[Yezu] yemera riho ukuzuka kw’umubiri nk’uko Abayuda bavyemera, ntiyemera ukudahwera kw’ubugingo nk’uko abakurikira ivya Pulato [vy’Ikigiriki] bavyemera.” Yasozereye avuga ati: “Ukudahwera kw’ubugingo . . . ni inyigisho ya gipagani yo mu vya filozofiya.” Dufatiye kuri ivyo, turashobora kubona igituma intumwa Paulo yaburiye ashimitse Abakirisu bo mu kinjana ca mbere ngo birinde “[filozofiya y’]abantu, [n’]ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw isi, bidakurikira Kristo.”—Ab’i Kolosayi 2:8.
21 Ariko iyo “nyigisho ya gipagani yo mu vya filozofiya” yinjiye mu Bitwa Abakirisu ryari kandi gute? Igitabu kimwe, New Encyclopædia Britannica, gisigura giti: “Kuva hagati yo mu kinjana ca 2 AD, Abakirisu bari barigishijwe muri filozofiya y’Abagiriki batanguye kwumva ko bakeneye guserura ukwizera kwabo bakoresheje imvugo za filozofiya, kugira ngo bumve ko bashize inyota mu vy’ubwenge no kugira ngo binjize mw’idini yabo abapagani bize. Filozofiya yabanyura kuruta izindi yari iya Pulato.” Babiri mu bafilozofe nk’abo ba mbere binjije mu buryo bunaka ibintu vyinshi mu nyigisho z’Abitwa Abakirisu yari Orijeni w’i Alegizandiriya be na Augustino w’i Hipo. Bose bari baratwawe n’ivyiyumviro vya Pulato kandi barakoreshejwe mu vy’ukuvanga ivyo vyiyumviro n’inyigisho z’Abakirisu.
22. Inyigisho y’ukudahwera kw’ubugingo yagumye yiganje gute mu Bisilamu?
22 Naho iciyumviro c’ukudahwera kw’ubugingo kiri mw’idini y’Abayuda no mu Bitwa Abakirisu caje biturutse ku kosho k’inyigisho za Pulato, ico ciyumviro cavyagijwe mw’idini y’Abisilamu kuva igitangura. Korowani, igitabu gitagatifu c’idini ya Isilamu, yigisha yuko umuntu afise ubugingo bubandanya kubaho amaze gupfa. Ivuga yuko amaherezo ubugingo butahira mw’itongo ry’iparadizo ry’ahantu h’ijuru canke bugatahira igihano mu muriro udahera. Aho si ukuvuga ko incabwenge z’Abarabu zitagerageje gusukiranya inyigisho z’ivya Isilamu na filozofiya y’Abagiriki. Nkako, Abarabu barohejwe cane n’ivyo Aristote yanditse. Ariko ukudahwera kw’ubugingo iguma ari inyigisho Abisilamu bigisha.
23. Ni ibibazo ibihe umuntu atogenda atabajije vyerekeye ubuzima bw’inyuma yo gupfa vyihwezwa mu kiganiro gikurikira?
23 Biragaragara rero ko amadini yo hirya no hino kw’isi yatsimbataje inyigisho injojo zivuruga umutwe zerekeye ubuzima bw’inyuma yo gupfa, zishingiye ku nyigisho y’uko ubugingo budahwera. Kandi inyigisho nk’izo zaragize ico zikoze ku bantu amamiliyaridi, emwe, eka ziranabifatira zongera zibagira abaja bazo. Kubera ko duhanganye n’ivyo vyose, twumva tutogenda tutabajije duti: Vyoba bishoboka ko umuntu amenya ukuri ku vyerekeye uko bitugendera iyo dupfuye? Hoba hariho ubuzima inyuma yo gupfa? Bibiliya ivuga iki kuri ico? Ivyo turabirimbura mu kiganiro gikurikira.
[Akajambo k’epfo]
a El-Amarna ni ahantu hasigaye umusaka w’igisagara Aketatoni co mu Misiri bavuga ko cubatswe mu kinjana ca 14 B.G.C.
Woshobora Kubisigura?
◻ Ni iciyumviro kimwe ikihe gihuriweko mu nyigisho z’amadini menshi ku vyerekeye ubuzima bw’inyuma yo gupfa?
◻ Inkuru z’ivyabaye be na Bibiliya bidoma urutoke gute kuri Babiloni ya kera, yuko ari ho inyigisho y’ukudahwera kw’ubugingo yavukiye?
◻ Ni mu buryo ki inyigisho y’Abanyababiloni yerekeye ubugingo budahwera yagize ico ikora ku madini yo mu Buseruko?
◻ Inyigisho yo kudahwera kw’ubugingo yisobetse gute mw’idini y’Abayuda, mu Bitwa Abakirisu no mu Bisilamu?
[Ifoto ku rup. 22]
Intsinzi yatahukanywe na Alegizandere Mukuru yatumye haba ugusukiranya imico kama y’Abagiriki n’iy’Abayuda
[Ifoto ku rup. 23]
Augustino yaragerageje gusukiranya filozofiya ya Pulato n’Ubukirisu
[Abo dukesha ifoto ku rup. 23]
Alegizandero: Musei Capitolini, Roma; Augustino: From the book Great Men and Famous Women