ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/3 rup. 28-32
  • Ukuri Gufise Agaciro Kangana Iki Kuri Wewe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuri Gufise Agaciro Kangana Iki Kuri Wewe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu Isi Ibona Ukuri
  • Abakirisu n’Isi
  • Yehova Aratwitwararika
  • Twibungabunge mu Buryo bw’Impwemu
  • Gukurikiza Ubuyobozi bw’Imana Bizana Ubuhirwe
  • Abakirisu Basenga mu Mpwemu no mu Kuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • “Nzogendera mu kuri kwawe”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Twigane ya Mana y’ukuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • ‘Nubandanye kugendera mu kuri’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/3 rup. 28-32

Ukuri Gufise Agaciro Kangana Iki Kuri Wewe?

“Muzomenya ukuri, kand’ukuri kuzobaha kwidegemvya.”​—YOHANA 8:32.

1. Uburyo Pilato yakoresheje ijambo “ukuri,” bigaragara ko butandukaniye he n’uburyo Yezu yarikoresheje?

“MBEG’UKURI n’iki?” Igihe Pilato yabaza ico kibazo, bisa n’uko ico yishakira kumenya ari ijambo ukuri muri rusangi. Yezu we yari ahejeje kuvuga ati: “Iki ni co navukiye, kand’iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri.” (Yohana 18:37, 38) Yezu we ntiyavuze nka Pilato, yariko avuga ukuri kuva ku Mana.

Ukuntu Isi Ibona Ukuri

2. Ni amajambo ayahe Yezu yavuze yerekana agaciro k’ukuri?

2 Paulo yavuze ati: “Ukwizera [ntigu]fiswe na bose.” (2 Ab’i Tesalonike 3:2) Ni uko nyene bimeze ku biraba ukuri. Abantu benshi, n’igihe nyene baronse akaryo ko kumenya ukuri gushingiye kuri Bibiliya, barakwiyobagiza n’ibigirankana. Yamara, uzi ukuntu gufise agaciro! Yezu yavuze ati: “Muzomenya ukuri, kand’ukuri kuzobaha kwidegemvya.”​—Yohana 8:32.

3. Ni imburizi iyihe yerekeye inyigisho z’ibinyoma dukwiye kwumvira?

3 Intumwa Paulo yavuze yuko ukuri batogusanze mu mafilozofiya y’abantu be no mu migenzo yabo. (Ab’i Kolosayi 2:8) Nkako, inyigisho nk’izo ni iz’uruhendo. Paulo yagabishije Abakirisu bo muri Efeso yuko baramutse bashize ukwizera muri ivyo, bobaye bameze nk’inzoya zo mu vy’impwemu “[baka]zungazungishw[a] n’imipfunda, [bakajanwa] irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kuzimiza.” (Abanyefeso 4:14) Muri iki gihe, ‘ubugunge bw’abantu’ bukorerezwa n’amaporopagande y’abarwanya ukuri kwa Bibiliya. Inkoranyabumenyi imwe (The New Encyclopædia Britannica) isobanura ko “poropagande” ari “akigoro kadatezura ko kwifatira ivyo abandi bantu bemera, inyifato zabo be n’ivyo bakora.” Amaporopagande nk’ayo, n’urwenge n’akantu aragoreka ukuri akaguhindura ibinyoma akongera agashira imbere ibinyoma ngo ni kwo kuri. Kugira ngo dutore ukuri duhanganye n’iyo mikazo itaboneka, dutegerezwa gutohoza Ivyanditswe dushirutse umwete.

Abakirisu n’Isi

4. Ukuri gushirirwaho bande, kandi abakuronka bategerezwa gukora iki?

4 Yezu Kirisitu yarasenze Yehova asabira abari baracitse abigishwa biwe, agira ati: “Ubeze mu kuri: ijambo ryawe ni ryo kuri.” (Yohana 17:17) Abantu nk’abo bokwejejwe, canke bagashirwa ku ruhande ku bw’umugambi wo gusukurira Yehova no kumenyekanisha izina ryiwe n’Ubwami bwiwe. (Matayo 6:9, 10; 24:14) Naho ukuri kwa Yehova kudafiswe n’abantu bose, kuronkeka bwa ngabirano ihabwa ku buntu abantu bose bakurondera, ata kuraba ubwenegihugu bwabo, ubwoko bwabo canke imico kama bakuriyemwo. Intumwa Petero yavuze ati: “Ni ho nkimenya yukw Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ukugororoka, iramwemera.”​—Ivyakozwe 10:34, 35.

5. Ni kuki Abakirisu kenshi bahamwa?

5 Abakirisu barabwira abandi ukuri kwa Bibiliya, mugabo hose ntibabakira neza. Yezu yabuye ati: “Bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje.” (Matayo 24:9) Mu 1817, umwe mu bakuru b’idini wo muri Irilande ari we John R. Cotter, yaragize ico avuga kuri ico canditswe ati: “Utwigoro tw’abo [Bakirisu] two guhindura ubuzima bw’abantu biciye ku kwamamaza kwabo, aho twotumye abanyagihugu babakengurukira, ahubwo riho twatumye banka abo bigishwa bongera barabahama, babahora ko bashira ku kabarore ibibi bakora.” Abantu nk’abo bateza uruhamo, “[ntibemera] gukunda ivy’ukuri ngo bakizwe.” Ku bw’ivyo, “Imana [“irareka,” NW] ubuzimire bukabakoreramwo, ngo bizere ibinyoma: kugira ngw abatizeye ukuri bose, bagahimbarirwa ukugabitanya, bacirwekw iteka.”​—2 Ab’i Tesalonike 2:10-12.

6. Ni ivyipfuzo ibihe Umukirisu adakwiye gutsimbataza?

6 Intumwa Yohani irakebura Abakirisu baba muri iyi si itaberekwa ati: “Ntimugakunde isi, cank’ibiri mw isi. . . . Ikiri mw isi cose [ni] ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso, n’ubgibone bg’ubu bu[zima], bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw isi.” (1 Yohana 2:15, 16) Igihe Yohani avuga ngo “cose” nta na kimwe asiga inyuma. Ku bw’ivyo, ntitwokwubahuka gutsimbataza icipfuzo c’ikintu na kimwe iyi si itanga coshobora kudukevya tukava mu kuri. Kwumvira impanuro ya Yohani bizogira akosho gakomeye ku buzima bwacu. Gute?

7. Abafise imitima igororotse, kumenya ukuri bibasunikira gute ku kugira ico bakoze?

7 Mu mwaka w’2001, Ivyabona vya Yehova kw’isi yose ku kwezi ku kwezi bayoboye inyigisho za Bibiliya zo ku muhana zirenga imiliyoni zine n’igice, bigisha abantu n’imigwi y’abantu ivyo Imana isaba kugira baronke ubuzima. Ico vyavuyemwo ni uko abantu 263.431 babatijwe. Umuco werekeye ukuri warabaye uw’agaciro ku bigishwa bashasha, maze baritandukanya n’abagenzi babi be n’ubuhumbu, izo zikaba ari ingendo zitesha Imana icubahiro zimonogoje muri iyi si. Kuva bakibatizwa, barabandanije kubaho bisunga ingingo mfatirwako Yehova ashingira Abakirisu bose. (Abanyefeso 5:5) Ukuri kwoba gufise agaciro kangana gutyo kuri wewe?

Yehova Aratwitwararika

8. Yehova yakira gute ukwiyegura kwacu, kandi ni kuki biranga ubukerebutsi ‘kubanza kurondera ubwami’?

8 Naho tudatunganye, Yehova n’ikigongwe cinshi aremera ukwiyegura kwacu, akaba nk’aho yunama kugira ngo adukwegere kuri we. Muri ubwo buryo aratwigisha gushira hejuru intumbero zacu n’imigambi yacu. (Zaburi 113:6-8) Muri ico gihe nyene, Yehova aratwemerera kugiranira na we ubucuti, kandi adusezeranira kutubungabunga ‘nitwabanza kwitwararika ubwami n’ukugororoka kwiwe.’ Nitwabikora tukongera tukizigama mu buryo bw’impwemu, adusezeranira ati: “Ivyo vyose muzovyongerwa.”​—Matayo 6:33.

9. “Umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” ni nde, kandi Yehova atwitwararika gute akoresheje uwo “mushumba”?

9 Yezu Kirisitu yaratoranije intumwa ziwe 12, gutyo aba ashinze umushinge w’ishengero ry’Abakirisu basizwe, iryahavuye ryitwa “Israeli y’Imana.” (Abagalati 6:16, UB; Ivyahishuriwe 21:9, 14) Iryo mu nyuma ryadondowe ko ari “[i]shengero ry’Imana nzima, vyongeye [rikaba i]nkingi ishigikiye ukuri.” (1 Timoteyo 3:15) Yezu yatomoye yuko abagize iryo shengero ari “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” (NW) kandi ko ari “umubgiriza wo kwizigirwa w’ubgenge.” Yezu yavuze yuko uwo musuku w’intahemuka yojejwe kugaburira Abakirisu “ku ngero yabo igihe kigeze.” (Matayo 24:3, 45-47; Luka 12:42) Ata mfungurwa turonse turicwa n’inzara. Muri ubwo buryo nyene, tutihereje imfungurwa z’ivy’impwemu, turagoyagoya kandi tugapfa mu buryo bw’impwemu. Ni co gituma ukuba hariho “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” ari n’ikindi gihinyuza c’uko Yehova atwitwararika. Nimuze twame nantaryo duha agaciro kanini imfungurwa z’agaciro zo mu vy’impwemu dutegurirwa biciye kuri uwo “mushumba.”​—Matayo 5:3.

10. Ni kuki kuja ku makoraniro tudahorereza ari ngirakamaro kuri twebwe?

10 Kwihereza imfungurwa z’ivy’impwemu birimwo kwiyigisha. Birimwo kandi kwifatanya n’abandi Bakirisu be no kwitaba amakoraniro y’ishengero. Woba wibuka neza na neza ivyo wafunguye igihe kinaka, ubu hakaba haciye amezi atandatu canke indwi zitandatu. Birashoboka ko utakivyibuka. Ariko rero, ivyo wafunguye vyaba ibiki, vyarakuronkeje ingaburo wari ukeneye ikubungabunga. Kandi kuva ico gihe ushobora kuba wagiye urafungura ibifungurwa bimeze nka vyo. Ivyo ni ko bimeze no ku biraba imfungurwa z’ivy’impwemu zitangwa ku makoraniro yacu ya gikirisu. Kumbure ntitwibuka akantu kose twumvise ku makoraniro. Ikindi, amakuru asa n’ayo ashobora kuba yaratanzwe incuro n’izindi. Naho ari ukwo, ni imfungurwa z’ivy’impwemu zihambaye kugira ngo tumererwe neza. Amakoraniro yacu nantaryo araturonsa ingaburo yo mu vy’impwemu itangwa ku gihe kibereye.

11. Ni ibiki dutegerezwa gukora igihe twitaba amakoraniro ya gikirisu?

11 Kwitaba amakoraniro y’Abakirisu biratuma kandi haba ikintu dusabwa. Abakirisu bahimirizwa ‘kuremeshanya,’ bagasunikira abandi bagize ishengero ku “rukundo no ku bikorwa vyiza.” Igihe dutegura amakoraniro yose ya gikirisu, tukayitaba kandi tukayagiramwo uruhara, birakomeza ukwizera kwacu bwite bikongera bikaremesha abandi. (Abaheburayo 10:23-25) Nka kurya abana batoyi bashobora kuza barinenaguza imfungurwa zimwezimwe, bamwebamwe barashobora gukenera kwama nantaryo baremeshwa kwihereza ingaburo yo mu vy’impwemu. (Abanyefeso 4:13) Vyoba biranga urukundo dutanze iyo ndemesho igihe bikenewe kugira ngo abantu nk’abo bashobore gukura bacike Abakirisu bahumuye, abo intumwa Paulo yanditse ibiberekeye ati: “Ivyo kurya bigumye n’ivy’abakuze, bafise ubgenge, maze kubgo kwama babukoresha, bumogorera gutandukanya ikibi n’iciza.”​—Abaheburayo 5:14.

Twibungabunge mu Buryo bw’Impwemu

12. Ikibazo cerekeye ivy’uko tuguma mu kuri, ni nde ahanini cega? Sigura.

12 Uwo twubakanye canke abavyeyi bacu barashobora kuturemesha gukurikira inzira y’ukuri. Muri ubwo buryo nyene, abakurambere b’ishengero barashobora kuturagira kubera turi mu bagize umukuku bajejwe. (Ivyakozwe 20:28) Mugabo, ibanga nyamukuru riraba nde niba dushaka gukomera ku muheto mu ngendo yacu y’ubuzima ishingiye ku kuri? Mu vy’ukuri, iryo banga ryega umwe wese muri twebwe. Ivyo ni ko bimeze haba igihe ibintu vyifashe nk’uko bisanzwe canke mu bihe bigoye. Rimbura iki kintu gikurikira cabaye.

13, 14. Nk’uko vyerekanywe n’icabaye cerekeye akagazi, dushobora gute kuronka imfashanyo yo mu vy’impwemu dukeneye?

13 Muri Ekose, hari utwagazi tw’intama twariko turarisha mw’iragiriro rimwe igihe kamwe muri two kangara kagashika ku mpinga y’agasozi hanyuma kamandagarira epfo mu manga. Ntikakomeretse, mugabo karatekewe n’ubwoba kandi ntikashobora no kwurira ngo gasubire iyo kavuye. Kaciye rero gatangura kwanaga. Nyina yarakumvise, maze na yo ica itangura kwabira gushika aho umwungere aza, akagarura ka kagazi.

14 Raba urukurikirane rw’ivyabaye. Ka kagazi karabiye kitabariza, nyina na yo nyene irakuhīra mu kwabira, maze wa mwungere yari maso aca arabihagurukira, arakarokora. Niba agatungwa na nyina wako bishobora kwumva ko hari ingeramizi maze buno nyene bikabira vyitabariza, tweho none ntitwobigenza gutyo nyene igihe dutsitaye mu buryo bw’impwemu canke igihe duhanganye n’ingeramizi tutari twiteze zitewe n’isi ya Shetani? (Yakobo 5:14, 15; 1 Petero 5:8) Ni ko dukwiye kugira, canecane igihe tutazi utuntu n’utundi kubera tukiri bato canke turi bashasha mu kuri.

Gukurikiza Ubuyobozi bw’Imana Bizana Ubuhirwe

15. Umukenyezi umwe yumvise amerewe gute agitangura kwifatanya n’ishengero ry’Abakirisu?

15 Rimbura akamaro ko gutahura Bibiliya be n’amahoro yo mu mutima ivyo bizanira abasukurira Imana y’ukuri. Hari umukenyezi w’imyaka 70 mu buzima bwiwe bwose yari yahoze akukira Ishengero ry’Abangilikani, yemeye kwigana Bibiliya n’Icabona ca Yehova. Ntiyatevye kumenya yuko izina ry’Imana ari Yehova maze yifatanya n’abandi mu kuvuga ngo “Amen” igihe amasengesho avuye ku mutima aturwa ku mugaragaro ku Ngoro y’Ubwami yo mu karere yabamwo. Yarakozwe ku mutima avuga ati: “Aho kwerekana ko Imana iri kure cane hejuru yacu twebwe abantu buntu, musa n’abayizana hagati yacu nk’aho ari umukunzi wacu somambike. Ico ni ikintu ntari bwigere mbona.” Uwo muntu mukundwa yashimishijwe, bishoboka ko atazokwigera yibagira ikintu ca mbere ukuri kwagize kuri we. Nimuze na twebwe nyene ntituze twigere twibagira ukuntu, tucemera ukuri ari bwo bwa mbere kwari ukw’agaciro kuri twebwe.

16. (a) Ni igiki coshika mu gihe ivyo guca amahera twobigira yo ntumbero nyamukuru? (b) Dushobora gute kuronka ubuhirwe nyakuri?

16 Benshi bibaza yuko iyo baba bafise amahera menshi, borushirije kugira ubuhirwe. Ariko rero, mu gihe ivyo guca amahera twobigira yo ntumbero nyamukuru mu buzima, twocumukuzwa “n’imibabaro yo mu muzirikanyi itavugwa.” (1 Timoteyo 6:10, Phillips) Rimbura ukuntu abantu benshi bagura udutike twa Lona, bakamarira amahera yabo mu bibanza bita kazino bikinirwamwo akamari, canke bagashira imitahe mu masoko y’amahera, bakabigira barota kwirundaniriza ubutunzi. Abari ku rushi ni bo babona iryo tunga bari bizigiye kuronka. Eka mbere kenshi n’abaronka ubwo butunzi, basanga iryo tunga baronse giturumbuka ritazana ubuhirwe. Ahubwo riho, ubuhirwe buramba buva ku gukora ivyo Yehova agomba, gukorana n’ishengero rya gikirisu riyoborwa n’impwemu yera ya Yehova rikongera rigafashwa n’abamarayika biwe. (Zaburi 1:1-3; 84:4, 5; 89:15) Igihe ivyo tubikoze, twoshobora kuronka imihezagiro tutari twiteze. Ukuri kwoba gufise agaciro bihagije kuri wewe ku buryo bituma uronka imihezagiro nk’iyo mu buzima bwawe?

17. Ivy’uko Petero yacumbitse kwa Simoni, umuhazi w’insāto, bihishura iki ku biraba agatima iyo ntumwa yari ifise?

17 Rimbura ivyashikiye intumwa Petero. Mu mwaka wa 36 G.C., yaragize urugendo rw’ubumisiyonari aja mu Kiyaya c’i Saroni. Yaraciye i Luda, aho yakijije umuntu yari yaramugaye yitwa Ayineya maze abandanya ku kivuko c’i Yopa. Aho yarahazuriye Doruka. Mu Vyakozwe 9:43 hatubwira hati: “Amara imisi myinshi i Yopa, kwa Simoni umuhazi w’insāto.” Ako kantu gacishijwemwo karerekana ukuntu Petero atanena abandi igihe yasahiriza abantu bo muri ico gisagara. Gute? Incabwege mu vya Bibiliya Frederic W. Farrar yandika ati: “Mu rugo rw’umuhazi w’insato, nta muntu akurikira Ivyagezwe vyo ku Munwa [vya Musa] akavyumirako atadohoka yashobora kwumvishwa kuhacumbika. Ukuba ico gikorwa casaba ko abo bantu bama imisi yose bakorakora insato z’ibikoko bitandukanye n’imivyimba yavyo, be n’ibikoresho vyasaba gukoreshwa, vyatuma kiba igikorwa gihumanye kandi gisesema mu maso y’abantu bumira ku Vyagezwe.” Naho ihinguriro ry’insato rya Simoni ritahana urubibe n’inzu yiwe, iyari “i ruhande y’ikiyaga,” Farrar avuga yuko Simoni yakora “igikorwa cabonwa ko gisesemye kandi gutyo kikaba casa n’igitesha iteka abantu bose bagikora.”​—Ivyakozwe 10:6.

18, 19. (a) Ni kubera iki Petero yazazaniwe igihe yerekwa inzozi? (b) Ni umuhezagiro uwuhe Petero yaronse atari awiteze?

18 Uwo Petero atanena abandi, yaremeye kwakirwa na Simoni, kandi ni ho yaronkeye ubuyobozi bw’Imana atari yiteze. Mu vyo yeretswe, yahawe ibwirizwa ryo gufungura ku bikoko ivyagezwe vy’Abayuda vyabona ko bihumanye. Petero yararahiye ararengwa yuko atarigera “[ar]ya ikizira cank’igihumanya.” Mugabo yabwiwe incuro zitatu ati: “Ivy’Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira.” Birumvikana ko “Petero [ya]zazaniwe mu mutima n’ivyo abonye yeretswe ivy’ari vyo.”​—Ivyakozwe 10:5-17; 11:7-10.

19 Petero ntiyari azi yuko umusi umwe imbere yaho, i Kayisariya ku birometero 50 uvuye aho, Umunyamahanga umwe yitwa Koruneliyo na we hari ivyo yari yeretswe. Umumarayika wa Yehova yari yategetse Koruneliyo kurungika abasuku biwe kurondera Petero mu nzu ya Simoni, umuhazi w’insato. Koruneliyo yararungitse abasuku biwe ku nzu kwa Simoni, maze Petero asubirana na bo inyuma i Kayisariya. Aho, yarabwiye inkuru nziza Koruneliyo, incuti ziwe be n’abagenzi biwe. Ivyo vyatanze iki? Bacitse abemera ba mbere bo mu Banyamahanga batakebwe baronse impwemu yera, baba abaragwa b’Ubwami. Naho abo bagabo batari barakebwe, abumvise ijambo rya Petero bose barabatijwe. Ivyo vyatumye abantu bo mu mahanga, ababonwa n’Abayuda ko bahumanye, bugururirwa inzira yo gucika abagize ishengero rya gikirisu. (Ivyakozwe 10:1-48; 11:18) Ese ukuntu kuri Petero kari agateka k’akaroruhore! Ivyo vyose bikaba vyavuye ku vy’uko ukuri kwari gufise agaciro kuri we kandi kugatuma akurikiza inyobozo zivuye kuri Yehova agakorana ukwizera.

20. Ni insahirizo iyihe iva ku Mana duhabwa mu gihe dushize ukuri mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu?

20 Paulo ahimiriza ati: “Tube imvugakuri turi mu rukundo, dukurire muri we muri vyose, ari we mutwe, ni wo Kristo.” (Abanyefeso 4:15, ni twe tubihiritse.) Egome, ukuri kuzotuzanira ubuhirwe ntangere ubu turamutse tugushize imbere mu buzima bwacu tukongera tukareka Yehova akayobora intambuko zacu akoresheje impwemu yiwe yera. Ikindi kandi, tugumize mu muzirikanyi ko dushigikiwe n’abamarayika beranda mu gikorwa cacu co kwamamaza. (Ivyahishuriwe 14:6, 7; 22:6) Ese ukuntu dutewe agateka ko kuba dushigikirwa nk’ukwo mu gikorwa Yehova yadushinze gukora! Tugumye turi intadohoka, bizotuma dushemeza Yehova, Imana y’ukuri ibihe bidahera. None ga yemwe, hoba hari ikintu gifise agaciro kuruta ivyo?​—Yohana 17:3.

Twize Iki?

• Ni kuki hari benshi batemera ukuri?

• Abakirisu bakwiye kubona gute ibintu vyo mw’isi ya Shetani?

• Dukwiye kubona gute amakoraniro, kandi kuki?

• Dufise ibanga irihe ku biraba ivyo kwibungabunga mu buryo bw’impwemu?

[Ifoto ku rup. 28]

Yezu yarashingiye intahe ukuri

[Ifoto ku rup. 31]

Nka kurya kw’imfungurwa z’umubiri, imfungurwa z’ivy’impwemu ni ngirakamaro cane kugira ngo tumererwe neza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika