Abacungezi n’Abakozi b’Ishengero Bagenwa mu Buryo bwa Tewokarasi
“Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose, [“muri bwo impwemu yera ikaba yaragenye mwebwe ngo mube abacungezi,” “NW”].”—IVYAKOZWE 20:28.
1, 2. Ni gute muri Yesaya 60:22 hariko hararanguka?
YEHOVA haciye igihe kirekire cane yarabuye yuko ikintu cibonekeje coshitse mu gihe c’iherezo. Biciye ku muhanuzi Yesaya, haravuzwe ibikurikira: “Inkēngērwa izovamw’igihumbi, kandi nyarucari azoba ihanga rikomeye. Jewe Uhoraho nzobishitsa n’ingoga, igihe cavyo kigeze.”—Yesaya 60:22.
2 Hoba hari ikimenyamenya c’uko ubwo buhanuzi buriko buraranguka muri iki gihe? Egome vy’ukuri! Mu myaka y’1870, ishengero rimwe ry’abasavyi ba Yehova ryarashinzwe i Allegheny i Pensilivaniya muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Bihereye kuri iyo ntango ntoyi, amashengero ibihumbi mirongo yaravutse kandi ariko arasagamba kw’isi yose. Abamamaji b’Ubwami amamiliyoni, bakaba bagize ihanga rikomeye, ubu bariko barifatanya n’amashengero arenga 91.000 mu bihugu 235 hirya no hino kw’isi. Ata guharira, ivyo biremeza yuko Yehova ariko aranyarutsa itororokanywa ry’abasenga b’ukuri imbere yuko ya “marushwa ahambaye” yaduka, na yo ubu akaba yegereje cane.—Matayo 24:21; Ivyahishuriwe 7:9-14.
3. Kubatizwa ‘mw’izina rya Data wa twese, iry’Umwana n’iry’impwemu yera’ bisobanura iki?
3 Bamaze kwiyegurira ubwabo Yehova, kandi mu buryo bujanye n’amabwirizwa ya Yezu, ayo mamiliyoni barabatijwe “mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era.” (Matayo 28:19) Kubatizwa “mw izina rya Data wa twese” bisobanura yuko abo bantu biyeguye bemera icese yuko Yehova ari we Se wabo wo mw’ijuru kandi akaba kandi ari we Mutanzi w’Ubuzima kandi bakorohera ubusegaba bwiwe. Ibatisimu ‘mw’izina ry’Umwana’ bisobanura yuko bemera icese ko Yezu Kirisitu ari we Mucunguzi wabo, ari we Mboneza yabo akaba na we Mwami wabo. Baremera icese kandi uruhara rw’impwemu yera y’Imana, ari yo nguvu ikora akazi, mu vy’ukuyobora ubuzima bwabo. Ivyo vyerekana yuko babatijwe ‘mw’izina ry’impwemu yera.’
4. Abasuku b’Abakirisu batirwa gute?
4 Kw’ibatisimu ryabo, abigishwa bashasha baratirwa bakaba abasuku ba Yehova Imana. Ni nde abatira? Mu nsobanuro yagutse, amajambo yanditse mu 2 Ab’i Korinto 3:5 (UB) araberekeye: “Ubushobozi bwacu [bwo kuba abasuku] buva ku Mana.” Nta gateka bokwipfuje karuta ako kwatirwa na Yehova Imana ubwiwe! Inyuma y’ibatisimu yabo, bazobandanya gukura mu vy’impwemu bwa basuku b’“ubutumwa bgiza” magingo bemera inyobozo z’impwemu y’Imana kandi babandanya gushira mu ngiro Ijambo ryayo.—Matayo 24:14; Ivyakozwe 9:31.
Igena ryo mu Buryo bwa Tewokarasi Atari mu bwa Demokarasi
5. Abacungezi b’Abakirisu be n’abakozi b’ishengero, boba batorwa mu buryo bwa demokarasi? Sobanura.
5 Ubucungezi burangwa uguhumura bw’abacungezi bakwije ibisabwa be n’insahirizo ishobora kugira ico ivamwo y’abakozi b’ishengero, birasabwa kugira ngo abasuku b’abanyamwete barushiriza kugwira babungabungwe mu vyo bakeneye mu vy’impwemu. (Ab’i Filipi 1:1) Abagabo nk’abo bakomeye mu vy’impwemu bagenwa gute? Si mu buryo nka burya bukoreshwa mu Bitwa Abakirisu. Nk’akarorero, abacungezi b’Abakirisu ntibatorwa mu buryo bwa demokarasi, ni ukuvuga mu kuronka amajwi ya benshi mu bantu bifatanya n’ishengero rinaka. Ahubwo, ayo magena agirwa mu buryo bwa Tewokarasi. Ivyo bisobanura iki?
6. (a) Tewokarasi nyakuri ni iki? (b) Ni kuki amagenwa y’abacungezi n’abakozi b’ishengero agirwa mu buryo bwa Tewokarasi?
6 Tubivuze mu buryo bworoshe, tewokarasi nyakuri ni ubutegetsi butwarwa n’Imana. Ivyabona vya Yehova barorohera bavyishakiye ubutegetsi bw’Imana kandi bagasenyera ku mugozi umwe kugira ngo bakore ukugomba kwayo. (Zaburi 143:10; Matayo 6:9, 10) Amagenwa y’abacungezi b’Abakirisu, ari bo bakurambere, be n’abakozi b’ishengero agirwa mu buryo bwa Tewokarasi kubera yuko uburyo bwo kurata no kugena abo bagabo bajejwe amabanga bugirwa hakurikijwe indinganizo y’Imana nk’uko yerekanwa mu Vyanditswe Vyeranda. Kandi, bwa “ūsumba vyose,” si ivy’imbeshere Yehova arafise uburenganzira bwo gushinga ukuntu ishirahamwe ryiwe riboneka rizokora.—1 Ngoma 29:11; Zaburi 97:9.
7. Ivyabona vya Yehova batwarwa gute?
7 Mu buryo bunyuranye n’imigwi myinshi y’amadini yo mu Bitwa Abakirisu, Ivyabona vya Yehova ntibihitiramwo uburyo bwo gutwara mu vy’Imana bakora bisunga. Abo Bakirisu b’inziraburyarya barita ku rutare kugira bumire ku ngingo ngenderwako za Yehova. Abacungezi muri bo ntibashingwa amabanga n’intwaro ya ekeleziya yo mw’ishengero rinaka, y’urwego nyobozi canke y’inararibonye za ekeleziya. Igihe hari abo mw’isi barondera kwisuka mu vy’ayo magena, abasavyi ba Yehova baranka kudohoka. Bashikamye, baragumana ya mpagararo yaseruwe neza n’intumwa mu kinjana ca mbere igihe zavuga ngo: “Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.” (Ivyakozwe 5:29) Gutyo, Ivyabona barayobokera Imana mu bintu vyose. (Abaheburayo 12:9; Yakobo 4:7) Gukurikiza uburyo bwa Tewokarasi mu gukora ibintu bizana ukwemerwa n’Imana.
8. Ugukora ibintu hakurikijwe demokarasi n’ukubikora hakurikijwe Tewokarasi bitandukanye gute?
8 Kubera turi abasavyi ba wa Mutewokarate Mukuru, Yehova, vyoba vyiza tugumije mu muzirikanyi amatandukaniro ari hagati y’ugukora ibintu hakurikijwe demokarasi n’ukubikora hakurikijwe Tewokarasi. Gukora ibintu hakurikijwe demokarasi bisaba kugira abaserukizi bangana kandi kenshi bikarangwa n’ukwiyamamariza ibanga rinaka be n’ugutorwa na benshi mu batoye. Ubwo buryo ntibujamwo mu magena yo muri Tewokarasi. Ayo ntava ku bantu; eka ntanakomoka ku gisata kinaka kigengwa n’amategeko. Mu buryo bugaragara ko yariko arakikiririza ku vy’uko igenwa ryiwe bwite ngo abe “intumwa ku banyamahanga” ryagizwe na Yezu be na Yehova, Paulo yabwiye Abagalatiya yuko ‘atagenywe n’abantu, kandi ata muntu yabariwe kumugena, ariko ko yagenywe na Yezu Kirisitu, n’Imana Data wa twese yamuzuye mu bapfuye.’—Abaroma 11:13; Ab’i Galatiya 1:1.
Bagenwa n’Impwemu Yera
9. Mu Vyakozwe 20:28 havuga iki ku vyerekeye igenwa ry’Abacungezi b’Abakirisu?
9 Paulo yibukije abacungezi baba muri Efeso yuko bagenywe n’Imana biciye ku mpwemu yera. Yavuze ati: “Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose, [“muri bwo impwemu yera ikaba yaragenye mwebwe ngo mube abacungezi,” NW], kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso [“y’Umwana wayo bwite,” NW].” (Ivyakozwe 20:28) Abo bacungezi b’Abakirisu bari bakeneye kubandanya kuyoborwa n’impwemu yera uko barangura amabango bashinzwe bwa bungere b’ubusho bw’Imana. Mu gihe hari umugabo yagenywe mw’ibanga kanaka akaba atagishitsa ingingo ngenderwako z’Imana, impera n’imperuka impwemu yera yokora kugira ngo akurwe mu kibanza arimwo.
10. Ni gute impwemu yera ifise uruhara nyamukuru mu magena yo mu vya Tewokarasi?
10 Ni gute impwemu yera ifise uruhara nyamukuru? Ubwa mbere, inkuru ishira ahabona ibisabwa ku bw’ubucungezi bwo mu vy’impwemu yahumetswe n’impwemu yera. Mu makete yandikiye Timoteyo na Tito, Paulo yarerekanye ingingo ngenderwako abacungezi be n’abakozi b’ishengero bategerezwa gushitsa. Ibisabwa bitandukanye vyose hamwe yavuze ni nka 16. Nk’akarorero, abacungezi bategerezwa kutabako umugayo, batarenza urugero, kuba bakomeye mu muzirikanyi, ari abanyarutonde, b’abakiranyi, bashoboye kwigisha, kandi bari umutwe w’urugo w’intangakarorero. Bategerezwa kugira uburimbane mu kunywa ibinyobwa biboreza, bategerezwa kutaba inkunzi z’amahera, kandi bategerezwa kugaragaza ukwigumya. Muri ubwo buryo nyene, ingingo ngenderwako ziri hejuru zarashiriweho abagabo barondera kugenwa ngo babe abakozi b’ishengero.—1 Timoteyo 3:1-10, 12, 13; Tito 1:5-9.
11. Ni ibisabwa bimwebimwe ibihe abagabo barondera gushingwa amabanga y’ishengero bategerezwa gushitsa?
11 Umwihwezo w’ivyo bisabwa werekana yuko abaja imbere abandi mu gusenga Yehova bategerezwa kuba intangakarorero mu vy’ukwigenza rukirisu. Abagabo barondera gushingwa amabanga y’ishengero bategerezwa gutanga ikimenyamenya c’uko impwemu yera iriko irakora kuri bo. (2 Timoteyo 1:14) Bitegerezwa kwibonekeza yuko impwemu y’Imana iriko irama muri abo bagabo ivyamwa vy’“urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, ubugwaneza, ukwirinda.” (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Ivyamwa nk’ivyo vyogaragarira mu migenderanire yabo n’abo basangiye ukwemera be n’abandi. Ego ni ko, bamwebamwe bashobora kuba bagaragaza mu buryo buhebuje ivyamwa binaka vy’impwemu, mu gihe abandi bashobora kuba bashitsa izindi kamere zisabwa abacungezi ku rugero ruhanitse. Ariko rero, mu buryo babaho muri rusangi, abizigira bose kugenwa bwa bacungezi canke abakozi b’ishengero bakwiye kugaragaza ko ari abagabo bakomeye mu vy’impwemu, bashitsa ibisabwa vyo mw’Ijambo ry’Imana.
12. Ni bande bashobora kuvugwa yuko bagenwa n’impwemu yera?
12 Igihe Paulo yahimiriza abandi gucika abamwigana, yashobora kubigira afise umwidegemvyo wo kuvuga kubera yuko we ubwiwe yariko arigana Yezu Kirisitu, ‘uwadusigaranye icitegererezo, kugira ngo tugere ikirenge mu ciwe.’ (1 Petero 2:21; 1 Ab’i Korinto 11:1) Abashitsa ibisabwa vyo mu Vyanditswe mu gihe c’igenwa ryabo bwa bacungezi canke bwa bakozi b’ishengero kubera ico barashobora kuvugwa yuko baba bagenywe n’impwemu yera.
13. Impwemu yera ifasha gute abarata abagabo bo gusukura mw’ishengero?
13 Hariho ikindi kintu cerekana ukuntu impwemu yera ikora mu vy’iratwa n’igenwa ry’abacungezi. Yezu yavuze yuko ‘Data wa twese wo mw’ijuru aha impwemu yera abayimusavye.’ (Luka 11:13) Ni co gituma igihe abakurambere b’ishengero ry’ahantu kanaka bahuye kugira barate abagabo ku bw’amabanga yo mw’ishengero basenga kugira impwemu y’Imana ibarongore. Amarata yabo bayashingira ku bivugwa mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe, impwemu yera na yo ikabashoboza gutahura nimba umuntu kanaka bariko bararimbura kugena akwiza ibisabwa vyo mu Vyanditswe. Bene kugira amarata bategerezwa kutoshwa mu buryo butabereye n’ukuntu abantu baboneka inyuma, ivyo bashitseko mu vy’amashure bize, canke ubuhanga mvukanwa bifitiye. Ico bategerezwa gushimikirako imbere ya vyose ni kuba nimba uwo muntu ari umugabo akomeye mu vy’impwemu, uwo abagize ishengero batogonanwa kwegera basaba impanuro yo mu vy’impwemu.
14. Ni igiki twigira ku Vyakozwe 6:1-3?
14 Naho inama z’abakurambere zifatanya n’abacungezi b’ingenzi mu kurata abavukanyi bo gusukura bwa bakurambere n’abakozi b’ishengero, amagena nyamagena agirwa hakurikijwe icitegererezo cashizweho mu kinjana ca mbere. Igihe kimwe harakenewe abagabo bakwije ibisabwa mu vy’impwemu bo kwitwararika igikebere gihambaye. Inama nyobozi yaratanze ubu buyobozi bukurikira: “Ni murābe muri mwebge abantu ndwi bashimwa, buzuye [im]pwemu [y]era n’ubgenge, tubashire kur’iki gikorwa.” (Ivyakozwe 6:1-3) Naho abagabo babigiyemwo ari bo bagize ayo marata, amagena yagizwe n’abagabo bajejwe amabanga aho i Yeruzalemu. Icitegererezo nk’ico nyene kirakurikizwa muri iki gihe.
15. Ni gute Inama Nyobozi igira uruhara mu vy’ukugena abagabo?
15 Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova ni yo ubwayo igena abantu bose bagize Komite z’Amashami. Igihe Inama Nyobozi ifata ingingo y’uwushobora kwikorera ibanga riremereye nk’iryo, iba ifise mu muzirikanyi aya majambo ya Yezu agira ati: “Uwahawe vyinshi wese azobazwa vyinshi; uwabīkijwe vyinshi ni we bazorushiriza kwaka vyinshi.” (Luka 12:48) Turetse ukugena abagize Komite z’Amashami, Inama Nyobozi iragena abakurambere ba Beteli be n’abacungezi b’ingenzi. Ariko rero, barashinga abavukanyi b’abizigirwa kugira ngo bahababere mu vy’ukugira ayandi magena amwamwe. No kuri ivyo hariho akarorero ko mu Vyanditswe.
‘Nubagene, nk’Uko Nabikubariye’
16. Ni kuki Paulo yasize Tito i Kirete, kandi ivyo vyerekana iki ku biraba amagena yo muri Tewokarasi muri iki gihe?
16 Paulo yabwiye uwo basangiye igikorwa Tito ati: “Icatumye ngusiga i Kreti kwari ukugira ngo utunganye ivyasigaye kandi mu gisagara cose ngo [uhagene] abakurambere nk’uko nari nabikubariye.” (Tito 1:5, UB) Maze Paulo yaciye yerekana kamere zisabwa Tito yategerezwa kurondera mu bagabo bobaye abakwije ibisabwa ngo bashobora kugenwa gutyo. Ku bw’ico, muri iki gihe Inama Nyobozi iragena abavukanyi bakwije ibisabwa ku mashami kugira ngo bayiserukire mu vy’ukugena abakurambere n’abakozi b’ishengero. Haritwararikwa ivy’uko abo bakora bwa baserukizi ku bw’Inama Nyobozi batahura mu buryo butomoye kandi bakurikira inyobozo zo mu Vyanditswe mu vy’ukugira mwene ayo magena. Ni co gituma ivy’ukugena abagabo bakwije ibisabwa ngo basukure mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova yo kw’isi yose bigirwa biyobowe n’Inama Nyobozi.
17. Ni gute amarata yo kugena abacungezi n’abakozi b’ishengero agirwa n’ibiro vy’ishami?
17 Igihe amarata yo kugena abacungezi n’abakozi b’ishengero ashikirijwe ibiro vy’ishami vya Sosiyete Watch Tower, abagabo baciye uruma bariheka ku mpwemu y’Imana kugira ngo ibarongore mu gihe c’ukugira ayo magena. Abo bagabo barumva ko hari ico bobazwa, bagatahura yuko badategerezwa kurambika ibiganza gihutihuti ku mugabo uwo ari we wese, mu gutinya yuko bogira uruhara mu vyaha vyiwe.—1 Timoteyo 5:22.
18, 19. (a) Amagena amwamwe arungikwa gute? (b) Ibikorwa vyose bijanye n’irata be n’igena, birangurwa gute?
18 Amagena amwamwe yoshobora kurungikwa mw’ikete ririko ikidodo gikoreshwa n’igisata kinaka kigengwa n’amategeko. Ikete nk’iryo rirashobora gukoreshwa mu kugena abavukanyi benshi mw’ishengero.
19 Amagena yo mu vya Tewokarasi ava kuri Yehova biciye ku Mwana wiwe be no ku muhora uboneka wo kw’isi w’Imana, ari wo “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW) hamwe n’Inama Nyobozi yiwe. (Matayo 24:45-47) Ibikorwa vyose bijanye n’iryo rata be n’iryo gena biyoborwa, canke bikarongorwa n’impwemu yera. Ivyo ni kwo bimeze kubera yuko ibisabwa vyerekanwa mw’Ijambo ry’Imana, na ryo rikaba ryahumetswe n’impwemu yera, kandi abantu bagenwa bakaba batanga ikimenyamenya c’uko bama ivyamwa vy’iyo mpwemu. Ku bw’ivyo, ayo magena ategerezwa kubonwa ko agirwa n’impwemu yera. Nka kurya nyene abacungezi n’abakozi b’ishengero bagenwa mu buryo bwa Tewokarasi mu kinjana ca mbere, ni ko bimeze no muri iki gihe.
Dukure Ubwatsi ku bw’Uburongozi bwa Yehova
20. Ni kuki dusangiye na Dawidi inyiyumvo zanditse muri Zaburi 133:1?
20 Muri iki gihe c’isagamba ryo mu vy’impwemu n’iyongerekana ryo mu vya Tewokarasi mu murimo wo kwamamaza Ubwami, turakura ubwatsi yuko Yehova ari we ahanini ashinzwe igenwa ry’abacungezi n’abakozi b’ishengero. Iyo ndinganizo yo mu Vyanditswe irafasha kuzigama ingingo ngenderwako ziri hejuru z’Imana z’ivy’ukugororoka muri twebwe Ivyabona vya Yehova. Bitayeko, agatima k’Ubukirisu be n’akigoro karangwa umwete k’abo bagabo biraterera cane ku mahoro yacu y’akaroruhore be no ku bumwe dufise twebwe abasavyi ba Yehova. Nka kurya kw’umwanditsi wa Zaburi Dawidi, turavyurirwa rero umutima wo kwikugura duti: “Ewe kuntu ari vyiza kand’ar’ivy’igikundiro kw abavukana babana nyakubana!”—Zaburi 133:1.
21. Muri Yesaya 60:17 hariko haranguka gute muri iki gihe?
21 Ese ukuntu dukura ubwatsi ku bw’ubuyobozi Yehova atanga biciye kw’Ijambo ryiwe no ku mpwemu yera! Kandi vy’ukuri, amajambo yanditse muri Yesaya 60:17 ari n’ico avuga. Agira ati: “Mu gishingo c’imiringa nzozana izahabu, no mu gishingo c’ivyuma nzozana ifeza; nzane imiringa mu gishingo c’ibiti, n’ivyuma mu gishingo c’amabuye; nzokwimika amahoro abe ari yo [“bacungezi bawe,” NW], n’ukugororoka abe ari kwo [“ba gapita bawe,” NW].” Uko ugukora ibintu mu buryo bwa Tewokarasi kwagiye kurashirwa mu ngiro mu buryo bwuzuye kuruta mu Vyabona vya Yehova, twarahezagiwe gutyo mw’ishirahamwe ry’Imana ryo kw’isi yose.
22. Ni ku bw’ibiki dukura ubwatsi bikwiriye, kandi dukwiye kwiyemeza gukora iki?
22 Turakura ubwatsi bimwe bigera ibwina ku bw’indinganizo za Tewokarasi zashinzwe muri twebwe. Kandi turakenguruka cane igikorwa gikomeye mugabo kimara akanyota kirangurwa n’abacungezi be n’abakozi b’ishengero bagenywe mu buryo bwa Tewokarasi. Turashemeza n’umutima wacu wose Dawe wa twese wo mw’ijuru yuzuye urukundo, uwaduhaye gusagamba mu vy’impwemu akongera akaduhezagira cane. (Imigani 10:22) Nimuze rero twiyemeze kuguma tujana n’ishirahamwe rya Yehova. Ikiruta vyose, nimuze tubandanye gusukura dusenyera ku mugozi umwe ku bw’uguterwa iteka, gushemezwa n’ukuninahazwa kw’izina rya Yehova rihambaye kandi ryeranda.
Wokwishura Gute?
• Ni kuki dushobora kuvuga yuko igenwa ry’abacungezi n’abakozi b’ishengero rigirwa mu buryo bwa Tewokarasi, atari ubwa demokarasi?
• Ni gute abagabo b’Abakirisu bajejwe amabanga bagenwa n’impwemu yera?
• Ni gute Inama Nyobozi igira uruhara mw’igenwa ry’abacungezi n’iry’abakozi b’ishengero?
• Ku biraba amagena yo mu buryo bwa Tewokarasi, ni kuki dukwiye gukurira ubwatsi Yehova?
[Ifoto ku rup. 9]
Abakurambere n’abakozi b’ishengero baraterwa agateka ko gusukura bagenywe mu buryo bwa Tewokarasi