Ikibano Kitagiramwo Abasumba Abandi Coba Gishobora Kubaho?
JOHN ADAMS, uwabaye perezida wa kabiri wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yari umwe mu bateye umukono ku cete kiriko Itangazo ry’Intahe y’Ukwikukira, icarimwo aya majambo y’akaroruhore agira ati: “Uku kuri tubona ko atari agaseseshwarumuri, abantu bose baremwe bangana.” Naho ari ukwo, vyaragaragaye ko John Adams yari afise amakenga niba abantu bangana vy’ukuri, kubera yuko yanditse ati: “Imana Mushoboravyose irema abantu batangana ku mubiri no mu muzirikanyi, ku buryo ata buhanga na bumwe canke politike n’imwe ishobora gutuma bangana.” Umutohozakahise w’Umwongereza H. G. Wells wewe yarashoboye kwiyumvira ikibano aho bose bangana, mu buryo bushingiye ku bintu bitatu: Idini ihurikiyemwo abo kw’isi bose mugabo ikaba ityoroye kandi idahumanye, inyigisho yo mu mashure ikaba imwe kuri bose, kandi ntihabeho igisirikare.
Gushika ubu, abantu ntibarigera bashinga ikibano aho bose bangana nk’uko Wells yavyibaza. Ukungana kw’abantu kuri kure nk’ukwezi, kandi ugutandukanya abantu hishimikijwe inzego barimwo mu kibano ni vyo biciganje muri co. Ukwo kutangana gushingiye ku nzego mu kibano, hoba hari ivyiza kwazanye muri co? Nta na kimwe. Ivyo kwumva ko bamwe basumba abandi mu kibano biraryanisha abantu, bikavamwo igono, urwanko, kuvunika umutima n’iseswa ry’amaraso menshi. Ca ciyumviro c’uko abazungu bari hejuru cigeze gushinga imizi muri Afirika, Ostraliya no muri Amerika yo mu Buraruko, carakwegeye amagorwa abatari abazungu, harimwo na rya honyabwoko ryaherengeteje za mvukira za Ostraliya mu karere kitwa Van Diemen (ubu hakaba hitwa Tasmanie). I Buraya, kubona ko Abayahudi ari abantu bo hasi ni yo yabaye intango ya kwa Kubatikiza. Itunga rikomeye ryari ryiharijwe n’akagwi gatoyi gatwara be n’ukutanezerwa kw’abari mu nzego zo hasi n’izo hagati mu kibano, ni vyo vyabaye inkwezi ya rya Hinduka ryo mu Bufaransa ryo mu kinjana ca 18 be na rya Hinduka ryo mu Burusiya ryo mu kinjana ca 20.
Hari umugabo w’inkerebutsi wo mu bihe vya kera yanditse ati: “Umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.” (Umusiguzi 8:9) Ayo majambo yavuze ni ay’ukuri haba hatwara abantu kanaka canke imigwi y’abantu. Igihe umugwi umwe w’abantu wishize hejuru y’uwundi, nta kabuza ko amagorwa n’ubucumukure bica bigira biti twatanzwe.
Imbere y’Imana Abantu Bose Barangana
Hoba hari imigwi y’abantu ivuka isumba iyindi? Mu nyonga z’Imana si ko biri. Bibiliya ivuga iti: “[Imana] yaremye amahanga yose y’abantu, ibakūye mu muntu umwe, ngo basagaze mw isi yose.” (Ivyakozwe 17:26) Vyongeye, Umuremyi “[ntiyatinye] abaganwa ku kigohe, nti[ya]kun[z]e umutunzi kumurutisha umworo, kuko bose ar’igikorwa c’intoke zayo.” (Yobu 34:19) Abantu bose ni bene mugabo umwe, kandi imbere y’Imana bose bavuka bangana.
Twibuke kandi ko igihe umuntu apfuye, ibintu vyose vyatuma yiyumva ko asumba abandi bica bicika ubusa. Abanyamisiri ba kera ivyo ntibavyemera. Igihe haba hari Umufarawo apfuye, bashira mu ruhafu rwiwe ibintu vy’igiciro kinini kugira ngo azoshobore kubikoresha amaze gupfa, mu gihe azobandanya kuguma muri ca kibanza co hejuru yari afise mu buzima. Yoba yarabikoresha? Habe namba. Bwinshi muri ubwo butunzi bwaherera mu maboko y’abasahura ibiri mu mva, maze ibintu vyinshi vyabacitse, muri iki gihe umuntu arashobora kubibona mu maratiro y’ivya kera.
Kubera Farawo yari yapfuye, nta nkeka ntiyakoresheje ivyo bintu vyose bizimvye. Mu bapfuye, nta bantu bo mu rwego rwo hejuru kandi nta bantu bo mu rwo hasi babaho, nta batunzi kandi nta bakene. Bibiliya ivuga iti: “Abanyabgenge ba[ra]pfa, igipfu n’ikijuju bikarandukana. [Ba]meze nk’ibikōko bipfa gusa.” (Zaburi 49:10, 12) Twaba turi abami canke abaja, amajambo yahumetswe akurikira ni ay’ukuri kuri twese. Agira ati: “Abapfuye nta co baba bakizi, kandi nta mpēra baba bakibona . . . [N]ta gikorwa cank’inama cank’ukumenya cank’ubgenge i kuzimu ah’urāriye kuja.”—Umusiguzi 9:5, 10.
Twese tuvuka tungana mu nyonga z’Imana kandi twese amaherezo turangana mu rupfu. Rero, ese ukuntu ari ivy’ubusa gufata umugwi umwe w’abantu ukawushira hejuru y’uwundi muri ubu buzima bwacu bumara igihe gito!
Ikibano Ata Muntu Yumva Asumba Uwundi Gishoboka Gute?
Ariko rero, hoba hariho icizigiro c’uko umusi uri izina hazobaho ikibano aho ivy’ukuvuga ngo uyu mugwi usumba uriya bitazoba bihambaye? Egome kiriho. Igihe Yezu yari ngaha kw’isi ubu hakaba haheze imyaka yababa 2.000, ishingiro ry’ikibano nk’ico ryarashinzwe. Yezu yaratanze ubuzima bwiwe kw’inkuka y’incungu ku bw’abantu bose bemera kugira ngo “ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira.”—Yohana 3:16.
Kugira ngo Yezu yerekane yuko ata n’umwe mu bayoboke biwe akwiye kwishira hejuru y’abo basangiye ukwemera, yavuze ati: “Ntimukitwe Rabi, kuk’umwigisha wanyu ar’umwe, namwe mwese mur’abavukana. Kandi ntimukīte umuntu wo mw isi Data, kuko So ar’umwe, ar’uwo mw ijuru. Kandi ntimukīyite umuranzi, kuk’umuranzi wanyu ar’umwe, ari Kristo. Arik’umukuru muri mwebge az’abe umukozi wanyu. Ūzokwishira hejuru azocishwa bugufi.” (Matayo 23:8-12) Mu nyonga z’Imana, abigishwa nyakuri ba Yezu bose barangana mu kwizera.
Abakirisu bo mu ntango boba barabona ko bangana? Abatahuye inyigisho ya Yezu barabona ko bangana. Umuntu wese yarabona ko angana na mugenziwe mu kwizera kandi ivyo babigaragaza mu kwitana “mwene Data” (Filemoni 1, 7, 20) Nta numwe yaremeshwa kwibona ko asumba abandi. Nk’akarorero, rimbura ukuntu Petero yidondoye mu buryo buranga ukwicisha bugufi mw’ikete ryiwe rya kabiri. Agira ati: “Simoni Petero, umugurano wa Yesu Kristo kand’intumwa yiwe, ndabandikiye mwebge abāhawe ukwizera kw’akaburarugero kungana n’ukwacu.” (2 Petero 1:1) Petero yari yacishijwe ubwenge na Yezu ubwiwe, kandi kubera yari intumwa, yari afise amabanga ahambaye. Yamara rero, yabona ko ari umugurano kandi yari azi yuko mu vy’ukwizera abandi Bakirisu bari bafise amabanga angana n’ayo yari afise.
Bamwebamwe barashobora kuvuga yuko iciyumviro ngenderwako c’ukungana giteye kubiri n’uko mu bihe vy’imbere y’ubukirisu Imana yagize Isirayeli ihanga ryayo ridasanzwe. (Kuvayo 19:5, 6) Barashobora kuvuga yuko ako ari akarorero kerekana ko ubwoko bumwe bushobora kuruta ayandi, mugabo ukwo si ko biri. Ni vyo yuko Abisirayeli, kubera bakomoka kuri Aburahamu, bari bafitaniye n’Imana ubucuti budasanzwe kandi bagakoreshwa bwa muhora Imana icamwo mu guhishura ibintu. (Abaroma 3:1, 2) Mugabo intumbero y’ivyo ntiyari iyo kubashira hejuru. Ahubwo, kwari kugira ngo ‘amahanga yose ahezagirwe.’—Itanguriro 22:18; Ab’i Galatiya 3:8.
Benshi mu Bisirayeli bahavuye batigana ukwizera kwa sekuruza wabo Aburahamu. Babaye ibihemu maze baratera akagere Yezu ngo si Mesiya. Kubera ico, Imana yarabateye umugongo. (Matayo 21:43) Ariko rero, abatekereza imihezagiro yari yarasezeranywe ntiyabacitse. Kuri Pentekote 33 G.C., ishengero rya gikirisu ryaravutse. Iryo shirahamwe ry’Abakirisu basizwe impwemu yera biswe “Israeli y’Imana,” kandi babaye umuhora iyo mihezagiro yociyemwo.—Abagalati 6:16, UB.
Bamwebamwe mu bari bagize iryo shengero bari bakeneye kwigishwa kubona ko bangana. Nk’akarorero, umwigishwa Yakobo yarahanuye abariko batera iteka Abakirisu batunze kuruta uko baritera abakenye. (Yakobo 2:1-4) Ivyo ntivyari bibereye. Intumwa Paulo yarerekanye yuko Abakirisu b’Abanyamahanga batari munsi y’Abakirisu b’Abayuda, be n’uko Abakirisu b’abakenyezi batari munsi y’Abakirisu b’abagabo. Yanditse ati: “Mwese mur’abana b’Imana kubgo kwizera Kristo Yesu: kuko mwese ababatirijwe kuba aba Kristo mwambaye Kristo. Ntihashobora kuba Umuyuda cank’Umugiriki, ntihashobora kuba umugurano cank’uwidegemvya, ntihashobora kuba umugabo cank’umugore; kuko mwese mur’umwe muri Kristo Yesu.”—Ab’i Galatiya 3:26-28.
Abantu Batarimwo Abasumba Abandi Muri Iki Gihe
Ivyabona vya Yehova muri iki gihe baragerageza kubaho bisunga ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe. Barazi yuko ubusumbasumbane mu kibano ataco buvuze mu nyonga z’Imana. Ni co gituma muri bo ata vyo kuvuga ngo bamwe ni abakuru b’idini abandi ngo ni abayobokamana. Kandi muri bo ntihabazwa ivangura rishingiye kw’ibara ry’urukoba canke ku butunzi. Naho bamwe muri bo bashobora kuba ari abatunzi, ntibibanda ku kugira “ubgibone bg’ubu bu[zima],” kubera batahura ko ivyo bintu ari vy’igihe gito gusa. (1 Yohana 2:15-17) Ahubwo bose bahurikiye hamwe mu gusenga Segaba w’Ijuru n’Isi, Yehova Imana.
Umwe wese muri bo aremera ibanga ryo kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami ku bandi bantu nka we. Nka kurya kwa Yezu, baratera iteka abacinyizwa n’abafatwa minenegwe mu kubagendera i muhira, bakabasaba niba bokwemera kwigishwa Ijambo ry’Imana. Abantu bo mu rwego ruciye bugufi barakora basenyera ku mugozi umwe n’abashobora kubonwa na bamwebamwe ko ari abo mu rwego rwo hejuru. Kamere zo mu vy’impwemu ni zo zishirwa imbere, si urwego umuntu arimwo mu kibano. Nk’uko vyari biri mu kinjana ca mbere, bose ni abavukanyi n’abavukanyikazi mu kwizera.
Ukungana kw’Abantu Ntigusobanura ko Bose Bameze Kumwe
Birumvikana ko ukungana kw’abantu kudasobanura ko bose bameze kumwe. Abagabo n’abagore, abakuze n’abato, bose barimwo mu bagize iryo shirahamwe ry’Abakirisu ririmwo abantu bava mu moko menshi, mu ndimi nyinshi, baturuka mu mahanga menshi kandi batakuze bamerewe kumwe mu vy’ubutunzi. Usanga umwe afise ubuhanga butandukanye n’ubw’uwundi mu bwenge no ku mubiri. Mugabo ayo matandukaniro ntatuma bamwe babona ko bari hejuru abandi hasi. Ahubwo riho, ayo matandukaniro avamwo ikintu kiryoshe. Abo Bakirisu baratahura yuko ububangukirwe bwose bafise ari ingabirano ziva ku Mana, be n’uko budakwiye gutuma bumva ko bari hejuru y’abandi.
Amacakubiri ashingiye ku nzego zo mu kibano ava ku vy’uko umuntu agerageza kwiyobora aho gukurikira ubuyobozi bw’Imana. Ubu bwa vuba, Ubwami bw’Imana ni bwo bugiye gutegeka isi ku musi ku musi, maze bitume uko kurobanura abantu gushingiye ku nzego barimwo mu kibano guhera, kumwe n’ibindi bintu vyose vyacumukuje abantu mu bihe n’ibindi. Hanyuma, ‘abagwaneza bazoce baragwa isi’ nyakuyiragwa. (Zaburi 37:11) Ibintu vyose bituma umuntu yishira hejuru akibaza ko asumba abandi, bizoba vyagiye. Ubusumbane bushingiye ku nzego mu kibano ntibuzokwigera busubira kurekwa ngo buryanishe ikivukano c’abantu gikwiye kw’isi yose.
[Amafoto ku rup. 5]
Kamere zo mu vy’impwemu ni zo zishirwa imbere mu Bakirisu nyakuri