‘Mubandanye Kwama Cane’
‘Mubandanye kwama cane, kandi mugaragaze ko muri abigishwa banje.’—YOHANA 15:8.
1. (a) Ni igisabwa ikihe kugira umuntu abe umwigishwa Yezu yabwiye intumwa ziwe? (b) Ni ikibazo ikihe dukwiye kwibaza?
HARI ku mugoroba imbere yuko Yezu apfa. Yari yafashe umwanya uhagije kugira aremeshe intumwa ziwe mu kuganira na zo ata co azihisha. Ico gihe hategerezwa kuba hari harenze mu gicugu, mugabo Yezu yarabandanije kuvuga abitumwe n’urukundo yakunda abagenzi biwe somambike. Maze, mu gihe yariko araganira na bo, yarabibukije ivyerekeye ikindi kintu gisabwa bari bakeneye gushitsa kugira bagume ari abigishwa biwe. Yavuze ati: ‘Muri ivyo Data arashimagizwa, ni mwabandanya kwama cane, kandi mukagaragaza ko muri abigishwa banje.’ (Yohana 15:8) Twoba muri iki gihe dushitsa ico kintu gisabwa kugira ngo umuntu abe umwigishwa? ‘Kwama cane’ bisobanura iki? Kugira tubimenye, reka tugaruke kuri nya kiyago bagize kuri uwo mugoroba.
2. Ni ikigereranirizo cerekeye ivyamwa ikihe Yezu yiganye ku mugoroba imbere yuko apfa?
2 Inkeburo Yezu yatanze y’ukwama ivyamwa iri mu kigereranirizo yiganiye intumwa ziwe. Yavuze ati: “Jewe nd’umuzabibu w’ukuri, kandi Data ni nyene wo. Ishami ryose ryo muri jewe ritāma, arikūraho; kand’iryama ryose araritūtūrira, ngo rirushirize kwama. N’ubu mwebge mumaze kwezwa kubg’ijambo nababgiye. Ni mugume muri jewe, nanje ngume muri mwebge. Nk’ukw ishami ritabasha kwama ubgaryo, ritagumye mu muzabibu, ni ko namwe mutabibasha, mutagumye muri jewe. Ni jewe muzabibu, namwe mur’amashami. . . . Mur’ivyo Data arashimagizwa, ni [mwabandanya k]wama cane, kandi muka[garagaza ko muri] abigishwa banje. Nk’uko Data yankunze, ni ko nanje nabakunze: ni mugume mu rukundo rwanje. Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje.”—Yohana 15:1-10.
3. Abayoboke ba Yezu bategerezwa gukora iki kugira bame ivyamwa?
3 Muri ico kigereranirizo, Yehova ni nyene uruzabibu, Yezu ni uruzabibu, intumwa Yezu yariko arabwira na zo ni amashami. Igihe cose intumwa zokwihatiye ‘kuguma muri’ Yezu, zokwamye ivyamwa. Yezu yaciye asigura ukuntu intumwa zoshoboye kuzigama ubwo bumwe buhambaye, avuga ati: “Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje.” Mu nyuma, intumwa Yohani yarandikiye Abakirisu bagenziwe amajambo nk’ayo, agira ati: “Uwitondera ivyagezwe vya [Kirisitu] aguma muri [we].”a (1 Yohana 2:24; 3:24) Ku bw’ivyo, abayoboke ba Kirisitu bitondeye ivyagezwe vyiwe, baguma muri we, ubwo bumwe na bwo buraheza bugatuma bama ivyamwa. Ni ivyamwa bwoko ki dukeneye kwama?
Kurondera Akaryo ko Gutera Imbere
4. Kuba Yehova ‘akuraho’ ishami ryose ritama tuvyigirako iki?
4 Muri ca kigereranirizo c’uruzabibu, Yehova ‘arakuraho’ ishami canke mu yindi mvugo araricacura igihe ritama. Ivyo bitwereka iki? Ntibitwereka gusa yuko abigishwa bose basabwa kwama ivyamwa, ariko kandi bitwereka yuko bose ivyo bashoboye kubikora, naho ivyabo vyoba vyifashe gute, canke ubushobozi bwabo bukaba ari buke gute. Kanatsinda, vyoba biteye kubiri n’inzira za Yehova ziranga urukundo, hamwe ‘yokuraho’ umwigishwa wa Kirisitu ngo ntabikwiriye kubera gusa yananiwe gushitsa ikintu kirengeye ubushobozi bwiwe.—Zaburi 103:14; Ab’i Kolosayi 3:23; 1 Yohana 5:3.
5. (a) Ikigereranirizo Yezu yatanze cerekana gute ko dushobora gutera imbere mu kwama ivyamwa? (b) Ni ubwoko bubiri bw’ivyamwa ubuhe tugiye kurimbura?
5 Ikigereranirizo c’uruzabibu Yezu yatanze kirerekana kandi yuko, naho twoba dufise ubushobozi buke gute bivanye n’uko ivyacu vyifashe, dutegerezwa kurondera akaryo ko gutera imbere mu mirimo turangura turi abigishwa. Raba ukuntu Yezu abivuga: “Ishami ryose ryo muri jewe ritāma, arikūraho; kand’iryama ryose araritūtūrira, ngo rirushirize kwama.” (Yohana 15:2, ni twe tubihiritse.) Agira aheze nya kigereranirizo, Yezu yahimirije abayoboke biwe ‘kwama cane.’ (Umurongo w’8) Ivyo bishaka kuvuga iki? Uko turi abigishwa, ntidukwiye kwigera tuba ba sindabinezwe. (Ivyahishuriwe 3:14, 15, 19) Ahubwo, dukwiye kurondera uburyo bwo gutera imbere mu kwama ivyamwa. Ni ivyamwa bwoko ki dukwiye kwihatira kwama cane? Hari ubwoko bubiri (1) ‘ivyamwa vy’impwemu’ be (2) n’ivyamwa vy’Ubwami.—Ab’i Galatiya 5:22, 23; Matayo 24:14.
Kwama Kamere za Gikirisu
6. Yezu Kirisitu yashimitse gute ku gaciro k’icamwa c’impwemu kiza imbere y’ibindi vyose?
6 Icamwa kiza imbere y’ibindi vyose mu “vyamwa vy’impwemu” ni urukundo. Impwemu yera y’Imana irama mu Bakirisu urukundo, kubera yuko bagamburuka itegeko Yezu yatanze gatoyi imbere yuko yigana ikigereranirizo c’uruzabibu rwama ivyamwa. Yabwiye intumwa ziwe ati: “Ndabaha icagezwe gisha: ni mukundane.” (Yohana 13:34) Nkako, mu kiganiro cose Yezu yagiranye n’intumwa ziwe muri iryo joro rya nyuma, yagumye azibutsa ko vyari bikenewe yuko zigaragaza iyo kamere y’urukundo.—Yohana 14:15, 21, 23, 24; 15:12, 13, 17.
7. Intumwa Petero yerekanye gute yuko kwama ivyamwa bifitaniye isano n’ukugaragaza kamere nk’iza Kirisitu?
7 Petero, uwari ahari muri iryo joro, yaratahuye yuko urukundo nka rumwe rwa Kirisitu be n’izindi kamere bijana, bikwiye kwibonekeza mu bigishwa nyakuri ba Kirisitu. Hashize imyaka itari mike, Petero yararemesheje Abakirisu gutsimbataza izi kamere nk’ukwigumya, igishika ca kivukanyi be n’urukundo. Yongeyeko yuko kuzitsimbataza bizotuma “[t]utaba abanyabute cank’ingumba.” (2 Petero 1:5-8) Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, kwama ivyamwa vy’impwemu turabishoboye. Ese rero twokwihatira kugaragaza urukundo, ubuntu, ubugwaneza, be n’izindi kamere nk’iza Kirisitu ku rugero runini kuruta, kubera yuko “ibimeze birtyo [a]ta vyagezwe bibibuza” canke bibitangira. (Ab’i Galatiya 5:23) Nkako, nimuze ‘twame cane.’
Kwama Ivyamwa vy’Ubwami
8. (a) Ni isano irihe riri hagati y’ivyamwa vy’impwemu n’ivyamwa vy’Ubwami? (b) Ni ikibazo ikihe vyoba vyiza turimbuye?
8 Ivyamwa biryoheye ijisho kandi biryoshe birashariza igiterwa. Ariko rero, akamaro k’ivyo vyamwa si ugushariza igiterwa gusa. Ivyamwa kandi ni ntahara kubera yuko imbuto zavyo zituma igiterwa kigwira. Mu buryo nk’ubwo nyene, ivyamwa vy’impwemu ntibishariza gusa kamere yacu ya gikirisu. Kamere nk’urukundo be n’ukwizera ziradusunikira kandi ku gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami buri mw’Ijambo ry’Imana bumeze nk’imbuto. Raba ukuntu intumwa Paulo ashimika kuri iryo sano rihambaye. Avuga ati: ‘Natwe nyene turafise ukwizera, [kikaba ari kimwe mu vyamwa vy’impwemu] ni co gituma tuvuga.’ (2 Ab’i Korinto 4:13) Muri ubwo buryo, Paulo arasigura kandi yuko “duha Imana ikimazi co gukenguruka . . . [ari] co mbuto z’iminwa ishima izina ryayo,” ubwo bukaba ari ubundi bwoko bugira kabiri bw’icamwa dutegerezwa kwama. (Abaheburayo 13:15) Hoba hari uturyo tworonka mu buzima bwacu two kurushiriza kwama, emwe ‘kwama cane,’ uko turi abamamaji b’Ubwami bw’Imana?
9. Kwama ivyamwa kwoba ari uguhindura abantu abigishwa? Sigura.
9 Kugira twishure ico kibazo neza, turakeneye kubanza gutahura ibigize ivyo vyamwa vy’Ubwami. Vyoba ari vyo none umuntu ashitse ku ciyumviro c’uko kwama ivyamwa bisigura guhindura abantu abigishwa? (Matayo 28:19) Ivyamwa twokwama vyoba vyerekana ubwa mbere na mbere abantu dufasha kugira ngo bacike abasavyi ba Yehova babatijwe? Habe namba. Iyo biba bimeze gutyo, ivyo vyoba bica inkokora cane Ivyabona bakundwa bose haheze imyaka n’iyindi bamamaza ubutumwa bw’Ubwami badahemuka mu vyibare bitimbuka cane. Emwe, iyo ivyamwa vy’Ubwami twama biba bigereranywa gusa n’abigishwa bashasha, Ivyabona nk’abo bakora bagatama boba bameze nka ya mashami atama avugwa mu kigereranirizo Yezu yatanze! Noneho si uko biri. None, ivyamwa nyamukuru vy’Ubwami biva mu busuku bwacu ni ibihe?
Barama Cane mu Gukwiragiza Imbuto z’Ubwami
10. Ikigereranirizo Yezu yatanze c’umubivyi n’ubwoko butandukanye bw’ivu, cerekana gute ico ivyamwa vy’Ubwami biri be n’ico bitari?
10 Ikigereranirizo Yezu yatanze cerekeye umubivyi be n’ubwoko bw’ivu butandukanye kiratanga inyishu, emwe, inyishu ikora ku mutima ku bamamaza mu vyibare bitimbuka cane. Yezu yavuze yuko imbuto ari ubutumwa bw’Ubwami buri mw’Ijambo ry’Imana be n’uko ivu rigereranya umutima w’ikigereranyo w’umuntu. Imbuto zimwe “[zaguye] mw ivu ryiza, ziramera, zihunda i[vyamwa].” (Luka 8:8) Ivyamwa ibihe? Urabona, agati k’ingano kamaze kuva mw’ivu hanyuma kagakura, ntikama utundi duti tw’ingano, ariko kama udutete (imbuto) dushasha. Ni ko nyene n’ivyamwa Umukirisu yama atari ngombwa ngo bibe ari abigishwa bashasha, ahubwo yama imbuto z’Ubwami nshasha.
11. Ivyamwa vy’Ubwami wosigura ko ari iki?
11 Ivyamwa bivugwa aha rero, si abigishwa bashasha canke kamere nziza za gikirisu. Kubera yuko imbuto zibibwa ari ijambo ry’Ubwami, ivyamwa rero bitegerezwa kuba ari izindi mbuto nyinshi ziba zavuye muri izo zabibwe. Ukwama ivyamwa kuvugwa aha rero kwerekeza ku majambo tuvuga yerekeye Ubwami. (Matayo 24:14) Kwama ivyamwa vy’Ubwami nk’ivyo, ari kwo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami, coba ari ikintu dushoboye gukora naho ivyacu vyoba vyifashe gute? Emwe turabishoboye! Muri ico kigereranirizo nyene, Yezu arasigura igituma.
Dutange Ibintu Vyiza Kuruta Dufise Kugira Imana Ininahazwe
12. Kwama imbuto z’Ubwami coba ari ikintu Abakirisu bose bashoboye? Sigura.
12 Yezu yavuze yuko “uwabibge mw ivu ryiza . . . yama imbuto, umwe akagira ijana, uwundi mirongwitandatu, uwundi mirongwitatu, birtyo birtyo.” (Matayo 13:23) Imbuto zibibwa mu murima zishobora kutama kumwe bivanye n’uko ibintu vyifashe. Mu buryo nk’ubwo nyene, ivyo dushobora gukora mu kwamamaza inkuru nziza bishobora kuba bitandukanye bivanye n’uko ivyacu vyifashe, Yezu akaba yarerekanye yuko ivyo abitahura. Bamwebamwe bashobora kuba bafise uturyo twinshi gusumba; abandi na bo bashobora kuba bafise amagara meza kuruta canke inkomezi nyinshi kuruta. Ku bw’ivyo, ivyo dushoboye gukora vyoshobora kuba ari vyinshi canke bike ugereranije n’ivyo abandi bakora, mugabo rero, niba ivyo bigereranya ikintu ciza kuruta dufise, Yehova arahimbarwa. (Ab’i Galatiya 6:4) Mbere naho ukwiterera mu myaka canke ukurwara vyoba bituma tudakora cane mu gikorwa c’ukwamamaza, nta nkeka ko Data wa twese Yehova w’umunyembabazi abona ko turi bamwe mu ‘babandanya kwama cane.’ Kubera iki? Kubera ko tuba tumuhaye ‘ivyo dufise vyose,’ ni ukuvuga umurimo tumurangurira n’umutima wacu wose.b—Mariko 12:43, 44; Luka 10:27.
13. (a) Ni imvo nyamukuru iyihe ituma ‘tugenda’ turama ivyamwa vy’Ubwami? (b) Ni igiki kizodufasha kubandanya twama ivyamwa no mu vyibare usanga batakira cane ubutumwa? (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 21.)
13 Ivyamwa vy’Ubwami dushoboye kwama vyaba bingana iki, tuzovyurirwa umutima wo ‘kugenda turama imbuto’ mu gihe tugumiza ku muzirikanyi igituma ivyo tubikora. (Yohana 15:16) Yezu yaravuze imvo nyamukuru ituma tubikora ati: “Mur’ivyo Data arashimagizwa, [ni mwabandanya k]wama cane.” (Yohana 15:8) Vyemere, igikorwa c’ukwamamaza dukora gituma izina rya Yehova ryezwa imbere y’abantu bose. (Zaburi 109:30) Icabonakazi w’umwizerwa ageze mu myaka 70 yitwa Honor avuga ati: “Mbere no mu vyibare aho usanga batakira ubutumwa cane, ni agateka guserukira Musumbavyose.” Claudio ni Icabona w’umunyamwete kuva mu 1974. Igihe bamubaza igituma abandanya kwamamaza naho ari abantu bakeyi bakira ubutumwa mu cibare ciwe, yaciye asubiramwo icanditswe co muri Yohana 4:34, aho dusoma amajambo Yezu yavuze agira ati: “Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.” Claudio yongeyeko ati: “Nka kumwe kwa Yezu, sinshaka gutangura igikorwa canje gusa, ariko nshaka no kugiheraheza uko ndi umwamamaji w’Ubwami.” (Yohana 17:4) Ivyabona vya Yehova kw’isi yose bafise iciyumviro nk’ico nyene.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ukuntu Umuntu ‘Yokwamishwa Imbuto n’Ukwihangana,’” ruri ku rupapuro rwa 21.
Kwamamaza no Kwigisha
14. (a) Igikorwa Yohani Umubatizi be na Yezu baranguye cari gifise intumbero iyihe irimwo zibiri? (b) Wosigura gute igikorwa ca gikirisu kirangurwa muri iki gihe?
14 Umwamamaji w’Ubwami wa mbere avugwa mu Njili ni Yohani Umubatizi. (Matayo 3:1, 2; Luka 3:18) Intumbero nyamukuru yari afise kwari ‘ugushinga intahe,’ kandi ivyo yabigiranye ukwizera kuvuye ku mutima, afise n’icizigiro c’uko “bose bizer[a].” (Yohana 1:6, 7) Nkako, bamwebamwe mu bo Yohani yabwiye inkuru nziza barabaye abigishwa ba Kirisitu. (Yohana 1:35-37) Ku bw’ivyo, Yohani yari umwamamaji akongera akaba n’uwuhindura abantu abigishwa. Yezu na we nyene yari umwamamaji akongera akaba n’umwigisha. (Matayo 4:23; 11:1) Ntibitangaje rero kubona Yezu atategetse abayoboke biwe kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami gusa, ariko kandi yabategetse gufasha abantu babwakira gucika abigishwa biwe. (Matayo 28:19, 20) Igikorwa turangura muri iki gihe rero kirimwo kwamamaza no kwigisha.
15. Ukuntu igikorwa c’ukwamamaza cakirwa mu kinjana ca mbere mu G.C. be n’uko cakirwa muri iki gihe bifitaniye isano irihe?
15 Mu bantu bo mu kinjana ca mbere mu G.C. bumvise Paulo yamamaza akongera akigisha, ‘bamwe baremeye ivyo yavuze, abandi ntibavyemera.’ (Ivyakozwe 28:24) Muri iki gihe abantu bavyakira nk’ukwo nyene. Ikibabaje, ni uko imbuto z’Ubwami nyinshi zigwa mw’ivu ritamera. Naho biri ukwo, imbuto zimwezimwe ziracagwa mw’ivu ryiza, zigashinga imizi, hanyuma zikanaga, nk’uko Yezu yabibuye. Nkako, mw’isi yose, incahagati y’abantu barenga 5.000 baracika abigishwa nyakuri ba Kirisitu ku ndwi ku ndwi! Abo bigishwa bashasha ‘barizera ivyavuzwe,’ naho abandi bantu benshi batavyizera. Ni igiki cafashije kugira imitima yabo yakire ubutumwa bw’Ubwami? Akenshi, ubwitwararitsi Ivyabona bagaragariza abigishwa bashasha, akaba ari nk’ukuvomera imbuto ziherutse kubibwa, buragira ingaruka nziza. (1 Ab’i Korinto 3:6) Rimbura utu turorero tubiri gusa mu turorero twinshi tuhari.
Kubitwararika Biragira Ingaruka Nziza
16, 17. Kubera iki bihambaye kugaragaza ko twitwararika abo duhura mu busuku?
16 Karolien, Icabonakazi wo mu Bubirigi yaragendeye umutamakazi atagaragaza ko ashimishwa n’ubutumwa bw’Ubwami. Kubera yuko ukuboko kw’uwo mutamakazi kwari gutekeye mu mapansuma, Karolien n’uwo bari kumwe baramusavye kumufasha, mugabo nya mutamakazi yaranse. Haheze imisi ibiri, Karolien na mugenziwe baragarutse i muhira kwa nya mutamakazi, hanyuma bamubaza uko amerewe. Karolien yavuze ati: “Ivyo vyaragize ingaruka nziza. Nya mutamakazi yaratangajwe no kubona yuko twamwitwararitse vy’ukuri. Yaraduhaye ikaze ngo twinjire, hanyuma inyigisho ya Bibiliya ica iratangura.”
17 Sandi, Icabonakazi wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika na we nyene arerekana ko yitwararika abantu abwira inkuru nziza. Arasuzuma mu kinyamakuru gisohoka mu karere k’iwabo amatangazo avuga abibarutse, hanyuma agaca agendera abo bavyeyi yitwaje Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya.c Kubera ko mu bisanzwe umuvyeyi aba ari i muhira kandi akaba anezerewe no kwereka akayoya kiwe abamugendera, akenshi ikiyago gica gikurikira. Sandi asigura ati: “Ndaganira n’abavyeyi akamaro ko kugiriranira ubucuti na nya ruyoya biciye mu gusoma. Mu nyuma nca mvuga ingorane ziri mu kurerera umwana mu kibano co muri iki gihe.” Hari inarugo umwe n’abana batandatu baherutse gutangura gusukurira Yehova bivuye kuri mwene ubwo buryo bwo kugendera abantu. Kwerekana ko turi abantu bibwiriza kandi bitwararika vyoshobora kuvamwo ibintu nk’ivyo nyene biteye umunezero mu busuku bwacu.
18. (a) Ni kubera iki ca gisabwa c’‘ukwama cane’ ari ikintu dushoboye? (b) Ni ibihe bintu bitatu bisabwa kugira umuntu abe umwigishwa bivugwa mu Njili ya Yohani wewe wiyemeje gushitsa?
18 Ese ukuntu bisubiriza umutima mu nda kumenya yuko ca gisabwa c’‘ukubandanya kwama cane’ ari ikintu dushoboye! Twaba tukiri bato canke dukuze, twaba dufise amagara meza canke mabi, twaba twamamaza mu vyibare vyimbuka canke bitimbuka cane, twese turashobora kwama cane. Gute? Mu kugaragaza ivyamwa vy’impwemu ku rugero rurushirije kuba runini no mu gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami bw’Imana gushika aho ubushobozi bwacu bwose bugarukira. Muri ico gihe nyene, turihatira ‘kuguma mw’ijambo rya Yezu’ no ‘kugiriranira urukundo.’ Vyemere, dushikije ivyo bintu bitatu bisabwa kugira umuntu abe umwigishwa bivugwa mu Njili ya Yohani, tuba tugaragaje ko turi “abigishwa ba [Kirisitu] vy’ukuri.”—Yohana 8:31; 13:35.
[Utujambo tw’epfo]
a Naho amashami y’uruzabibu avugwa muri ico kigereranirizo yerekeza ku ntumwa za Yezu no ku bandi Bakirisu bazoragwa Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru, ico kigereranirizo kirimwo ukuri abayoboke ba Kirisitu bose bashobora kwungukirako muri iki gihe.—Yohana 3:16; 10:16.
b Abatakiva mu nzu kubera ubusaza canke indwara boshobora gushinga intahe biciye mu makete, canke aho bishoboka bagakoresha telefone, canke kumbure barashobora kubwira inkuru nziza ababagendera.
c Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Ibibazo vy’Isubiramwo
• Ni ivyamwa ibihe dukeneye kurushiriza kwama cane?
• Ni kubera iki ihangiro ry’‘ukwama cane’ dushobora kurishikako?
• Twihweje ibintu bitatu bihambaye ibihe bisabwa kugira ngo umuntu abe umwigishwa, bivugwa mu Njili ya Yohani?
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 21]
UKUNTU UMUNTU ‘YOKWAMISHWA IMBUTO N’UKWIHANGANA’
NI IGIKI cogufasha kubandanya kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami udahemuka mu vyibare usanga batabwakira cane? Ngizi inyishu zimwezimwe zatanzwe kuri ico kibazo zogufasha.
“Kumenya yuko Yezu adushigikira bimwe bishitse, bituma tubona ko bizogenda neza kandi tugakomera kw’ibanga, uko boba bavyakira kwose mu cibare.”—Harry, afise imyaka 72; akaba yabatijwe mu 1946.
“Nama nantaryo ndemeshwa n’icanditswe co mu 2 Ab’i Korinto 2:17. Kivuga yuko tugira uruhara mu busuku ‘turi kumwe na Kirisitu, Imana itwitegereza.’ Igihe ndi mu busuku, ndanezerwa no kuba ndi kumwe n’abagenzi somambike.”—Claudio, afise imyaka 43; akaba yabatijwe mu 1974.
“Mvugishije ukuri, igikorwa co kwamamaza ni urugamba kuri jewe. Yamara, ndibonera ukuntu amajambo ari muri Zaburi 18:29 ari ay’ukuri. Agira ati: ‘Imana yanje [ni yo] inshoboza gusimba uruzitiro rw’amabuye.’”—Gerard, afise imyaka 79; akaba yabatijwe mu 1955.
“Nshoboye gusoma icanditswe ndi mu busuku, naho coba kimwe, biramara akanyota kubona hari umuntu yaretse Bibiliya igasuzuma umutima wiwe.”—Eleanor, afise imyaka 26; akaba yabatijwe mu 1989.
“Nguma ngerageza gutanguza ibiyago mu buryo butandukanye. Hariho uburyo bwinshi cane ku buryo ntazoshobora kubukoresha bwose mu myaka nsigaje kubaho.”—Paul, afise imyaka 79; akaba yabatijwe mu 1940.
“Abantu batavyakiriye neza nta co bimbwira. Ndagerageza kwifata kigenzi, nkaganira n’abantu nongera numviriza iryo bagona.”—Daniel, afise imyaka 75; akaba yabatijwe mu 1946.
“Ndamaze kubonana n’abaherutse kubatizwa bambariye yuko igikorwa canje co kwamamaza cagize ico giterera kugira bacike Ivyabona. Mu nyuma, hari uwundi muntu ntazi yiganye Bibiliya na bo, maze arabafasha baratera imbere. Ndanezerezwa n’ukumenya ko ubusuku turangura atari igikorwa c’umuntu umwe.”—Joan, afise imyaka 66; akaba yabatijwe mu 1954.
Ni igiki kigufasha “k[w]āmishwa imbuto n’ukwihangana”?—Luka 8:15.
[Amafoto ku rup. 20]
Turama cane mu kugaragaza ivyamwa vy’impwemu be no mu kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami
[Ifoto ku rup. 23]
Yezu yashaka kuvuga iki igihe yabwira intumwa ziwe ngo: ‘mubandanye kwama cane’?