ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 15/12 rup. 5-7
  • Ivyigwa Dukura mu Nkuru y’Ivuka rya Yezu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyigwa Dukura mu Nkuru y’Ivuka rya Yezu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abavyeyi Imana Yacaguye
  • Umuhezagiro Uhambaye ku Bungere Batobato
  • Yaragize “ivyiyumviro ashitseko mu mutima wiwe”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yaragize “ivyiyumviro ashitseko mu mutima wiwe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Abamarayika batangaza ivuka rya Yezu
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ico twigira ku muryango Yezu yavukiyemwo ngaha kw’isi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 15/12 rup. 5-7

Ivyigwa Dukura mu Nkuru y’Ivuka rya Yezu

ABANTU amamiliyoni bararyoherwa cane n’ibintu vyabaye mu gihe c’ivuka rya Yezu. Ivyo biboneka mu tugenegene twinshi tujanye n’Ivuka rya Yezu twerekanwa be no mu bikino vyinshi bikinwa ku bijanye n’Ivuka ryiwe hirya no hino kw’isi kuri Noweli. Naho ibintu vyabaye mu gihe c’ivuka rya Yezu bibaryohera, ntivyanditswe muri Bibiliya kugira ngo binezereze abantu. Ahubwo, ni bimwe mu bigize Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana bigenewe kwigisha hamwe no kugorora ibintu.​—2 Timoteyo 3:16.

Iyo Imana iza gushaka ko Abakirisu bahimbaza ivuka rya Yezu, Bibiliya yari kuvuga itariki nyezina yavukiyeko. Yoba iyivuga? Incabwenge imwe mu vya Bibiliya Albert Barnes yo mu kinjana ca 19, imaze kuvuga yuko Yezu yavutse mu gihe abungere barara mu gahinga mw’ijoro baraririye imikuku yabo, yashitse kuri iki ciyumviro: “Dufatiye kuri ivyo, biratomoye yuko Umukiza wacu yavutse imbere yo ku wa 25 Kigarama. . . . Ico gihe haba hakanye, na canecane mu turere turi ahakirurutse kandi tugizwe n’imisozi twegereye i Betelehemu. Imana yarahishije igihe [Yezu] yavukiyeko. . . . Eka kandi ntivyari bihambaye ko bimenyekana ico gihe; iyo biba vyari bihambaye, Imana iba yarazigamye inkuru yanditse yerekeye igihe yavukiyeko.”

Ba banditsi bane b’Injili, aho kutubwira igihe yavukiyeko, batumenyesha mu buryo butomoye umusi Yezu yapfiriyeko. Vyabaye ku musi wa Pasika, iyagirwa ku wa 14 w’ukwezi kw’Abayuda kwitwa Nisani, hakaba hari mu gihe c’impeshi. Vyongeye, Yezu yarategetse adakikiriza abayoboke biwe guhimbaza uwo musi mu kugira icibutso ciwe. (Luka 22:19) Muri Bibiliya nta tegeko nk’iryo ririmwo ryo guhimbaza ivuka rya Yezu, eka kandi nta vuka ry’uwundi muntu n’umwe rihimbazwa. Ikibabaje ni uko ibihări ku vyerekeye itariki Yezu yavukiyeko, bishobora guhuma amaso abantu ntibabone ibintu bihambaye kuruta vyabaye bijanye n’ico gihe.

Abavyeyi Imana Yacaguye

Mu miryango ibihumbi yo muri Isirayeli, ni abavyeyi bameze gute Imana yacaguye ngo barere Umwana wayo? Yoba yabonye yuko ibintu nko kuba rurangiranwa no kuba umutunzi ari vyo bihambaye? Ekaye. Ahubwo riho, Yehova yihweje kamere zo mu vy’impwemu z’abavyeyi. Nusuzume ururirimbo rwo gushemeza Mariya yaririmvye, nk’uko rwanditse muri Luka 1:46-55, urwo yaririmvye amaze kubwirwa ko yatewe agateka ko gucika nyina wa Mesiya. Mu vyo yavuze harimwo amajambo agira ati: “Ubugingo bganje butazira Umwami Imana, . . . kuko yabonye [“ikibanza co hasi,” NW] [c]’umugurano[kazi] wayo.” Ubwiwe yibona mu buryo buranga ukwicisha bugufi ko ari umwe mu bantu bo mu “kibanza co hasi,” ni ukuvuga umuguranokazi wa Yehova. Igihambaye kuruta, amajambo yo gushemeza aryoheye ugutwi ari mu ruririmbo rwa Mariya arahishura yuko yari umuntu akomeye mu vy’impwemu, akagira n’ubumenyi bwinshi bw’Ivyanditswe. Naho yari umuntu w’umunyavyaha akomoka kuri Adamu, ni we muntu mwiza yacaguwe kuba nyina w’Umwana w’Imana kw’isi.

Tuvuge iki ku vyerekeye umugabo wa Mariya, uwacitse se murezi wa Yezu? Yozefu yari umuntu afise ubumenyi ngirakimazi ku vyerekeye ukubāza. Kubera yuko yari afise umutima ukunze wo gukora agatama akoresheje amaboko yiwe, yarashobora kuronsa ivyo umuryango ukeneye, uwahavuye uharurwamwo abahungu batanu be n’abakobwa n’imiburiburi babiri. (Matayo 13:55, 56) Yozefu ntiyari umutunzi. Aho hashikiye igihe c’uko Mariya ashikana umuhungu wiwe w’imfura ku rusengero rw’Imana, Yozefu ategerezwa kuba yumvise ababaye kubona atashoboye gutanga ikimazi c’intama. Mu gishingo c’ivyo, bategerejwe gukoresha ivyo abakene barekurirwa gutanga. Ku vyerekeye umukenyezi yibarutse umuhungu, itegeko ry’Imana ryavuga riti: “Ni yaba atoshobora kuronka umwagazi w’intama, az’azane intunguru zibiri cank’ivyana vy’inuma bibiri; imwe y’ikimazi co kwoswa, iyindi y’ikimazi co gutangirwa ivyaha: nuk’umuherezi amuhongere, na we azoba ahumanutse.”​—Abalewi 12:8; Luka 2:22-24.

Bibiliya ivuga yuko Yozefu yari “umugororotsi.” (Matayo 1:19) Nk’akarorero, ntiyigeze arangura amabanga y’abubatse n’umugore wiwe w’isugi gushika Yezu amaze kuvuka. Ivyo vyaratumye hataba ugutahura ibintu ukutari kwo ukwo ari kwo kwose kwohavuye kuba ku bijanye no kumenya Se nyakuri wa Yezu uwo ari we. Ku mugabo n’umugore baherutse kwubakana, kwirinda kurangura amabanga y’abubatse kandi babana mu nzu imwe nticoshoboye kuba ari ikintu coroshe, mugabo vyarerekanye yuko bompi baha agaciro agateka ko kuba baracaguwe ngo barere Umwana w’Imana.​—Matayo 1:24, 25.

Nka kumwe kwa Mariya, Yozefu yari umuntu akomeye mu vy’impwemu. Yarahagarika gukora uko umwaka utashe maze agafata urugendo rw’imisi itatu n’umuryango wiwe, bavuye i Nazareti baja i Yeruzalemu kwitaba umusi mukuru wa Pasika wagirwa ku mwaka ku mwaka. (Luka 2:41) Vyongeye, Yozefu ategerezwa kuba yaramenyereje Yezu uwari akiri muto ibijanye n’umugenzo bari bafise ku ndwi ku ndwi wo kugira uruhara mu gusengera mw’isinagogi ry’aho baba, aho Ijambo ry’Imana ryasomerwa rikongera rigasigurirwa. (Luka 2:51; 4:16) Ku bw’ivyo, nta gukeka gushobora kubaho ko Imana yacaguriye Umwana wayo nyina be na se murezi bo kw’isi babereye.

Umuhezagiro Uhambaye ku Bungere Batobato

Naho umugore wiwe yari afise ingorane, akaba ico gihe yari afise imbanyi y’amezi icenda, Yozefu yarafashe urugendo aja mu gisagara c’abasekuru kwiyandikisha, nk’uko itegeko rya Kayisari ryavuga. Igihe bashika i Betelehemu, ntibashoboye kuronka aho baba muri ico gisagara carimwo abantu benshi. Uko ibintu vyari vyifashe vyatumye bakoresha uruhongore, aho Yezu yavukiye maze bakamuryamika mu bwato bw’inka. Kugira ngo Yehova akomeze ukwizera kwabo, yararonkeje abo bavyeyi bicisha bugufi icemeza c’uko iryo vuka ryari vy’ukuri igomba ry’Imana. Yoba yarungitse intumwa zigizwe n’indongozi zikomakomeye zivuye i Betelehemu kugira ngo zibakure amazinda? Namba. Ahubwo, Yehova Imana yahishuriye ico kintu abungere bakora bagatama bamara ijoro mu gahinga baraririye imikuku yabo.

Umumarayika w’Imana yarababonekeye maze ababwira kuja i Betelehemu, aho bari gusanga uruyoya ari rwo Mesiya “[ru]ryamitswe mu bgato bg’inka.” Abo bagabo badahambaye boba baratewe ikinya no kwumva yuko uruyoya ari rwo Mesiya ruri mu ruhongore? Habe na gato! Baciye basiga imikuku yabo badatevye maze bagenda bagana i Betelehemu. Igihe babona Yezu, baciye biganira Yozefu na Mariya ivyo umumarayika w’Imana yari yababwiye. Nta nkeka ko ivyo vyakomeje ukwizera kwa Yozefu na Mariya, yuko ibintu vyose vyariko bigenda nk’uko Imana yari yarabigabiye. Ku ruhande rwabo, “ba bungere bahindukira bahimbaza Imana, bayishimira ivyo bumvise vyose n’ivyo babonye.” (Luka 2:8-20) Vyemere, Yehova yari yagize ihitamwo ryiza mu guhishurira abo bungure batinya Imana ivyo bintu.

Dufatiye kuri ivyo biri haruguru, turamenye ingene dutegerezwa kumera kugira ngo dutoneshwe na Yehova. Ntibikenewe ko turondera kuba ba rurangiranwa canke kuba abatunzi. Ahubwo, nka kumwe kwa Yozefu, Mariya be na ba bungere, turakeneye kugamburukira Imana no kugaragaza urukundo tuyikunda mu gushira ibintu vy’impwemu imbere y’ivy’umubiri. Nkako, hariho ivyigwa vyiza dukwiye kwiga mu kuzirikana ku nkuru y’ibintu vyabaye bijanye n’igihe c’ivuka rya Yezu.

[Ifoto ku rup. 7]

Kuba Mariya yashikanye inuma zibiri vyerekana iki?

[Ifoto ku rup. 7]

Imana yahisemwo guhishurira ivuka rya Yezu abungere bakeyi bicisha bugufi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika