ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/4 rup. 3-4
  • Uzi Ibiki ku Vyerekeye Ubupfumu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uzi Ibiki ku Vyerekeye Ubupfumu?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ivyo bijanye
  • Ico Ukwiye Kumenya ku Vyerekeye Ubupfumu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ico Womenya ku Vyerekeye Amageza, Uburozi n’Ubupfumu
    Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye?
  • Uruhigi rw’abapfumu i Buraya
    Be maso!—2014
  • Amageza n’Ubupfumu Ni Bibi
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/4 rup. 3-4

Uzi Ibiki ku Vyerekeye Ubupfumu?

UBUPFUMU! Iryo jambo ryoba rikwibutsa iki?

Kuri benshi, ni ikintu c’umuhamuro n’uruhendo kidakwiye gufatanwa uburemere. Kuri bo, ubupfumu ni ikintu kiri mu vyiyumviro vy’abantu gusa, bakabona udupfumukazi tw’udukecuru twitwikiriye tugatuma isafuriya iriko irabira igira amababa y’agahungarema, tugahindura abantu ibikere, tukagurukira mu kirere mw’ijoro turi ku ntaro, tugenda dushinyagura n’inzika n’akantu.

Ku bandi, ubupfumu si ikintu c’ugufata minenegwe. Abashakashatsi bamwebamwe bavuga yuko abarenga ica kabiri c’ababa kw’isi bemera ko abapfumu bariho vy’ukuri, n’uko bashobora kugira akosho ku buzima bw’abandi. Abantu amamiliyoni bemera yuko ubupfumu ari bubi, butugeramira, n’uko bukwiye gutinywa cane. Nk’akarorero, hari igitabu cerekeye idini ry’Abanyafirika kivuga giti: “Ivy’ukwemera yuko amareba, uburaguzi, n’ubupfumu bikora kandi bigeramira abantu birashinze imizi mu buzima bw’Abanyafirika . . . Abapfumu n’abarozi ni bo bantu usanga bankwa kuruta abandi mu kibano barimwo. Mbere gushika n’uno musi, mu mihingo imwimwe no mu bihe binaka, barakubitwa n’abanyagihugu gushika gupfa.

Ariko rero mu bihugu vy’i Buraya, ubupfumu bwafashe iyindi sura ituma bwubahwa. Ibitabu, televiziyo n’amasenema vyarakoze vyinshi kugira ngo bigabanye ubwoba abantu bafitiye ubupfumu. Umuhinga mu vy’ugutohoza ivy’ukwinezereza, David Davis, avuga ati: “Bukwi na bukwi, abapfumu basigaye ari abantu bakiri bato kandi bakwegera cane, bakwegera koko. Ishirahamwe rimwe ry’ivy’amasenema, Hollywood, ntiriteba kubona impengamiro z’abantu. . . . Mu gutuma abapfumu baba abakwegera kandi bafise igikundiro, barashobora gukwegakwega abantu benshi, tutibagiye abagore be n’abana batobato.” Ishirahamwe Hollywood rirazi ukuntu ryotuma impengamiro yose iba ikintu coryungura ryoshikiriza.

Bamwe bavuga yuko ubupfumu bwacitse umwe mu mihari y’ivy’impwemu yihuta gusagamba kuruta iyindi muri Leta Zunze Ubumwe. Hirya no hino mu bihugu biteye imbere, abantu barushiriza kuba benshi, babitewe n’imihari iharanira agateka k’abakenyezi kandi bakaba batacerekwa amadini makurumakuru, barondera kumarwa akanyota mu vy’impwemu n’ubwoko butandukanye bw’ubupfumu. Kukaba nkako, hari ubwoko injojo bw’ubupfumu ku buryo abantu batumvikana mbere no ku nsobanuro y’ijambo “umupfumu.” Ariko rero abantu biyemerera ko ari abapfumu kenshi biyitirira Wicca, inyizamvugo imwe ikaba irisobanura ko ari “idini rya gipagani ryakomotse mu Buraya bwo mu Burengero bwo mu bihe vy’imbere y’Ubukirisu maze rinaguka mu kinjana ca 20.” Ni co gituma kandi benshi muri bo bivuga ko ari abapagani canke abasubiye mu bupagani.

Muri kahise kose, abapfumu bamye bankwa, bahamwa, batotezwa, n’ukugandagurwa bakagandagurwa. Ntibitangaje kubona ko abamogoreye ubupfumu ba none bashashaye gukora ikintu cotuma barushiriza kubonwa neza. Mw’itohoza rimwe, abapfumu mirongo barabajijwe ubutumwa bumva bashaka cane kuruta gushikiriza abantu. Inyishu batanze, ikaba yashikirijwe muri make n’umushakashatsi Margot Adler, yari iyi: “Ntituri abanyakibi. Ntidusenga Shetani. Ntitugirira abantu nabi canke ngo tubayovye. Ntidutera akaga. Turi abantu basanzwe nkamwe. Turafise imiryango, ubuzi, ivyizigiro, tukagira n’imigambi twipfuza gushikako. Ntitugize akadumbi k’idini. Ntituri abantu b’ibiyoberane. . . . Ntimukadutinye. . . . Duhuriye kuri vyinshi kuruta uko mwoba muvyiyumvira.”

Ubwo butumwa bwararushirije kwemerwa. Mugabo, ivyo vyoba bisobanura yuko ata mvo n’imwe yotuma duhagarikwa umutima n’ivy’ubupfumu? Nimuze turimbure ico kibazo mu kiganiro gikurikira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika