Nimwigane Yehova Igihe Murera Abana Banyu
“None abavyeyi bose ntibakosora abana babo?”—ABAHEBURAYO 12:7, Contemporary English Version.
1, 2. Ni kuki abavyeyi bagira ingorane mu kurera abana babo muri iki gihe?
HARI itohoza rimwe haciye imyaka mikeyi rigizwe mu Buyapani, ryahishuye yuko hafi igice c’abantu bakuze bahawe ijambo bumva ko uguseruriranira akari ku mutima kuri hagati y’abavyeyi n’abana kudahagije, be n’uko abavyeyi barengeje urugero mu kurekerana abana babo bagakora ivyo bishakiye. Mu rindi tohoza ryagizwe muri ico gihugu, nk’ica kane c’abaryitavye baremeye icese yuko batazi ukuntu boseruriranira akari ku mutima n’abana. Iyo mpengamiro ntiri mu Bihugu vyo mu Buseruko gusa. Ikinyamakuru kimwe (The Toronto Star) cavuze giti: “Abavyeyi benshi b’Abanyakanada baremeye icese yuko batazi neza ukuntu boba abavyeyi beza.” Ahantu hose, abavyeyi basanga bitoroshe kurera abana babo.
2 Ni kuki abavyeyi bagira ingorane zo kurera abana babo? Imvo imwe nyamukuru ni uko tubayeho mu “misi y’iherezo,” kandi tukaba turi mu “bihe bigoye.” (2 Timoteyo 3:1) Ikigeretseko, Bibiliya ivuga iti: “Imitima y’abantu yamogoroye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo.” (Itanguriro 8:21) Abakiri bato na bo barakunda kugwa canecane mu bitero vya Shetani umwe agereranywa n’“intambge yivuga,” akaba atega imitego abatazi utuntu n’utundi. (1 Petero 5:8) Nta nkeka, abavyeyi b’Abakirisu barahangana n’intambamyi nyinshi igihe biyemeje kurera abana babo ‘babahana babahanūra uk’Umwami wacu agomba.’ (Abanyefeso 6:4) Abavyeyi bashobora gufasha abana babo gute ngo bakure bashike ku kuba abantu basenga Yehova bahumuye, bashobora gutandukanya “ikibi n’iciza”?—Abaheburayo 5:14.
3. Ni kuki inyigisho be n’ubuyobozi vy’abavyeyi ari ntahara kugira bererwe mu kurera abana?
3 Umwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Ubupfu buba buhambiriwe ku mutima w’umwana.” (Imigani 13:1; 22:15) Kugira ngo umuntu akure mu mitima yabo mwene ubwo bupfu, bisaba ko abakiri bato bakosorwa n’abavyeyi babo mu buryo buranga urukundo. Ariko ntiwumve, abakiri bato ntibama bakira neza mwene ukwo gukosorwa. Kukaba nkako, kenshi na kenshi baranka impanuro bataravye uwuyibahaye. Abavyeyi rero, bategerezwa kwiga “[gu]toza umwana indero akwiye kwamana.” (Imigani 22:6) Igihe abana bumiye ku ndero nk’iyo, bishobora kubaviramwo ubuzima. (Imigani 4:13) Ese ukuntu bihambaye ko abavyeyi bamenya ico bisaba kurera abana babo!
Ico Gutoza Indero Bisobanura
4. Ubwa mbere na mbere “gutoza indero” bisobanura iki nk’uko rikoreshwa muri Bibiliya?
4 Kubera ugutinya yuko bagirizwa ko bafashe nabi abana babo, haba ku mubiri, mu majambo canke mu kanyengetera, abavyeyi bamwebamwe baririnda kubakosora. Ntibikenewe ko tugira mwene ukwo gutinya. Ijambo “gutoza indero” nk’uko rikoreshwa muri Bibiliya ntiryerekeza ku kugira nabi na kumwe canke ku bunyamaswa. Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “gutoza indero” ubwa mbere na mbere rifitaniye isano no gucisha ubwenge, kwigisha, gukosora kandi rimwe na rimwe kukaba ari ugutanga igihano mu buryo bushikamye mugabo buranga urukundo.
5. Ni kuki ari ngirakamaro ko turimbura uburyo Yehova afata abasavyi biwe?
5 Muri mwene ivyo vyo gutoza indero, Yehova Imana aratanga akarorero keza. Mu kugereranya Yehova na sebibondo, intumwa Paulo yanditse ati: “None abavyeyi bose ntibakosora abana babo? . . . Abatwibarutse badukosora mu gihe gitoyi, kandi bakabigira bakurikije uko biyumvira ko vyoba vyiza kuruta. Mugabo Imana idukosora ku bw’ineza yacu bwite, kubera ishaka yuko tuba abera.” (Abaheburayo 12:7-10, Contemporary English Version) Egome, Yehova aratoza indero abasavyi biwe kugira bashobore kuba abera canke babe abatyoroye. Nta nkeka yuko dushobora kwiga vyinshi ku vyerekeye ugutoza indero abana mu kurimbura ukuntu Yehova yigishije abasavyi biwe.—Gusubira mu Vyagezwe 32:4; Matayo 7:11; Abanyefeso 5:1.
Urukundo Ni Inguvu Idusunikira ku Kugira Ico Dukoze
6. Ni kuki bishobora kugora abavyeyi kwigana urukundo rwa Yehova?
6 Intumwa Yohani ivuga iti: “Imana [n]’urukundo.” Ni co gituma rero inyigisho Yehova atanga zama ziva ku rukundo. (1 Yohana 4:8; Imigani 3:11, 12) Ivyo vyoba bisobanura yuko abavyeyi basanzwe bakunda uruvyaro rwabo bokwumva biboroheye kwigana Yehova muri ivyo? Si ngombwa. Urukundo rw’Imana ni urukundo rugengwa n’ingingo ngenderwako. Incabwenge imwe yo mu vy’Ikigiriki na yo yerekana yuko urukundo nk’urwo “rutama nantaryo ruhuza n’impengamiro umuntu asanganywe.” Inyiyumvo ntizihuma amaso Imana. Yama nantaryo irimbura ineza y’abasavyi bayo.—Yesaya 30:20; 48:17.
7, 8. (a) Ni akarorero akahe k’urukundo rugengwa n’ingingo ngenderwako Yehova yatanze mu vyo yagiranye n’abasavyi biwe? (b) Abavyeyi bashobora kwigana Yehova gute mu gufasha abana babo gutsimbataza ubushobozi bwo gukurikiza ingingo ngenderwako za Bibiliya?
7 Rimbura urukundo Yehova yerekanye mu vyo yagiranye n’Abisirayeli. Musa yakoresheje iki kigereranyo gikora ku mutima kugira ngo adondore urukundo Yehova yagaragarije ihanga rya Isirayeli rikiri rito. Dusoma duti: “Nk’ukw inkukuma ikangura ivyana vyayo mu cāri, igahungiriza amababa hejuru yavyo, igasanza amababa, ikabijana, ikabihēka ku mababa yayo: uko ni k’Uhoraho yagenda [a]rōngōra [Yakobo] wenyene.” (Gusubira mu Vyagezwe 32:9, 11, 12) Kugira ngo yigishe ivyana vyayo kuguruka, inkukuma y’ingore ‘irakangura ivyana vyayo mu cari,’ mu gutababiza amababa yayo yongera iyakubitagura kugira ngo ibihimirize kuguruka. Igihe amaherezo icana gikorotse kiva mu cari kiba kenshi cubatse hejuru cane ku gitandara, nyina ica ‘ihungiriza hejuru’ yaco. Mu gihe bisa n’uko ico cana coshobora kwikubita hasi, nyina ica imanuka akabushungwe ikacitanga munsi, ikagiheka ku ‘mababa yayo.’ Muri ubwo buryo nyene, Yehova yarabungabunganye urukundo ihanga rya Isirayeli ryaheruka kuvuka. Yarahaye abantu Ivyagezwe vya Musa. (Zaburi 78:5-7) Ico gihe Imana yarayoboye iryo hanga ivyitondeye, yiteguriye kurokora abasavyi bayo igihe cose bashikiwe n’ivyago.
8 Abavyeyi b’Abakirisu bokwigana gute urukundo rwa Yehova? Ubwa mbere, bategerezwa kwigisha abana babo ingingo ngenderwako be n’ingingo mfatirwako dusanga mw’Ijambo ry’Imana. (Gusubira mu Vyagezwe 6:4-9) Intumbero ni iyo gufasha umwana kumenya gufata ingingo mu buryo buhuje n’ingingo ngenderwako za Bibiliya. Babigenjeje gutyo, ni nk’aho abavyeyi b’abanyarukundo bahungiriza hejuru y’abana babo, bakitegereza ukuntu bashira mu ngiro ingingo ngenderwako bize. Uko abana bakura bakagenda bararushiriza guhabwa umwidegemvyo buhorobuhoro, ni ko abavyeyi bitwararika baba biteguriye gusa n’“ababitanga munsi” nka ya nkukuma maze ‘bagaheka abana babo ku mababa’ igihe hari ingeramizi. Ingeramizi bwoko ki?
9. Abavyeyi banyarukundo bakwiye kuba maso canecane ku yihe ngeramizi? Tanga akarorero.
9 Yehova Imana yaraburiye Abisirayeli ku vyerekeye inkurikizi zo kugira abagenzi babi. (Guharūra 25:1-18; Ezira 10:10-14) Kwifatanya n’abantu babi ni ingeramizi kandi yeze muri iki gihe. (1 Ab’i Korinto 15:33) Abavyeyi b’Abakirisu vyoba vyiza biganye Yehova muri ivyo. Hari umwigeme w’imyaka 15 y’amavuka yitwa Lisa yashimye umuhungu atari ahuje n’umuryango w’iwabo mu mico runtu be no mu vy’impwemu. Lisa yigana ati: “Abavyeyi banje ubwo nyene baciye babona ko hari icahindutse mu nyifato yanje, maze birabahagarika umutima. Rimwe na rimwe barankosora, ikindi gihe na ho bakandemesha babigiranye ikibabarwe.” Baricaranye na Lisa maze baramutega ugutwi bitonze, gutyo baramufasha gutorera umuti ico bari babonye ko ari umuzi w’ingorane, ni ukuvuga icipfuzo co gushimwa n’urunganwe rwiwe.a
Nimugume Museruriranira Akari ku Mutima Bitagoranye
10. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe Yehova yatanze akarorero keza mu vyo guseruriranira akari ku mutima n’Abisirayeli?
10 Kugira ngo abavyeyi bererwe mu kurera abana, bategerezwa kwihatira kuguma baseruriranira akari ku mutima n’abana babo bitagoranye. Naho Yehova azi neza ibiri mu mutima wacu, aturemesha kumuserurira akari ku mutima. (1 Ngoma 28:9) Amaze guha Abisirayeli Ivyagezwe, Yehova yagenye Abalewi kubibigisha, kandi yararungitse abahanuzi kubafasha kuzirikana no kubakosora. Yarerekanye kandi umutima ukunze wo kwumviriza amasengesho yabo.—2 Ngoma 17:7-9; Zaburi 65:2; Yesaya 1:1-3, 18-20; Yeremiya 25:4; Ab’i Galatiya 3:22-24.
11. (a) Abavyeyi bashobora kuremesha gute uguseruriranira akari ku mutima n’abana babo? (b) Ni kuki bihambaye ko abavyeyi baba abantu bazi kwumviriza igihe baseruriranira akari ku mutima n’abana babo?
11 Abavyeyi bashobora kwigana Yehova gute igihe baseruriranira akari ku mutima n’abana babo? Imbere ya vyose, bategerezwa kubaha umwanya. Abavyeyi kandi vyoba vyiza birinze amajambo asunitswe n’impwemu abacokora, nk’ukuvuga ngo: “Ni ivyo gusa? Nagira ngo wari urajwe ishinga n’ikintu gihambaye”; “Ico ni ikintu ata co kivuze”; “Emwe, none wari witeze ko bimera gute? Erega uri umwana.” (Imigani 12:18) Abavyeyi b’inkerebutsi kugira ngo baremeshe abana guserura ikibarimwo, barihatira kuba abantu bazi kwumviriza. Abavyeyi birengagiza abana babo igihe bakiri batoyi barashobora gusanga n’abana babirengagije igihe bamaze gukura. Yehova yama nantaryo ari n’umutima ukunze wo kwumviriza abasavyi biwe. Aguma ateze ugutwi abamuhindukirira mw’isengesho bicishije bugufi.—Zaburi 91:15; Yeremiya 29:12; Luka 11:9-13.
12. Ni ikamere izihe abavyeyi bogira zoshobora gutuma abana boroherwa no kubegera?
12 Rimbura kandi ukuntu bimwebimwe mu bigize kamere z’Imana vyatumye abasavyi bayo boroherwa no kuyegera ataco binona. Nk’akarorero, Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yaracumuye bimwe bikomeye mu kurenga ibigo na Batisheba. Kubera yari umuntu w’umunyagasembwa, Dawidi yarakoze ibindi vyaha bikomeye mu buzima bwiwe. Yamara, ntiyigeze areka kwegera Yehova arondera ko amuharira akongera akamukangira. Nta nkeka ko ubuntu mvarukundo bw’Imana be n’ikigongwe cayo ari vyo vyatumye Dawidi yoroherwa no kugaruka kuri Yehova. (Zaburi 103:8) Mu kugaragaza kamere z’Imana nk’imbabazi n’ikigongwe, abavyeyi barashobora gufasha mu kuguma baseruriranira akari ku mutima bitagoranye no mu gihe nyene umwana ahuvye.—Zaburi 103:13; Malaki 3:17.
Nimugire Ibitegereka
13. Kuba uwugira ibitegereka harimwo n’iki?
13 Igihe abavyeyi batega ugutwi abana babo, bategerezwa kuba abagira ibitegereka kandi bakagaragaza “ubgenge buva mw ijuru.” (Yakobo 3:17) Intumwa Paulo yanditse ati: ‘Ukugira ibitegereka kwanyu kumenywe n’abantu bose.’ (Ab’i Filipi 4:5, NW) Kuba uwugira ibitegereka bisobanura iki? Insobanuro imwe y’ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo ‘kugira ibitegereka’ ni “ukudashimika kw’itegeko inyuguti ku yindi.” Naho abavyeyi bokwumira ku ngingo mfatirwako z’inyifato runtu be n’izo mu vy’impwemu bashikamye, bashobora gute kuba abagira ibitegereka?
14. Yehova yerekanye gute ko agira ibitegereka mu vyo yagiranye na Loti?
14 Yehova aratanga akarorero kibonekeje mu vyo kuba uwugira ibitegereka (Zaburi 10:17) Igihe yahimiriza Loti n’umuryango wiwe kuva muri ca gisagara carandurwa c’i Sodoma, Loti ‘yaguma ajujura.’ Mu nyuma, igihe abamarayika ba Yehova bamusaba guhungira ku misozi, yavuze ati: “Erega sinoba ngihunga ngo nshike kur’iriya misozi. . . . rāba, kariya gasagara [Zowari] ni ko kari hafi ko guhungirako, kandi ni na gato, nyemerera se mpungireyo,—mbega si gato nyene?” Yehova yavyakiriye gute? Yavuze ati: “Nuko ndakwemereye no ku co uvuze ico, kutarandura igisagara uvuze.” (Itanguriro 19:16-21, 30) Yehova yaremeye aragirira Loti ico asavye. Egome, abavyeyi bakeneye kwumira ku ngingo mfatirwako Yehova Imana yandikishije mw’Ijambo ryiwe Bibiliya. Mugabo, vyoshoboka ko bubahiriza ivyo abana babo bipfuza mu gihe ingingo ngenderwako za Bibiliya zitageramiwe.
15, 16. Ni icigwa ikihe abavyeyi bashobora kwigira kuri ico kigereranirizo dusanga muri Yesaya 28:24, 25?
15 Kuba uwugira ibitegereka harimwo gutegura umutima w’abana kugira ngo bitegurire kwemera impanuro. Yesaya yarabitangiye akarorero mu kugereranya Yehova n’umurimyi maze avuga ati: “Mbeg’umurimyi avyiririra kuzobiba, yama avyirira na ntaryo? Mbega yama avyirira agakubita imvyirire na ntaryo? Iy’amaze kuyikuma ntahava akamija uburo, akabiba izitwa kumino, akabiba ingano mu mirongo, na sayiri akayibiba aho yayitunganirije, akabiba n’izitwa kusemeti ku rubibe rwaho?”—Yesaya 28:24, 25.
16 Yehova “avyiririra kuzobiba” kandi “agakubita imvyirire.” Gutyo arategura umutima w’abasavyi biwe imbere yuko abatoza indero. Mu gukosora abana babo, abavyeyi bashobora gute ‘kuvyirira’ umutima w’uruvyaro rwabo? Hari sebibondo umwe yiganye Yehova igihe yariko arakosora agahungu kiwe gafise imyaka ine. Igihe ako gahungu kiwe kakubita agahungu kagenzi kako, uwo sebibondo ubwa mbere yarumvirije yihanganye ukuntu ako gahungu kiwe kisigura. Maze nk’aho yoba ariko ‘aravyirira’ umutima w’ako gahungu, se yamubwiye inkuru yerekeye agahungu gatoyi kagiriwe nabi bimwe bikomeye n’umuntu w’inkazi. Kamaze kwumva iyo nkuru, vyaciye bituma nya gahungu kavuga yuko uwo muntu w’inkazi ategerezwa guhanwa. ‘Ukuvyirira’ nk’ukwo kwarateguye umutima w’ako gahungu maze bituma koroherwa no kubona yuko gukubita ka gahungu kagenziwe cari igikorwa c’umuntu w’inkazi, kandi ko kagize nabi.—2 Samweli 12:1-14.
17. Ni icigwa ikihe c’ukuntu abavyeyi bokosora abana gitangwa muri Yesaya 28:26-29?
17 Yesaya kandi yagereranije ugukosora kwa Yehova n’ikindi kintu kigirwa mu burimyi, ni ukuvuga gukubita. Umurimyi akoresha ibikoresho bitandukanye mu gukubita akurikije uko igishishwa c’urutete kiba gikomeye canke coroshe. Umuhini ukoreshwa mu gusekura uburo, ikibando na co mu gukubita kumino, mugabo umusekuzo canke ikurudumu y’umukogote ikoreshwa ku ntete zifise ibishishwa bigumye cane. Naho ari ukwo, ntakubita intete zikomeye cane gushika aho azimenagura. Muri ubwo buryo nyene, igihe Yehova ashaka gukuraho ikintu ico ari co cose kibi mu basavyi biwe, arahindagura uburyo atunganya ibintu akurikije ibiba bikenewe ico gihe n’ukuntu ibintu biba vyifashe. Ntiyigera yiciraho canke ngo akoreshe agahahazo. (Yesaya 28:26-29) Abana bamwebamwe igihe abavyeyi babo babaravye igitsure gusa barumva, kandi nta kindi kiba gikenewe. Abandi bisaba kuza baributswa, mu gihe hari n’abandi bashobora kuba bakeneye ko babibumvisha mu buryo bukomeye kuruta. Abavyeyi bategera ibintu bazokosora bakurikije ivyo umwana wese akeneye.
Nimutume Ibiyago vyo mu Rugo Biryoha
18. Abavyeyi bashobora gute kuringaniza umwanya wo kugira inyigisho ya Bibiliya y’umuryango idahorereza?
18 Uburyo bwiza kuruta bwo gucisha ubwenge abana bawe ni ukugira inyigisho ya Bibiliya y’umuryango idahorereza be n’ukuganira ku Vyanditswe ku musi ku musi. Inyigisho y’umuryango irushiriza kuba kirumara mu gihe igirwa ubudahorereza. Igihe igirwa akaryo kizanye canke igafatirwa ingingo gihutihuti, bisa n’uko ari gake ivamwo ikintu ciza. Ni co gituma abavyeyi bategerezwa ‘gucungura umwanya’ wo kugira iyo nyigisho. (Abanyefeso 5:15-17) Guhitamwo umwanya udahinduka kandi ubereye kuri bose birashobora kuba urugamba. Serugo umwe yabonye yuko uko abana bakura ari ko amaporogarama yabo atandukanye yatuma birushiriza kugorana ko bahurira hamwe bose uko bagize umuryango. Yamara rero, umuryango wama uhurira hamwe ku majoro aberako amakoraniro y’ishengero. Sebibondo rero yararinganije ivy’uko bagira inyigisho y’umuryango mw’ijoro rimwe muri ayo. Ivyo vyaragenze neza. Abana batatu bose ubu ni abasavyi ba Yehova babatijwe.
19. Abavyeyi bashobora gute kwigana Yehova igihe barongora inyigisho y’umuryango?
19 Ariko rero, ntibihagije guhetura gusa amayagwa manaka yo mu Vyanditswe mu buryo bwo gucishako mu gihe c’ukwiga. Yehova yarigishije Abisirayeli basubijwe umutamana, abigisha biciye ku baherezi basoma Ivyagezwe ‘mu buryo bwumvikana kandi bakabisobanura,’ “kugira ngo batahure ivyo basomewe.” (Nehemiya 8:8) Sebibondo umwe yerewe mu gufasha abana biwe ndwi bose gukunda Yehova, yama nantaryo aja ukwa wenyene mu cumba ciwe imbere yuko inyigisho y’umuryango iba kugira ngo ategure, ahuze ayo mayagwa n’ivyo umwana wese akeneye. Yatuma inyigisho iryohera abana biwe. Umuhungu wiwe umwe akuze yibuka ibi: “Inyigisho yama nantaryo iryoshe. Mu gihe twaba turi hanze gukina agapira mu kibuga, baduhamagaye kugira ngo tugire inyigisho y’umuryango twaca buno nyene duterera hasi agapira kacu tugaca twiruka kuri iyo nyigisho. Wari umwe mu migoroba iryoshe kuruta iyindi yose mu ndwi.”
20. Ariko rero, ni ingorane iyihe ishoboka mu kurera abana umuntu ategerezwa kurimbura?
20 Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Abana ni bo ngabire Uhoraho agaba, imbuto zo mu nda ni zo mpēra atanga.” (Zaburi 127:3) Kwigisha abana bacu bisaba umwanya n’akigoro, mugabo tubigize mu buryo bubereye birashobora kuviramwo abana bacu ubuzima budahera. Ese ukuntu yoba ari impera nziza! Ese rero twokwigana Yehova dufise ubwira igihe turera abana bacu. Ariko rero, naho abavyeyi bashinzwe ibanga ryo ‘kurera [abana] babahana babahanura uk’Umwami wacu agomba,’ nta cemeza kihari c’uko bazokwererwa. (Abanyefeso 6:4) Naho yomwitwararika neza gute, umwana arashobora kuba umugarariji kandi akareka gukorera Yehova. None bogira iki ico gihe? Ivyo ni vyo tuganirako mu kiganiro gikurikira.
[Akajambo k’epfo]
a Ivyabonywe musanga muri iki kiganiro no mu gikurikira bishobora kuba vyavuye mu bihugu bifise imico kama itandukanye n’iyanyu. Nimugerageze kuraba ingingo ngenderwako zirimwo, maze muzihuze n’uko imico kama y’iwanyu iri.
Wokwishura Gute?
• Abavyeyi bashobora kwigana gute urukundo rwa Yehova rudondorwa mu Gusubira mu Vyagezwe 32:11, 12?
• Wize iki ku vyerekeye ukuntu Yehova yaseruriranira akari ku mutima n’Abisirayeli?
• Kuba Yehova yarateze ugutwi intakambo ya Loti bitwigisha iki?
• Ni icigwa ikihe wigiye kuri Yesaya 28:24-29 ku bijanye n’ugukosora abana?
[Ifoto ku rup. 20, 21]
Musa yagereranije ukuntu Yehova yigisha abasavyi biwe n’ukuntu inkukuma ibigenza ku cana cayo
[Amafoto ku rup. 22]
Abavyeyi barakeneye kuronderera umwanya abana babo
[Ifoto ku rup. 23]
“Wari umwe mu migoroba iryoshe kuruta iyindi yose mu ndwi”