Ico Ukwiye Kumenya ku Vyerekeye Ubupfumu
UBUPFUMU bwo mu gihe ca none buragoye isobanura. Ivyo biva ku kubera yuko ababumogoreye batandukanye cane. Nta rwego nyobozi canke inyigisho cabure igitabu ceranda boba bisunga kugira ngo ivyo bemera bihure. Batandukaniye kandi mu migenzo, mu kuntu biyungunganya, mu mihamuro no mu vyiyumviro bafise ku vyerekeye ibimana bikwiye kwubahwa. Hari umupfasoni w’umwanditsi avuga ati: “Ivy’amayobera ni nk’icibare umuntu afisemwo umwidegemvyo wo kwihitiramwo ivyiyumviro ashaka.” Uwundi na we avuga ati: “Abantu benshi bari mu bupagani bwanaguwe ntibemeranya ku bintu nka vyose.”
Kuri benshi, ukudahuza si ingorane. Igitabu kimwe kigenewe abipfuza kuba abapfumu kivuga giti: “Igihe hari inkuru isa n’iyivuguruza, ukabura ico ufata n’ico ureka, ihweze iyo nkuru maze ufate ingingo y’iyo wokurikira. Niwumvire ico umutima wawe ukubwira. Mu yandi majambo, ntiwitinye guhitamwo mu mihamuro n’ibitabu vyerekeye imihamuro vyasohowe kugira ufate ingingo y’ico wumva ko ari ciza.”
Ku bantu bemera icese ukuri aho kuri, ukwo kudahuza ni ingorane. Ukuri ni ikintu ntaseswa, kitari umugani. Ibintu ntibiba ukuri kubera gusa umuntu yumva canke yizigiye cabure yemera ko ari ukuri. Nk’akarorero, hari igihe abaganga bemera yuko bashobora gukiza indwara y’umusonga mu guhimbaguramwo kubiri inkoko ibona maze bakarambika ivyo bihimba ku gikiriza c’umurwayi. Nta nkeka, abarwayi benshi baremera ata buryarya ko ubwo buryo bwo kuvura bwobakijije. Ariko rero, ivyo bemera n’ivyo bizigira ntivyari bihuje n’ukuri—ubwo buryo ntibukiza indwara y’umusonga. Abantu ntibaremarema ukuri; barihata kugutahura.
Bibiliya yivugira ko irimwo ukuri ku vyerekeye ibintu vy’impwemu. Yezu Kirisitu igihe yari kw’isi yabwiye Se mw’isengesho ati: “Ijambo ryawe ni ryo kuri.” (Yohana 17:17) Intumwa Paulo yanditse ati: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana.” (2 Timoteyo 3:16) Abantu benshi bamogoreye ubupfumu ntibavyemera. Ahubwo riho, baronderera ivyiyumviro n’ubuyobozi mu bitito, mu madini ya kera, eka mbere no mu nkuru abantu biremera. Yamara none, ntivyoba vyumvikana kurimbura n’imiburiburi ico Bibiliya ivuga? Nakare, birazwi hose ko ari igitabu ceranda. Ikindi, ni co gitabu c’ivy’idini ca kera kuruta ibindi vyose kikiriho. Bibiliya yanditswe mu kiringo c’imyaka irenga 1.600, yamara yose uko ingana si mahindagu mu nyigisho zayo. Nimuze tugereranye inyigisho za Bibiliya n’ivyo abantu bakunda kwemera biserurwa n’abakorereza ubupfumu.
Ni Bande Bacumbitse mu Karere k’Impwemu?
Ikibazo c’ishimikiro mu vy’ukurondera gutahura ivy’impwemu ni iki: Ni bande baba mu karere k’impwemu? Naho abapfumu benshi bo mu gihe ca none bafise ukwemera gushingiye ku bidukikije no ku mana nyinshi, bamwe basenga ikimanakazi-muvyeyi gihambaye, kibonwa ko gifise uruhara rurimwo zitatu kikaba ari inkumi, umuvyeyi, n’umukecuru, kikagereranya vya biringo nyamukuru vyo mu buzima. Umuhabara waco ni ikimana gifise amahembe. Abandi bapfumu basengera rimwe ikimana n’ikimanakazi. Umwanditsi umwe avuga ati: “Ikimanakazi n’ikimana bibonwa nk’inguvu za kigore n’iza kigabo ziri mu bidukikije. Kimwe cose [kikaba gifise] uturanga cisangije ku buryo igihe dusukiranijwe tuvamwo iremwa ry’ubuzima riri ku rugero rwiza.” Uwundi mwanditsi yandika ati: “Rimwe mu mahitamwo ahambaye kuruta mu vy’Ubupfumu ni uguhitamwo ibigirwamana (Ibimana canke Ibimanakazi) vyo kuzokoresha. . . . Ubwo Buhinga buguha uburenganzira bwo guhitamwo ibimana wishakira, akaba ari vyo uha icubahiro.”
Bibiliya nta na kimwe muri ivyo vyiyumviro ishigikira. Yezu Kirisitu yahebeye ubusuku bwiwe bwose ukwigisha abandi ivyerekeye Yehova, ya “Mana yonyene y’ukuri.” (Yohana 17:3) Bibiliya ivuga iti: “Uhoraho a[ra]hambaye, abereye gushimwa cane: n’uw’igitinyiro kuruta ibigirwamana vyose. Kukw ibigirwamana vy’amahanga vyose ar’ubusa.”—1 Ngoma 16:25, 26.
Shetani we gute? Inyizamvugo imwe, Webster’s Ninth New Collegiate Dictionary, isobanura ubupfumu ko ari “ukuganira na shetani.” Vyogora kuronka muri iki gihe umupfumu yemeranya n’iyo nsobanuro, kubera yuko benshi batanemera yuko Shetani wa Mucokoranyi abaho. Hari umugore akiri muto yadondowe mu kinyamakuru kimwe, The Irish Times, ko ari “umupfumukazi wo mu rwego rwo hejuru akaba na kizigenza w’umwe mu migwi y’abapfumu ikomakomeye kuruta yo muri Irlande,” yashikirije ivyiyumviro vyiwe muri ubu buryo ati: “Kwemera ko Shetani abaho bisobanura kwemera Ubukirisu . . . [Shetani] ntashobora kuba mu karere ata Mana irimwo.”
Bibiliya iremeza ukubaho kwa Shetani kandi ikamuremekako bwinshi mu bucumukure n’imidurumbanyo biri kw’isi. (Ivyahishuriwe 12:12) Yezu ntiyigishije gusa ko Mucokoranyi abaho, mugabo yaranerekanye yuko bishoboka ko umuntu, atabishaka, akora ivyo uyo Mucokoranyi agomba. Nk’akarorero, abayobozi b’amadini bibona ko ari abagororotsi bo mu kinjana ca mbere bemeza yuko mu buryo bunaka bari abana b’Imana kandi bakemera yuko bariko bakora ivyo Imana igomba. Yezu, uwashobora gutahura ibiri mu mitima yabo, yari azi ibihushanye n’ivyo. Yababwiye adakikiriza ati: “Mwebge mur’aba so wa Murwanizi, kand’ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora.” (Yohana 8:44) Vyongeye, igitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuriwe kivuga yuko wa Mucokoranyi “[a]zimiza abari kw isi bose.”—Ivyahishuriwe 12:9.
Ubwoko Bumwebumwe bw’Amageza (Maji) Bwoba Ari Bwiza?
Ego ni ko, amageza yamye nantaryo avugwa ko afitaniye isano n’ivy’amayobera. Abantu benshi bo mu bihe vya kera n’abo mu bihe vya none bemera yuko amageza akorwa n’abapfumu agirwa kugira ngo agirire nabi abandi. Abantu bemera yuko abapfumu bafise ububasha bwo kubabaza cane, mbere no kwica bakica, bakoresheje amageza. Kuva kera na rindi, abapfumu bamye bagirizwa amakuba adaharurwa ashikira abantu, dushizemwo n’indwara, urupfu no kutimbura neza.
Abapfumu muri iki gihe barahakana bivuye inyuma ivyo birego. Naho bemera icese ko rimwe na rimwe hashobora kuba hari umupfumu w’imburakimazi ata kindi arota atari ikibi, benshi bashigikira ivy’uko amageza yabo akoreshwa mu kuzana ivyiza, atari mu kugira inabi. Abapfumu bigisha yuko ingaruka z’amageza ku muntu ayagira ziba zikomeye incuro zigera kuri zitatu, bakavuga kandi yuko ico ari co kintu nyamukuru gituma batavuma abantu. Amageza amwamwe bavuga ko agirira neza abantu arimwo imitongero yo kwikingira, guhumanura inzu yawe inguvu mbi zasizwemwo n’uwahora ayibamwo, gutuma umuntu kanaka agukunda, gukira indwara ukagira n’amagara meza, kudakurwa mu kazi, be no kuronka amahera. Kubera yuko ubwo bubasha bwiyongereye bwitirirwa ubupfumu, ntibitangaje rero kuba ubwo bupfumu busigaye bukundwa n’abantu benshi.
Yamara rero, Bibiliya ntitandukanya amageza meza na mabi. Mu Vyagezwe vyahawe Musa, Imana yaratomoye aho ihagaze. Yavuze iti: “Ntimuze mugire amageza.” (Abalewi 19:26, NW) Dusoma kandi duti: “Muri mwebge ntihaze haboneke . . . [“uwugira amageza,” NW] cank’ūtera amabara, cank’umupfumu, cank’umurozi, cank’umwābūzi, cank’ūja guhamagara imizimu.”—Gusubira mu Vyagezwe 18:10, 11.
Ni kuki Imana yavuze ivyo? Ntiyabivuze kubera yashaka kutwima ibitugirira ikimazi. Yehova yahaye ihanga ry’abasavyi biwe ivyo vyagezwe kubera yabakunda kandi atashaka ko baba abaja b’ubwoba n’imiziririzo. Ahubwo, yateye akamo abasavyi biwe kumwitura igihe hari ibintu bakeneye. “Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose” biva kuri we. (Yakobo 1:17) Intumwa Yohani yarakuye amazinda abo bisangiye ukwemera ati: “Ico dusaba cose tugihabga n[’Imana], kuko twitondera ivyagezwe vyayo, tugakora ibishimwa imbere yayo.”—1 Yohana 3:22.
Tuvuge Iki ku Vyerekeye Ibiremwa vy’Impwemu Bibi?
Abapfumu benshi baremeranya na Bibiliya kuri iki ciyumviro ngo: Ibiremwa vy’impwemu bibi birabaho. Mu gatabu kamwe, hari uwukorereza ivy’ubupfumu yabuye ati: “Ivyo bisigo birabaho. Mw’isi itaboneka ibangabanganye n’iyi yacu hariyo ibiremwa bifise ubuzima. . . . Amajambo ‘Agahume,’ ‘Ikiremwa c’Impwemu Kibi’ n’‘Idayimoni’ ni ay’ukuri koko. Ivyo biremwa birakomeye cane. . . . Ibirusha ibindi ubwenge . . . birashobora kwinjira mw’isi yacu, (mu gihe hari umuntu abifashije akavyugururira irembo) . . . Birashobora kwinjira mu mubiri wawe . . . bikanakuyobora ku rugero kanaka. Egome, ivyo bimeze neza na neza nka za nkuru za kera zerekeye ukuntu Amadayimoni yinjira mu bantu.”
Mu bihe vya Bibiliya, amadayimoni yinjira mu bantu yarabacumukuza mu buryo butandukanye. Bamwe muri abo yacumukuza ntibashobora kuvuga, bamwe bari impumyi, bamwe bakora ibintu nk’abasazi, abandi kandi bakagira inkomezi zirengeye iz’umuntu. (Matayo 9:32; 12:22; 17:15, 18; Mariko 5:2-5; Luka 8:29; 9:42; 11:14; Ivyakozwe 19:16) Rimwe na rimwe, ububabare bwaraba bwinshi ku muntu igihe amadayimoni menshi yaba amufatiye rimwe. (Luka 8:2, 30) Nta nkeka rero, hari imvo yumvikana y’igituma Yehova yaburiye ihanga ry’abasavyi biwe guca kure ubupfumu n’ibindi vy’amayobera.
Idini Rishingiye ku Kuri
Benshi muri iki gihe bakwegerwa ku bupfumu kubera yuko babona ko ari nk’idini ata nabi itera, ataco itwaye kandi ishingiye ku bidukikije. Mu bibano bimwebimwe, bwaremewe. Abantu ntibabutinya. Ahubwo, kenshi abantu babubona nk’ibisanzwe. Mu bihe usanga ukwubahiriza ivyiyumviro vy’abandi mu vy’idini bishikana abantu benshi ku gukora ivy’agahomerabunwa, ubupfumu busigaye bwubahwa cane.
Si ivy’imbeshere, ivy’amadini vyacitse icibare abantu bafisemwo umwidegemvyo wo guhitamwo idini rihuje n’ivyo bakeneye, nka kurya bigenda igihe umuntu agura umwambaro w’ibirato. Yezu we yavuze ko hariho amahitamwo abiri gusa. Yagize ati: “Muce mw irembo ripfunganye; kukw irembo ryagutse, n’inzira y’igihamo, ari vyo bijana abantu mu mahonero, kand’abahaca ni benshi. Arikw irembo ripfunganye, n’inzira ntoya ni vyo bija mu bu[zima], kand’abahabona ni bake.” (Matayo 7:13, 14) Mu bisanzwe, turafise umwidegemvyo wo guhitamwo inzira tujana. Mugabo, kubera yuko ineza yacu y’ibihe bidahera igeramiwe, iryo hitamwo rirahambaye cane. Kugira ngo dushikire ukumurikirwa mu vy’impwemu, dutegerezwa gukurikirana inzira y’ukuri—ikaba ari inzira dusanga gusa mw’Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya.
[Ifoto ku rup. 5]
Benshi muri iki gihe babona ubupfumu nk’idini ata nabi irimwo kandi ishingiye ku bidukikije
[Ifoto ku rup. 6]
Amageza yamye nantaryo abonwa ko afitaniye isano n’ivy’amayobera
[Ifoto ku rup. 6]
Abamogoreye ubupfumu, boba bakora ivyo Shetani agomba batabizi?
[Ifoto ku rup. 7]
Bibiliya irahishura inzira y’ukuri