‘Imana ni yo ikuza’
“Yaba uwutera canke uwuvomera [nta] co ari, atari Imana yo ikuza.”—1 KOR. 3:7.
1. Ni mu buryo ki turi “abakozi bakorana n’Imana”?
“ABAKOZI bakorana n’Imana.” Ukwo ni ko intumwa Paulo yadondoye agateka umwumwe wese muri twebwe ashobora guterwa. (Soma 1 Abakorinto 3:5-9.) Igikorwa Paulo yariko arerekezako ni ico guhindura abantu abigishwa. Yakigereranije no kubiba imbuto be no kuzivomera. Kugira ngo dushobore kwererwa muri ico gikorwa gihambaye, turakeneye gufashwa na Yehova. Paulo aratwibutsa ko “Imana [ari] yo ikuza.”
2. Ni kubera iki kuba ‘Imana ari yo ikuza’ bidufasha kubona mu buryo bubereye ubusuku turangura?
2 Ico kintu gituma twicisha bugufi, kiradufasha kubona mu buryo bubereye ubusuku turangura. Naho twoshobora gukora igikorwa co kwamamaza no kwigisha tubigiranye umwete, impera n’imperuka Yehova ni we akwiye guhabwa ugushemezwa kwose ku bw’iterambere iryo ari ryo ryose ryoshobora kuboneka biciye kuri ico gikorwa. Uti kubera iki? Kubera yuko, naho twogerageza uko dushoboye kwose, ata muntu n’umwe muri twebwe yoshobora gutahura neza na neza ukuntu iterambere riboneka, tutiriwe turavuga ivyo gutuma riba. Umwami Salomo yaraseruye neza ukwo kuntu ibintu bimeze igihe yandika ati: “[Ntuzi] igikorwa c’Imana Rugira vyose.”—Umus. 11:5.
3. Ni isano irihe riri hagati y’igikorwa co kubiba imbuto nya mbuto be n’ico guhindura abantu abigishwa?
3 None kuba tudashobora gutahura ukuntu iterambere riboneka, vyoba bituma ico gikorwa turangura kiba igitesha umutwe? Habe na buhoro! Ahubwo, bituma kiba igiteye umunezero cane kikaba n’igishimishije. Umwami Salomo yavuze ati: “Biba imbuto zawe mu gitondo, kandi ku mugoroba ntupfunye amaboko: kuk’utazi ibizokunda, ko vyoba ar’ibi cank’ibi, canke ko vyose bizomera neza kumwe.” (Umus. 11:6) Mu vy’ukuri, mu bijanye no gutera imbuto nya mbuto, ntitumenya nimba zizomera canke ngo tumenye agace zizomereramwo ako ari ko. Hariho ibintu vyinshi tudashobora kugira ico tubihinduyeko. Turashobora kuvuga ko n’igikorwa co guhindura abantu abigishwa kimeze gutyo nyene. Yezu yarashize ahabona ico kintu mu bigereranyo bibiri vyanditswe ku bw’ineza yacu, bino bikaba biri mu kigabane ca 4 co mu Njili ya Mariko. Nimuze turabe ivyo twoshobora kwigira kuri ivyo bigereranyo bibiri.
Ubwoko butandukanye bw’ivu
4, 5. Nuvuge muri make ikigereranyo Yezu yatanze cerekeye umubivyi amija imbuto.
4 Nk’uko bivugwa muri Mariko 4:1-9, Yezu aradondora ivyerekeye umubivyi amija, canke abiba, imbuto maze zikagwa ahantu hatandukanye. Avuga ati: “Umvirize. Ehe umubivyi yarasohotse kubiba. Hanyuma ariko arabiba, imbuto zimwe zigwa iruhande y’inzira, inyoni ziraza zirazirya. Izindi na zo zigwa ahantu h’urubuyebuye, aho vyumvikana ko zitaronse ivu ryinshi, zica ziramera buno nyene kuko hatagira ivu rishika kure. Mugabo izuba rirashe, zirababuka, maze kubera ukutagira imizi zica ziruma. Izindi na zo zigwa mu mahwa, hanyuma nya mahwa araduga, arazinyoha, maze ntizama na gato. Mugabo izindi zaguye mw’ivu ryiza hanyuma zirakura, ziragwira, zitangura kwama, zama incuro mirongo itatu, mirongo itandatu, n’ijana.”
5 Mu bihe vya Bibiliya, mu bisanzwe imbuto bazibiba mu kuzimija. Umubivyi yatwara imbuto mu mukonyo w’impuzu yaba yambaye canke mu kindi kintu, maze akaza arazimija atarika ukuboko hejuru cane. Muri ico kigereranyo rero, uwo mubivyi ntabiba izo mbuto mu bwoko butandukanye bw’ivu abishaka. Ahubwo, izo mbuto amija zigwa mu bibanza bitandukanye.
6. Yezu yasiguye gute ca kigereranyo cerekeye umubivyi?
6 Ntibikenewe ko twirirwa turahwihwisha ku bijanye n’insobanuro y’ico kigereranyo. Yezu yaragisiguye nk’uko biboneka muri Mariko 4:14-20. Yavuze ati : “Umubivyi abiba ijambo. Ng’aba rero zimwe zagwa iruhande y’inzira aho ijambo ribibwe: bakimara kuryumva Shetani araza agatwara nya jambo ryabibwe muri bo. Muri ubwo buryo nyene, ng’aba ababibwe ahantu h’urubuyebuye: bakimara kwumva iryo jambo, bararyemera n’akanyamuneza. Yamara nta muzi bagira muri bo, ahubwo bamara igihe gito; maze amakuba canke uruhamo bikimara kuvyuka kubera iryo jambo, baca batsitara. Hari n’izindi zabibwe mu mahwa; abo ni abumvise iryo jambo, mugabo amaganya y’ivy’iyi si be n’ububasha buhendana bw’ubutunzi be n’ukwipfuza ibindi bintu, bikabinjiramwo hanyuma bikanyoha iryo jambo, maze rigacika ikirumbirane. Ubwa nyuma, izabibwe mw’ivu ryiza ni abumviriza iryo jambo bakaryakira neza hanyuma bakama incuro mirongo itatu, mirongo itandatu, n’ijana.”
7. Ya mbuto be na bwa bwoko butandukanye bw’ivu bigereranya iki?
7 Urabona ko Yezu atavuga yuko uwo mubivyi akoresha ubwoko butandukanye bw’imbuto. Ahubwo, avuga yuko hakoreshwa ubwoko bumwe bw’imbuto zigwa kw’ivu ry’ubwoko butandukanye, bumwebumwe bwose muri ubwo bwoko bw’ivu bukavamwo ibitandukanye n’ivy’ubundi. Ubwoko bwa mbere bw’ivu buragumye, ni ukuvuga ko bwitsindagiye; ubwoko bwa kabiri bugizwe n’ivu rike; ubwoko bwa gatatu bwuzuyemwo amahwa; ubwa kane na bwo ni bwiza, ni ukuvuga ko ari ivu ryimbuka neza. (Luka 8:8) None iyo mbuto igereranya iki? Igereranya ubutumwa bw’Ubwami buri mw’Ijambo ry’Imana. (Mat. 13:19) Ubwo bwoko butandukanye bw’ivu na bwo bugereranya iki? Bugereranya abantu bafise imero y’umutima itandukanye.—Soma Luka 8:12, 15.
8. (a) Wa mubivyi agereranya nde? (b) Ni kubera iki abantu bitabira igikorwa co kwamamaza Ubwami mu buryo butandukanye?
8 None ni nde agereranywa n’uwo mubivyi? Uwo mubivyi agereranya abakozi bakorana n’Imana, abatangaza inkuru nziza y’Ubwami. Nka kumwe kwa Paulo na Apolo, abo bakozi baratera imbuto bakongera bakazivomera. Mugabo naho bakora bagatama, ibiva mu gikorwa cabo biratandukanye. Uti kubera iki? Kubera yuko abumviriza ubwo butumwa bafise imero y’umutima itandukanye. Muri ca kigereranyo, wa mubivyi nta co ashobora guhindura ku bijanye n’ibiva mu gikorwa ciwe. Ese ukuntu ico kintu gihumuriza, na canecane ku bavukanyi n’abavukanyikazi bacu b’abizigirwa bamaze imyaka myinshi bakora igikorwa, mbere bamwebamwe bakaba bamaze imyaka mirongo bagikora, ariko bikaba bisa n’uko ata kintu gifadika bashitseko!a Uti ni kubera iki bibahumuriza?
9. Ni ikintu c’ukuri ikihe gihumuriza intumwa Paulo be na Yezu bashimitseko bompi?
9 Ubwizigirwa bw’umubivyi ntiburabirwa ku biva mu gikorwa arangura. Paulo yarerekeje kuri ico kintu igihe yavuga ati: “Umuntu wese azoronka impembo yiwe bwite nk’uko yabize akuya.” (1 Kor. 3:8) Umuntu aronka impembo hisunzwe akuya yabize, ntayironka hisunzwe ibiva muri ukwo kubira akuya. Yezu na we nyene yarashimitse kuri ico ciyumviro igihe abigishwa biwe bagaruka bavuye mu rugendo bagize rwo kwamamaza. Bari banezerewe cane kubera yuko igihe bakoresha izina rya Yezu amadayimoni yabumvira. Naho ico kintu coshobora kuba cari giteye umunezero cane, Yezu yababwiye ati: “Ntimunezerezwe n’uko impwemu zibumvira, ahubwo munezerwe kubera ko amazina yanyu yanditswe mw’ijuru.” (Luka 10:17-20) Mbere n’igihe igikorwa umubivyi arangura coshobora kutavamwo iterambere riboneka, ivyo ntibisobanura ko aba yagize umwete mukeyi kuruta abandi canke ko aba atabaye umwizigirwa nka bo. Ku rugero runini, ibiva mu gikorwa bivana n’ukuntu umutima w’uwumviriza uba umeze. Ariko rero ikiruta vyose, Imana ni yo ikuza.
Ibanga ryega abumva rya jambo
10. Ni igiki cerekana ko umuntu yumva rya jambo ameze canke atameze nk’ivu ryiza?
10 Tuvuge iki ku bijanye n’abumva rya jambo? Boba barashingiwe imbere y’igihe ukuntu bazoryakira? Habe namba! Kuba bazoba canke batazoba nk’ivu ryiza ni bo bavyihitiramwo. Mu vy’ukuri, imero y’umutima w’umuntu irashobora guhinduka ikaba nziza canke mbi. (Rom. 6:17) Muri ca kigereranyo Yezu yatanga, yavuze yuko “[bamwebamwe] bakimara [kwumva]” iryo jambo, Shetani aca aza maze agatwara nya jambo. Yamara, ivyo si ngombwa ngo bishike. Muri Yakobo 4:7, abakirisu baremeshwa “[kurwanya] wa Mubesheranyi,” maze ivyo bikazotuma abahunga. Yezu avuga ko abandi na bo mu ntango bemerana akanyamuneza rya jambo mugabo mu nyuma bagatsitara kubera yuko batagira ‘umuzi muri bo.’ Yamara abasavyi b’Imana bahimirizwa kuba “abashinze imizi kandi bahamangiwe ku mushinge” kugira ngo babone kuba abashoboye gutegera mu bwenge “ubwaguke n’uburebure bw’amakika n’uburebure bw’igihagararo n’ubwimbike, no kumenya urukundo rwa Kristu rurengeye ubumenyi.”—Ef. 3:17-19; Kol. 2:6, 7.
11. Umuntu yoshobora gute kwirinda ngo amaganya be n’ubutunzi ntibinyohe rya jambo?
11 Abandi bumvise rya jambo badondorwa ko bareka “amaganya y’ivy’iyi si be n’ububasha buhendana bw’ubutunzi” bikabinjiramwo hanyuma bikanyoha iryo jambo. (1 Tim. 6:9, 10) None boshobora gute kwirinda ngo ivyo ntibibashikire? Intumwa Paulo yishura ati: “Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo ugukunda amahera, mu gihe mubumbwa n’ibintu vy’iki gihe. Kuko yavuze iti: ‘Sinzogenda ndabataye, eka sinzogenda ndabahevye.’”—Heb. 13:5.
12. Ni kubera iki abagereranywa n’ivu ryiza bama ivyamwa ku rugero rutandukanye?
12 Ubwa nyuma, Yezu avuga ko ababibwe mw’ivu ryiza “[bama] incuro mirongo itatu, mirongo itandatu, n’ijana.” Naho hari bamwebamwe bafise imero nziza y’umutima bigatuma bitabira rya jambo kandi bakama ivyamwa, ivyo bashoboye gukora mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza biratandukanye bivanye n’uko ivyabo vyifashe. Nk’akarorero, ukwiterera mu myaka canke indwara ituma umuntu aba magara make vyoshobora gutuma bamwebamwe badakora vyinshi mu gikorwa co kwamamaza. (Gereranya na Mariko 12:43, 44.) No muri ico gihe nyene, umubivyi yoshobora kuba yohindura ibintu bike canke ata co yohindura muri ivyo, ariko aranezerwa iyo abonye yuko Yehova yakujije izo mbuto.—Soma Zaburi 126:5, 6.
Umubivyi asinzira
13, 14. (a) Nuvuge muri make ikigereranyo Yezu yatanze cerekeye umuntu amija imbuto. (b) Ni nde agereranya uwo mubivyi, kandi iyo mbuto ni iki?
13 Muri Mariko 4:26-29, turahasanga ikindi kigereranyo kivuga ibijanye n’umubivyi. Hagira hati: “Ni co gituma ubwami bw’Imana bumeze nk’igihe umuntu amija imbuto kw’ivu, hanyuma agasinzira mw’ijoro, ku murango akavyuka, za mbuto na zo zikamera hanyuma zigakura, mu buryo atazi. Buhorobuhoro ivu ubwaryo rirateba rikama: ubwa mbere hamera icatsi, hanyuma kikayangika, amaherezo ihundo rikazana intete zikuze. Mugabo igihe vyeze, aratuma urukero agasarura, kubera ko igihe c’iyimbura kiba kigeze.”
14 None uwo mubivyi agereranya nde? Abantu bamwebamwe bo mu biyita abakirisu biyumvira yuko uwo mubivyi agereranya Yezu ubwiwe. Yamara, ni gute umuntu yovuga ko Yezu asinzira be n’uko atazi ukuntu izo mbuto zikura? Nta nkeka yuko Yezu azi ukuntu ico giterwa gikura. Ahubwo riho, uwo mubivyi, cokimwe na wa wundi yavugwa mu kigereranyo ca mbere, agereranya abamamaji b’Ubwami, ababiba imbuto y’Ubwami biciye ku gikorwa barangurana umwete co kwamamaza. Iyo mbuto imijwa kw’ivu ni rya jambo bamamaza.b
15, 16. Ku bijanye n’ikura ry’igiterwa be n’iryo mu buryo bw’impwemu, ni ikintu ikihe gihora kiba Yezu yashize ahabona muri ca kigereranyo c’umubivyi?
15 Yezu avuga ko uwo mubivyi “[asinzira] mw’ijoro, ku murango akavyuka.” Ivyo ntivyerakana ko uwo mubivyi afata ibintu minenegwe. Vyerekana gusa ibintu abantu benshi bakunda kugira mu buzima. Imvugo yakoreshejwe muri uwo murongo yerekana ikintu kiguma kigirwa mu kiringo kinaka, ico na co kikaba ari ugukora ku murango be n’ukuryama mw’ijoro. Yezu yarasiguye ibintu vyabaye muri ico kiringo. Avuga ati: ‘Za mbuto ziramera hanyuma zigakura.’ Aca yongerako ati: “Mu buryo atazi.” Igishimikwako ni uko iryo kura riba “ubwaryo.”c
16 None ng’aho Yezu yashaka kuvuga iki? Urabona yuko ashimika kw’ikura ry’igiterwa be no ku kuntu rigenda riraba buhorobuhoro. Avuga ati: “Buhorobuhoro ivu ubwaryo rirateba rikama: ubwa mbere hamera icatsi, hanyuma kikayangika, amaherezo ihundo rikazana intete zikuze.” (Mrk. 4:28) Iryo kura riba buhorobuhoro kandi rikaba intambwe ku yindi. Nta wushobora gutuma riba ku nguvu canke ngo atume rinyaruka. Ukwo ni ko bimeze no kw’ikura ryo mu buryo bw’impwemu. Igihe Yehova aretse ukuri kugakurira mu mutima w’umuntu afise agatima kabereye, iryo kura rica rigenda riraba intambwe ku yindi.—Ibik. 13:48; Heb. 6:1.
17. Ni bande banezerwa igihe imbuto yerekeye ukuri yamye ivyamwa?
17 None ni gute uwo mubivyi agira uruhara mw’iyimbura ry’ibiterwa “igihe vyeze”? Igihe Yehova atumye ukuri kwerekeye Ubwami gukurira mu mutima w’abigishwa bashasha, amaherezo abo bigishwa barashika aho urukundo bakunda Imana rubavyurira umutima wo kuyegurira ubuzima bwabo. Barabatizwa mu mazi kugira ngo berekane ko biyeguriye Imana. Abavukanyi babandanya gutera imbere bagana ku buhumure, buhorobuhoro baza baraba abashoboye kuzezwa amabanga yiyongereye mw’ishengero. Ivyamwa vy’Ubwami bishwaburwa n’umwe yatangura kubiba hamwe n’abandi bamamaji b’Ubwami boshobora kuba ubwabo batagize uruhara mu kubiba iyo mbuto yatumye uwo mwigishwa aboneka. (Soma Yohani 4:36-38.) Mu vy’ukuri, “umubivyi n’umushwabuzi [baranezeranwa] hamwe.”
Ivyigwa dukura muri ivyo bigereranyo muri iki gihe
18, 19. (a) Umwihwezo tugize w’ibigereranyo Yezu yatanze wakuremesheje gute wewe ubwawe? (b) Ni ibiki turimbura mu kiganiro gikurikira?
18 None ni ibiki twigiye kuri uwo mwihwezo w’ivyo bigereranyo bibiri bivugwa muri Mariko ikigabane ca 4? Turabonye neza yuko dufise igikorwa co gukora, ico na co kikaba ari ico kubiba. Ntidukwiye kwigera tureka ngo ivyitwazo be n’ingorane canke intambamyi twoshobora guhura na zo, bitume duhagarika gukora ico gikorwa. (Umus. 11:4) Ariko rero muri ico gihe nyene, turabona yuko dufise agateka ntangere ko kuba mu bakozi bakorana n’Imana. Yehova ni we atuma haba iterambere ryo mu buryo bw’impwemu, agahezagira utwigoro tugira be n’utugirwa n’abakira ubutumwa tubashikiriza. Turatahura yuko tudashobora gutuma umuntu n’umwe atera imbere mu vy’impwemu ku gahato. Turatahura kandi yuko tudakwiye kwumva ducitse intege canke tuvunitse umutima igihe iterambere ritaba ribonetse canke igihe ribaye buhorobuhoro. Ese ukuntu duhumurizwa no kumenya ko ukwererwa kwacu mu murimo kurabirwa ku kuba turi abizigirwa kuri Yehova be no ku gateka yaduteye ko kwamamaza “inkuru nziza y’ubwami . . . ngo bibe intahe ku mahanga yose.”—Mat. 24:14.
19 Ni ibindi bintu ibihe Yezu yatwigishije ku bijanye n’iterambere ry’abigishwa bashasha be n’iry’igikorwa co kwamamaza Ubwami? Inyishu y’ico kibazo tuyisanga mu bindi bigereranyo bivugwa mu nkuru zo mu Njili. Mu kiganiro gikurikira, turaza kurimbura bimwebimwe muri ivyo bigereranyo.
[Utujambo tw’epfo]
a Rimbura akarorero k’ubusuku umuvukanyi Georg Fjölnir Lindal yaranguriye mu gihugu ca Islande, akavugwa mu gitabu Annuaire des Témoins de Jéhovah 2005, ku rupapuro rwa 210-211, be n’ivyashikiye abasavyi b’Imana b’abizigirwa bamaze imyaka myinshi bumiye kw’ibanga mu gihugu ca Irlande, mugabo bakaba batashotse babona ivyiza bivamwo, iyo nkuru tukaba tuyisanga muri Annuaire des Témoins de Jéhovah 1988, ku rupapuro rwa 82-99.
b Mu myaka yaheze vyari vyarasiguwe muri iki kinyamakuru yuko iyo mbuto igereranya kamere ziranga umuntu zikeneye kuguma zikura gushika zitsimbataye neza, izigenda ziragirwako akosho n’ibintu umuntu agenda aracamwo. Ariko rero, turakwiye kumenya yuko muri ico kigereranyo Yezu yatanze, iyo mbuto idahinduka ngo ibe mbi canke ngo ibe iyiboze. Avuga gusa ko iyo mbuto ikura ikama ivyamwa.—Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Nyakanga 1980, urupapuro rwa 17-19.
c Ahandi hantu hamwe rudende iyo mvugo ikoreshwa ni mu Bikorwa 12:10, aho bivugwa ko umuryango w’irembo w’icuma ‘wiyugurura’ ubwawo.
Woba uvyibuka?
• Ni amasano ayahe ari hagati yo kubiba imbuto nya mbuto be no kwamamaza ubutumwa bwerekeye Ubwami?
• Ubwizigirwa bw’umwamamaji w’Ubwami Yehova aburabira ku ki?
• Ni isano irihe Yezu yashize ahabona riri hagati y’ikura ry’igiterwa be n’ikura ryo mu buryo bw’impwemu?
• Ni gute “umubivyi n’umushwabuzi [banezeranwa] hamwe”?
[Amafoto ku rup. 13]
Ni kubera iki umwamamaji w’Ubwami bw’Imana Yezu yamugereranije n’umubivyi w’imbuto?
[Amafoto ku rup. 15]
Abagereranywa n’ivu ryiza baragira uruhara n’umutima wabo wose mu gikorwa co kwamamaza Ubwami bisunze uko ivyabo biba vyifashe
[Amafoto ku rup. 16]
Imana ni yo iguma ikuza