‘Mugume mw’Ijambo Ryanje’
“Ni mwaguma mw ijambo ryanje, mur’abigishwa banje vy’ukuri.”—YOHANA 8:31.
1. (a) Igihe Yezu yasubira mw’ijuru, ni ibiki yasize kw’isi? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?
IGIHE Yezu Kirisitu nyene gutanguza Ubukirisu yasubira mw’ijuru, nta bitabu yasize yanditse kuri iyi si, nta vyibutso yasize ahubatse canke ngo asige ahirundanirije amatungo. Ikizwi coco, yarasize abigishwa hamwe n’ibintu bitomoye umuntu asabwa gushitsa kugira ngo abe umwigishwa. Nkako, mu Njili ya Yohani, dusanga Yezu yavuze ibisabwa bitatu bihambaye umuntu wese ashaka kuba umuyoboke wiwe ategerezwa gushitsa. Ivyo bintu bisabwa ni ibihe? Dushobora gukora iki kugira ngo tubishitse? Kandi dushobora gute kumenya neza ko dukwije ibisabwa bwa bigishwa ba Kirisitu muri iki gihe?a
2. Nk’uko vyanditswe mu Njili ya Yohani, ni ikintu gihambaye ikihe gisabwa kugira ngo umuntu abe umwigishwa?
2 Hagisigaye nk’amezi atandatu ngo Yezu apfe, yaragiye i Yeruzalemu, hanyuma arigisha isinzi ry’abantu bari bahakoraniye kugira ngo bahimbaze Umusi Mukuru w’Insago wamara indwi yose. Ico vyavuyemwo, ni uko uwo musi mukuru ugeze hagati, “benshi mw ishengero bamwize[ye].” Yezu yarabandanije kwamamaza, ku buryo no ku musi wa nyuma w’iyo sabukuru ‘benshi bamwizeye.’ (Yohana 7:10, 14, 31, 37; 8:30) Ico gihe, Yezu yaciye avuga ibiraba abo bigishwa bashasha, aca yerekana ikintu gihambaye gisabwa kugira ngo umuntu abe umwigishwa, nk’uko intumwa Yohani yavyanditse, ati: “Ni mwaguma mw ijambo ryanje, mur’abigishwa banje vy’ukuri.”—Yohana 8:31, ni twe tubihiritse.
3. Ni kamere iyihe ikenewe kugira ngo umuntu ‘agume mw’ijambo rya Yezu’?
3 Muri ayo majambo, Yezu ntiyashaka kuvuga yuko abo bigishwa bashasha batari bafise ukwizera gukomeye. Ahubwo, yariko yerekana yuko bari bafise imbere yabo akaryo ko gucika abigishwa biwe nyakuri, baramutse bagumye mw’ijambo ryiwe kandi bakagaragaza ukwihangana. Bari baremeye ijambo ryiwe, mugabo ico gihe bari bakeneye kurigumamwo. (Yohana 4:34; Abaheburayo 3:14) Nkako, Yezu yabona ukwihangana ko ari kamere ihambaye cane ku bayoboke biwe, ku buryo nk’uko vyanditswe mu Njili ya Yohani, mu kiganiro ca nyuma Yezu yagiranye n’intumwa ziwe, yazihimirije incuro zibiri zose ati: ‘Gume munkurikira.’ (Yohana 21:19, 22) Ivyo nyene ni vyo Abakirisu benshi bo mu ntango bagize. (2 Yohana 4) Ni igiki cabafashije kwihangana?
4. Ni igiki cafashije Abakirisu bo mu ntango kwihangana?
4 Intumwa Yohani, umwigishwa wa Kirisitu w’umwizerwa yari amaze nk’imyaka mirongo indwi, yarerekanye kimwe mu bintu bihambaye. Yarakeje Abakirisu b’abizerwa mu kuvuga ati: “Mufise inkomezi, kand’ijambo ry’Imana [ri]guma muri mwebge, kandi mwanesheje wa Mubi.” Abo bigishwa ba Kirisitu barihanganye, ni ukuvuga ko bagumye mw’ijambo ry’Imana kubera iryo jambo ry’Imana ryagumye muri bo. Barariha agaciro bimwe bivuye ku mutima. (1 Yohana 2:14, 24) Cokimwe no muri iki gihe, kugira ngo ‘twihangane gushitsa kw’iherezo,’ turakeneye kuraba neza yuko ijambo ry’Imana riguma muri twebwe. (Matayo 24:13) Ivyo dushobora kubigira gute? Ikigereranirizo Yezu yavuze kiratanga inyishu.
‘Abumva Iryo Jambo’
5. (a) Ni ubwoko bw’ivu butandukanye ubuhe buvugwa na Yezu muri kimwe mu bigereranirizo yatanze? (b) Imbuto n’ivu bivugwa mu kigereranirizo ca Yezu bigereranya iki?
5 Yezu yaratanze ikigereranirizo c’umubivyi abiba imbuto, ico kigereranirizo kikaba canditswe mu Njili ya Matayo, ya Mariko no mu ya Luka. (Matayo 13:1-9, 18-23; Mariko 4:1-9, 14-20; Luka 8:4-8, 11-15) Uko usoma izo nkuru, urabona yuko ikintu nyamukuru kiri muri ico kigereranirizo ari uko imbuto z’ubwoko bumwe zigwa mw’ivu ritameze kumwe, biraheza bivamwo ibintu bitandukanye. Ivu rya mbere riragumye, irya kabiri si ryinshi, irya gatatu na ryo ririmwo amahwa. Ivu rya kane, ntirimeze nk’iryo rindi, ryo ni “ivu ryiza.” Nk’uko Yezu ubwiwe yabisiguye, imbuto ni ubutumwa bw’Ubwami dusanga mw’Ijambo ry’Imana, ivu na ryo rigereranya abantu bafise imitima itandukanye. Naho abo bantu bagereranywa n’ubwo bwoko bw’ivu butandukanye bafise ivyo bahurizako, abagereranywa n’ivu ryiza bobo barafise ikintu kibaranga gituma batandukana n’abo bandi.
6. (a) Rya vu rigira kane rivugwa mu kigereranirizo ca Yezu ritandukaniye hehe na bwa bundi bwoko butatu bw’ivu, kandi ivyo bisobanura iki? (b) Bwa bigishwa ba Kirisitu, ni ikintu ikihe ari ntahara mu vyo kugaragaza ukwihangana?
6 Nk’uko inkuru yo muri Luka 8:12-15 ivyerekana, muri ubwo burorero bune bwose, abantu ‘barumva iryo jambo.’ Ariko rero, abafise “imitima myiza itunganye” si ‘abumva iryo jambo’ gusa. “Ba[r]arigumya . . . bakāmishwa imbuto n’ukwihangana.” Ivu ryiza, kubera yuko ryoroshe kandi ari ryinshi, rituma imbuto zishinga imizi. Ivyo bituma izo mbuto zinaga zigaheza zikama. (Luka 8:8) Mu buryo nk’ubwo, abafise umutima mwiza baratahura ijambo ry’Imana, bakariha agaciro kandi bakaryiyinjizamwo. (Abaroma 10:10; 2 Timoteyo 2:7) Ijambo ry’Imana riguma muri bo. Ku bw’ivyo, ukwihangana gutuma bama imbuto. Bwa bigishwa ba Kirisitu, guha agaciro rero Ijambo ry’Imana bimwe bigera ibwina kandi bivuye ku mutima ni ntahara mu vyo kugaragaza ukwihangana. (1 Timoteyo 4:15) Dushobora gute none gutsimbataza mwene ukwo guha agaciro bimwe bivuye ku mutima Ijambo ry’Imana?
Imero y’Umutima be n’Ukuzirikana Cane
7. Ni igikorwa ikihe gifitaniye isano cane n’umutima mwiza?
7 Raba igikorwa Bibiliya iguma iza irajanisha n’umutima mwiza. “Umutima w’umugororotsi [“urazirikana kugira ngo wishure,” NW].” (Imigani 15:28) “Amajambo yo mu kanwa kanje, n’[“ivyo umutima wanje uzirikanako,” NW] bize bishimwe mu nyonga zawe, Uhoraho.” (Zaburi 19:14) “Ivyo umutima wanje uzirikanako bizoba ari ibintu vy’ugutahura.”—Zaburi 49:3, NW.
8. (a) Igihe dusoma Bibiliya, dukwiye kwirinda iki, tugakora iki? (b) Ni ivyiza ibihe turonka igihe tuzirikana kw’Ijambo ry’Imana tubishira no mw’isengesho? (Ushiremwo uruzitiro ruvuga ngo ‘Barashikamye mu Kuri.’)
8 Cokimwe n’abo banditsi ba Bibiliya, na twebwe turakeneye kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana no ku bikorwa vyayo mu buryo buranga ugukenguruka kandi tubishira no mw’isengesho. Igihe dusoma Bibiliya canke ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo, ntidukwiye gukora nk’aho twoba turi bamukerarugendo bava hamwe baja ahandi, birukira akantu kose kabaryoheye, bafata amasanamu y’ikintu cose mugabo bakaraba bacisha hejuru. Ahubwo, igihe twiga Bibiliya, turakenera gufata umwanya wo guhagarara, hanyuma tukinovora ivyo dusomye.b Uko tuzirikana mu gacerere ku vyo dusoma, ijambo ry’Imana rirakora ku mutima wacu. Rirakora ku nyiyumvo zacu kandi rikaryohora ivyiyumviro vyacu. Riradusunikira kandi ku kubwira Imana mw’isengesho ivyiyumviro vyacu bigera ibwina. Ku bw’ivyo, ukwumira kuri Yehova kwacu kurakomera, urukundo tumukunda na rwo rugatuma tubandanya gukurikira Yezu mbere naho twoba turi mu bintu bigoye. (Matayo 10:22) Biratomoye yuko kuzirikana ku vyo Imana ivuga ari ntahara nimba dushaka kuguma turi abizerwa gushika kw’iherezo.—Luka 21:19.
9. Dushobora kwiyemeza neza gute yuko umutima wacu uguma wakira neza ijambo ry’Imana?
9 Ikigereranirizo ca Yezu kirerekana kandi yuko hariho intambamyi zituma urubuto, ari ryo jambo ry’Imana rudakura. Kubera ico, kugira ngo tugume turi abigishwa b’abizerwa, dukwiye (1) kumenya intambamyi zivugwa muri ico kigereranirizo zigereranywa n’ivu ritari ryiza no (2) gutera intambwe zotuma tuzikosora canke tuzirinda. Muri ubwo buryo, tuzokwiyemeza yuko umutima wacu uguma wakira neza imbuto z’Ubwami, kandi ko uguma wama ivyamwa.
Kugwa “i Ruhande y’Inzira” Bisigura Gutwarwa na Vyinshi
10. Nudondore ukuntu ivu rya mbere rivugwa mu kigereranirizo ca Yezu rimeze, wongere usigure ico risobanura.
10 Ivu rya mbere imbuto zigwamwo riri “i ruhande y’inzira,” aho izo mbuto ‘bazikandagira.’ (Luka 8:5) Ivu ry’iruhande y’inzira ica mu murima, riratsindagirwa n’uruja n’uruza rw’abantu. (Mariko 2:23) Muri ubwo buryo nyene, abareka uruja n’uruza rw’ivy’isi rukabatwara umwanya wabo n’inguvu zabo bitari bikenewe, boshobora gusanga batwawe na vyinshi ku buryo badatsimbataza na gato ugukenguruka ijambo ry’Imana bimwe bivuye ku mutima. Bararyumva, ariko bakananirwa kurizirikanako. Ivyo bituma umutima wabo uguma ukomantaye. Bataranatsimbataza umutima wo kurikunda, “Umurwanizi [ar]aza, agakūra iryo jambo mu mitima yabo, kugira ngo ntibizere ngo bakizwe.” (Luka 8:12) Ivyo umuntu yoba ashobora kuvyirinda?
11. Dushobora gute kurinda umutima wacu ntumere nka rya vu rigumye?
11 Hariho vyinshi bishobora gukorwa kugira ngo umuntu arinde umutima ntumere nka rya vu ry’iruhande y’inzira ritimbuka. Ivu ritsindagiwe kandi rigumye rirashobora kworoha kandi rikimbuka iyo rivyuwe, n’inzira igacishwa ahandi. Mu buryo nk’ubwo, kurondera umwanya wo kwiga no kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana birashobora gutuma umutima umera nk’ivu ryiza kandi ryimbuka. Kugira ivyo bishoboke, ni uko umuntu atokwitwararika bimwe birenze urugero ibintu vy’ubuzima bwa misi yose. (Luka 12:13-15) Aho kugira umwitwarariko nk’uwo, nurabe neza yuko utegekanya umwanya wo kuzirikana ku “bintu bihambaye kuruta” mu buzima.—Ab’i Filipi 1:9-11, NW.
Kugwa “ku Rutare” Bisigura Kuba Umunyabwoba
12. Mw’ivu rigira kabiri rivugwa mu kigereranirizo ca Yezu, ni igiki vy’ukuri gituma iyo migondoro ikabirana?
12 Igihe imbuto ziguye kw’ivu rigira kabiri, ntiziguma hejuru nk’uko bigenda kw’ivu rya mbere. Zirashinga imizi hanyuma zikanaga. Mugabo igihe izuba ryatse, rirababura iyo migondoro maze igakabirana. Ariko rero, nurabe ukuntu bigenda. Ikintu vy’ukuri gituma iyo migondoro ikabirana si ubushuhe. Nakare n’igiterwa kimeze mw’ivu ryiza na co nyene kirakirwa n’izuba, ariko ntigikabirana, kiratotahara. Ni igiki gituma bitandukana? Nk’uko Yezu abisigura, iyo migondoro irakabirana “kukw ata vu ryinshi ririho” kandi “zibuze ahabomvye.” (Matayo 13:5, 6; Luka 8:6) “Urutare” ruri munsi gatoyi y’ivu, rutuma imbuto zidashinga imizi bihagije, ku buryo zitaronka ahantu habomvye ngo zongere zihagarare zitanyiganyiga. Iyo migondoro irakabirana kubera yuko ivu atari ryinshi.
13. Ni abantu bwoko ki bameze nk’ivu atari ryinshi, kandi ni imvo nyamukuru iyihe ituma bagira ubwoba?
13 Ico gihimba c’ikigereranirizo cerekeza ku bantu ‘bakirana umunezero iryo jambo’ kandi bagakurikira Yezu babigiranye umwete “akanya gato.” (Luka 8:13) Igihe bakiwe n’izuba rimena imbwa agahanga rigereranywa n’“amarushwa bo n’[uruhamo],” baca batinya cane ku buryo batakaza umunezero wabo n’inkomezi zabo, maze bakareka gukurikira Kirisitu. (Matayo 13:21) Ariko rero, imvo nyamukuru ituma batinya si ukurwanywa. Nakare, abigishwa ba Kirisitu amamiliyoni barihanganira ubwoko butandukanye bw’amarushwa, yamara baguma ari abizerwa. (2 Ab’i Korinto 2:4; 7:5) Imvo nyayo ituma bamwe baba abanyabwoba kandi bagata ukuri, ni uko umutima wabo umeze nk’urutare utuma batazirikana ku bintu vyubaka kandi vy’impwemu mu buryo bugera ibwina koko. Ico bivamwo ni uko usanga ugukenguruka bafitiye Yehova be n’ijambo ryiwe kudafashe kandi kudakomeye ku buryo kurinda ukurwanywa. Ibintu nk’ivyo umuntu yoshobora kuvyirinda gute?
14. Ni intambwe izihe umuntu akwiye gutera kugira ngo umutima wiwe ntumere nka rya vu atari ryinshi?
14 Umuntu arakeneye kuraba neza yuko ata ntambamyi zimeze nk’urutare zatse indaro mu mutima wiwe, nk’akarorero umururazi washinze imizi, ubwikunzi bwihishije canke inyiyumvo mbi zimeze nk’izo mugabo zitaboneka. Nimba hasanzwe hari intambamyi nk’iyo, ububasha bw’ijambo ry’Imana burashobora kuyikuraho. (Yeremiya 23:29; Abanyefeso 4:22; Abaheburayo 4:12) Ukuzirikana rero kujana n’isengesho, kuzotuma ‘ijambo riterwa’ ibwina mu mutima w’umuntu. (Yakobo 1:21) Ivyo bizotuma umuntu aronka inkomezi zo kwihanganira ibihe vyo gucika intege, yongere aronke uburindutsi butuma aguma ari umwizerwa naho yoba ari mu bigeragezo.
Kugwa ‘mu Mahwa’ Bisigura Kugira Umutima Wigabaguye
15. (a) Ni kubera iki bikwiriye ko dusuzuma twitonze rya vu rigira gatatu rivugwa na Yezu? (b) Ni igiki amaherezo gishika ku bijanye na rya vu rigira gatatu, kandi kubera iki?
15 Ivu rigira gatatu ari ryo ry’amahwa, birakwiriye ko turisuzuma twitonze kubera hari ukuntu rishaka kumera nka rya vu ryiza. Nka kumwe kw’ivu ryiza, ivu ry’amahwa rirareka imbuto zigashinga imizi kandi zikanaga. Muri ubwo bwoko bubiri bw’ivu, usanga mu ntango ata tandukaniro rihari mu bijanye n’ikura ry’ico giterwa gishasha. Ariko rero, haciye igihe, haraba ibintu amaherezo binyoha nya giterwa. Mu buryo butandukanye na rya vu ryiza, iryo vu rirarengerwa n’amahwa. Uko nya giterwa kimera muri iryo vu, kirahiganwa n’“amahwa amerana na [c]o.” Haragera igihe aho amahwa n’igiterwa vyompi birwanira kuronka intabire, umuco n’aho bisagararira ariko bigashika aho amahwa arengera nya giterwa maze ‘akakinyoha.’—Luka 8:7.
16. (a) Ni abantu bwoko ki basa n’ivu ry’amahwa? (b) Nk’uko za nkuru zitatu zo mu Njili zibivuga, ni igiki kigereranywa n’amahwa?—Raba akajambo k’epfo.
16 Ni abantu bwoko ki basa n’ivu ry’amahwa? Yezu asigura ati: “N’abaryumvise, maze [kubera batwarwa] n’umwitwaririko wo mur’ubu bu[zima], bo n’ubutunzi n’ibihimbaro vyo muri bgo, bikabanyoha, ntibame imbuto nziza.” (Luka 8:14) Nk’uko nyene za mbuto umubivyi yabiba be n’amahwa bikurira icarimwe mw’ivu, ni ko n’abantu bamwebamwe bagerageza kwihereza ijambo ry’Imana be n’‘ibihimbaro vy’ubu buzima’ icarimwe. Ukuri kw’ijambo ry’Imana kuraterwa mu mutima wabo, ariko kugahiganwa n’ibindi bakurikirana bikeneye ko bavyitwararika. Umutima wabo w’ikigereranyo urigabaguye. (Luka 9:57-62) Ivyo bituma badahebera umwanya uhagije ivy’ukuzirikana kw’ijambo ry’Imana babijanisha n’isengesho kandi mu buryo bwimbitse. Barananirwa no kwiyinjizamwo ijambo ry’Imana mu buryo bushitse, bigatuma rero babura ugukenguruka kuvuye ku mutima gukenewe kugira ngo bihangane. Buhorobuhoro, ukwitwararika ivy’impwemu kurarengerwa n’ugukurikirana ivy’umubiri gushika n’aho ‘bibanyoha.’c Ese ukuntu abantu badakunda Yehova n’umutima wabo wose bazogira iherezo ribabaje!—Matayo 6:24; 22:37.
17. Dukeneye kugira amahitamwo ayahe mu buzima, kugira ngo ntitunyohwe n’amahwa y’ikigereranyo avugwa mu kigereranirizo ca Yezu?
17 Twitwararitse ibintu vy’impwemu kuruta ibintu vy’umubiri, tuba twirinze kunyohwa n’imibabaro be n’ibihimbaro vy’iyi si. (Matayo 6:31-33; Luka 21:34-36) Ntidukwiye kwigera dufata minenegwe gusoma Bibiliya no kuzirikana ku vyo dusoma. Turamutse tworoheje ubuzima bwacu uko bishoboka kwose, tuzoronka umwanya mwinshi wo kuzirikana bimwe bikomeye kandi tubishira no mw’isengesho. (1 Timoteyo 6:6-8) Abasavyi b’Imana babigize, bakaba basa n’abaranduye amahwa ari mw’ivu kugira ngo igiterwa cama kironke intabire n’umuco bikwiye be n’aho gisagararira hakwiye, ubu bariko barironkera imihezagiro ya Yehova. Sandra afise imyaka 26 y’amavuka, avuga ati: “Igihe nzirikanye ku mihezagiro naronkeye mu kuri, ndatahura yuko isi ata kintu na kimwe ishobora gutanga cogereranywa na kwo!”—Zaburi 84:11.
18. Bwa Bakirisu, dushobora gute kuguma mw’ijambo ry’Imana kandi twihanganye?
18 Biratomoye rero yuko twese, abato n’abakuze tuzoguma mw’ijambo ry’Imana twongere twihangane turi abigishwa ba Kirisitu igihe cose ijambo ry’Imana rizoguma muri twebwe. Ku bw’ivyo, nimuze turabe neza yuko ivu ry’umutima wacu w’ikigereranyo ritigera riguma, riba urutare canke rirengerwa n’amahwa, ariko rigume ryoroshe kandi ari ryinshi. Muri ubwo buryo, tuzoshobora kwiyinjizamwo ijambo ry’Imana mu buryo bushitse hanyuma “[tw]āmishw[e] imbuto n’ukwihangana.”—Luka 8:15.
[Utujambo tw’epfo]
a Muri iki kiganiro, turimbura ica mbere muri ivyo bintu bisabwa. Ibindi bibiri biraganirwako mu biganiro bikurikira.
b Kugira ngo uzirikane ku gihimba ca Bibiliya wasomye ubishira no mw’isengesho, woshobora kwibaza nk’akarorero uti: ‘Muri kamere za Yehova, coba gihishura kamere imwe canke izirenga? Gifitaniye isano gute n’umutwe-shimikiro wa Bibiliya? Nshobora gute kugikurikiza mu buzima bwanje canke kugikoresha kugira ngo mfashe abandi?’
c Nk’uko za nkuru zitatu zo mu Njili zerekeye umugani wa Yezu zibivuga, imibabaro be n’ibihimbaro vy’iyi si binyoha imbuto ni: “umwitwaririko w’ivy’isi,” “uruhendo rw’ubutunzi,” “ukwifuza ibindi” n’‘ibihimbaro vy’ubu buzima.’—Mariko 4:19; Matayo 13:22; Luka 8:14; Yeremiya 4:3, 4.
Wokwishura Gute?
• Ni kubera iki dukeneye ‘kuguma mw’ijambo rya Yezu’?
• Dushobora gute gutuma ijambo ry’Imana riguma mu mutima wacu?
• Ni abantu bwoko ki bagereranywa na bwa bwoko bune butandukanye bw’ivu Yezu avuga?
• Ushobora kuronka gute umwanya wo kuzirikana kw’ijambo ry’Imana?
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 10]
‘BARASHIKAMYE MU KURI’
UKO umwaka utashe, abenshi bamaze igihe ari abigishwa ba Kirisitu baragaragaza ko ‘bashikamye mu kuri.’ (2 Petero 1:12) Ni igiki kibafasha kwihangana? Rimbura bimwebimwe mu vyo bavuze.
“Umusi umwe wose ndawurangiza mu gusoma igihimba ca Bibiliya no mu gutura isengesho. Maze nkazirikana ku vyo nasomye.”—Jean, akaba yabatijwe mu 1939.
“Nzirikanye ku kuntu Yehova, umuntu ari hejuru ya vyose adukunda bimwe bigera ibwina, numva ntekaniwe kandi mfise inkomezi, bigatuma nguma ndi umwizerwa.”—Patricia, akaba yabatijwe mu 1946.
“Kubera nagumye mfise utumenyero twiza two kwiga Bibiliya nkongera nkarondera cane gutahura ‘ibintu vyimbitse vy’Imana,’ narashoboye kwumira kw’ibanga.”—1 Ab’i Korinto 2:10; Anna, akaba yabatijwe mu 1939.
“Ndasoma Bibiliya n’ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri yo nshaka gusuzuma umutima wanje be n’imvo nkorana.”—Zelda, akaba yabatijwe mu 1943.
“Nta bindi bihe bimbera vyiza kuruta igihe ngendagenda hanyuma nkaganirira Yehova mw’isengesho, maze nkamumenyesha gusa ukuntu niyumva vy’ukuri.”—Ralph, akaba yabatijwe mu 1947.
“Umusi ndawutangura mu kurimbura icanditswe c’umusi no mu gusoma igihimba ca Bibiliya. Ivyo birandonsa ikintu gishasha nzirikanako kuri uwo musi wose.”—Marie, akaba yabatijwe mu 1935.
“Kuri jewe, ibiganiro bisigura igitabu co muri Bibiliya umurongo ku wundi birankomeza vy’ukuri.”—Daniel, akaba yabatijwe mu 1946.
Ni ryari ufata umwanya wo kuzirikana kw’ijambo ry’Imana ubishira no mw’isengesho?—Daniyeli 6:10b; Mariko 1:35; Ivyakozwe 10:9.
[Ifoto ku rup. 13]
Dushize imbere ibintu vy’impwemu, turashobora “[kw]āmishwa imbuto n’ukwihangana”