ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/8 rup. 3
  • Ca Kiza Kihari c’Ubusumbane bw’Abantu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ca Kiza Kihari c’Ubusumbane bw’Abantu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ivyo bijanye
  • Ubusumbane bw’Abantu—Imana Yoba Ari yo Yabishatse?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Vyoba bishoboka ko abantu bo mu moko yose bangana? Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Guhagarika Ikiza c’Ubusumbane bw’Abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ikibano Kitagiramwo Abasumba Abandi Coba Gishobora Kubaho?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/8 rup. 3

Ca Kiza Kihari c’Ubusumbane bw’Abantu

“Uku kuri tubona ko atari agaseseshwarumuri, abantu bose baremwe bangana; hariho Uburenganzira ntayegayezwa bahawe n’Iyabaremye, muri bwo hakabamwo Ukubaho, Ukwishira Bakizana n’ukurondera Ubuhirwe.”—Itangazo ry’Ugushikira Intahe y’Ukwikukira ryemejwe na Leta Zunze Ubumwe mu 1776.

“Abantu bose bavuka bidegemvya kandi bafise uburenganzira bungana.”Itangazo ry’Agateka ka Zina Muntu na Zina Munyagihugu, ryemejwe n’Inama Nshingamateka y’Ubufaransa mu 1789.

“Abantu bose bavuka bidegemvya kandi bakagira agateka hamwe n’uburenganzira bungana.”—Itangazo Mpuzamakungu ry’Agateka ka Zina Muntu, ryemejwe n’Inama Nkuru ya ONU mu 1948.

NTA mazinda dufise kuri ivyo. Kw’isi yose abantu bafise icipfuzo co kungana. Mugabo ikibabaje ni uko ukwo kwamiza mu kanwa ico ciyumviro c’ukungana kw’abantu ari kwo nyene kugaragaza yuko gushika n’ubu ukungana kwabaciye mu myanya y’intoke.

Hoba hari umuntu ashobora kuvuga ashimitse yuko muri iki gihe turiko turasozera ikinjana ca 20, ibintu vyahindutse hakaba akarusho? Abanyagihugu bose bo muri Leta Zunze Ubumwe n’abo mu Bufaransa, canke abo muri kimwe cose mu bihugu 185 bigize Ishirahamwe Mpuzamakungu, boba vy’ukuri bafise uburenganzira bungana bari bakwiriye kuvukana?

Naho iciyumviro c’uko abantu bose bangana coba “atari agaseseshwarumuri,” abantu bose ntibanganya na mba uburenganzira bw’ “Ukubaho, Ukwishira n’Ukwizana no kurondera Ubuhirwe.” Nk’akarorero, dushobora kuvuga gute ko abantu bafise uburenganzira bungana bwo kubaho, mu gihe muri Afirika umwana ategerezwa gusangira umuganga umwe n’abandi bantu bagera ku 2 569, umwana wo mu Buraya we akamusangira n’abantu 289 gusa? Canke ni gute hari uburenganzira bungana mu vy’ukwishira no kwizana no mu vy’ukurondera ubuhirwe kandi umuhungu umwe kuri batatu n’abakobwa babiri kuri batatu bo mu Buhindi bakura batazi gusoma no kwandika, mu gihe mu mihingo imwimwe nko mu Buyapani, mu Budagi no mu Bwongereza hafi umwana wese ata kimubuza guca ku ntebe y’ishure?

Abanyagihugu bo mu bihugu vyo muri Amerika yo Hagati vyinjiza amahera angana n’amarundi 12 000 000 ku munyagihugu, boba banganya “agateka n’uburenganzira” mu vyerekeye ubuzima n’abo mu Bufaransa bwinjiza 22 000 000 ku munyagihugu? Twovuga gute ko uruyoya rw’urukobwa rwo muri Afirika rushobora kuramba gushika ku myaka 56 rungana n’urwo muri Amerika yo mu Buraruko rushobora kuramba gushika ku myaka 79?

Ugusumbana kugaragara mu buryo bwinshi, bwose bukaba bubabaje. Ugusumbana mu buryo bwo kubaho no mu vy’ukuronka uturyo two kubungabungirwa amagara be no mu vy’uguca ku ntebe y’ishure, ni bumwebumwe gusa muri bwo. Rimwe na rimwe ubudasa bushingiye kuri politike, ku moko, canke ku madini bufise uruhara nyamukuru mu kwaka abanyagihugu agateka bafise n’ukwishira bakizana kwabo. Naho abantu bamiza mu kanwa ivyerekeye ukungana, turi mw’isi aho usanga abantu basumbana. Nka kumwe kw’ikiza, nk’uko iryo jambo risobanurwa akaba ari “ikintu gitera umubabaro ukwiye hose canke mwinshi,” ubusumbane burimonogoje mu nzego zose z’ikibano c’abantu. Umubabaro wo bitera mu buryo bw’ubukene, indwara, ubujuju, ubushomeri, be n’ikumirana, biracumita umutima.

“Abantu bose baremwa bangana.” Ese ukuntu ari iciyumviro ciza ntangere! Ewe kuntu ari agacamutima kubona ivyo biherera mu mvugo gusa!

[Ifoto ku rup. 3]

UN PHOTO 152113/SHELLEY ROTNER

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika