ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/6 rup. 15-20
  • Nugume Ugendera mu Nzira ya Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugume Ugendera mu Nzira ya Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukwizigira n’Ukudahemuka Birakenewe
  • Imfashanyo mu vy’Ukugendera mu Nzira y’Imana
  • Umwiyemezo
  • “Imana Iri mu Ruhande Rwacu”
  • Woba uzogendana n’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Intambwe za Mbere mu vy’Ukugendana n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Genda urongorwa n’ukwizera, nturongorwe n’ivyo ubona!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Nugume Ugendana n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/6 rup. 15-20

Nugume Ugendera mu Nzira ya Yehova

“Urorēre Uhoraho, ugumye inzira yiwe, na we azogushira hejuru ng’uragwe igihugu.”—ZABURI 37:34.

1, 2. Kugendera mu nzira ya Yehova vyasaba iki Umwami Dawidi, kandi bidusaba iki muri iki gihe?

“UMMENYESHE inzira nkwiye gucamwo, kukw ari wewe ncurūrira umutima.” (Zaburi 143:8) Abakirisu muri iki gihe barasubiramwo n’umutima wabo wose ayo majambo y’Umwami Dawidi. Ata buryarya bashaka gushimisha Yehova no kugendera mu nzira yiwe. Ivyo bisaba iki? Kuri Dawidi, ivyo vyasobanura kwitondera ivyagezwe vy’Imana. Vyarimwo kwizigira Yehova aho kwizigira amasezerano agiranira n’amahanga, kumukorera adahemuka aho gukorera imana z’abantu bari babakikuje. Ku Bakirisu, kugendera mu nzira ya Yehova birimwo n’ibindi.

2 Kimwe ni uko kugendera mu nzira ya Yehova muri iki gihe bisobanura kugaragaza ko twizera inkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu, tukamwemera icese ko ari we “nzira n’ukuri n’ubu[zima].” (Yohana 3:16; 14:6; Abaheburayo 5:9) Bisobanura kandi gushitsa “ivyagezwe na Kristo,” na vyo bikaba birimwo kugiranira urukundo, canecane kurugirira abavukanyi ba Yezu basizwe. (Ab’i Galatiya 6:2; Matayo 25:34-40) Abagendera mu nzira ya Yehova barakunda ingingo ngenderwako ziwe n’amabwirizwa yiwe. (Zaburi 119:97; Imigani 4:5, 6) Baraha agaciro agateka ntangere batewe ko kugira uruhara mu gikenurwa ca gikirisu. (Ab’i Kolosayi 4:17; 2 Timoteyo 4:5) Mu buzima bwabo ntibahengeshanya gutura isengesho. (Abaroma 12:12) Ikindi, ‘baririnda cane uburyo bagenda, ngo boye kugenda nk’imburabwenge, ariko bagende nk’abanyabwenge.’ (Abanyefeso 5:15) Birumvikana ko batemera guheba inyungu zo mu vy’impwemu ngo bazikabe amaronko y’igihe gito canke ibinezereza vy’umubiri bitabereye vy’igihe gito. (Matayo 6:19, 20; 1 Yohana 2:15-17) Vyongeye, ukudahemuka kuri Yehova be n’ukumwizigira biracari ngirakamaro cane. (2 Ab’i Korinto 1:9; 10:5; Abanyefeso 4:24) Kubera iki? Kubera yuko ivyacu vyifashe nk’uko vyari vyifashe kuri Isirayeli ya kera.

Ukwizigira n’Ukudahemuka Birakenewe

3. Ni kuki ukudahemuka, ukwizera be n’ukwizigira bizodufasha kuguma mu nzira ya Yehova?

3 Isirayeli kari agahugu gatoyi gakikijwe n’ababanyi b’umutima mubi bagira ibirori birangwa n’ubuhumbu mu gusenga ibigirwamana. (1 Ngoma 16:26) Isirayeli yonyene ni yo yakorera ya Mana imwe rudende y’ukuri kandi itaboneka, Yehova, kandi yasaba ko baguma bakurikiza ingingo ziri hejuru zigenga ivy’ukwigenza runtu. (Gusubira mu Vyagezwe 6:4) No muri iki gihe nyene, abantu imiliyoni nkeyi gusa ni bo basenga Yehova, bakaba kandi baba mw’isi irimwo abantu bababa imiliyaridi zitandatu, ingingo ngenderwako bakurikiza hamwe n’ukuntu babona ibintu vyerekeye idini bikaba bitandukanye n’ukuntu Yehova abibona. Niba turi muri izo miliyoni nkeya, dutegerezwa kwiyubara ntitwoshwe kuja mu nzira mbi. Twokwiyubara gute? Ukudahemuka kuri Yehova Imana, ukumwizera n’ukwizigira dushikamye yuko azorangura amasezerano yiwe bizodufasha. (Abaheburayo 11:6) Ivyo bizodukingira twoye kwizigira ibintu isi yizigira.—Imigani 20:22; 1 Timoteyo 6:17.

4. Ni kuki amahanga ‘ari mu mwiza mu vy’ubwenge’?

4 Intumwa Paulo yarerekanye ukuntu Abakirisu bategerezwa kuba batandukanye n’isi igihe yandika ati: “Ni co gituma mvuga ibi, nkabishingira intahe mu Mwami wacu, ngo ntimube mukigenda nk’ukw abanyamahanga bagenda, bagendera mu bitagira ikimazi vyo mu bgenge bgabo, ivyiyumviro vyabo biri mu mwiza, batandukanijwe n’ubu[zima] buva ku Mana kubg’ukutamenya kuri muri bo, n’ugukomantara kw’imitima yabo.” (Abanyefeso 4:17, 18) Yezu ni we “muco w’ukuri.” (Yohana 1:9) Abantu bose bamutera akagere canke bakaba bavuga gusa ko bamwizera mugabo ntibakurikize “ivyagezwe na Kristo,” “ivyiyumviro vyabo [biba] biri mu mwiza.” Kubera ko batagendera na gato mu nzira ya Yehova, “batandukanijwe n’ubu[zima] buva ku Mana.” Uko bokwiyumvira kwose ko ari abanyabwenge mu buryo bw’isi, ‘muri bo barafise ukutamenya’ ku biraba ubumenyi rudende bujana mu buzima budahera, bumwe bwerekeye Yehova Imana na Yezu Kirisitu.—Yohana 17:3; 1 Ab’i Korinto 3:19.

5. Naho umuco w’ukuri uriko uraca ibibatsi mw’isi, ni kuki imitima ya benshi itakwakira?

5 Yamara rero umuco w’ukuri uriko uraca ibibatsi mw’isi! (Zaburi 43:3; Ab’i Filipi 2:15) ‘Ubgenge nyakuri burangururira ijwi mu nzira.’ (Imigani 1:20) Mu mwaka uheze Ivyabona vya Yehova bamaze amasaha arenga umuliyaridi babwira ababanyi babo ivyerekeye Yehova Imana na Yezu Kirisitu. Hari abashika ku bihumbi amajana bavyakirije yompi. Mugabo none twoba dukwiye gutangazwa n’uko hari abandi benshi batavyakiriye? Oya. Paulo yavuze ivy’ “ugukomantara kw’imitima yabo.” Bamwe bafise imitima itakira ukuri kubera ukwikunda canke ugukunda amahera. Abandi usanga boshwa n’idini y’ikinyoma canke bakoshwa n’ukutitaho ibintu vy’idini gukwiye henshi muri iki gihe. Ibintu bibabaje vyashikiye abantu mu buzima vyatumye benshi baha umugongo Imana. Abandi na bo baranka gushitsa ingingo ziri hejuru za Yehova zigenga ukwigenza runtu. (Yohana 3:20) Mbega umutima w’umuntu agendera mu nzira ya Yehova woshobora gukomantara muri ivyo?

6, 7. Naho Abisirayeli basenga Yehova, ni ryari baguye kandi vyatumwe n’iki?

6 Ivyo vyarashikiye Isirayeli ya kera nk’uko Paulo yavyerekanye. Yanditse ati: “Ivyo vyatubereye akarorero kugira ngo ntitwifuze ibibi, nk’uko ba bandi bāvyifuje. Kandi ntimugasenge ibishushanyo vy’ibigirwamana, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bābisenga: nk’uko handitswe, ngw Abantu bicaritswe no kurya no kunywa, bava hasi baravyina. Kandi ntitugashakane, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bāshakanye, maze hapfamw’abantu ibihumbi mirongwibiri na bitatu ku musi umwe.”—1 Ab’i Korinto 10:6-8.

7 Paulo ubwa mbere yatanguye kuvuga ivya ca gihe Abisirayeli basenga imasa y’inzahabu ku mucamo w’Umusozi Sinayi. (Kuvayo 32:5, 6) Ukwo kwari ukugambarara imbonankubone ibwirizwa ry’Imana bari biyemereye kugamburuka imishamvu mikeyi imbere y’aho. (Kuvayo 20:4-6; 24:3) Maze Paulo yerekeza ku gihe Isirayeli yunamira Bayali bari kumwe n’abakobwa b’i Mowabu. (Guharūra 25:1-9) Ivy’ugusenga imasa vyaranzwe n’ukudandahirwa guteye isoni, “baravyina.”a Gusenga Bayali kwajana n’ubuhumbu bw’agahomeramunwa. (Ivyahishuriwe 2:14) Ni kuki Abisirayeli baguye muri ivyo vyaha? Kubera yuko baretse imitima yabo ‘ikipfuza ibibi’—vyaba vyari ugusenga ibigirwamana canke kwita mu ngeso ziteye isoni vyajana.

8. Ni igiki dushobora kwigira ku vyashikiye Isirayeli?

8 Paulo yerekana yuko dukwiye kwigira kuri ivyo bintu vyashitse. Kuvyigirako iki? Ntawokwiyumvira ko Umukirisu yokwikubita imbere y’imasa y’inzahabu canke imbere y’ikimana ca kera c’Abanyamowabu. Mugabo tuvuge iki ku buhumbu canke ku kudandahirwa? Ivyo bireze muri iki gihe, kandi turetse icipfuzo cavyo kigakura mu mitima yacu, bizokwitambika hagati yacu na Yehova. Ico bizotanga kizoba nk’aho twoba twamaze kugwa mu gusenga ibigirwamana—tugatandukana n’Imana. (Gereranya na Ab’i Kolosayi 3:5; Ab’i Filipi 3:19.) Nkako, Paulo asozera ikiganiro ciwe cerekeye ivyo bintu vyashitse mu guhimiriza abo bisangiye ukwemera ati: “Ni muhunge ugusenga ibigirwamana.”—1 Ab’i Korinto 10:14.

Imfashanyo mu vy’Ukugendera mu Nzira y’Imana

9. (a) Ni imfashanyo iyihe turonka kugira idufashe kuguma mu nzira ya Yehova? (b) Ni mu buryo bumwe ubuhe twumva ‘ijambo riduturutse inyuma’?

9 Niba twiyemeje kuguma tugendera mu nzira ya Yehova, imfashanyo ntibuze. Yesaya yavuze mu buhanuzi ati: “Ni mwakikamira i buryo cank’i bumoso, amatwi yanyu azokwumva ijambo ribaturutse inyuma rivuga rit’Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana.” (Yesaya 30:21) None ‘amatwi yacu’ yumva gute iryo ‘jambo riduturuka inyuma’? Muri iki gihe nta muntu yumva ijwi bujwi canke ngo ubwiwe aronke ubutumwa buva ku Mana. Iryo “jambo” umuntu yumva twese ridushikira mu buryo bumwe. Uburyo bwa mbere kandi buhambaye kuruta, riza riciye mu Vyanditswe vyahumetswe ari vyo Bibiliya, yo irimwo ivyiyumviro vy’Imana n’ibintu yagiriye abantu. Kubera yuko umusi ku wundi twama turi kumwe na poropagande ituruka ku masoko “[a]tandukanijwe n’ubuzima buva ku Mana,” kugira ngo tugire amagara meza mu vy’impwemu birakenewe ko dusoma Bibiliya kandi tukayizirikanako tudahorereza. Ivyo bizodufasha kwirinda ibintu “bitagira ikimazi” no kuba “[aba]shitse, [ba]fise ibi[ba]kwiye vyose, ng[o b]akore igikorwa ciza cose.” (Ivyakozwe 14:14, 15; 2 Timoteyo 3:16, 17) Rizoduha inguvu, ridukomeze ryongere ridufashe ‘kuroranirwa mu nzira yacu.’ (Yosuwa 1:7, 8) Ni co gituma Ijambo rya Yehova riduhimiriza riti: “None rero, bana banje, ni munyumve: kukw abitondera inzira zanje ar’abahirwe. Mwumvirize inyigisho, muce ubgenge, kandi ntimuze muzanke.”—Imigani 8:32, 33.

10. Uburyo bugira kabiri twumva ‘ijambo riduturutse inyuma’ ni ubuhe?

10 Iryo ‘jambo riduturuka inyuma’ ridushikira kandi biciye kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” atanga “ibifungurwa mu gihe gikwiriye.” (Matayo 24:45-47, NW) Uburyo bumwe izo mfungurwa zironkerwamwo ni ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, kandi mu myaka ya vuba izo mfugurwa zarabaye umusesekara. Nk’akarorero, biciye kuri iki kinyamakuru Umunara w’Inderetsi, ukuntu dutahura ubuhanuzi kwarasenwe. Muri iki kinyamakuru, twararemeshejwe gukomera ku muheto mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza no guhindura abantu abigishwa naho abantu barushiriza kutabinegwa, twarafashijwe kwirinda imitego, twarahimirijwe kandi gutsimbataza kamere nziza za gikirisu. Ese ukuntu duha agaciro izo mfungurwa turonkera ku gihe!

11. Nusigure uburyo bugira gatatu dushobora kwumva ‘ijambo riduturutse inyuma.’

11 Vyongeye, umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge araturonsa imfungurwa biciye ku makoraniro tudahengeshanya kugira. Muri ayo harimwo amakoraniro y’amashengero dukukira, amakoraniro agirwa mu mizunguruko kabiri mu mwaka, be n’amateraniro maninimanini y’intara agirwa ku mwaka ku mwaka. Mbega umuntu yoba ari Umukirisu w’umwizerwa ntahe agaciro mwene iyo mitororokano ni nde? Ni ngirakamaro mu kudufasha kugendera mu nzira ya Yehova. Kubera yuko abenshi babwirizwa kumara igihe kirekire ku kazi canke kw’ishure bari kumwe n’abantu badasangiye ukwizera, Abakirisu kuza barahura ni ikintu kirokora ubuzima koko. Amakoraniro araduha akaryo keza ko ‘kwohererezanya ku rukundo no ku bikorwa vyiza.’ (Abaheburayo 10:24) Turakunda abavukanyi bacu, kandi turashima kwifatanya na bo.—Zaburi 133:1.

12. Ivyabona vya Yehova biyemeje iki, kandi baherutse kubiserura gute?

12 Kubera ko abantu bababa imiliyoni zitandatu bakomezwa n’ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu nk’ivyo, muri iki gihe bariko baragendera mu nzira ya Yehova, kandi abandi amamiliyoni bariko baratohoza Bibiliya kugira ngo bamenye ukuntu boyigenderamwo. Boba bacika intege canke bakadendeburwa n’ukuba ari bake ugereranije n’abantu amamiliyaridi baba kw’isi? Nta na gato! Bariyemeje kubandanya gukurikiza ‘ijambo ribaturuka inyuma,’ bagakora ivyo Yehova agomba batadohoka. Mu buryo bwo kwerekana ku mugaragaro uwo mwiyemezo, mu gihe ca ya Materaniro y’Intara na Mpuzamakungu yo mu 1998 gushika mu 1999 yataziriwe ngo “Inzira y’Ubuzima Ishimwa n’Imana” abari baryitavye baragize umwiyemezo userura impagararo yabo ivuye ku mutima. Ehe raba uwo mwiyemezo.

Umwiyemezo

13, 14. Ivyabona vya Yehova babona gute ata kwibesha uko ivy’isi vyifashe?

13 “Twebwe Ivyabona vya Yehova dukoraniye kw’Iteraniro ry’Intara ryataziriwe ‘Inzira y’Ubuzima Ishimwa n’Imana,’ turemera n’umutima wacu wose yuko inzira y’Imana ari yo nzira y’ubuzima nziza kuruta izindi. Ariko rero, turemera ko abantu benshi muri iki gihe bavyiyumvira ukundi. Ikibano c’abantu caragerageje ivyiyumviro vyinshi, amafilozofiya menshi n’ivyiyumviro vyinshi vy’amadini mu vy’ukurondera kumenya icoba kigize inzira y’ubuzima nziza kuruta izindi. Umuntu aravye ata buryarya kahize k’umuntu n’uburyo isi imerewe muri iki gihe, biremeza ko aya majambo ava ku Mana yanditswe muri Yeremiya 10:23 ari ay’ukuri, ayavuga ati: ‘Ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.’

14 “Imisi yose turabona ikimenyamenya ciyongereye cemeza ko ayo majambo ari ay’ukuri. Igice kinini cane c’abagize ikibano c’abantu barirengagiza inzira y’ubuzima ishimwa n’Imana. Abantu bakurikira ibisa n’uko bigororotse mu maso yabo bwite. Ingaruka zabaye iz’agacamutima—ugusenyuka kw’ingo, bigasiga abana ata kiyobora; uguhahamira amaronko gukwiragiye henshi kukaba gushikana ku bintu vy’impfagusa no ku kwihebura; ubugizi bwa nabi n’ubukazi vy’ubupfu, ibihitana abantu badaharurwa; indyane n’intambara bishingiye ku moko, bigatwara ubuzima bw’abantu benshi bimwe biteye ubwoba; ubushegabo bwimonogoje, bigatuma haba ibiza vy’indwara zandukira biciye ku bihimba vy’irondoka. Izo ni nkeyi gusa mu rusobekerane rw’ingorane umurengera zibangamiye ikurikiranwa ry’umunezero, amahoro n’umutekano.

15, 16. Ku biraba inzira y’ubuzima ishimwa n’Imana, bemeye kuzoshitsa iki muri wa mwiyemezo?

15 “Turavye ukuntu abantu bamerewe nabi n’ingene ya ‘ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose,’ ari yo yitwa Harumagedoni yegereje (Ivyahishuriwe 16:14, 16), twebwe Ivyabona vya Yehova dufashe uwu mwiyemezo:

16 “Ica mbere: Tubona ko turi abegukira Yehova Imana, tukaba umwumwe wese twaramwiyeguriye tutiziganya, kandi tukazoguma dufise ukwizera kutanyiganyiga mu vyo Yehova yatunganije biciye ku ncungu y’Umwana wiwe, Yezu Kirisitu. Twiyemeje kugendera mu nzira y’ubuzima ishimwa n’Imana, dukora nk’Ivyabona vyiwe kandi tukorohera ukugaba n’ukuganza kwiwe nk’uko bibonekera mu butegetsi bwa Yezu Kirisitu.

17, 18. Ivyabona vya Yehova bazobandanya kugira iyihe mpagararo ku vyerekeye ingingo ngenderwako zigenga ivy’ukwigenza runtu be n’ubuvukanyi bwa gikirisu?

17 “Ica kabiri: Tuzobandanya kwumira ku ngingo ngenderwako za Bibiliya ziri hejuru zigenga ivy’ukwigenza runtu n’ivy’impwemu. Turiyemeje kureka kugenda nk’uko amahanga agenda mu bintu vy’impfagusa vy’imizirikanyi yabo. (Abanyefeso 4:17-19) Twiyemeje kuguma turi abatanduye imbere y’inyonga za Yehova kandi tudafise akadomagu ko muri iyi si.—Yakobo 1:27.

18 “Ica gatatu: Tuzogumya cane impagararo yacu ishingiye ku Vyanditswe turi umuryango w’abavukanyi b’Abakirisu ukwiye kw’isi yose. Tuzogumya ukwitaramura kwa gikirisu mu bihugu, ntitureke ngo dufatwe n’imitego y’urwanko canke amacakubiri bishingiye kw’ibara ry’urukoba, ku bihungu canke ku moko.

19, 20. (a) Abavyeyi b’Abakirisu bazokora iki? (b) Abakirisu b’ukuri bose bazobandanya gute kwerekana ko ari abigishwa ba Kirisitu?

19 “Ica kane: Abavyeyi tuzokwigisha abana bacu inzira y’Imana. Tuzotanga akarorero mu kubaho kwa gikirisu, ivyo bikaba birimwo n’ugusoma Bibiliya tudahorereza, inyigisho y’umuryango idahorereza no kugira uruhara mw’ishengero rya gikirisu no mu gikenurwa co mu ndimiro n’umutima wacu wose.

20 “Ica gatanu: Twese tuzokwita ku rutare kugira ngo dutsimbataze kamere ziranga ukuyobokera Imana, izo Umuremyi wacu atwereka biciye mu turorero atanga, kandi tuzokwigorera kwigana kamere yiwe n’inzira ziwe nk’uko Yezu yabigize. (Abanyefeso 5:1) Turiyemeje kureka ngo ibintu vyacu vyose bigirwe mu rukundo, gutyo tube tugaragaje ko turi abigishwa ba Kirisitu.—Yohana 13:35.

21-23. Ivyabona vya Yehova bazobandanya gukora iki, kandi ni igiki bemera badakeka?

21 “Ica gatandatu: Ata gutezura, tuzobandanya kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, duhindure abantu abigishwa kandi tubigishe mu vy’inzira y’ubuzima ishimwa n’Imana twongere tubaremeshe ngo babandanye kumenyerezwa ku makoraniro y’ishengero.—Matayo 24:14; 28:19, 20; Abaheburayo 10:24, 25.

22 “Ic’indwi: Umwumwe wese canke dufashwe bwa shirahamwe ry’idini, tuzobandanya gushira ukugomba kw’Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu. Dukoresheje Ijambo ryayo Bibiliya nka bwo buyobozi bwacu, ntituzokebereza iburyo canke ibubamfu, gutyo twemeze ko inzira y’Imana isumba kure n’iyo inzira z’iyi si. Twiyemeje gukurikira inzira y’ubuzima ishimwa n’Imana—dushikamye kandi tutadohoka, ubu no mu bihe bidahera!

23 “Twiyemeje ibi kubera ko twizigiye bimwe vyuzuye ivyo Yehova yasezeranye birangwa urukundo, vy’uko umuntu akora ukugomba kw’Imana abaho ibihe bidahera. Twiyemeje ibi kubera ko tuzi neza yuko kubaho twisunga ingingo, impanuro n’inkeburo vyo mu Vyanditswe, bitubera yo nzira y’ubuzima nziza kuruta izindi muri iki gihe, kandi bigatanga ishimikiro ryiza rya kazoza, kugira ngo dushobore gucakira ubuzima nyakuri. (1 Timoteyo 6:19; 2 Timoteyo 4:7b, 8) Igisumba vyose, twiyemeje ibi kubera ko dukunda Yehova Imana n’umutima wacu wose, n’ubugingo bwacu bwose, n’umuzirikanyi wacu wose n’inguvu zacu zose!

24, 25. Abantu bakiriye gute wa mwiyemezo bashikirizwa, kandi abagendera mu nzira ya Yehova biyemeje gukora iki?

24 “Abitavye iri teraniro ry’intara bose bashigikiye uyu mwiyemezo, turabasavye bavuge bati: EGOME!”

25 Ku bibuga amajana hirya no hino kw’isi amajwi yarasamiranye igihe abari bayitavye bose bishura n’ijwi rirenga bati: “EGOME!” Ivyabona vya Yehova ntibakeka namba ko bazobandanya kugendera mu nzira ya Yehova. Barizigiye Yehova n’umutima wabo wose kandi bakizera yuko azorangura ivyo yasezeanye vyose. Ivyoshika vyose, baguma ari intadohoka kuri we. Kandi biyemeje gukora ivyo agomba.

“Imana Iri mu Ruhande Rwacu”

26. Abagendera mu nzira ya Yehova bamerewe neza gute?

26 Ivyabona vya Yehova baribuka ingene umwanditsi wa Zaburi yaduhimirije agira ati: “Urorēre Uhoraho, ugumye inzira yiwe, na we azogushira hejuru ng’uragwe igihugu.” (Zaburi 37:34) Ntibibagira amajambo aremesha Paulo yavuze agira ati: “[Niba] Imana iri mu ruhande rwacu, uwoturwanya ni nde? Ītimanye Umwana wayo, ikamutanga kubgacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we?” (Abaroma 8:31, 32) Ni vyo, tubandanije kugendera mu nzira za Yehova, azoturonsa “vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe.” (1 Timoteyo 6:17) Mbega ni hehe hoshobora kuruta aho turi—tugendera mu nzira ya Yehova turi kumwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu dukunda. Kubera ko Yehova ari ku ruhande rwacu, nimuze twiyemeze kugumayo no kwihangana gushitsa kw’iherezo, twizigiye n’umutima wacu wose ko mu gihe yishingiye, tuzobona iranguka ivyo yasezeranye vyose.—Tito 1:2.

[Akajambo k’epfo]

a Mu kwerekeza kw’ijambo ry’Ikigiriki aha rihindurwa ngo ‘kuvyina,’ umusiguzi umwe avuga yuko vyerekeza ku ntambo zatambwa mu gihe c’imisi mikuru ya gipagani, hanyuma yongerako ati: “Nyinshi muri izo ntambo, nk’uko bizwi neza, zari neza na neza izo kuvyura inambu z’ubushirasoni bw’akahebwe.”

Woba Uvyibuka?

◻ Umukirisu asabwa iki kugira ngo agendere mu nzira ya Yehova?

◻ Ni kuki bikenewe ko dutsimbataza kwizigira Yehova no kutamudohokako?

◻ Ni igiki kizodufasha uko tugendera mu nzira ya Yehova?

◻ Tanga ivyiyumviro bikurubikuru bimwebimwe vyo muri wa mwiyemezo washikirizwa kuri ya Materaniro y’Intara yataziriwe ngo “Inzira y’Ubuzima Ishimwa n’Imana.”

[Ifoto ku rup. 18]

Harafashwe umwiyemezo uhambaye kuri ya Materaniro y’Intara na Mpuzamakungu yataziriwe ngo “Inzira y’Ubuzima Ishimwa n’Imana”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika