‘Turushirize Kuvyitwararika’
“Ni co gituma dukwiye kurushiriza kwitwaririka ivyo twumvise, kugira ngo ntidutwarwe akayombekere tukabiva[mw]o.”—ABAHEBURAYO 2:1.
1. Erekana ukuntu ugusamara gushobora gushikana umuntu mu kaga.
AMASANGANYA y’imiduga ahitana ubuzima bw’abantu nk’37.000 uko umwaka utashe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika honyene. Abahinga bavuga yuko benshi muri abo bapfa batari gushobora gupfa iyo abagendesha imiduga barushiriza kwitwararika ivy’amabarabara. Bamwebamwe mu bagendesha imiduga basamazwa n’ibimenyetso be n’ibicapo bishirwa ku mabarabara canke bagasamazwa n’ugukoresha udutelefone ngendanwa twabo. Hariho kandi abaja mu vyo gufungura mu gihe bariko banyonga umuduga. Muri ivyo bihe vyose, ugusamara kurashobora gushikana umuntu ku kaga.
2, 3. Ni impanuro iyihe Paulo yahaye Abakirisu b’Abaheburayo, kandi ni kubera iki impanuro yabahaye yari ibereye?
2 Imyaka nk’2.000 imbere y’uko umuduga ukorwa, intumwa Paulo yaratomoye ubwoko bumwe bw’ugusamara bwariko bugaragara ko ari akaga ku Bakirisu bamwebamwe b’Abaheburayo. Paulo yarashimitse ku vy’uko Yezu Kirisitu yazutse yahawe ikibanza kiri hejuru y’abamarayika bose, kubera ko yicaye iburyo bw’Imana. Iyo ntumwa yaciye ivuga iti: “Ni co gituma dukwiye kurushiriza kwitwaririka ivyo twumvise, kugira ngo ntidutwarwe akayombekere tukabiva[mw]o.”—Abaheburayo 2:1.
3 Ni kubera iki Abakirisu b’Abaheburayo bari bakeneye “kurushiriza kwitwaririka ivyo [b]umvise” vyerekeye Yezu? Ni kubera ko hari haciye hafi imyaka 30 Yezu avuye kw’isi. Kubera ko Shebuja wabo atari ho yari ari, Abakirisu bamwebamwe b’Abaheburayo baciye batangura gutwarwa akayombekere bava ku kwizera nyakuri. Bariko barasamazwa n’idini y’Abayuda, bukaba bwari uburyo bari bahoze bakoresha mu gusenga.
Bari Bakeneye Kurushiriza Kuvyitwararika
4. Ni kubera iki Abakirisu b’Abaheburayo bamwebamwe bashobora kuba barohejwe gusubira mw’idini y’Abayuda?
4 Ni kubera iki Umukirisu ashobora kuba yarohejwe ngo asubire mw’idini y’Abayuda? Urabona, uburyo bwo gusenga bwo mu gihe c’Ivyagezwe bwasaba ibintu biboneka. Abantu barashobora kubona abaherezi kandi bakumva akamoto k’ibimazi vyoshejwe. Ariko rero mu mice imwimwe, hari ukuntu Ubukirisu bwari bumeze ukundi. Abakirisu bari bafise Umuherezi Mukuru, ari we Yezu Kirisitu, mugabo hari haheze imyaka mirongo itatu batamubona kw’isi. (Abaheburayo 4:14) Bari bafise urusengero, mugabo ahera harwo hari mw’ijuru ubwaho. (Abaheburayo 9:24) Mu buryo buhushanye n’ugukebwa ku mubiri kwagirwa mu gihe c’Ivyagezwe, ugukebwa kw’Abakirisu kwari “ukw’umutima, n’ukwo mu buryo bw’impwemu.” (Abaroma 2:29) Ku Bakirisu b’Abaheburayo, Ubukirisu rero bushobora kuba bwatanguye gusa n’aho butaboneka.
5. Paulo yerekanye gute yuko uburyo bwo gusenga bwatangujwe na Yezu bwaruta ubwo mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa?
5 Abakirisu b’Abaheburayo bari bakeneye gutahura ikintu gihambaye cane cerekeye uburyo bwo gusenga bwatangujwe na Kirisitu. Bwari bushingiye cane ku kwizera kuruta ukuba bushingiye ku vyo babona, yamara bwararuta Ivyagezwe vyatanzwe biciye ku muhanuzi Musa. Paulo yanditse ati: “Amaraso y’impene n’ay’amapfizi bo n’umunyota w’inka y’iriza ucucagiwe abahumanye, ko vyeza imibiri igahumanuka, mbeg’amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe n[’im]pwemu [i]horaho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima?” (Abaheburayo 9:13, 14) Vyemere, uguharirwa kuboneka biciye ku kwizera inkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu kuraruta cane mu buryo bwinshi uguharirwa kwashoboka biciye ku bimazi vyatangwa mu gihe c’Ivyagezwe.—Abaheburayo 7:26-28.
6, 7. (a) Ni igiki catumye vyihutirwa yuko Abakirisu b’Abaheburayo ‘barushiriza kwitwaririka ivyo bumvise’? (b) Igihe Paulo yandikira ikete ryiwe Abaheburayo, hari hasigaye igihe kingana gute ngo Yeruzalemu hasangangurwe? (Raba akajambo k’epfo.)
6 Hariho iyindi mvo yatuma Abakirisu b’Abaheburayo bakenera kwitwararika rwose ibintu bumvise vyerekeye Yezu. Yari yarabuye yuko Yeruzalemu hosanganguwe. Yezu yavuze ati: “Imisi izokuzako, ah’abansi bawe bazokurundira ikirundo c’ivu kigukikije, na bo ubgabo bakagukikiza, bakakwugariza impande zose, bakagukekana n’abana bawe bo muri wewe; kandi ntibazogusigariza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuk’utāmenye igihe wagendewemwo.”—Luka 19:43, 44.
7 Ivyo vyobaye ryari? Yezu ntiyahishuye umusi n’isaha. Ahubwo, yatanze iri bwirizwa: “Ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ubuyobe bgaho bugira bushike. Ico gihe abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire, kand’abazoba bari hagati muri Yerusalemu baze bahasokoroke, kand’abazoba bari mu misozi ntibaze baje i Yerusalemu.” (Luka 21:20, 21) Haciye imyaka 30 Yezu avuze ayo majambo, Abakirisu bamwebamwe b’i Yeruzalemu baratakaje agatima ko kubona ko ibintu vyihutirwa maze barasamara. Ni nk’aho basamaye bariko baratwara umuduga. Baramutse badahinduye uburyo bwabo bwo kwiyumvira, icago cari kubashikira ata kabuza. Baba baravyiyumvira canke batavyiyumvira, isangangurwa rya Yeruzalemu ryari hafi!a Turizigiye ko impanuro ya Paulo yakanguye Abakirisu b’i Yeruzalemu bariko barahunyiza mu buryo bw’impwemu.
‘Kurushiriza Kuvyitwararika’ Muri Iki Gihe
8. Ni kubera iki dukeneye “kurushiriza kwitwaririka” ukuri kw’Ijambo ry’Imana?
8 Nka kumwe kw’Abakirisu bo mu kinjana ca mbere, turakeneye “kurushiriza kwitwaririka” ukuri kwerekeye Ijambo ry’Imana. Kubera iki? Kubera yuko na twebwe duhanzwe n’isangangurwa ryegereje, atari iry’ihanga rimwe gusa ariko iry’urunkwekwe rw’ibintu rwose uko rungana. (Ivyahishuriwe 11:18; 16:14, 16) Ego ni ko, ntituzi umusi nyezina n’isaha nyezina Yehova azobikorerako. (Matayo 24:36) Ariko rero, turibonera iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya bwerekana mu buryo butomoye yuko tubayeho mu “misi y’iherezo.” (2 Timoteyo 3:1-5) Kubera ico, dukwiye kuba maso ku kintu ico ari co cose gishobora kudusamaza. Dukeneye kwitwararika Ijambo ry’Imana no kuzigama agatima ko kubona ko ibintu vyihutirwa. Nitwabigenza gutyo ni ho honyene “[tuzo]shobor[a] guhunga ivyo vyose bigira bibeho.”—Luka 21:36.
9, 10. (a) Dushobora kwerekana gute yuko ubwacu twitwararika ibintu vy’impwemu? (b) Ni gute ijambo ry’Imana ari ‘itara rimurikira ibirenge vyacu’ n’‘umuco umurikira inzira yacu’?
9 Muri ibi bihe bigoye, dushobora gute kwerekana yuko turiko ‘turarushiriza kwitwararika’ ibintu vy’impwemu? Uburyo bumwe bwo kubigira ni ukwama twitaba amakoraniro ya gikirisu, amateraniro be n’amahwaniro. Dukwiye kandi kuba abatohoji ba Bibiliya b’abanyamwete kugira ngo dushobore kwiyegereza Umwanditsi wayo, ari we Yehova. (Yakobo 4:8) Nitwironsa ubumenyi bwerekeye Yehova biciye ku kwiyigisha no ku kwitaba makoraniro, tuzomera nk’umwanditsi wa Zaburi, we yabwiye Imana ati: “Ijambo ryawe n’itara rimurikira ibirenge vyanje, n’umuco umurikira mu nzira yanje.”—Zaburi 119:105.
10 Bibiliya ikora nk’‘umuco umurikira inzira yacu’ igihe itubwira imigambi Imana ifise yo muri kazoza. Bibiliya kandi ni ‘itara rimurikira ibirenge vyacu.’ Mu yandi majambo, Bibiliya irashobora kudufasha gutera intambwe ikurikira igihe duhanzwe n’ingorane zitesha umutwe zo mu buzima. Ni co gituma bihambaye yuko ‘turushiriza kuvyitwararika’ igihe dutororokanira hamwe n’abo dusangiye ukwizera kugira ngo twigishwe be n’igihe ubwacu twisomera Ijambo ry’Imana. Ubumenyi turonka buzodufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi kandi z’ingirakamaro zihimbara Yehova kandi zigatuma umutima wiwe unezerwa. (Imigani 27:11; Yesaya 48:17) Dushobora gute kwongereza ubushobozi bwacu bwo gukurikira ku makoraniro no mu bihe vyo kwiyigisha kugira ngo twungukire rwose ku ntunganyo zo mu vy’impwemu Imana yashizeho?
Turyohore Uburyo Twitunira ku Makoraniro
11. Ni kubera iki gutega yompi ku makoraniro ya gikirisu biba urugamba rimwe na rimwe?
11 Rimwe na rimwe, gutega yompi ku makoraniro ya gikirisu ni urugamba. Umuzirikanyi urashobora gusamara bitagoranye, kumbure hari umwana ariko ararira canke hari uwuje yacerewe ariko ararondera aho yicara. Inyuma y’akazi tuba twamazemwo umwanya muremure, twoshobora kuba turushe gusa. Umuntu ariko arashikiriza insiguro ku mukiruruko ashobora kuba atari umushikirizansiguro akwegera cane, maze imbere yuko tubica n’ikanda, tugasanga twangaje ivyiyumviro, eka kumbure turiko turahunyiza! Turavye amakuru ahambaye aba ariko arashikirizwa, vyoba vyiza turyohoye ububasha bwacu bwo kwitunira ku makoraniro y’ishengero. Ariko ivyo dushobora kubigira gute?
12. Ni igiki gishobora gutuma birushiriza kutworohera gutega yompi ku makoraniro?
12 Akenshi gutega yompi ku makoraniro birarushiriza kworoha mu gihe twiteguye neza. None ni kubera iki utoshira ku ruhande umwanya kugira ngo ugire iciyumviro imbere y’igihe ku mayagwa azorimburwa? Bifata gusa iminuta mikeyi ku musi ku musi gusoma no kuzirikana ku gihimba co mu bigabane vyatanzwe ku bw’ugusoma Bibiliya kw’umushamvu. Turavye ukuntu tubitondeka, turashobora kandi kuronka umwanya wo gutegura Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero be n’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Urutonde urwo ari rwo rwose duhitamwo, ico tutokeka co ni iki: Gutegura bizodufasha gutega yompi amayagwa ariko ararimburwa ku makoraniro y’ishengero.
13. Ni ibiki bishobora kudufasha kuguma dutega yompi amayagwa ariko ararimburwa ku makoraniro?
13 Turetse ukwitegura neza, bamwebamwe babona yuko barushiriza gutega yompi ku makoraniro igihe bicaye hafi imbere mu Ngoro y’Ubwami. Kuguma turaba umushikirizansiguro, gukurikira muri Bibiliya igihe icanditswe gisomwa no kugira utwo twandika, ni ubundi buryo bwo kubuza umuzirikanyi wacu kwangara. Ariko rero, kugira umutima uteguye birahambaye kuruta kure n’iyo ubuhinga ubwo ari bwo bwose bwo kwitunira ku kintu. Turakeneye gutahura intumbero y’ugutororokanira hamwe kwacu. Duhurira hamwe n’abo dusangiye ukwizera kugira ngo ahanini dusenge Yehova. (Zaburi 26:12; Luka 2:36, 37) Amakoraniro ni uburyo buhambaye tugaburirwamwo mu buryo bw’impwemu. (Matayo 24:45-47) Ikigeretseko, araturonsa uturyo two ‘guhimirizanya ku rukundo no ku bikorwa vyiza.’—Abaheburayo 10:24, 25.
14. Ni igiki vy’ukuri gituma ikoraniro rigenda neza?
14 Bamwebamwe ushobora gusanga barondera gupima agaciro k’ikoraniro bafatiye ku buhanga bwo kwigisha bw’abayagizemwo uruhara. Mu gihe abashikirizansiguro ari ababishoboye neza, bishobora kuvugwa ko ikoraniro ryari riryoshe. Mugabo nimba bisa n’uko habuze ukwigisha mu buryo bushika ku nyota, hari aho twobona ibintu mu bundi buryo. Ni ivy’ukuri yuko abari ku rutonde bakwiye gukora uko bashoboye kwose kugira ngo bakoreshe ubuhanga bwo kwigisha na canecane kugira ngo bashike abantu ku mitima. (1 Timoteyo 4:16) Yamara, twebwe turiko turumviriza dukwiye kutaba abantu banegurana mu buryo burenze urugero. Naho ubuhanga bwo kwigisha bw’ababigiramwo uruhara buhambaye, si co kintu conyene gituma ikoraniro rigenda neza. Ntiwemera none yuko ikintu nyamukuru gikwiye kuturaza ishinga atari ukuntu umushikirizansiguro ayishikiriza neza, ahubwo ko ari ukuntu twumviriza neza? Igihe twitaba amakoraniro kandi tukitwararika ibiriko birashikirizwa, tuba turiko turasenga Imana mu buryo buhuje n’ukugomba kwayo. Ico ni co gituma ikoraniro rigenda neza. Nimba dushashaye kuronka ubumenyi bwerekeye Imana, tuzokwungukira ku makoraniro, tutaravye ubuhanga umushikirizansiguro afise. (Imigani 2:1-5) Uko bishoboka kwose, nimuze rero twiyemeze “kurushiriza kwitwaririka” ivyo twumva ku makoraniro yacu.
Niwungukire Bimwe Bishitse ku Kwiyigisha
15. Kwiga no kuzirikana dushobora kuvyungukirako gute?
15 Turungukira bimwe bikomeye ku “kurushiriza kwitwaririka” mu bihe vyo kwiyigisha no kuzirikana. Gusoma Bibiliya n’ibisohokayandikiro vya gikirisu be no kubizirikanako bizoturonsa uturyo duhambaye two kwinjiza ukuri kw’Ijambo ry’Imana mu mutima wacu. Ivyo na vyo bizogira akosho gakomeye ku buryo twiyumvira no ku buryo dukora. Nkako, bizodufasha guhimbarwa no gukora ivyo Yehova agomba. (Zaburi 1:2; 40:8) Ku bw’ivyo, turakeneye gutsimbataza ububasha bwacu bwo kuvyitunirako kugira ngo bushobore kutugirira akamaro igihe twiga. Biroroshe cane ko dusamara! Utuntu dutoduto ducamwo, abahamagara kuri telefone canke urwamo, birashobora gutuma dusamara. Canke dushobora kuba tudafise ubushobozi bwo gukurikira umwanya munini. Dushobora kwicara dufise imigambi myiza yo gufungura mu buryo bw’impwemu, mugabo hataraca umwanya munini umuzirikanyi ugaca utangura kwangara. Dushobora gute “kurushiriza kwitwaririka” mu gihe twiyigisha Ijambo ry’Imana?
16. (a) Ni kubera iki bihambaye kuri twebwe gushira ku rutonde umwanya wo kwiyigisha? (b) Wewe wabigenjeje gute ngo uronke umwanya wo kwiyigisha Ijambo ry’Imana?
16 Ni ngirakamaro yuko tugira urutonde kandi tugahitamwo ahantu ho kwicara hadufasha cane mu kwiga. Abatari bake muri twebwe usanga dufise umwanya muto wo gukora ivyacu. Dushobora kwumva umenga ukwihuta kw’ibintu vya misi yose kuriko kuradutwara nka kurya kw’agashami gahwahutse gatwawe n’umugende w’amazi urindiga. Mu vy’ukuri, ni nk’aho dukeneye kurwana n’umugende w’amazi maze tukarondera ahari izinga ritoyi ritekanye. Ntidushobora gusa kurindira ko akaryo ko kwiga kizana. Ahubwo, dukeneye ubwacu kwifatira ibintu mu minwe mu kurondera umwanya wo kwiga. (Abanyefeso 5:15, 16) Bamwebamwe barashira ku ruhande umwanya mutoyi mu gitondo igihe ata bisamaza vyinshi bihari. Abandi babona yuko ku mugoroba ari ko karyo keza kuruta. Iciyumviro kihari ni uko dutegerezwa kutirengagiza yuko dukeneye bimwe bihambaye kwironsa ubumenyi ntagakosa bwerekeye Imana n’Umwana wayo. (Yohana 17:3) Nimuze rero dushire ku rutonde umwanya wo kwiyigisha maze twumire kuri urwo rutonde.
17. Kuzirikana ni iki, kandi dushobora kuvyungukirako gute?
17 Kuzirikana, ni ukuvuga kwiyumvira twitonze ivyo twamenye biciye ku kwiga, ni ukw’agaciro. Kuradufasha gukura ivyiyumviro vy’Imana aho vyanditse ku rupapuro hanyuma tukavyinjiza mu mutima wacu. Kuzirikana biradufasha kubona ukuntu twoshira mu ngiro impanuro za Bibiliya, kugira ngo “[t]ube abakora ivy’iryo jambo, nti[t]ube abaryumva gusa.” (Yakobo 1:22-25) Ikigeretseko, kuzirikana biradufasha kurushiriza kwiyegereza Yehova, kubera yuko bidushoboza kwiyumvira twitonze kamere ziwe, n’ukuntu zishimikwako mu mayagwa aba ariko ararimburwa mu bihe vyo kwiga.
18. Ni ibiki bikenewe kugira ngo umuntu azirikane mu buryo ngirakamaro?
18 Kugira ngo twungukire bimwe bishitse ku kwiga no ku kuzirikana, dutegerezwa kurinda umuzirikanyi wacu ivyowusamaza. Kugira ngo turonke amakuru mashasha igihe tuzirikana, turakeneye kwirinda kwiyumvira ibisamaza vyo mu buzima bwa kino gihe. Kuzirikana bisaba umwanya n’ahantu hari ukwa honyene, yamara ese ukuntu biruhura kwihereza imfungurwa zo mu vy’impwemu be n’amazi y’ukuri dusanga mw’Ijambo ry’Imana!
19. (a) Ku vyerekeye ukwiyigisha, ni ibiki vyafashije bamwebamwe kwongereza ubushobozi bwabo bwo kwitunira ku mayagwa? (b) Dukwiye kugira inyifato iyihe ku biraba ukwiga, kandi ni ivyiza ibihe dushobora gukura kuri ico gikorwa gihambaye?
19 Bite ho nimba ubushobozi bwacu bwo kwitunira ku mayagwa ari bugufi, umuzirikanyi wacu na wo ugaca utangura kwangara haciye akanya gato dutanguye kwiga? Bamwebamwe babonye yuko bashobora kwongereza ubushobozi bwabo bwo kwitunira ku mayagwa mu gihe co kwiga, mu gutangura n’ibihe bigufibigufi vyo kwiga maze buhorobuhoro bakaza barabigira birebire. Intumbero yacu ikwiye kuba iyo kumara umwanya uhagije mu kwiga aho kwihutagiza. Turakeneye gutsimbataza akayabagu ku bw’ikiganiro turimbura. Turashobora kandi kugira ubundi bushakashatsi mu gukoresha amayagwa menshi yatanzwe na wa mugwi w’umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge. Kwimba mu “bintu [“vyimbitse,” NW] vy’Imana” biri n’agaciro kanini. (1 Ab’i Korinto 2:10) Kubigenza gutyo biradushoboza kwongereza ubumenyi bwacu bwerekeye Imana no gutsimbataza ububasha bwacu bwo gutegera. (Abaheburayo 5:14) Nimba turi abatohoji b’Ijambo ry’Imana b’abanyamwete, tuzoba kandi ‘abashoboye kwigisha abandi.’—2 Timoteyo 2:2.
20. Dushobora gute gutsimbataza no kuzigama ubucuti bwa hafi tugirana na Yehova Imana?
20 Kwitaba amakoraniro ya gikirisu no kwiyigisha bizodufasha cane gutsimbataza no kuzigama ubucuti bwa hafi tugirana na Yehova. Bisa n’uko ari ko vyari bimeze ku mwanditsi wa Zaburi, we yabwiye Imana ati: “Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe! Ni vyo ndimbūra bukarinda bgīra.” (Zaburi 119:97) Uko bishoboka kwose, nimuze rero twame twitaba amakoraniro, amateraniro n’amahwaniro. Kandi ese twocungura umwanya wo gusoma Bibiliya no kuyizirikanako. Tuzoronka impera nyinshi kubera ukwo “kurushiriza kwitwaririka” Ijambo ry’Imana.
[Akajambo k’epfo]
a Birashoboka ko ikete ryandikiwe Abaheburayo ryanditswe mu 61 G.C. Nimba hari muri ico gihe, Yeruzalemu haciye hakikuzwa n’ingabo zirongowe na Cestius Gallus haciye nk’imyaka itanu gusa. Bidatevye izo ngabo zaciye zisubira inyuma, bica bituma Abakirisu bari maso bahunga. Haciye imyaka ine, ico gisagara carasanganguwe n’ingabo z’Abaroma zari zirongowe na Jenerali Titusi.
Woba Uvyibuka?
• Ni kubera iki Abakirisu bamwebamwe b’Abaheburayo bariko baratwarwa akayombekere bava ku kwizera nyakuri?
• Dushobora gute kuguma duteze yompi ku makoraniro ya gikirisu?
• Ni ibiki bizodufasha kwungukira ku kwiyigisha Bibiliya no ku kuyizirikanako?
[Ifoto ku rup. 11]
Abakirisu b’Abaheburayo bari bakeneye kuba maso kw’isangangurwa rya Yeruzalemu ryari ryegereje
[Amafoto ku rup. 13]
Abavyeyi barashobora gufasha abana babo kwungukira ku makoraniro ya gikirisu