ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/12 rup. 1
  • Nubone iciza kiva ku gikorwa cawe c’ubutame

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nubone iciza kiva ku gikorwa cawe c’ubutame
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ivyo bijanye
  • Yehova arakunda ‘abama ivyamwa bihanganye’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • ‘Mubandanye Kwama Cane’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • ‘Imana ni yo ikuza’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ntucike intege!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2012
km 11/12 rup. 1

Nubone iciza kiva ku gikorwa cawe c’ubutame

1. Ni igiki gishobora gutuma umwete dufitiye ubusuku ugabanuka?

1 Umuntu yaremwe ku buryo ashobora “[ku]bona iciza kubera igikorwa ciwe c’ubutame.” (Umus. 2:24) Ku bw’ivyo, igihe tutabona ivyiza biva mu busuku turangura, ugucika intege kurashobora gutuma dutakaza umunezero kandi kugatuma umwete dufise ugabanuka. Ni igiki none codufasha kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza?

2. Kubera iki dukwiye kwitega ibitegereka ku bijanye n’ukuntu abantu bakira ubutumwa?

2 Niwitege ibitegereka: Niwibuke ko naho abantu bake ari bo bakiriye neza inyigisho za Yezu, ivyo bidasigura ko ataroraniwe mu busuku bwiwe. (Yoh. 17:4) Mu kigereranyo Yezu yatanze c’umubivyi, yaravuze imbere y’igihe yuko imitima itari mike itokwakiriye neza ubutumwa bw’Ubwami bugereranywa n’imbuto. (Mat. 13:3-8, 18-22) Naho ari ukwo, utwigoro dukomeye tugira turavamwo ivyiza vyinshi.

3. Dushobora gute ‘kwama ivyamwa’ naho abantu boba batakira neza ubutumwa tubashikiriza?

3 Ukuntu twama ivyamwa vyinshi: Nk’uko ico kigereranyo ca Yezu kivyerekana, abakira ubutumwa ‘bokwamye ivyamwa.’ (Mat. 13:23) Agati k’ingano kamaze kuva mw’ivu hanyuma kagakura, ntikama utundi duti tw’ingano, ariko kama udutete (imbuto) dushasha. Rero, ivyamwa abakirisu baroranirwa bama, si ngombwa ngo bibe ari abigishwa bashasha, ahubwo bama izindi mbuto nyinshi ziba zavuye muri izo mbuto z’Ubwami zabibwe, ni ukuvuga amajambo bavuga yerekeye Ubwami. Ivyo biravamwo ‘ivyiza’ vyinshi vyotuma twumva dushize akanyota, naho abantu boba bovyakira gute. Turiko turagira ico duterereye mu kweza izina rya Yehova. (Yes. 43:10-12; Mat. 6:9) Turahimbarwa n’agateka dufise ko kuba abakozi bakorana n’Imana. (1 Kor. 3:9) Kandi ico “camwa c’iminwa” kirahimbara Yehova.—Heb. 13:15, 16.

4. Ni ivyiza ibihe bishobora kuva mu busuku bwacu ariko ntitubimenye?

4 Vyongeye, igikorwa cacu c’ubutame coshobora kuvamwo ivyiza tutoshoka tubona. Birashoboka ko bamwe mu bumvise Yezu ariko aramamaza bagiye gucika abigishwa biwe amaze kurangiza ubusuku bwiwe bwo kw’isi. Muri ubwo buryo nyene, imbuto z’Ubwami tubiba hari aho zitoshoka zishinga imizi canke zikura mu mutima w’umuntu, kandi arashobora kuza mu kuri ntitunabimenye. Vy’ukuri, ubusuku bwacu buravamwo ivyiza vyinshi. Ku bw’ivyo, ese ‘twoguma twama ivyamwa vyinshi’ kandi tukerekana ko turi abigishwa ba Yezu.—Yoh. 15:8.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika