ICIGWA CA 13
Amageza n’Ubupfumu Ni Bibi
Shetani ashaka ko ugira ivy’amageza. Abantu benshi barashikanira ibimazi basekuruza canke imizimu, kugira ngo bibakingire kugirirwa nabi. Ivyo babigira kubera batinya ububasha bw’akarere k’impwemu. Barambara impeta, ubukomo, canke imiringa, vy’ibiheko. Baranywa canke bakikanda ivyitwa ngo ni “imiti” biyumvira ko bifise ububasha budasanzwe. Mu mazu yabo canke mw’ivu, abantu bamwebamwe baranyegezayo ibintu biyumvira ko bifise ububasha bwo kubakingira. Abandi na bo barakoresha ibiheko kubera ko bemera yuko bizotuma batunganirwa mu rudandaza, mu bibazo vy’ishure, canke mu kuresha.
Kugira ngo wikingire Shetani neza, ukwiye kugira Yehova umukunzi wawe. Yehova Imana n’abamarayika biwe bafise ububasha burengeye cane ubwa Shetani n’abadayimoni biwe. (Yakobo 2:19; Ivyahishuriwe 12:9) Yehova arashashaye kugaragaza inkomezi ziwe ku neza y’abakunzi biwe, ni ukuvuga abari intahemuka kuri we bimwe vyuzuye.—2 Ngoma 16:9.
Ijambo ry’Imana rivuga riti: ‘Ntimupfumuze.’ Yehova ariyamiriza amageza (maji) n’ubupfumu kubera ko ivyo bikorwa bishobora buno nyene gushira umuntu mu bubasha bwa Shetani wa Mucokoranyi.—Abalewi 19:26.