Woba Uriko Urironsa Inyungu?
1 Abantu amamiliyoni muri iki gihe barashaka kumenya ingene bova mu ngorane bagaheza bakinovora ubuzima bw’ubuhirwe. Barasomana akayabagu kenshi ibitabu vyo kwifashisha canke bakirukira imigwi n’amashirahamwe barondera impanuro z’ukuntu bosununura ubuzima bwabo. Kumbure bamwebamwe boshobora kwerekana ivyiza bikeyi babikuyemwo. Yamara, urabiye ku buryo ubuzima bumeze muri iki gihe, ubwo abantu muri rusangi boba barize kwinovora ubuzima burangwa n’amahoro, buheza akanyota bimwe vyimbitse biciye ku maporogarama yo kwigisha y’abantu? Ivyo biragoye kuvuga!—1 Kor. 3:18-20.
2 Ku rundi ruhande, Umuremyi wacu araha abo bose batega yompi inyigisho kirumara kuruta izindi zose ataco barinze kuriha. Yehova ashaka ko umuntu wese yungukira ku kwigisha kwiwe. Ijambo ryiwe yahumetse yararitanze atitangiriye itama kugira ngo rirongore abantu bagamburuka, kandi yaratumye inkuru nziza y’Ubwami bwiwe itangazwa kw’isi nzima. (Zab. 19:7, 8; Mat. 24:14; 2 Tim. 3:16) Ubuzima bw’ubuhirwe nyakuri burafitaniye isano no kwitwararika amategeko ya Yehova.—Yes. 48:17, 18.
3 Inyobozo ya Yehova iraruta kure n’iyo iyitangwa n’igitabu ico ari co cose umuntu yifashisha canke imigambi yo kwikenura bishikirizwa n’isi. Dushobora kuronka imfashanyo nyakuri n’inyungu ziramba igihe twungukiye bimwe vyuzuye ku ndinganizo Yehova yashizeho nk’uko ziyagwa mw’Ijambo ryiwe zikongera zikigishwa n’ishirahamwe ryiwe.—1 Pet. 3:10-12.
4 Niwironse Inyungu ku Makoraniro y’Ishengero: Muri iki gihe, Yehova arerekana ko yitayeho vy’ukuri kwigisha inzira ziwe, kandi turungukira ku kwitwararika inyigisho ziwe. Amateraniro yacu atanu tugira ku ndwi ku ndwi aragaragaza yuko Yehova atwitwararikana urukundo. Iyo twitavye amakoraniro, ubumenyi bwacu bwerekeye Imana burongerekana. Turiga ingene twokwikingira ibibi mu kwiyegereza Yehova. Muri ubwo buryo, imitima yacu iraheza ikarema.
5 Hari n’ibindi. Ku makoraniro y’ishengero turashobora ‘kwaguka.’ (2 Kor. 6:13) Ivyo birimwo ugushika ku kumenyana n’abandi mw’ishengero. Turungukira ku kuremeshanya, nk’uko intumwa Paulo yavyanditse mw’ikete ryiwe yandikiye Abaroma. (Rom. 1:11, 12) Igihe yandikira Abaheburayo, yarihanikirije yivuye inyuma abashobora kuba bariko batsimbataza umugenzo wo guheba kwifatanya n’abavukanyi b’Abakirisu.—Heb. 10:24, 25.
6 Ugushira akanyota kurangwa umunezero mu kubaho, kurafitaniye isano rya hafi n’ukwitwararika ukumererwa neza kw’abandi. Turaremeshwa kurondera uburyo bwo kugira ico duterereye ku buhirwe bw’abandi. Nta nkeka rero, amakoraniro yacu ya gikirisu ariho ku bw’ineza yacu no ku neza y’abo dutsimbataza ukugiranira umuvukano utagira amakemwa. Ico dusabwa ni ukuyagiramwo uruhara bimwe bivuye ku mutima.
7 Intumwa Paulo yaravuze ikintu gisa n’ico mu mpanuro yahaye Timoteyo igihe yandika ati: “Wimenyereze kwubaha Imana.” (1 Tim. 4:7) Turashobora kwibaza duti: ‘Noba ndiko ndimenyereza? Noba ndiko ndiga kwungukira ku vyo numva ku makoraniro y’ishengero?’ Inyishu zacu zizoba egome nimba twitwararika ivyo twumva ku makoraniro kandi tukihatira gukoresha ivyo twiga. Dukoresheje amaso y’ukwizera, dutegerezwa kuba abashobora kutabona gusa abavukanyi bariko baraduha inyigisho tugaheza tukabona Yehova bwa Mwigisha Ahambaye w’abantu biwe.—Yes. 30:20.
8 Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi n’Ikoraniro ry’Umurimo: Ayo makoraniro abiri aradufasha kuba kirumara mu busuku bw’Abakirisu. Iryo Shure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi ni ico rimaze ni ukuvuga ishure rifise abanyeshure baronka inyigisho n’impanuro ubudahorereza. Urafise akaryo ko kwerekana iterambere ryawe mu vy’ukuba umushikirizansiguro n’umwigisha w’Ijambo ry’Imana. Mugabo kugira wungukire bimwe bishitse kuri iryo shure, ubwirizwa kwiyandikisha, ukaryitaba, ukarigiramwo uruhara udahorereza, kandi ugashira umutima wawe ku bigabu uhabwa. Ukwemera n’ugukurikiza impanuro uharonkera bizogufasha kugira iterambere.
9 Ikoraniro ry’Umurimo ritwigisha akamaro k’ubusuku bw’Abakirisu kandi rikatwereka ingene dushobora kugira uruhara mu murimo wo guhindura abantu abigishwa. None wewe hamwe n’umuryango wawe mwoba muriko murungukira bimwe vyuzuye ku bishikiririzwa kuri ayo makoraniro uko ari abiri? Ababiranye babiri b’Abakirisu bavuga bati: “Kw’Ikoraniro ry’Umurimo rimwe, twarumvise yuko dukwiye kwihweza icanditswe co ku musi ku musi turi umuryango. Uko si ko twabigenza, ariko ubu turabigira.” Baharonkeye inyungu gute? Bariyemerera bati: “Twasanze ibiyago tugirira ku meza igihe c’ugufungura bihimbara kuruta. Ubu nta vy’impari bikiriho igihe co gufungura.” Mbega none n’abana batoya baratorera akoyoko ku makoraniro? Egome. Nyina w’abana avuga ati: “Birigaragaza yuko abana bacu banyengeterwa cane n’amakoraniro. Hariho indwi imwe twafashe agahungu kacu k’imyaka itandatu y’amavuka kariko karabesha. Ariko kuri iyo ndwi nyene, insiguro ncishabwenge yavuga ivyerekeye kubesha. Ako gahungu kacu kararavye se mu maso gasa n’akiyagiriza, hanyuma kitera mu kibanza cako. Kari katahuye, kandi nta ngorane twasubiye kugira inyuma yaho.”
10 Umuvukanyikazi w’umutsimvyi avuga ko ahimbawe kubona inama tugirwa zo kuryohora ubusuku bwacu zitangwa mw’Ikoraniro ry’Umurimo. Kubera iki? Asigura ati: “Hari ibintu nishiramwo. Rimwe na rimwe ndiyumvira yuko inama tugirwa mu Gikorwa Dukorera Ubwami bitazogira akamaro. Ariko mw’Ikoraniro ry’Umurimo, iyo numvise yuko dukwiye kugerageza kuzikoresha, nca numva nshwangamukiye gushira mu ngiro izo nama. Bituma ubusuku buba ubukabura!” Haciye imishamvu itari mike ashira mu ngiro inama yo kugerageza gutanguza inyigisho ya Bibiliya agitangura kugendera umuntu, yaratanguje inyigisho ari ho akigendera umukobwa umwe yariko arasenga ngo aronke uwomufasha.
11 Iyo wumvise insiguro irimwo impanuro ya Bibiliya ku vyerekeye amahitamwo akuraba wigirira, woba wumva yuko ari Yehova ariko aravugana na we imbonankubone? Umuvukanyi umwe ni ko yavyiyumvisemwo. Yavuze ati: “Ejobundi kw’ikoraniro rimwe, harashikirijwe insiguro imwe aho umuvukanyi yavugamwo ubwoko bw’ukwisamaza bubereye Abakirisu hamwe n’ubutababereye. Nahora nkunda kurorera kuri televiziyo urukino rwo gukubitana ingumu. Ariko inyuma y’iryo koraniro, naciye nshira uwo mukino mu mugwi w’ivyo kwisamaza bidashobora kuba bibereye ku Bakirisu. Nuko sinkiwurorera.” Egome, naho uwo muvukanyi yari yaratsimbataje agatima ko guhimbarwa n’ibintu vy’ubukazi, yaritavye uburongozi bwa Yehova yicishije bugufi.—Zab. 11:5.
12 Ikoraniro ry’Icese, Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi Hamwe n’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero: Insiguro z’icese twumva ku ndwi ku ndwi zihetura amayagwa atandukanye dusanga muri Bibiliya. None ni igiki uriko urakura muri izo nsiguro? Umunega umwe w’Umukirisu yaragize ico avuga ku vyiza yahakuye ati: “Insiguro y’icese imwe yashimikira ku vyamwa vyose vy’impwemu. Umushikirizansiguro ku bimuraba yacishijemwo yuko kugira yihatire gutsimbataza ivyo vyamwa, ngo ahitamwo kamere yinaka imwe hanyuma akihatira kuyitsimbataza muri iyo ndwi. Ku mpera y’umushamvu, yarazirikana ku kuntu yakoze mu kugaragaza iyo kamere mu mirimo yiwe ya misi yose. Maze yihatira gushira mu ngiro iyindi kamere ku ndwi yakurikiye. Narashimye ico ciyumviro hanyuma na jewe ntangura kubigenza gutyo.” Ese ukuntu kwabaye ugushira mu ngiro kwiza kw’ivyo yari yize!
13 Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi iratwigisha gushira mu ngiro ingingo za Bibiliya mu bintu bitandukanye vyo mu buzima. Ivyo biradufasha kuzigama imizirikanyi n’imitima itekanye naho ubuzima bwuzuye imyitwarariko. Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi ituma kandi tuguma tujana n’ukuri gutera kuja imbere. Nk’akarorero, ntitwungukiye ku gutohoza ibiganiro vy’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 1999, ivyari bifise umutwe uvuga uti: “ ‘Ivyo Bintu Ntibizobura Gushika,’ ” “ ‘Uwusoma Nakoreshe Ugutegera’ ” hamwe na “Nube Maso Kandi Ushiruke Ubute!” Ivyo vyigwa vyagukozeko ukungana gute? Woba werekana mu vyo ukora yuko ushira ku mutima imburizi ya Yezu yerekeye kazoza? Woba uriko uritegurira ibigeragezo biri imbere igihe tubona “ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera, gihagaze ahantu hēra”? (Mat. 24:15-22) Mbega imigabo yawe n’ukuntu wigenza mu buzima biragaragaza yuko ikintu gihambaye kuruta vyose kuri wewe atari ukwirundaniriza ubutunzi, ariko yuko ari ukuninahaza izina rya Yehova? Mu Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi none, ntituriko turiga kwironsa inyungu ubu?
14 Niwiyumvire ukuntu ivyo twiga ku Nyigisho y’Igitabu y’Ishengero ku ndwi ku ndwi bingana. Ubu muri iki kiringo turiko turiga igitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuriwe. Mu mezi atari make tumaze turiko turiga ico gitabu ca Bibiliya, ntitwiboneye none ukwizera kwacu gukura ku ndwi ku ndwi? Cokimwe na wa mutumwa mukundwa Yohani, turakomeza ukwizera kwacu kugira tubashe kwihangana.
15 Yehova Aratwigisha Kubaho Tunezerewe: Turirinda intuntu nyinshi igihe twitwararitse amategeko y’Imana. Vyongeye, turibonera ico ari co kubaho tunezerewe. Dukurikiye ubuyobozi bwa Yehova, turaheza tukaba abafadikanya na we mu gikorwa ciwe, ntituba abarorerezi gusa. Kandi abariko barakora igikorwa c’Imana ni abantu bahiriwe.—1 Kor. 3:9; Yak. 1:25.
16 Niwiyumvire ushirutse ubute ukuntu uzokurikiza ibintu wumvira ku makoraniro y’ishengero. (Yoh. 13:17) Nusukurire Imana n’igishika cinshi, n’umutima wawe wose. Umunezero wawe uzosesekara. Ubuzima bwawe buzoba ubushimishije kuruta, bube uburi n’ico buvuze kuruta. Egome, uzoba uriko urironsa inyungu.