Nubone iciza kiva ku gikorwa cawe c’ubutame
1. Ni igiki gishobora gutuma umwete dufitiye ubusuku ugabanuka?
1 Umuntu yaremwe ku buryo ashobora “[ku]bona iciza kubera igikorwa ciwe c’ubutame.” (Umus. 2:24) Ku bw’ivyo, igihe tutabona ivyiza biva mu busuku turangura, ugucika intege kurashobora gutuma dutakaza umunezero kandi kugatuma umwete dufise ugabanuka. Ni igiki none codufasha kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza?
2. Kubera iki dukwiye kwitega ibitegereka ku bijanye n’ukuntu abantu bakira ubutumwa?
2 Niwitege ibitegereka: Niwibuke ko naho abantu bake ari bo bakiriye neza inyigisho za Yezu, ivyo bidasigura ko ataroraniwe mu busuku bwiwe. (Yoh. 17:4) Mu kigereranyo Yezu yatanze c’umubivyi, yaravuze imbere y’igihe yuko imitima itari mike itokwakiriye neza ubutumwa bw’Ubwami bugereranywa n’imbuto. (Mat. 13:3-8, 18-22) Naho ari ukwo, utwigoro dukomeye tugira turavamwo ivyiza vyinshi.
3. Dushobora gute ‘kwama ivyamwa’ naho abantu boba batakira neza ubutumwa tubashikiriza?
3 Ukuntu twama ivyamwa vyinshi: Nk’uko ico kigereranyo ca Yezu kivyerekana, abakira ubutumwa ‘bokwamye ivyamwa.’ (Mat. 13:23) Agati k’ingano kamaze kuva mw’ivu hanyuma kagakura, ntikama utundi duti tw’ingano, ariko kama udutete (imbuto) dushasha. Rero, ivyamwa abakirisu baroranirwa bama, si ngombwa ngo bibe ari abigishwa bashasha, ahubwo bama izindi mbuto nyinshi ziba zavuye muri izo mbuto z’Ubwami zabibwe, ni ukuvuga amajambo bavuga yerekeye Ubwami. Ivyo biravamwo ‘ivyiza’ vyinshi vyotuma twumva dushize akanyota, naho abantu boba bovyakira gute. Turiko turagira ico duterereye mu kweza izina rya Yehova. (Yes. 43:10-12; Mat. 6:9) Turahimbarwa n’agateka dufise ko kuba abakozi bakorana n’Imana. (1 Kor. 3:9) Kandi ico “camwa c’iminwa” kirahimbara Yehova.—Heb. 13:15, 16.
4. Ni ivyiza ibihe bishobora kuva mu busuku bwacu ariko ntitubimenye?
4 Vyongeye, igikorwa cacu c’ubutame coshobora kuvamwo ivyiza tutoshoka tubona. Birashoboka ko bamwe mu bumvise Yezu ariko aramamaza bagiye gucika abigishwa biwe amaze kurangiza ubusuku bwiwe bwo kw’isi. Muri ubwo buryo nyene, imbuto z’Ubwami tubiba hari aho zitoshoka zishinga imizi canke zikura mu mutima w’umuntu, kandi arashobora kuza mu kuri ntitunabimenye. Vy’ukuri, ubusuku bwacu buravamwo ivyiza vyinshi. Ku bw’ivyo, ese ‘twoguma twama ivyamwa vyinshi’ kandi tukerekana ko turi abigishwa ba Yezu.—Yoh. 15:8.