Nurondeze Imana Umutima Wawe n’Umuzirikanyi Wawe
Ubukirisu nyakuri buremesha gukoresha umutima n’umuzirikanyi mu kwubaka ukwizera guhimbara Imana.
KUKABA nkako, uwatanguje Ubukirisu, ari we Yezu Kirisitu, yigishije yuko dutegerezwa gukundisha Imana “ubgenge bga[c]u bgose,” tukavyongerako ukuyikundisha “imitima ya[c]u yose” be n’“ubugingo bga[c]u bgose.” (Matayo 22:37) Emwe, ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira butegerezwa kugira uruhara nyamukuru mu gusenga kwacu.
Igihe yaba ariko arasaba abamwumviriza kuzirikana ku nyigisho ziwe, Yezu kenshi yavuga ati: “Muvyibazako iki?” (NW) (Matayo 17:25; 18:12; 21:28; 22:42) Muri ubwo buryo nyene, intumwa Petero yarandikiye abemera bagenzi we kugira ngo ‘akangure ubushobozi bwabo bwo kwiyumvira butomoye.’ (2 Petero 3:1, NW) Wa mumisiyonari wo mu ntango yagenze cane, ari we intumwa Paulo, yahanuye Abakirisu gukoresha “ububasha bwabo bwo kuzirikana” (NW) no “[k]umeny[a] neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.” (Abaroma 12:1, 2) Gusuzuma ivyo bemera mu buryo bunogangije, bwitondewe kwonyene ni kwo gutuma Abakirisu bashobora kwubaka ukwizera guhimbara Imana kandi kugatuma bererwa igihe bahanganye n’ibigeragezo vyaduka mu buzima.—Abaheburayo 11:1, 6.
Kugira ngo bafashe abandi kwubaka ukwizera nk’ukwo, Abakirisu bo mu ntango baramamaza inkuru nziza ‘bakazirikana na bo ku Vyanditswe, babibasobanurira babereka ahanditswe’ ibintu babigishije. (Ivyakozwe 17:1-3) Ukuzirikana mwene ukwo kwaratumye abantu b’umutima nziraburyarya bavyakira neza. Nk’akarorero, abantu batari bake bo mu gisagara c’i Makedoniya i Beroya “bākiriye ijambo ry’Imana n’umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yukw ivyo [Paulo n’abagenzi we basiguye] ar’ivy’ukuri.” (Ivyakozwe 17:11) Hano tubonamwo ibintu bibiri bikomeye. Ubwa mbere, Abanyaberoya bari bashashaye kwumviriza Ijambo ry’Imana; ubugira kabiri, ntibemeye nk’impumyi ivyo bari bumvise ngo ni ivy’ukuri, mugabo barasubiye kuraba ko ari ko biri mu Vyanditswe. Luka Umukirisu w’umumisiyonari yarakeje Abanyaberoya yicishije bugufi; kubera ico, abita abantu b’“imico myiza.” Woba ugaragaza mwene ako gatima mu gusuzuma ibintu vy’impwemu?
Umuzirikanyi n’Umutima Birakorana
Nk’uko twabivuze mu ntango, ugusenga nyakuri kurafitaniye isano n’umuzirikanyi be n’umutima. (Mariko 12:30) Niwibuke ca kigereranirizo twabona mu kiganiro c’imbere y’iki cerekeye umukozi asiga amarangi, yakoresheje amabara atari yo igihe yariko arasiga inzu. Iyaba yarumvirije yitonze amabwirizwa y’umukoresha wiwe, yari gushobora gushira umutima wiwe n’ubugingo bwiwe ku gikorwa ciwe kandi yari kwizigira yuko igikorwa ciwe cokwemewe na nyene inzu. Ivyo ni na ko bimeze mu gusenga kwacu.
Yezu yavuze ati: “Abasenga b’ukuri bazosengera Data mu mpwemu no mu kuri.” (Yohana 4:23, ni twe tubihiritse.) Kubera ico, intumwa Paulo yanditse ati: “Ni co gituma natwe, . . . tudahengeshanya kubasengera, no kubasabira ngo mwuzuzwe ukumenya ivy’igomba n’ubgenge bgose no kumenya ivy’impwemu, kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’Umwami wacu, mumunezereza muri vyose.” (Ab’i Kolosayi 1:9, 10) Mwene ubwo ‘bumenyi ntagakosa’ buratuma abantu b’inziraburyarya bashobora gushira imitima yabo n’ubugingo bwabo ku gusenga kwabo bafise ukwizigira gushitse kubera ‘basenga ico bazi.’—Yohana 4:22.
Kubera izo mvo, Ivyabona vya Yehova ntibabatiza inzoya canke abantu bashasha baherutse gushimishwa batariga Ivyanditswe bavyitondeye. Yezu yategetse abayoboke biwe ati: “Muhindure a[bantu bo mu] mahanga yose abigishwa, . . . mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.” (Matayo 28:19, 20) Abatohoji ba Bibiliya b’inziraburyarya bamaze kuronka ubumenyi ntagakosa bw’ivyo Imana igomba ni ho honyene bafata ingingo yerekeye ivy’ugusenga, bakayifata ata kwijijanya imitima. Woba uriko wihatira kuronka mwene ubwo bumenyi ntagakosa?
Gutahura Igisabisho c’Umukama
Kugira ngo tubone itandukaniro riri hagati yo kugira ubumenyi ntagakosa bwa Bibiliya be no kumenya bikeyi ku vyo ivuga, nimuze turimbure igikundwa kwitwa Igisabisho ca Dawe wa twese, canke Igisabisho c’Umukama, canditswe muri Matayo 6:9-13.
Abantu amamiliyoni barasubiramwo ico gisabisho ca karorero ca Yezu ubudahengeshanya mw’isengero. Mugabo ni bangahe bigishijwe ico gisobanura, canecane igihimba ca mbere c’ico gisabisho kivuga ivy’izina ry’Imana n’Ubwami bwayo? Ivyo bintu birahambaye ku buryo Yezu yabishize mu kibanza ca mbere muri ico gisabisho.
Ico gisabisho gitangura gutya: “Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe,” bisobanura gutuma ryezwa canke rigirwa ryeranda. Urabona yuko Yezu yavuze gusenga dusaba ngo izina ry’Imana ryubahwe. Ku bantu benshi, ivyo bica bivyura n’imiburiburi ibibazo bibiri. Ica mbere, izina ry’Imana ni irihe? Ica kabiri na co, ni kuki rikeneye kwubahwa?
Inyishu y’ikibazo ca mbere umuntu ashobora kuyisanga ahantu harenga 7.000 muri Bibiliya mu ndimi zayo z’intango. Hamwe ni muri Yesaya 12:2 havuga hati: “Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’Uhoraho Yehova ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje.” (Ni twe tubihiritse.) Ku vyerekeye izina ry’Imana, Yehova, muri Kuvayo 3:15 havuga hati: “Iryo ni ryo zina ryanje ry’ibihe bitazoshira, iryo ni ryo rizobabera icibutso canje, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana.”a Mugabo ni kuki izina ry’Imana, irisanzwe rityoroye kandi ari ryeranda, rikeneye kwubahwa? Ni kubera ryasizwe iceyi kandi rigatukwa guhera mu ntango y’ukubaho kw’abantu.
Muri Edeni, Imana yabwiye Adamu na Eva yuko bopfuye baramutse bariye ku camwa yari yababujije. (Itanguriro 2:17) Shetani yaravuguruje Imana bimwe vyeruye, mu kubwira Eva ati: “Ntimuzopfa.” Kubera ico, Shetani yagirije Imana ko ibesha. Yamara, ntiyarekeye aho. Yaranacokoye birushirije izina ry’Imana, mu kubwira Eva yuko Imana yamwimye ku karenganyo ubumenyi bw’agaciro. “Kukw Imana izi yuk’umusi mwa[k]iriyeko [igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi], amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi.” Mbega ukuntu yamwambitse ibara!—Itanguriro 3:4, 5.
Mu kurya ku camwa cabujijwe, Adamu na Eva baciye baja ku ruhande rwa Shetani. Guhera ico gihe, abantu benshi babimenya batabimenya, na bo nyene baratumye ico ceyi co mu ntango congerekana mu gutera akagere ingingo mfatirwako zigororotse z’Imana. (1 Yohana 5:19) Abantu baracavuga nabi Imana bayituka kubera umubabaro barimwo, naho nyene ushobora kuba uva ku ngendo mbi zabo bwite. Mu Migani 19:3 havuga hati: “Ubupfu bg’umuntu bugoramika inzira yiwe, [maze] umutima wiwe u[ka]girira Uhoraho umwikomo.” Woba ushobora kubona igituma Yezu, we yakunda Se vy’ukuri, yasenze asaba yuko izina rya Se ryokwubahwa?
“Ubgami Bgawe Buze”
Yezu amaze gusenga asaba ko izina ry’Imana ryokwubahwa, yavuze ati: “Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru.” (Matayo 6:10) Ku vyerekeye ico canditswe, twoshobora kubaza duti: ‘Ubwami bw’Imana ni iki? Kandi ukuza kwabwo gufitaniye isano gute n’ugukora ivy’Imana igomba kw’isi?’
Muri Bibiliya, ijambo “ubgami” ahanini risobanura “ubutware bwa cami.” Birumvikana rero ko Ubwami bw’Imana bwokwerekezwa ku butware, canke ku ntwaro itwarwa n’Imana, ifise umwami Imana yihitiyemwo. Uwo Mwami nta wundi atari Yezu Kirisitu uwazuwe, akaba ari “Umwami w’abami, Ūganza abaganza.” (Ivyahishuriwe 19:16; Daniyeli 7:13, 14) Ku vyerekeye Ubwami bwa kimesiya bw’Imana buri mu maboko ya Yezu Kirisitu, umuhanuzi Daniyeli yanditse ati: “Ku ngoma z’abo bami [ubutegetsi bw’abantu buganza ubu], Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose,” ni ukuvuga ibihe bidahera.—Daniyeli 2:44.
Emwe, Ubwami bw’Imana buzokwigarurira isi yose, buyikureko ababisha bose hanyuma butegeke “ibihe vyose,” ni ukuvuga ibihe bidahera. Muri ubwo buryo, Ubwami bw’Imana ni igikoresho Yehova azokoresha mu kweza izina ryiwe, arikureko iceyi c’ikinyoma cose ca Shetani n’ic’abantu b’ababisha.—Ezekiyeli 36:23.
Cokimwe n’intwaro zose, Ubwami bw’Imana burafise abatwarwa. Na bo ni bande? Bibiliya yishura iti: “Abagwaneza bazoragwa i[si], bazonezererwa amahoro y’umusēsekara.” (Zaburi 37:11) Muri ubwo buryo nyene, Yezu yavuze ati: “Hahirwa abatekereza, kukw ari bo bazoragwa isi.” Birumvikana yuko abo bantu bafise ubumenyi ntagakosa bwerekeye Imana, ubwo na bwo bukaba busabwa kugira ngo turonke ubuzima.—Matayo 5:5; Yohana 17:3.
Woba ushobora kwiha ishusho isi yose yuzuye abantu b’abagwaneza, batekereje bakunda Imana vy’ukuri kandi bakundana? (1 Yohana 4:7, 8) Ico ni co Yezu yasengeye igihe yavuga ati: “Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru.” Woba utahura igituma Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga muri ubwo buryo? Igihambaye kuruta, woba ubona ukuntu iranguka ry’iryo sengesho rishobora kugira ico rikoze kuri wewe ubwawe?
Abantu Amamiliyoni Ubu Bariko Barazirikana ku Vyanditswe
Yezu yari yarabuye ko isekeza ryo kwigisha ivy’impwemu ku mubumbe wose ryomenyekanishije umuzo w’Ubwami bw’Imana. Yavuze ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero [w’iyi si ya none, canke urunkwekwe rwa none] uzoca uza.”—Matayo 24:14.
Hirya no hino kw’isi, Ivyabona vya Yehova nk’imiliyoni zitandatu bariko barabwira abantu nka bo inkuru nziza. Baragutumiye kwiga vyinshi ku vyerekeye Imana n’Ubwami bwayo mu “gusesa mu vyanditswe” witonze ukoresheje ububasha bwawe bwo kuzirikana. Kubigenza gutyo birakomeza ukwizera kwawe kandi bigatuma unezerwa igihe wiyumvira ivyo kuba mw’iparadizo kw’isi, izoba ‘yuzuye ukumenya Uhoraho nk’uko amazi abugereye mu kiyaga.’—Yesaya 11:6-9.
[Akajambo k’epfo]
a Incabwenge zimwezimwe zihitamwo impinduro ya “Yahweh” mu gishingo ca “Yehova.” Ariko rero, abahinduzi benshi ba Bibiliya bo mu gihe ca none barakuye izina ry’Imana mu mpinduro zabo uko ryaboneka kwose, barisubiriza n’amazina y’icubahiro asanzwe nk’“Umwami” canke “Uhoraho.” Ushaka kumenya ido n’ido ku vyerekeye izina ry’Imana, turakwinginze urabe agatabu Le nom divin qui ne passera jamais, kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 8]
NIWIGANE WA MWIGISHA AHAMBAYE
Yezu akenshi yigisha ashimikira ku bibazo bitomoye vyo muri Bibiliya. Nk’akarorero, amaze kuzuka yarasiguriye abigishwa babiri bari bazazaniwe n’ivy’urupfu rwiwe be n’uruhara afise mu mugambi w’Imana. Muri Luka 24:27 havuga hati: “Atangurira kuri Mose no ku bāvugishwa n’Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we.”
Urabona yuko Yezu yahisemwo ikiganiro kirashe, ni ukuvuga cerekeye “we,” akaba ari we yari Mesiya, gutyo muri ico kiyago ciwe asubiramwo “[i]vyanditswe vyose.” Nkako, Yezu yarashize hamwe ibisomwa vyo muri Bibiliya bifitaniye isano nka kurya kw’uduhimba tw’ikintu kinaka twungikanywa kugira ngo umuntu atore ishusho y’ico kintu, bikaba vyatumye abigishwa biwe bashobora kubona mu buryo butomoye ukuri kw’ivy’impwemu. (2 Timoteyo 1:13) Ico vyavuyemwo, ntibatomokewe gusa mugabo kandi vyarabakoze ku mutima cane. Iyo nkuru ivuga iti: “Baravugana, bati Mbeg’imitima yacu ko yarikw iragurugumba, aho yarikw aravugana natwe mu nzira, aduhishurira ivyanditswe!”—Luka 24:32.
Mu Busuku bwabo, Ivyabona vya Yehova barihatira kwigana ingene Yezu yabigenza. Ibikoresho vyabo nyamukuru bibafasha kwiga ni agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? be n’igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Aho harimwo ibibazo vyinshi bishingiye kuri Bibiliya bishimishije, nk’ibivuga ngo: “Imana Ni Nde?,” “Ni Kuki Imana Ireka Abantu Bagacumukura?,” “Woshobora Gute Kumenya Idini y’Ukuri?,” “Iyi Ni Imisi y’Iherezo!,” hamwe na “Kwubaka Urugo Rutera Iteka Imana.” Icigwa cose kirimwo ivyanditswe bitari bike.
Urahawe ikaze kugira ngo uganire n’Ivyabona vya Yehova mu kibano urimwo canke wandike ukoresheje aderese ziri ku rupapuro rwa 2 rw’iki kinyamakuru usaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya ku muhana yerekeye ibi biganiro hamwe n’ibindi.
[Picture]
Nushikire umutima w’uwo wigisha mu gushimikira ku biganiro birashe vyo muri Bibiliya
[Amafoto ku rup. 7]
Woba utahura insobanuro y’igisabisho c’akarorero ca Yezu?
“Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe . . . ”
“Ubgami bgawe [bwa Mesiya] buze . . . ”
“Ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru”