‘Rondera Amahoro Kandi Uyakurikire’
“Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’abantu bose.”—ABAROMA 12:18.
1, 2. Ni imvo zimwezimwe izihe zituma amahoro umuntu azana ataramba?
NIWIHE ishusho y’inzu ifise umushinge udakomeye, amatanga yabunzwe, ikagira n’igisenge gishaje. Mbega wogira agatima ko kwimukira muri iyo nzu ngo ibe rwawe? Umenga ako gatima nta ko wogira. Mbere n’akarangi gashasha boyisiga ntikohindura ivy’uko iyo nzu idakomeye. Bitebe bitebuke, nta nkeka izosenyuka.
2 Amahoro ayo ari yo yose akomoka muri iyi si ameze nk’iyo nzu. Yubakiye ku mushinge udakomeye, ni ukuvuga ku migabo n’imigambi vy’umuntu “ata co yoshobora gukiza.” (Zaburi 146:3) Kahise karimwo urutonde rurerure rw’indyane zabaye hagati y’amahanga, utugwi tw’amoko be n’imiryango. Ego ni ko harabayeho ibiringo bigufi vy’amahoro. Mugabo yabaye amahoro bwoko ki? Nimba ibihugu bibiri biri ku rugamba maze ico gihe hakavugwa amahoro kubera gusa igihugu kimwe gitsinzwe canke kubera ivyo bihugu vyompi bishoboye kubona ko ata yindi nyungu iri mu kurwana, mbega ayo yoba ari amahoro bwoko ki? Inzankano, imyikekano be n’amashari bitera intambara biba ataho biraja. Amahoro y’inyuma gusa, ‘asizwe’ nk’irangi kugira ngo ahishe urwanko, si amahoro aramba.—Ezekiyeli 13:10.
3. Ni kuki amahoro y’abasavyi b’Imana atandukanye n’amahoro ayo ari yo yose umuntu azana?
3 Naho ari ukwo, amahoro nyakuri ariho muri iyi si itabagurwa n’intambara. Uti ari hehe? Mu Bayoboke ba Yezu Kirisitu bagera ikirenge mu ciwe, Abakirisu nyakuri, bashira ku mutima amajambo ya Yezu kandi bakihatira kwigana ingendo y’ubuzima bwiwe. (1 Ab’i Korinto 11:1; 1 Petero 2:21) Amahoro ari hagati y’Abakirisu b’ukuri b’amoko atandukanye, bafise ibibanza bitandukanye mu kibano be n’ubwenegihugu butandukanye, ni amahoro nyakuri kubera ava ku bucuti burangwa amahoro bafitaniye n’Imana, bukaba bushingiye ku kwizera bafise mu nkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu. Amahoro yabo ni ingabirano iva ku Mana, si ikintu kigirwa n’abantu. (Abaroma 15:33; Abanyefeso 6:23, 24) Ava ku vy’uko ubwabo bagamburukira “Umukama w’amahoro,” Yezu Kirisitu, kandi bagasenga Yehova, “Imana nyen’urukundo n’amahoro.”—Yesaya 9:6; 2 Ab’i Korinto 13:11.
4. Umukirisu ‘akurikira’ amahoro gute?
4 Amahoro ntapfa kwizana ku bantu b’abanyagasembwa. Ni co gituma, Petero yavuze yuko Umukirisu wese akwiye ‘kurondera amahoro kandi akayakurikira.’ (1 Petero 3:11) Ivyo twobigenza gute? Ubuhanuzi bwo mu gihe ca kera buradoma urutoke ku nyishu. Yehova yavuze abicishije kuri Yesaya ati: “Abana bawe bose bazokwigishwa nanje, jewe Uhoraho, kand’amahoro abana bawe bazogira azoba menshi.” (Yesaya 54:13; Ab’i Filipi 4:9) Egome, abashira ku mutima inyigisho za Yehova ni bo baronka amahoro nyakuri. Vyongeye, amahoro hamwe n’“urukundo, umunezero, . . . ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, ubugwaneza, ukwirinda,” ni ivyamwa vy’impwemu yera y’Imana. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Nta muntu atagira urukundo, umunezero, ukwihangana, ubuntu, akora ibibi, w’igihemu, w’inkazi canke atirinda ashobora kuyinovora.
‘Kwuzura n’Abantu Bose’
5, 6. (a) Kuba umunyamahoro no kuba indemeshamahoro bitandukaniye he? (b) Abakirisu bihatira kwuzura na bande?
5 Amahoro ni itekane canke ukutagira inkomanzi. Iyo nsobanuro yokora ku bihe vyinshi aho ata muryano uvugwa. Emwe, n’umuntu yapfuye ari mu mahoro! Ariko rero, kugira ngo umuntu yinovore amahoro nyakuri, ntakeneye kuba gusa umunyamahoro. Muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abaremesha amahoro kuko bazokwitwa abana b’Imana.” (Matayo 5:9, UB) Yezu yariko abwira abantu bohavuye mu nyuma baronka akaryo ko gucika “abana b’Imana” bo mu buryo bw’impwemu bakaronka ubuzima budahwera mw’ijuru. (Yohana 1:12; Abaroma 8:14-17) Maze mu nyuma, abantu b’abizerwa bose badafise icizigiro c’ijuru bazokwinovora “ukwidegemvya gufatana n’ubgiza bg’abana b’Imana.” (Abaroma 8:21) Indemeshamahoro bonyene ni bo bashobora kugira ico cizigiro. Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “kwuzura” urudome ku rundi risobanura ‘kuremesha amahoro.’ Kenshi usanga hariho itandukaniro hagati yo kuba umunyamahoro, ari kwo kuba uwufise amahoro, be n’ukuba indemeshamahoro. Mu nsobanuro y’Ivyanditswe, kuba indemeshamahoro birimwo kuyaremesha ubigiranye ubwira, rimwe na rimwe umuntu akagarukana amahoro aho yari yabuze.
6 Ufise ivyo mu muzirikanyi, rimbura impanuro intumwa Paulo yandikiye Abaroma igira iti: “Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’abantu bose.” (Abaroma 12:18) Paulo ntiyariko abwira Abaroma kugira gusa amahoro muri bo, naho nyene ivyo vyofashije. Yariko abahimiriza kwuzura n’abantu. Bande? Abantu bose, harimwo abagize umuryango, Abakirisu bagenzi babo eka mbere be n’abo batari basangiye ukwemera. Yahimirije Abaroma ‘ku ruhande rwabo’ kwuzura n’abandi. Mugabo ntiwumve, ntiyashaka yuko badohoka ku vyo bemera ngo barondera amahoro. Aho kwirirwa barakwegurana n’abandi bidakenewe, bategerezwa kubegera bafise intumbero yo kurondera amahoro. Abakirisu bategerezwa kubigira, haba mu vyo bagirana n’abo mw’ishengero canke n’abatari muri ryo. (Ab’i Galatiya 6:10) Mu buryo buhuje n’ivyo, Paulo yanditse ati: “Mwame mukurikira iciza mu vyo mugiriranira no mu vyo mugirira abandi bose.”—1 Ab’i Tesalonike 5:15.
7, 8. Abakirisu bashobora kwuzura gute n’abo batemera bimwe, kandi kuki?
7 Dushobora gute kwuzura n’abo tutemera bimwe ndetse bashobora no kurwanya ivyo twemera? Kimwe coco ni uko twirinda kugaragaza agatima ko kwishira hejuru. Nk’akarorero, vyogora kuba indemeshamahoro igihe uvuga abantu kanaka ukoresheje imvugo zibanebagura. Yehova yarahishuye imanza yaciriye amashirahamwe n’imigwi y’abantu, mugabo nta burenganzira dufise bwo kuvuga umuntu n’umwe nk’aho yoba yaramaze gucirwa urubanza. Mu vy’ukuri, ntiducira urubanza abandi, n’abaturwanya nyene nta rwo tubacira. Amaze kubwira Tito ngo ahanure Abakirisu b’i Kirete ku vyerekeye uko bokwifata imbere y’abakuru, Paulo yavuze ngo abibutse “kutagira uwo bambika ibara, no kutitoraguza, no kwengenga, berekana ubugwaneza bgose ku bantu bose.”—Tito 3:1, 2.
8 Kwuzura n’abantu tudasangiye ukwizera biraterera agacumu k’ubumwe mu gutuma bemera ukuri. Ego ni ko, ntidutsimbataza ubugenzi “[b]wonona ingeso nziza.” (1 Ab’i Korinto 15:33) Naho ari ukwo, turashobora kuba abubaha, bisubiye abantu bose tukabafatana icubahiro be n’ubuntu. Petero yanditse ati: “Mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.”—1 Petero 2:12.
Indemeshamahoro mu Busuku
9, 10. Ni akarorero akahe intumwa Paulo yasize k’ukuba indemeshamahoro igihe tuyagira abatizera?
9 Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bazwi kubera ugushira amanga kwabo. Ntibafatira mu rwara ubutumwa bashikiriza, kandi igihe baba bahanganye n’ukurwanywa, bariyemeza kugamburukira Imana nka yo Mutegetsi kuruta abantu. (Ivyakozwe 4:29; 5:29) Naho ari ukwo, ntibitiranije ugushira amanga n’ugushira isoni. Rimbura inyifato Paulo yagize igihe yaburanira ukwizera kwiwe imbere y’Umwami Herode Agrippa II. Herode Agrippa yari yaragotse kuri mushikiwe Berenike. Ariko rero, Paulo ntiyaciye atangura gukangira Agrippa ku vy’ukutigenza runtu. Ahubwo, yashimitse ku vyiyumviro bahuza, avuga ko Agrippa ari umuhanga mu migenzo y’Abayuda be n’uko yemera Abahanuzi.—Ivyakozwe 26:2, 3, 27.
10 Paulo yoba yariko arasiga inkore ku maso uwo muntu yoshoboye gutuma agira umwidegemvyo? Ihibambewe. Paulo yarakurikiye impanuro ubwiwe yatanze maze avuga ukuri. Nta na kimwe yabwiye Herode Agrippa kitari ic’ukuri. (Abanyefeso 4:15) Mugabo Paulo yari indemeshamahoro kandi yari azi ukuntu acika ‘vyose kuri bose.’ (1 Ab’i Korinto 9:22) Intumbero yiwe kwari ukuburanira uburenganzira bwiwe bwo kwamamaza ivyerekeye Yezu. Kubera yari umwigisha mwiza, yatanguye mu kuvuga ikintu we hamwe na Agrippa boshoboye guhurizako. Gutyo, Paulo yarafashije uwo mwami atigenza runtu kubona Ubukirisu mu buryo bwiza.—Ivyakozwe 26:28-31.
11. Dushobora gute kuba indemeshamahoro mu busuku bwacu?
11 Dushobora gute kuba indemeshamahoro mu busuku bwacu? Nka kumwe kwa Paulo, dukwiye kwirinda ibihari. Ego ni ko, rimwe na rimwe turakenera “kuvuga ijambo ry’Imana dushize amanga,” tukaburanira ukwizera kwacu tudatinya. (Ab’i Filipi 1:14) Mugabo mu bihe bitari bike intumbero yacu nyamukuru ni iyo kwamamaza inkuru nziza. (Matayo 24:14) Mu gihe umuntu abonye ukuri kwerekeye imigambi y’Imana, ico gihe arashobora gutangura kwitandukanya n’ivyiyumviro vy’idini y’ikinyoma akongera akihumanura imigenzo ihumanye. Ku rugero rwose rero rushoboka, ni vyiza ko dushimika ku bintu bizokwegera abatwumviriza, tugatangurira ku bintu duhurizako na bo. Kurwanya umuntu kandi yoshoboye kwumviriza ubutumwa dushikiriza igihe tumwegereye ku bwenge, kwoba ari ugutangira icovamwo.—2 Ab’i Korinto 6:3.
Indemeshamahoro mu Rugo
12. Ni mu buryo ubuhe dushobora kuba indemeshamahoro mu rugo?
12 Paulo yavuze yuko abubaka “bazogira amagorwa mu mubiri.” (1 Ab’i Korinto 7:28) Bazohura n’amagume atandukanye. Muri ayo, abubatse bamwebamwe bazogira ivyo batumvikanako rimwe na rimwe. Ivyo bikwiye gutorerwa umuti gute? Mu buryo buremesha amahoro. Umuntu w’indemeshamahoro azokwihata kugira ngo ukutumvikana ntikubandanye. Azobigira gute? Ubwa mbere, mu kurinda ururimi. Igihe ako kagingo gatoyi gakoreshejwe mu kuvuga amajambo y’akanebaguro n’ugutukana, karashobora mu vy’ukuri kuba “ububi bucambagirana, [kakuzura] ubumara bgica.” (Yakobo 3:8) Umuntu w’indemeshamahoro akoresha ururimi rwiwe kugira ngo rwubake aho gusambura.—Imigani 12:18.
13, 14. Dushobora gute kuzigama amahoro igihe duhuvye mu mvugo canke igihe imitsi yaranze?
13 Kubera ko turi abanyagasembwa, twese rimwe na rimwe turavuga ibintu tukicuza mu nyuma. Igihe ivyo bibaye, niwihutire gutunganya ibintu, uremeshe amahoro. (Imigani 19:11; Ab’i Kolosayi 3:13) Niwirinde kwunyura ibintu mu “guhazuka mu majambo atagira mvura” be no “mu mpâri zidahera [ku tuntu tudashemeye].” (1 Timote 6:4, 5, UB) Ahubwo, nuvyirengagize kandi ugerageze gutahura inyiyumvo z’uwo mwubakanye. Mu gihe akubwiye amajambo ababaza, ntumwishure muri ubwo buryo nyene. Niwibuke yuko “ukwishura kwiyoroheje guhwama uburake.”—Imigani 15:1.
14 Rimwe na rimwe, vyokenerwa ko urimbura impanuro yo mu Migani 17:14 igira iti: “Reka ibirake utarasinda.” Niwigire nk’uwutabibonye. Mu nyuma, igihe wamaze guturura, nta nkeka uzoshobora gutorera umuti iyo ngorane mu mahoro. Mu bihe bimwebimwe, vyoba vyiza guhamagara umucungezi w’Umukirisu ahumuye kugira ngo agufashe. Abagabo nk’abo bazi utuntu n’utundi kandi b’impuhwe barashobora kuba imfashanyo iruhura igihe amahoro yo mu rugo ahanamiwe.—Yesaya 32:1, 2.
Indemeshamahoro mw’Ishengero
15. Nk’uko Yakobo yabivuze, ni agatima kabi akahe kari karatsimbataye mu Bakirisu bamwebamwe, kandi ni kuki ako gatima ari ak’“isi,” ak’“abantu” be n’ak’“abadayimoni”?
15 Ikibabaje ni uko Abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bagaragaje agatima k’ishari be n’amahane, bikaba ari ibintu bitandukanye rwose n’amahoro. Yakobo yavuze ati: “Ubgo bgenge si bgo bgururuka buvuye mw ijuru, ariko n’ubg’isi, n’ubg’abantu, n’ubg’abadayimoni. Kukw ah’ishari riri, bo n’[amahane], ari ho umuvurungano uri, n’igikorwa kibi cose.” (Yakobo 3:14-16) Bamwebamwe baremera yuko ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “amahane” (NW) rifitaniye isano n’uguhahamira ikintu bivuye ku bwikunzi, ku guharanira ubukuru. Yakobo yabitumwe n’imvo nziza mu kudondora ubwo bwenge ko ari “ubg’isi, ubg’abantu, ubg’abadayimoni.” Muri kahise kose, abategetsi b’isi bakoze mu buryo buranga amahane, nka kurya kw’inyamaswa zishihana. Amahane mu vy’ukuri ni ay’“isi” be n’“abantu.” Vyongeye ni ay’“abadayimoni.” Ako kageso kataboneka kagaragajwe ubwa mbere na wa mumarayika anyotewe ububasha, umwe yihanga kurwanya Yehova Imana, maze agacika Shetani, uwuganza amashetani.
16. Abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bagaragaje gute agatima nk’aka Shetani?
16 Yakobo yahimirije Abakirisu kunanira ivy’ugutsimbataza agatima k’amahane, kubera gakora mu buryo buhushanye n’amahoro. Yanditse ati: “Muri mwebge intambara ziva hehe, n’imitongano iva hehe? Mbega ntibiva mu bibahimbara birwanira mu ngingo zanyu?” (Yakobo 4:1) Hano, ‘[ukwipfuza cane] ibibahimbara’ gushobora kwerekeza ku mwina ukaze w’amaronko canke ku cipfuzo co kuba rurangiranwa, kuganza canke kuba agahambaye. Nka kumwe kwa Shetani, bisa n’uko bamwebamwe mw’ishengero bāshaka kuba ababoneka aho kuba ‘bato hanyuma y’abandi,’ nk’uko Yezu yari yabivuze ku bayoboke nyakuri biwe. (Luka 9:48) Agatima nk’ako karashobora gutuma ishengero ribura amahoro.
17. Abakirisu muri iki gihe bashobora gute kuba indemeshamahoro mw’ishengero?
17 No muri iki gihe dutegerezwa kunanira impengamiro zitujana ku maronko, kw’ishari canke ku guhahamira umuyaga. Nimba turi indemeshamahoro z’ukuri, ntituzokwumva duhanamiwe igihe bamwebamwe mu bo mw’ishengero baturusha ubuhanga mu mirimo imwimwe, eka ntituzonabasuzugura mu maso y’abandi mu gukekeranya ku mvo zituma bakora. Mu gihe dufise ububangukirwe budasanzwe, ntituzobukoresha kugira ngo twiyerekane ko tumeze neza kuruta abandi, nk’aho twoba dushaka kuvuga yuko ishengero rizosagamba gusa bivuye ku buhanga bwacu be no ku bumenyi dufise. Agatima nk’ako kotera amacakubiri; ntikozana amahoro. Indemeshamahoro ntiberekana ubuhanga bwabo, ahubwo babukoresha bifashe ruto kugira bakorere abavukanyi babo bongere batere iteka Yehova. Amaherezo, baratahura yuko urukundo ari rwo ruranga Umukirisu nyakuri, ko atari ubushobozi.—Yohana 13:35; 1 Ab’i Korinto 13:1-3.
‘Amahoro Akubere Abacungezi’
18. Abakurambere baremesha gute amahoro hagati yabo?
18 Abakurambere b’ishengero baraja imbere mu kuba indemeshamahoro. Yehova yabuye kubiraba abasavyi biwe ati: “Nzokwimika amahoro abe ari yo [“akubera abacungezi,” NW], n’ukugororoka abe ari kwo [“kukubera abagapita,” NW].” (Yesaya 60:17) Mu bijanye n’ayo majambo menyeshakazoza, abakora ari abungere b’Abakirisu barakora bivuye inyuma kugira ngo baremeshe amahoro hagati yabo no mu mukuku. Abakurambere barashobora kuzigama amahoro hagati yabo mu kugaragaza “ubgenge buva mw’ijuru” burangwa amahoro kandi butegera uko ibintu biri. (Yakobo 3:17) Kubera bakuze mu buryo butandukanye kandi babonye ibintu bitandukanye mu buzima, abakurambere mw’ishengero rimwe na rimwe babona ibintu mu buryo butandukanye. Ivyo vyoba bisobanura yuko babuze amahoro? Si uko biri mu gihe ivyo bitorewe umuti mu buryo bubereye. Indemeshamahoro baraserura ivyiyumviro vyabo mu buryo buranga ukwifata ruto vyongeye bakumviriza mu buryo buranga ukwubaha ivyiyumviro vy’abandi. Aho gushimika ku vyiyumviro vyiwe bwite, umuntu w’indemeshamahoro azorimbura ivyiyumviro vy’umuvukanyi wiwe abijanishije n’isengesho. Mu gihe ata ngingo ngenderwako ya Bibiliya irenzweko, kenshi na kenshi haraba ivyiyumviro bitandukanye mu kuntu abantu babona ibintu. Igihe abandi batemeranije na we, umuntu w’indemeshamahoro ariyorosha kandi agashigikira ingingo yafashwe na benshi. Gutyo azoba yerekanye ubwiwe ko ategera ibintu. (1 Timoteyo 3:2, 3) Abacungezi bazi utuntu n’utundi barazi yuko kuzigama amahoro bihambaye kuruta kwumira ku vyiyumviro umuntu afise.
19. Abakurambere bakora gute bwa ndemeshamahoro mw’ishengero?
19 Abakurambere bararemesha amahoro mu bagize umukuku mu kubashigikira no mu kutanegura utwigoro twabo bimwe bitabereye. Ikitoharirwa co ni uko rimwe na rimwe bamwebamwe bokenera kubogorwa. (Ab’i Galatiya 6:1) Ariko igikorwa c’ubucungezi bwa gikirisu ubwa mbere na mbere si ico gutanga igihano. Kenshi ni ico gukeza. Abakurambere banyarukundo bihatira kubona iciza mu bandi. Abacungezi barakenguruka igikorwa kitoroshe Abakirisu bagenzi babo bakora, kandi barizigiye yuko abo basangiye ukwemera bariko bakora uko bashoboye kwose.—2 Ab’i Korinto 2:3, 4.
20. Ni mu buryo ki ishengero ryunguka mu gihe bose ari indemeshamahoro?
20 Rero, mu rugo, mw’ishengero be no mu vyo tugirana n’abo tudasangiye ukwemera, twihatira kuba indemeshamahoro, tugakora turondera amahoro. Mu gihe dutsimbataza amahoro tubigiranye ubwira, tuzogira ico duterera ku buhirwe bwo mw’ishengero. Muri ico gihe nyene, tuzokingirwa twongere dukomezwe mu buryo bwinshi, nk’uko tubibona mu kiganiro gikurikira.
Woba Uvyibuka?
• Kuba indemeshamahoro bisobanura iki?
• Dushobora gute kuba indemeshamahoro igihe tuyagira abatari Ivyabona?
• Ni uburyo bumwebumwe ubuhe buhari bw’ugutsimbataza amahoro mu rugo?
• Abakurambere bashobora gute kuremesha amahoro mw’ishengero?
[Ifoto ku rup. 23]
Indemeshamahoro baririnda agatima ko kwishira hejuru
[Amafoto ku rup. 24]
Abakirisu ni indemeshamahoro mu busuku, muhira no mw’ishengero