ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/6 rup. 13-17
  • Nugire Ukwizera mw’Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugire Ukwizera mw’Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kurondera Urwo Rubuto
  • Mesiya Aseruka!
  • Vugirize Impundu Umwami Mesiya!
  • Tugume Dufise Ukwizera mw’Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana
  • Kazoza k’Abantu Kabuwe mw’Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana
  • Nutege Yompi Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana Ryerekeye Igihe Cacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Daniyeli
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Yehova ni “Umuhishuzi W’amabanga”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Uwo Abamenyeshakazoza Bose Bashingiye Intahe
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/6 rup. 13-17

Nugire Ukwizera mw’Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana!

“Turafise ijambo ry’[ubuhanuzi] [rya]komejwe kurushiriza.”​—2 PETERO 1:19.

1, 2. Ubuhanuzi bwa mbere mu bwigeze kwandikwa bwose ni ubuhe, kandi kimwe mu bibazo bwavyuye ni ikihe?

YEHOVA ni we yari Soko ry’ubuhanuzi bwa mbere mu bwigeze kwandikwa bwose. Adamu na Eva bamaze gucumura, Imana yabwiye ya nzoka iti: “Nzoshira inyankane hagati yawe n[a wa] mugore, no hagati y’[“urubuto,” NW] rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.” (Itanguriro 3:1-7, 14, 15) Hociye ibinjana n’ibindi imbere y’uko ayo majambo menyeshakazoza atahurwa mu buryo bwuzuye.

2 Ubwo buhanuzi bwa mbere ku bantu b’abanyavyaha cari icizigiro nyakuri. Ivyanditswe mu nyuma vyarerekanye ko Shetani wa Mucokoranyi ari we “ya nzoka ya mbere.” (Ivyahishuriwe 12:9) Mugabo, ni nde yobaye rwa Rubuto rwasezeranywe n’Imana?

Kurondera Urwo Rubuto

3. Abeli yagaragaje gute ukwizera muri bwa buhanuzi bwa mbere?

3 Abeli uwayobokera Imana ntiyari ameze nka se, we yaragaragaje ukwizera muri bwa buhanuzi bwa mbere. Bigaragara yuko Abeli yatahuye yuko iseswa ry’amaraso ryobaye rikenewe kugira ngo bipfuke icaha. Ukwizera rero kwatumye atanga ikimazi c’igitungwa cemewe n’Imana. (Itanguriro 4:2-4) Yamara, akaranga ka rwa Rubuto rwasezeranywe kagumye ari ikinyegezwa.

4. Imana yahaye Aburahamu isezerano irihe, kandi ryerekanye iki ku biraba rwa Rubuto rwasezeranywe?

4 Imyaka nk’2.000 inyuma y’imisi ya Abeli, Yehova yarahaye sekuruza w’imiryango Aburahamu iri sezerano menyeshakazoza rigira riti: “Eka mbere no kuguha umugisha nzowuguha, kandi no kugwiza nzogwiza [“urubuto,” NW] rwawe, rungane n’inyenyeri zo kw ijuru . . . kandi mu [“rubuto,” NW] rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha.” (Itanguriro 22:17, 18) Ayo majambo yerekanye isano riri hagati ya Aburahamu n’iranguka rya bwa buhanuzi bwa mbere. Yerekana yuko rwa Rubuto bizocako kugira ngo ibikorwa vya Shetani bisangangurwe rwoserutse mu bakomoka kuri Aburahamu. (1 Yohana 3:8) “[Kubera Aburahamu] yiyumviriye ic’Imana yamusezeraniye, ntiyakekeranish[ijwe] no kutizera,” eka n’ibindi vyabona vya Yehova b’imbere y’Ubukirisu, “[batahawe] ivyasezeranywe” ntibakekeranishijwe. (Abaroma 4:20, 21; Abaheburayo 11:39) Ahubwo riho, bagumanye ukwizera mw’ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana.

5. Isezerano ry’Imana ryerekeye Urubuto ryarangukiye kuri nde, kandi ni kuki wishuye utyo?

5 Intumwa Paulo yarerekanye Urubuto rw’Imana rwasezeranywe urwo ari rwo igihe yandika ati: “Aburahamu ni we yasezeraniwe amasezerano, bo n’uru[but]o rwiwe. Ntiyavuze, it’Im[but]o; nk’ūvuga benshi: yamara yavuze nk’ūvuga umwe, iti N’uru[but]o rwawe; ni rwo Kristo.” (Ab’i Galatiya 3:16) Urubuto vyociyeko kugira ngo amahanga yiheshe umuhezagiro ntirwarimwo abo mu ruvyaro rwa Aburahamu bose. Abakomoka ku muhungu wiwe Ishimayeli be n’abahungu yavyaye kuri Ketura ntibokoreshejwe mu guhezagira abantu. Urubuto rw’umuhezagiro rwaje biciye ku muhungu wiwe Isaka no ku mwuzukuru wiwe Yakobo. (Itanguriro 21:12; 25:23, 31-34; 27:18-29, 37; 28:14) Yakobo yerekanye ko “abantu” bogamburukiye Shilo wo mu muryango wa Yuda, mugabo rwa Rubuto mu nyuma rwavuye mu bamuka kuri Dawidi gusa. (Itanguriro 49:10; 2 Samweli 7:12-16) Abayuda bo mu kinjana ca mbere bari biteze umuntu aza bwa Mesiya, ni ukuvuga Kirisitu. (Yohana 7:41, 42) Kandi ubuhanuzi bw’Imana bwerekeye rwa Rubuto bwarangukiye ku Mwana wayo Yezu Kirisitu.

Mesiya Aseruka!

6. (a) Dukwiye gutahura gute ubuhanuzi bwa ya mayinga 70? (b) Yezu ‘yarangije ivyaha’ ryari kandi gute?

6 Umuhanuzi Daniyeli yanditse ubuhanuzi buhambaye cane bwerekeye Mesiya. Mu mwaka wa mbere w’ingoma ya Dariyo Umumedi, yaratahuye yuko ya myaka 70 yo kuba Yeruzalemu ari umusaka yari yegereje kurangira. (Yeremiya 29:10; Daniyeli 9:1-4) Mu gihe Daniyeli yariko arasenga, umumarayika Gaburiyeli yaraje maze ahishura yuko ‘amayinga mirongwirindwi yagezwe kugira ngo ivyaha birangizwe.’ Mesiya yokuweho hagati mw’iyinga rigira 70. “Amayinga mirongo indwi y’imyaka” yatanguye mu 455 B.G.C., igihe Umwami w’Umuperesi Aritazeruzi wa Mbere ‘yavumera ivyo gusubira kwubaka Yeruzalemu.’ (Daniyeli 9:20-27; Nehemiya 2:1-8) Mesiya yoje haciye amayinga 7 kwongerako 62. Iyo myaka 483 ihera mu 455 B.G.C. igashika mu 29 G.C., igihe Yezu yabatizwa maze Imana ikamusiga amavuta bwa Mesiya canke Kirisitu. (Luka 3:21, 22) Yezu ‘yarangije ivyaha’ mu gutanga ubuzima bwiwe bwa nkuka mu 33 G.C. (Mariko 10:45) Ewe kuntu ari imvo zumvikana zotuma twizera ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana!a

7. Ukoresheje Ivyanditswe, niwerekane ukuntu Yezu yashikije ubuhanuzi bwerekeye Mesiya.

7 Ukwizera Ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana bituma dushobora kumenya Mesiya uwo ari we. Bwinshi mu buhanuzi bwerekeye Mesiya bwanditswe mu Vyanditswe vy’Igiheburayo, abanditsi b’Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya gikirisu babwerekeje kuri Yezu ubwiwe. Tubitangire uturorero: Yezu yavyawe n’isugi i Betelehemu. (Yesaya 7:14; Mika 5:2; Matayo 1:18-23; Luka 2:4-11) Yarahamagawe akurwa mu Misiri kandi impinja zarishwe inyuma y’ivuka ryiwe. (Yeremiya 31:15; Hoseya 11:1; Matayo 2:13-18) Yezu yarikoreye indwara zacu. (Yesaya 53:4; Matayo 8:16, 17) Nk’uko vyari vyarabuwe, yarinjiye i Yeruzalemu yicaye ku nyana y’indogoba. (Zekariya 9:9; Yohana 12:12-15) Amajambo y’umwanditsi wa Zaburi yarangutse inyuma y’ukumanikwa kwa Yezu, igihe abasoda bagabangana umwambaro wiwe bakongera bagapfindira ikanzu yiwe. (Zaburi 22:18; Yohana 19:23, 24) Ukuba amagufa ya Yezu atavunaguwe n’ukuba baramucumise, na vyo vyarashikije ubuhanuzi. (Zaburi 34:20; Zekariya 12:10; Yohana 19:33-37) Utwo ni dukeyi gusa mu turorero tw’ubuhanuzi bwerekeye Mesiya abanditsi ba Bibiliya bahumekewe berekeje kuri Yezu.b

Vugirize Impundu Umwami Mesiya!

8. Wa Wundi wa mbere na mbere ni nde, kandi ubuhanuzi bwanditswe muri Daniyeli 7:9-14 bwarangutse gute?

8 Mu mwaka wa mbere w’ingoma y’Umwami wa Babiloni Belushaza, Yehova yaratumye umuhanuzi wiwe Daniyeli arota indoto, yongera amwereka ibintu vy’igitangaza. Ubwa mbere, uwo muhanuzi yabonye inyamaswa amahanga zine. Umumarayika w’Imana yamenyesheje ko ari “abami bane,” bikerekana ko zigereranya intwaro nganzasi zine zagiye zirakurakuranwa. (Daniyeli 7:1-8, 17) Ubukurikira Daniyeli yabonye Yehova, “wa Wundi wa mbere na mbere” yicaye yimitswe mu buninahazwa. Mu gucira rubi izo nyamaswa, yarazatse ubutegetsi maze asangangura inyamaswa igira kane. Ugutegeka mu buryo buramba “amoko yose n’amahanga yose n’abavuga indimi zitari zimwe” vyaciye vyegurirwa “uwusa n’Umwana w’umuntu.” (Daniyeli 7:9-14) Ese ukuntu ari ubuhanuzi bw’akaroruhore bwerekeye iyimikwa ry’“Umwana w’umuntu,” Yezu Kirisitu, mw’ijuru mu 1914!​—Matayo 16:13.

9, 10. (a) Vya bihimba bitandukanye vya ca gishushanyo co mu ndoto vyerekeza ku ki? (b) Wosigura gute iranguka rya Daniyeli 2:44?

9 Daniyeli yari azi ko Imana “ikūra abami ikimika abandi.” (Daniyeli 2:21) Abigiranye ukwizera Yehova wa wundi “[a]hishura amabanga,” uwo muhanuzi yarahishuye insobanuro y’indoto z’Umwami wa Babiloni Nebukadinezari zerekeye igishushanyo amahanga. Ibihimba bitandukanye vyaco vyerekeza ku kuvyuka n’ugutemba kw’intwaro nganzasi nka Babiloni, Ubumedi n’Ubuperesi, Ubugiriki, na Roma. Imana yakoresheje kandi Daniyeli kugira ngo yerekane ibintu bizoba kw’isi gushika muri iki gihe cacu no mu kikiri imbere.​—Daniyeli 2:24-30.

10 Ubwo buhanuzi bwavuze buti: “Ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.” (Daniyeli 2:44) Aho vya “bihe vy’abanyamahanga” bihereye mu 1914, Imana yarashinze Ubwami bwo mw’ijuru butwarwa na Kirisitu. (Luka 21:24; Ivyahishuriwe 12:1-5) Bivuye ku bubasha bw’Imana, rya “buye” ari bwo Bwami bwa Mesiya ico gihe ryari risituwe ku “musozi” ugereranya ukuba segaba wa vyose kw’Imana. Kuri Harumagedoni, iryo buye rizotera ca gishushanyo rikijanjagure gushika gicike ivu. Nka kurya kw’intwaro imeze nk’umusozi uhangamye kw’“isi yose,” ubwo Bwami bwa Mesiya buzohangama ibihe bidahera.​—Daniyeli 2:35, 45; Ivyahishuriwe 16:14, 16.c

11. Uguhinduka ukundi kwa Yezu kwari ukwerekana iki imbere y’igihe, kandi iryo yerekwa ryakoze iki kuri Petero?

11 Yezu afise Ubwami bwiwe mu muzirikanyi, yabwiye abigishwa biwe ati: “Mur’aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera Umwana w’Umuntu aje mu bgami bgiwe.” (Matayo 16:28) Haheze imisi itandatu, Yezu yajanye Petero, Yakobo na Yohani ku musozi muremure aho yahindutse ukundi imbere yabo. Aho igicu gikayangana gitwikiririye izo ntumwa, Imana yatangaje iti: “Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve.” (Matayo 17:1-9; Mariko 9:1-9) Ese ukuntu bari babonye imbere y’igihe ubuninahazwa bw’Ubwami bwa Kirisitu! Ntibitangaje kuba Petero yarerekeje kuri iryo yerekwa riteye igomwe, maze akavuga ati: ‘Ni co gituma dufise ijambo ry’ubuhanuzi ryakomejwe kurushiriza.’d​—2 Petero 1:16-19.

12. Ni kuki iki gihe canecane ari co gihe co kugaragaza ukwizera kwacu mw’Ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana?

12 ‘Ijambo ry’ubuhanuzi’ bisa n’uko ritarimwo gusa ubuhanuzi bwo mu Vyanditswe vy’Igiheburayo vyerekeye Mesiya, ariko kandi burimwo ivyo Yezu yavuze vy’uko yoje “n’ububasha n’ubgiza bginshi.” (Matayo 24:30) Kwa guhinduka ukundi kwaremeje ijambo ry’ubuhanuzi ryerekeye ukuza kw’ubuninahazwa kwa Kirisitu mu bubasha bw’Ubwami. Ubu bwa vuba, uguhishurwa kwiwe mu buninahazwa kuzosobanura isangangurwa ku batizera be n’imihezagiro ku bagaragaza ukwizera. (2 Ab’i Tesalonike 1:6-10) Iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya ni igihinyuza c’uko iyi ari “imisi y’iherezo.” (2 Timoteyo 3:1-5, 16, 17; Matayo 24:3-14) Bwa Wica Mukuru wa Yehova, Mikayeli ari we Yezu Kirisitu, yiteguriye kuzana iherezo kuri uru runkwekwe rw’ibintu rubi mu gihe ca ya “marushwa ahambaye.” (Matayo 24:21; Daniyeli 12:1) Nta nkeka rero ko iki ari igihe dukwiye kugaragaza ko dufise ukwizera mw’ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana.

Tugume Dufise Ukwizera mw’Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana

13. Ni igiki gishobora kudufasha kugumana urukundo dukunda Imana kandi bigatuma ukwizera kwacu ijambo ryiwe kuguma kudora?

13 Nta nkeka ko twakozwe ku mutima igihe twamenya ari bwo bwa mbere ivyerekeye iranguka ry’ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana. Mugabo kuva ico gihe, ukwizera kwacu kwoba kwaragabanutse urukundo rwacu na rwo rugatimba? Ntitukigere tumera nka ba Bakirisu bo muri Efeso, ‘abaretse urukundo rwabo rwa mbere.’ (Ivyahishuriwe 2:1-4) Igihe tumaze dukorera Yehova caba kingana iki, turashobora gutakaza ikintu nk’ico, kiretse gusa igihe ‘tubandanya kurondera ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo’ kugira ngo twibikire ubutunzi mw’ijuru. (Matayo 6:19-21, 31-33) Kwiga Bibiliya dushirutse ubute, kugira uruhara ubudahorereza mu makoraniro ya gikirisu be n’ukugira umwete mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bizodufasha kugumana urukundo dukunda Yehova, Umwana wiwe be n’Ivyanditswe. (Zaburi 119:105; Mariko 13:10; Abaheburayo 10:24, 25) Ivyo nitwabigira, bizotuma ukwizera kwacu Ijambo ry’Imana kuguma kudora.​—Zaburi 106:12.

14. Abakirisu basizwe baherwa gute ku bw’ukwizera kwabo Ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana?

14 Nk’uko nyene Ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana ryarangutse muri kahise, ni ko dushobora kwizera ivyo ribura ku bwa kazoza. Nk’akarorero, ukuhaba kwa Kirisitu mu buninahazwa bw’Ubwami ubu si umugani, kandi Abakirisu basizwe babaye abizigirwa gushika ku rupfu barashikiwe n’iranguka ry’isezerano menyeshakazoza rigira riti: “Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.” (Ivyahishuriwe 2:7, 10; 1 Ab’i Tesalonike 4:14-17) Yezu yahaye abo banyentsinzi agateka ko “kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo” mw’“iparadizo [yo mw’ijuru] y’Imana.” Mw’izuka ryabo kandi biciye kuri Yezu Kirisitu, barashikira ukudahwera n’ukutabora vyatanzwe na Yehova, wa “Mwami ahoraho, adapfa, ataboneka, ari we Mana imwe yonyene.” (1 Timoteyo 1:17; 1 Ab’i Korinto 15:50-54; 2 Timoteyo 1:10) Ese ukuntu ari impera ihambaye iva ku rukundo rudahera bafitiye Imana n’ukwizera ijambo ry’ubuhanuzi ryayo kudahungabana!

15. Ni bande bari ishingiro ry’“isi nsha,” kandi abifatanije na bo ni bande?

15 Inyuma gato yaho abasizwe bapfuye ari abizigirwa bazukiye kuja mw’“iparadiso [yo mw’ijuru] y’Imana,” amasigarira ya Isirayeli yo mu buryo bw’Impwemu akiri kw’isi yarabohowe akurwa muri “Babuloni Hahambaye,” ari yo ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. (Ivyahishuriwe 14:8; Ab’i Galatiya 6:16) Muri bo ni ho hashizwe ishingiro ry’“isi nsha.” (Ivyahishuriwe 21:1) Muri ubwo buryo “igihugu” cari kivutse maze cubakwamwo iparadizo yo mu buryo bw’impwemu isagamvye kw’isi yose muri iki gihe. (Yesaya 66:8) Muri co, isinzi ry’abameze nk’intama bifatanije na Isirayeli yo mu vy’impwemu bariko barasegenyuka ubu “mu misi y’iherezo.”​—Yesaya 2:2-4; Zekariya 8:23; Yohana 10:16; Ivyahishuriwe 7:9.

Kazoza k’Abantu Kabuwe mw’Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana

16. Abashigikizi b’intadohoka b’abasizwe bafise ibihe vyizigiro?

16 Abashigikizi b’intadohoka b’abasizwe bafise ibihe vyizigiro? Na bo nyene barizera ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana, kandi icizigiro cabo gihagaze ku kwinjira mw’iparadizo yo kw’isi. (Luka 23:39-43) Muri yo, bazonywa ku “ruzi rw’amazi y’ubu[zima]” rubungabunga ubuzima kandi bazokizwa n’“ibibabi vy’[ibiti]” bitewe ku nkengera zarwo. (Ivyahishuriwe 22:1, 2) Niba ufise icizigiro c’akaroruhore nk’ico, nugire ubandanye kugaragariza Yehova urukundo rugera kure wongere wizere ijambo ryiwe ry’ubuhanuzi. Ese woba mu bafise umunezero utagira urugero wo kuzogira ubuzima budahera mw’iparadizo yo kw’isi!

17. Ubuzima mw’Iparadizo yo kw’isi buzoba burimwo iyihe mihezagiro?

17 Abantu b’abanyagasembwa ntibashobora kudondora mu buryo bwuzuye uko ubuzima muri ya Paradizo yo kw’isi iriko iraza buzoba bumeze, mugabo ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana riraduha ukumenya imihezagiro abantu bagamburuka bazogira ico gihe. Igihe Ubwami bw’Imana buzoba butegeka ata wuburwanya kandi ivyo igomba bikaba bikorwa kw’isi nk’uko bikorwa mw’ijuru, nta bantu b’inkazi ‘bazogira ico bagiriye nabi canke bononye,’ eka mbere n’ibikoko ni ukwo nyene. (Yesaya 11:9; Matayo 6:9, 10) Abagwaneza bazoragwa isi, kandi “bazonezererwa amahoro y’umusēsekara.” (Zaburi 37:11) Abanyagihugu bicwa n’ikigoyi ntibazoba bakiriho kubera ko “hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu no ku mpinga z’imisozi.” (Zaburi 72:16) Nta mosozi y’intuntu azosubira gukororwa. Indwara zizoba zagiye, eka n’urupfu ntiruzoba rukiriho. (Yesaya 33:24; Ivyahishuriwe 21:4) Niwihe ishusho ata muvuzi, ata muti, ata bitaro canke ahantu bavurira indwara zo mu mutwe, ata maziko. Ese ukuntu ari ivyizigiro vy’akaroruhore!

18. (a) Daniyeli yakuwe amakenga ku biki? (b) “Umugabane” wa Daniyeli uzoba uwuhe?

18 Imva rusangi y’abantu na yo nyene izokwozwa uko impfu zizosubirirwa n’ibihe vy’izuka. Wa mugabo w’umugororotsi Yobu yari afise icizigiro nk’ico. (Yobu 14:14, 15) Na wa muhanuzi Daniyeli ni ko kw’uko, kubera umumarayika wa Yehova yamukuye amakenga mu buryo buhumuriza ati: “Ni wīgīre, urīndīre iherezo; kuk’uzoruhuka, kand’uzohagarara mu mugabane wawe, kw iherezo ry’iyo misi.” (Daniyeli 12:13) Daniyeli yakoreye Imana adahemuka gushika kw’iherezo ry’ubuzima bwiwe. Ubu, ariruhukiye mu rupfu, mugabo “[a]zohaguruka” mw’“izuka ry’abagororotsi” mu gihe c’ingoma ya Kirisitu y’imyaka igihumbi. (Luka 14:14) None “umugabane” wa Daniyeli uzoba uwuhe? Urumva, mw’iranguka ryerekeye iparadizo ry’ubuhanuzi bwa Ezekiyeli, bwerekana yuko abasavyi ba Yehova bose bazoronka ikibanza, mbere ko isi izogabagurwa ata mwana n’ikinono kandi ku rutonde. (Ezekiyeli 47:13–48:35) Daniyeli rero azoronka ikibanza mw’Iparadizo, mugabo umugabane wiwe muri yo ntuzoba ari kuronka ishamvu gusa. Uzoba urimwo n’ikibanza afise mu mugambi wa Yehova.

19. Ni igiki gisabwa mu kuronka ubuzima mw’Iparadizo yo kw’isi?

19 Tuvuge iki ku bikwerekeye no ku mugabane wawe? Niba ufise ukwizera Ijambo ry’Imana Bibiliya, utegerezwa kuba wipfuza cane ubuzima mw’Iparadizo yo kw’isi. Ushobora mbere kwiha ishusho uriyo, unezererwa imigisha myinshi izobayo, ubungabunga ubutaka wongera uha ikaze n’umunezero mwinshi abapfuye bariko barazuka. Nakare, mw’Iparadizo ni ho abantu bagenewe kwibera. Imana yaremye ba bantu ba mbere babiri kugira ngo babe muri mwene ico kibanza. (Itanguriro 2:7-9) Kandi ashaka ko abantu bagamburuka baba mw’Iparadizo ibihe bidahera. Woba uzokora mu buryo buhuje n’Ivyanditswe kugira ngo ushobore kuba muri ba bandi amamiliyaridi bazoteba bakaba mw’Iparadizo yo kw’isi? Urashobora kuzoba ariyo uri mu gihe woba ufitiye urukundo nyakuri Data wa twese wo mw’ijuru, Yehova, ukongera ukagira ukwizera kuramba mw’ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba ikigabane ca 11 c’igitabu Prêtons attention à la prophétie de Daniel! (Niwitondere Ubuhanuzi bwa Daniyeli!) be n’agatwe kavuga ngo “Soixante-dix semaines” (Amayinga Mirongo Indwi) mu gitabu Étude perspicace des Écritures, vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Raba igitabu “Toute Écriture est inspirée de Dieu et utile,” ku rupapuro rw’343-344, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

c Raba ikigabane ca 4 n’ic’9 c’igitabu Prêtons attention à la prophétie de Daniel!

d Raba ikiganiro gifise umutwe uvuga ngo “Nidushire ku Mutima Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana,” giseruka mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza 2000.

Wokwishura Gute?

• Ubuhanuzi bwa mbere bwari ubuhe, kandi rwa Rubuto rwasezeranywe rwari nde?

• Ni ubuhanuzi bumwebumwe ubuhe bwerekeye Mesiya bwarangukiye kuri Yezu?

• Muri Daniyeli 2:44, 45 hazoranguka gute?

• Ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana ryerekeza kuri kazoza akahe k’abantu bagamburuka?

[Ifoto ku rup. 16]

Woba wizigiye kuba mw’Iparadizo yo kw’isi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika