ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/2 rup. 3-5
  • Kuronka Umutekano mw’Isi Yuzuye Akaga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuronka Umutekano mw’Isi Yuzuye Akaga
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kwirinda Amasanganya Yica
  • Kurwanya Ivyizizira Abantu Vyica
  • Gutsinda Utumenyero Dutera Akaga
  • Ingaruka Ziteye Umubabaro z’Ubushegabo
  • Umutego w’Ugukunda Amahera
  • Igihe Ubukerebutsi Bwonyene Buzoturinda
  • Inyishu ngirakimazi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Igituma Kubaho nk’Uko Imana Ishaka Bizana Ubuhirwe
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Amahera yoba ari umuzi w’ibibi vyose?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Duhe agaciro ingabire y’ubuzima Imana yaduhaye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/2 rup. 3-5

Kuronka Umutekano mw’Isi Yuzuye Akaga

KUGENDAGENDA mu murima utezemwo amamine birashobora kwica. Ariko, ntivyoba ari rufasha mu gihe woba ufise ikarata yerekana aho ayo mamine yo mu butaka ateze? Ikindi, dufate yuko wamenyerejwe kugenekereza ubwoko butandukanye bw’ayo mamine. Biragaragara yuko ubumenyi nk’ubwo bwogabanya cane akaga ko kumugara canke gupfa.

Bibiliya irashobora kugereranywa n’iyo karata hamwe n’imenyerezwa mu vy’ukugenekereza amamine. Bibiliya irimwo ubukerebutsi ntasumbwa mu bijanye n’ukwirinda ingeramizi no gutunganya ingorane zivyuka mu buzima.

Raba uyu muhango usubiriza umutima mu nda uri mu Migani 2:10, 11 ugira uti: “Ubgenge buzokwinjira mu mutima wawe, kand’ukumenya kuzohimbara ubugingo bgawe. [Ubukerebutsi] [bu]zogushibamira, ugutahura kuzokuzigama.” Ugutahura n’ubukerebutsi bivugwa ngaha ntibituruka ku bantu, mugabo bituruka ku Mana. “Arik’ū[t]ega ugutwi wese [ubukerebutsi buva ku Mana] azoba amahoro, azokwama atekereje ata kibi atinya.” (Imigani 1:33) Nimuze turabe ukuntu Bibiliya ishobora kwongereza umutekano wacu kandi ikadufasha kwirinda ingorane nyinshi.

Kwirinda Amasanganya Yica

Ibiharuro biherutse gusohorwa n’Ishirahamwe Mpuzamakungu Rijejwe ivy’Amagara y’Abantu kw’Isi (OMS), vyerekana yuko abahitanwa ku mwaka ku mwaka n’amasanganya yo mu mabarabara kw’isi yose ari nk’1.171.000. Abandi bababa imiliyoni 40 barakomereka, kandi n’abarenga gatoyi imiliyoni 8 bagacumukuzwa n’ubumuga bw’igihe kirekire.

Naho mu gihe umuntu agendesha umuduga bidashoboka ko agenda ata nkomanzi mu buryo bwuzuye, umutekano wacu bwite urongerezwa cane igihe tugamburuka amategeko y’inzira. Mu kuvuga ivyerekeye abajejwe intwaro, abashinga kandi bagakomeza amategeko y’inzira, Bibiliya ivuga iti: “Umuntu wese n’agamburukire abamuganza.” (Abaroma 13:1) Abagendesha imiduga bakurikiza iyi mpanuro baragabanya akaga ko kugira isanganya, muzi n’ingaruka z’agahomerabunwa ikunda gutera.

Ikindi kintu cosunikira ku gutwara umuduga mu buryo butarimwo inkomanzi ni ukwubaha ubuzima. Bibiliya ivuga ku vyerekeye Yehova Imana iti: “Ah’uri [ni] ho har’isōko ry’ubu[zima].” (Zaburi 36:9) Rero, ubuzima ni ingabirano iva ku Mana. Ku bw’ivyo, nta burenganzira dufise bwo kwaka umuntu uwo ari we wese iyo ngabirano canke bwo kugaragaza ukutubaha ubuzima, kandi birumvikana, tudasize inyuma n’ubwacu bwite.​—Itanguriro 9:5, 6.

Mu bisanzwe, ukwubaha ubuzima bw’umuntu birimwo no kuraba neza ko ku muduga wacu no ku nzu yacu ata nkomanzi uko bishoboka kwose. Muri Isirayeli ya kera, ukwirinda impanuka cari ikintu gishirwa imbere ya vyose mu mice yose y’ubuzima. Nk’akarorero, igihe inzu yaba iriko irubakwa, Ivyagezwe vy’Imana vyasaba yuko igisenge cayo​—ni ukuvuga ikibanza cakorerwamwo ibikorwa vyo mu muryango bitari bike​—kizitizwa igikugiro. “Uz’uyikīkūzekw igikugiro hejuru co gutangīra umuntu, ntakoroke, bigahava bizanira inzu yawe guharūrwakw amaraso y’uno akorotse.” (Gusubira mu Vyagezwe 22:8) Mu gihe umuntu atemvye kubera yuko ico cagezwe cerekeye umutekano kitakurikijwe, Imana yabishira ku gatwe ka nyeneyo. Nta mazinda, ishirwa mu ngiro ry’ingingo iranga urukundo iri muri iki cagezwe ryogabanya amasanganya ku kazi, eka mbere no mu bihe vyo kwisamaza.

Kurwanya Ivyizizira Abantu Vyica

Nk’uko OMS ibivuga, ubu kw’isi hari abanywi b’itabi barenga umuliyaridi, kandi abantu nk’imiliyoni zine bapfa ku mwaka bashobora kuba bicwa n’itabi. Ico gitigiri bitegekanijwe ko kiduga gushika nko ku miliyoni 10 mu myaka 20 gushika kuri 30 iza. Abandi banywi b’itabi amamiliyoni, hamwe n’abafata ibiyayura umutwe vyitwa ngo ni ku bw’“ukwinezereza,” bazokwica amagara yabo be n’ubwiza bw’ubuzima bwabo kubera ivyo bibizizira.

Naho Ijambo ry’Imana ritavuga mu buryo butomoye ikoreshwa ry’itabi n’ugufata ibiyayura umutwe, ingingo zaryo zirashobora kudukingira izo ngeso. Nk’akarorero, mu 2 Ab’i Korinto 7:1 hahanura hati: “Twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’umutima.” Nta woharira ngo itabi n’ibiyayuramutwe ntibitosekaza, canke ngo ntibihumanya umubiri n’ubumara bwonona bw’ubwoko bwinshi. Ikirushirije, Imana ishaka ko imibiri yacu iba ‘myeranda’ ari vyo bisobanura ko iba iyityoroye kandi idahumanye. (Abaroma 12:1) Ntiwemera none ko gushira mu ngiro izo ngingo bizogabanya akaga kanini ku buzima bw’umuntu?

Gutsinda Utumenyero Dutera Akaga

Abantu benshi barisuka mu kurya n’ukunywa bakarenza urugero. Ingaruka z’ukurenza urugero mu gufungura zishobora kubamwo indwara ya diyabete, kanseri, n’indwara y’umutima. Gukoresha nabi inzoga bishikana ku zindi ngorane nk’akaborerwe, urusina, isambuka ry’ingo, be n’amasanganya yo mw’ibarabara. Ku rundi ruhande, gucungera birenze uburyo bwo gufungura birashobora na vyo kugirira umuntu nabi, gutyo kugashobora gucira inzira ingorane ziva ku gufungura zihanamira ubuzima, nk’ukubura akayabagu guterwa n’ugutinya kuvyibuha.

Naho Bibiliya atari igitabu c’ivy’ubuvuzi, iratanga impanuro idakikiriza ku vy’uko urugero mu gufungura no mu kunywa rukenewe. “Mwana wanje, wumvirize, ugire ubgenge, urōngōre umutima wawe mu nzira. Ntukabe mu gitigiri c’abanohowe na vino, no mu c’abanyameru y’inyama: kukw imborerwa n’umunyameru uburuhiro ar’ugufūtāna.” (Imigani 23:19-21) Yamara rero, Bibiliya ivuga yuko gufungura no kunywa vyari bikwiye kuba ibihimbaye. “Ubuntu bg’Imana [ni] uk’umuntu wese yorya, akanywa, akanezererwa ivyiza mu butame bgiwe bgose.”​—Umusiguzi 3:13.

Bibiliya kandi iraremesha agatima k’uburimbane ku biraba imyimenyerezo y’umubiri, ikavuga yuko “kwimenyereza kw’umubiri kugira ikimazi kuri bike.” Mugabo yongerako iti: “Kwubaha Imana kugira ikimazi kuri vyose, kuko kuzana isezerano ry’ubu[zima] bga none n’ubuzoza.” (1 Timoteyo 4:8) Woshobora kubaza uti: ‘Ni gute ukwubaha Imana kugira ikimazi no muri iki gihe?’ Mu nzira nyinshi. Turetse kwongera ku buzima bw’umuntu umuce w’ivy’impwemu uhambaye, ukwubaha Imana kuratsimbataza kamere z’ingirakamaro nk’urukundo, umunezero, amahoro, ukwigumya​—zose zikaba ziterera ku kubona ibintu mu buryo bwiza no ku magara meza.​—Ab’i Galatiya 5:22, 23.

Ingaruka Ziteye Umubabaro z’Ubushegabo

Muri iki gihe, abantu amamiliyoni barataye ukwigumya kwose kwo mu vy’ukwigenza runtu. Ikiza SIDA ni imwe mu ngaruka z’ivyo. Nk’uko OMS ibivuga, abantu barenga imiliyoni 16 barapfuye guhera mu ntango y’ico kiza SIDA, kandi muri iki gihe nk’imiliyoni 34 baranduye umugera VIH, ari wo mugera utera SIDA. Abarwayi benshi ba SIDA banduye iyo ndwara biciye ku bushurashuzi, ku nshinge zanduye zikoreshwa n’abafata ibiyayura umutwe, canke ku guterwa amaraso arimwo uwo mugera.

Izindi ngaruka z’ukutigenza runtu zirimwo indwara za herpès, ikijabura, igitigu be na sifirisi. Naho imvugo z’ikiganga nk’izo zitakoreshwa mu bihe vya Bibiliya, ibihimba bikunda gufatwa n’indwara zimwezimwe zifatira mu bihimba vy’irondoka vyari bizwi muri ico gihe. Nk’akarorero, mu Migani 7:23 haradondora ko ingaruka iteye ubwoba y’ubusambanyi ari nk’‘umwampi utobekeranya mu gitigu.’ Sifirisi irakunda gutera igitigu, nka kurya kw’indwara y’igitigu. Egome, ese ukuntu iyi mpanuro ya Bibiliya y’uko Abakirisu ‘birinda amaraso n’ubusambanyi’ yaje hageze kandi iranga urukundo!​—Ivyakozwe 15:28, 29.

Umutego w’Ugukunda Amahera

Abantu benshi, mu kigoro kabo ko gucika abatunzi mu buryo bwihuta, barashira mu kaga kanini amahera yabo. Ikibabaje ni uko kwishira mu kaga nk’ako kenshi bishikana ku guhomba canke gutemba mu vy’amahera. Ariko rero, umusavyi w’Imana Bibiliya imubwira iti: “Acumukur[e], akoreshe ayiwe maboko ivyiza, kugira ngw aronke ivyo gufasha ūkennye.” (Abanyefeso 4:28) Ni vyo, uwukora agatama ntiyama nantaryo acika umutunzi. Yamara rero, arafise amahoro yo mu muzirikanyi, ariyubashe, eka mbere kumbure akagira n’amahera ashobora gutanga mu vy’ugufasha ku mvo ikwiriye.

Bibiliya ibura iti: “Abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura. Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje . . . [bak]itobekeranisha imibabaro myinshi.” (1 Timoteyo 6:9, 10) Nta wohakana yuko benshi “bagomba kuba abatunzi” koko bacika abatunzi. Mugabo baba batakaje iki? Si ivy’ukuri none ko amagara yabo, umuryango wabo, kamere y’ivy’impwemu yabo eka mbere n’uburyohe bw’agatiro kabo bihabonera?​—Umusiguzi 5:12.

Umuntu w’inkerebutsi aratahura yuko “ubu[zima] bg’umuntu butava mu bihinda vy’ibintu atunze.” (Luka 12:15) Amahera be n’ibindi bitungano birakenewe mu bibano vyinshi. Kukaba nkako, Bibiliya ivuga yuko “amahera ar’ubgugamo,” mugabo yongerako yuko “inyungu iva mu kumenya [ari] iyi: n’uk’ubgenge buzigama ubu[zima] bga nyenebgo.” (Umusiguzi 7:12) Mu buryo butandukanye n’amahera, ubumenyi n’ubukerebutsi bigororotse birashobora gufasha mu bihe vyose, mugabo canecane mu bintu bigira ico bikoze ku buzima bwacu.​—Imigani 4:5-9.

Igihe Ubukerebutsi Bwonyene Buzoturinda

Ubukerebutsi nyakuri bugiye vuba ‘kuzigama ba nyenebwo’ mu buryo butari bwigere buboneka​—ni ukuvuga ukurindwa ya “marushwa ahambaye” yegereza yihuta, igihe Imana izosangangura ababisha. (Matayo 24:21) Nk’uko Bibiliya ibivuga, ico gihe abantu bazoza bashibura amahera yabo mu mabarabara nk’“igihumane.” Kubera iki? Kubera yuko bazoba baramenye biciye ku mabi babonye yuko inzahabu n’ifeza bitazobagurira ubuzima kuri wa “musi w’uburake bg’Uhoraho.” (Ezekiyeli 7:19) Ku rundi ruhande, “ishengero ryinshi,” abo n’ukwiyubara kwinshi ‘birundanirije ubutunzi mw’ijuru’ mu gushira inyungu z’ivy’impwemu imbere mu buzima bwabo, bazokwungukira ku mutahe wabo udahomba maze baronke ubuzima budahera kw’isi y’iparadizo.​—Ivyahishuriwe 7:9, 14; 21:3, 4; Matayo 6:19, 20.

Dushobora gute kuronka ako kazoza gatekanye? Yezu yishura ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” (Yohana 17:3) Abantu amamiliyoni barubuye ubwo bumenyi mw’Ijambo ry’Imana, Bibiliya. Abo bantu ntibafise gusa icizigiro c’akaroruhore cerekeye kazoza, mugabo barafise kandi urugero runaka rw’amahoro n’umutekano muri iki gihe. Ni nka kumwe nyene umwanditsi wa Zaburi yabiseruye mu kugira ati: “Nzokwama ndyama nsinzire ata co nicura, kukw ari wewe wenyene, Uhoraho, umpa kuba amahoro.”​—Zaburi 4:8.

Woba ushobora kwiyumvira irindi soko iryo ari ryo ryose ry’amamenyeshwa rishobora gufasha kugabanya akaga ku magara yawe no ku buzima bwawe ku rugero Bibiliya ibigira? Nta kindi gitabu na kimwe gifise ububasha nka Bibiliya, kandi nta kindi gitabu na kimwe gishobora kugufasha kuronka umutekano nyakuri muri iyi si yuzuye akaga yo muri iki gihe. Kuki utobandanya kuyitohoza?

[Uruzitiro ku rup. 5]

Amagara Meza n’Umutekano​—Babikesheje Bibiliya

Kugira ngo yiyobagize ibishika mu buzima, umukenyezi umwe akiri muto yitwa Janea yarakunda kunywa ibiyayura umutwe vyitwa marijwana, itabi, ivyitwa kokayine, amphetamines, LSD, be n’ibindi biyayuramutwe. Kandi yaranywa cane. Nk’uko Jane yabivuze, n’umugabo wiwe kwari ukwo. Kazoza kabo kari mu mwiza. Maze Jane yarahuye n’Ivyabona vya Yehova. Yaratanguye kwitaba amakoraniro ya gikirisu yongera asoma Umunara w’Inderetsi na ca kinyamakuru kigenzi caco Réveillez-vous!, ivyo akabibwira n’umunega wiwe. Bompi baratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona. Uko batsimbataza ugutahura ingingo ngenderwako za Yehova zikirurutse, ni ko baheba gufata ibintu vyose vyizizira. Vyavuyemwo iki? Haciye imyaka, Jane yanditse ati: “Ubuzima bwacu bushasha bwaratuzaniye umunezero mwinshi utoraba. Ndakurira ubwatsi Yehova ku bw’ububasha bwo guhumanura bw’Ijambo ryiwe be no ku bw’ubuzima burangwa umwidegemvyo n’amagara meza ubu dushobora kugira.”

Agaciro ko kuba umukozi azira ubugunge karerekanwa neza n’ivyerekeye Kurt, uwo akazi kiwe kari ako kubungabunga ubuhinga bwa orodinateri. Ibikoresho bishasha vyari bikenewe, maze umukoresha wa Kurt amushinga igikorwa co kubironka ku giciro ciza. Kurt yarubuye uwobibaronsa abereye, maze baremeranya igiciro. Ariko rero, umunyamabanga w’uwo nyene kubibaronsa yarakoze ikosa ku giciro canditswe, ku buryo igiciro cagabanutse nk’amarundi yababa 4.000.000. Abonye iryo kosa, Kurt yarateye akamo iyo kompanyi, maze umuyobozi waryo avuga yuko mu myaka 25 amaze ari muri ako kazi, atari bwabone ukutagira ubugunge nk’ukwo. Kurt yasiguye yuko ijwi ryiwe ryo mu mutima ryabumbwe na Bibiliya. Ico vyavuyemwo ni uko uwo muyobozi yasavye amakopi 300 y’inomero imwe ya Réveillez-vous! yavuga ivyerekeye ukutagira ubugunge mu bucuruzi kugira ngo ashobore kuyaha abakozi bakorana. Ku biraba Kurt, ukutagira ubugunge kwiwe kwatumye aduzwa igiti.

[Akajambo k’epfo]

a Amazina yarahinduwe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika