Tugume ‘twama cane’
1 Yezu akoresheje imvugo ngereranyo, yigereranije n’umuzabibu w’ukuri, Se wiwe amugereranya n’Umurimyi wawo, abayoboke biwe basizwe impwemu na bo abagereranya n’amashami yama y’uwo muzabibu. Mu kuvuga ibijanye n’igikorwa uwo Murimyi w’ikigereranyo akora, Yezu yarashimitse ku kamaro ko kuguma twumiye cane ku muzabibu (Yoh. 15:1-4). Icigwa tuhakura ni ic’uko umuntu wese afitaniye ubucuti bwa hafi na Yehova ategerezwa kumera nk’ishami ryama ry’ “umuzabibu w’ukuri”, ni ukuvuga Yezu Kristu. Dutegerezwa kuguma twama cane ‘ivyo impwemu yama’ be n’ivyamwa vy’Ubwami.—Gal. 5:22, 23; Mat. 24:14; 28:19, 20.
2 Ivyamwa vy’impwemu: Iterambere ryacu ryo mu vy’impwemu rirashobora ahanini kurabirwa ku rugero dushikanako mu kugaragaza ivyamwa vy’impwemu. Woba wihata kugira utsimbataze ivyamwa vy’impwemu yera y’Imana mu kwiga Ijambo ry’Imana, ivyo ukabigira no mu kurizirikanako udahorereza (Flp. 1:9-11)? Ntiwitinye gusenga usaba impwemu yera, iyishobora gutuma ugira kamere zininahaza Yehova, zigatuma kandi ubandanya utera imbere mu vy’impwemu.—Luka 11:13; Yoh. 13:35.
3 Gutsimbataza ivyamwa vy’impwemu bizodufasha kandi kurushiriza kuba abasuku b’abanyamwete. Nk’akarorero, urukundo n’ukwizera biratuvyurira umutima wo kurondera umwanya wo kuja mu busuku tudahorereza naho usanga dufise urutonde rurimwo vyinshi. Kamere nk’amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, hamwe n’ukwigumya, ziradufasha kuvyifatamwo neza imbere y’abaturwanya. Umunezero uratuma twumva dushize akanyota mu busuku n’igihe nyene abantu baba batavyakira neza.
4 Ivyamwa vy’Ubwami: Turashaka kandi kwama ivyamwa vy’Ubwami. Ivyo birimwo gutanga “ikimazi co gukenguruka . . . , [ari] co mbuto z’iminwa ishima izina [rya Yehova]” (Heb. 13:15). Ivyo tubigira mu kwamamaza inkuru nziza n’umwete kandi dushikamye. Woba uriko wihatira kwama ivyamwa vy’Ubwami vyiyongereye mu kuryohora ubusuku urangura?
5 Yezu yavuze ko abayoboke biwe b’intahemuka bokwamye ivyamwa bitangana (Mat. 13:23). Ku bw’ivyo, ntidukwiye kwigereranya n’abandi, ahubwo dukwiye guha Yehova ibintu vyiza kuruta ibindi vyose mu vyo dufise (Gal. 6:4). Dusuzumye ata buryarya uko ivyacu vyifashe dukoresheje Ijambo ry’Imana, bizodufasha kubandanya kuninahaza Yehova mu ‘kwama cane’.—Yoh. 15:8.