ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/11 rup. 25-31
  • Ivyiza Biva ku Gukunda Ijambo ry’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyiza Biva ku Gukunda Ijambo ry’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bararinzwe Ububi Budahera
  • Nugaragaze ko Uri “Ivu Ryiza”
  • “[K]wama Imbuto mu Bikorwa Vyiza Vyose”
  • Ivyiza Biteye Igomwe vyo mu Gihe Kizoza
  • ‘Imana ni yo ikuza’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • ‘Mugume mw’Ijambo Ryanje’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Yehova arakunda ‘abama ivyamwa bihanganye’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • ‘Mubandanye Kwama Cane’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/11 rup. 25-31

Ivyiza Biva ku Gukunda Ijambo ry’Imana

“[Ubukerebutsi] bukunde, buzokurinda . . . Buzoguhesha icubahiro ni wabugūmbīra.”—IMIGANI 4:6, 8.

1. Ugukunda Ijambo ry’Imana mu vy’ukuri harimwo ibiki?

UGUSOMA Bibiliya ni ntahara ku Mukirisu. Ariko rero, kuyisoma vyonyene ubwavyo ntivyerekana ugukunda Ijambo ry’Imana. Bite niba umuntu asoma Bibiliya mugabo maze akamogorera ibintu Bibiliya yiyamiriza? Biribonekeza ko aba adakunda Ijambo ry’Imana mu buryo umwanditsi wa Zaburi y’119 yayikunda. Ugukunda Ijambo ry’Imana kwatumye abaho ahuza n’ivyo risaba.—Zaburi 119:97, 101, 105.

2. Ni ivyiza ibihe biva mu bukerebutsi bushingiye kw’Ijambo ry’Imana?

2 Ukubaho umuntu ahuza n’Ijambo ry’Imana bisaba kuguma ahindura ivyiyumviro vyiwe n’uburyo bwiwe bw’ukubaho. Mwen’iyo ngendo yerekana ubukerebutsi buva ku Mana, arivyo bisigura gushira mu ngiro ubumenyi n’ugutahura akura mu kwiga Bibiliya. “[Ubukerebutsi] bukunde, buzokurinda. Bushire hejuru, na bgo buzogukuza: buzoguhesha icubahiro ni wabugūmbīra. Buzokwambika umugāra w’ubuntu mu mutwe, Buzoguha igitsibo c’ubgiza.” (Imigani 4:6, 8, 9) Mbega indemesho nziza yo gutsimbataza ugukunda Ijambo ry’Imana n’ukuyoborwa na ryo! Ni nde adashaka kurindwa, gushirwa hejuru n’uguhabwa icubahiro?

Bararinzwe Ububi Budahera

3. Ni kuki Abakirisu bakeneye kurindwa ubu gusumba ikindi igihe cose, kandi barindwa nde?

3 Ni mu buryo ubuhe umuntu arindwa n’ubukerebutsi yakuye mu kwiga no mu gushira mu ngiro Ijambo ry’Imana? Ikintu kimwe, ararindwa Shetani ya Diyabule. Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga kugira bakizwe wa mubi Shetani. (Matayo 6:13) Muri iki gihe, ivyo kubishira mu vyo dusaba mu masengesho vy’ukuri birakenewe mu buryo bwihutirwa. Shetani n’amadayimoni yiwe barakuwe mw’ijuru inyuma yo mu 1914, kandi ico vyavuyemwo ni uko Shetani “ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito.” (Ivyahishuriwe 12:9, 10, 12) Muri iki gihe ca nyuma, inzigo yiwe itegerezwa kuba ikaze cane mu gihe arwanya ataroranirwa abantu “bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe.”—Ivyahishuriwe 12:17.

4. Abakirisu barindwa gute imikazo n’imitego vya Shetani?

4 Shetani n’inzigo n’akantu arabandanya kudurumbanya abakenuzi b’Abakirisu no kuvyura uruhamo rukaze canke agateza izindi ntambamyi igikenurwa cabo. Ashaka kandi gukwegera abamamaji b’Ubwami ku kwitunira ibintu nk’ukuba rurangiranwa mw’isi, ugukunda kudibama, kwironderera amaronko no gukurikirana ibibanezereza aho kwitunira igikorwa co kwamamaza Ubwami. Ni igiki kirinda abasavyi b’Imana b’abizerwa ngo ntibagwishwe n’umukazo wa Shetani canke bafatwe n’imitego yiwe? Birumvikana ko isengesho, akaba ari ukugiranira ubucuti bwa hagufi na Yehova, n’ukwizera yuko ivyo yasezeranye bizoranguka ata kabuza bihambaye. Ariko ivyo vyose bifitaniye isano n’ubumenyi bw’Ijambo ry’Imana be n’ukwiyemeza gukurikiza ivyo ritwibutsa. Ivyo bintu twibutswa tubironka biciye mu gusoma Bibiliya n’ibindi bidufasha kuyiga, mu kwitaba amakoraniro ya Gikirisu, mu gukurikiza impanuro ishingiye ku Vyanditswe duhawe n’uwo dusangiye ukwizera canke gusa mu kuzirikana mw’isengesho ku ngingo ngenderwako za Bibiliya impwemu y’Imana itwibutsa.—Yesaya 30:21; Yohana 14:26; 1 Yohana 2:15-17.

5. Ni mu buryo ubuhe ubukerebutsi bushingiye kw’Ijambo ry’Imana buturinda?

5 Abakunda Ijambo ry’Imana bararindwa mu bundi buryo. Nk’akarorero, baririnda intuntu yo mu mutima n’indwara zo ku mubiri biterwa n’ibintu nk’ugufata ibiyayura umutwe, kunywa itabi n’ubushegabo. (1 Ab’i Korinto 5:11; 2 Ab’i Korinto 7:1) Ntibatuma ubucuti butituka bitumwe n’insaku canke imvugo itabereye. (Abanyefeso 4:31) Eka mbere ntibagwa mu vy’ukekeranya mu kurondera kugira ubushakashatsi mu mafilozofiya y’uruhendo y’ubwenge bw’iyi si. (1 Ab’i Korinto 3:19) Mu gukunda Ijambo ry’Imana, bararindwa ibintu vyoshobora kubabuza ubucuti bafitaniye n’Imana be n’icizigiro c’ubuzima budashira. Baguma bafise vyinshi bakora mu gufasha ababanyi babo kwizera imihango y’igitangaza iri muri Bibiliya, bakamenya yuko gutyo ‘bazokwikizanya n’ababumva.’—1 Timoteyo 4:16.

6. Ubukerebutsi bushingiye kw’Ijambo ry’Imana bushobora gute kuturinda naho twoba turi mu bihe bigoye?

6 Ego ni ko, umwe wese—eka mbere n’abakunda Ijambo ry’Imana—arashikwako “n’ibihe n’ibiza [bitari vyitezwe].” (Umusiguzi 9:11) Ntibibura gushika ko bamwe muri twebwe bashikirwa n’ivyago vy’ivyaduka, indwara zikomakomeye, amasanganya, canke urupfu rushitse giturumbuka. Mugabo, turarindwa. Nta cago gishobora kigirira nabi ubudahengeshanya umuntu akunda Ijambo ry’Imana vy’ukuri. Kubera ico, ntidukwiye guhagarikwa umutima n’ivyoshobora gushika muri kazoza. Tumaze gutegekanya ibintu vyose aho tugeza, vyoba vyiza ibintu tubirekeye mu maboko ya Yehova kandi ntitureke ngo amaganya yo mu buzima y’iki gihe atubuze amahoro. (Matayo 6:33, 34; Ab’i Filipi 4:6, 7) Gumiza mu muzirikanyi ivy’uko icizigiro c’izuka n’ubuzima bwiza kuruta bizoshika ata kabuza igihe Imana ‘vyose izobihindura bisha.’—Ivyahishuriwe 21:5; Yohana 11:25.

Nugaragaze ko Uri “Ivu Ryiza”

7. Ni umugani uwuhe Yezu yaciriye ishengero ryari ryaje kumwumviriza?

7 Akamaro ko kubona mu buryo bwiza Ijambo ry’Imana vyarashimitsweko mu mugani umwe wa Yezu. Igihe Yezu yamamaza inkuru nziza muri Palesitina hose, amasinzi y’abantu yarakorana akamwumviriza, (Luka 8:1, 4) Mugabo, mu vy’ukuri si bose bakunda Ijambo ry’Imana. Nta gukeka benshi baza kumwumviriza kubera bashaka kubona ibitangaro canke kubera banezererwa ukuntu yigisha mu buryo buteye igomwe. Ni co gituma Yezu yaciriye umugani iryo shengero ati: “Umubivyi yasohoye imbuto ziwe; akibiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, barazikandagira, inyoni zo mu kirēre zirazinobagura. Izindi zigwa ku rutare, zihejeje kumera zirūma, kuko zibuze ahabomvye. Izindi zigwa mu mahwa hagati, amahwa amerana na zo, arazinyoha. Izindi zigwa mw ivu ryiza, ziramera, zihunda impeke, imwe ijana, iyindi ijana, birtyo birtyo.”—Luka 8:5-8.

8. Muri wa mugani wa Yezu imbuto ni iki?

8 Uyo mugani wa Yezu werekanye ko iyamamaza ry’inkuru nziza rizoshobora kwakirwa mu buryo butandukanye, bivuye ku kuntu umutima w’uwumviriza umeze. Imbuto ibibwa ni “ijambo ry’Imana.” (Luka 8:11) Canke nkuko iyindi nkuru y’uwo mugani ivuga, iyo mbuto ni “ijambo ry’ubgami.” (Matayo 13:19) Yezu yarashobora gukoresha imvugo iyo ari yo yose muri izo, kuko umutwe w’Ijambo ry’Imana ni Ubwami bwo mw’ijuru burongowe n’Umwami Yezu Kirisitu akaba ari bwo Yehova azokoresha mu kugarukana agateka kiwe ko kugaba akaganza be n’ukweza izina ryiwe. (Matayo 6:9, 10) Mu vy’ukuri rero, iyo mbuto ni ubutumwa bw’inkuru nziza buri mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya. Ivyabona vya Yehova barashimika kuri iyo nkuru y’Ubwami igihe babiba imbuto bigana wa Mubivyi wa mbere, Yezu Kirisitu. None abantu bavyakira gute?

9. Ni igiki kigereranya n’imbuto zigwa (a) i ruhande y’inzira? (b) ku rutare? (c) mu mahwa?

9 Yezu yavuze ko imbuto zimwe zigwa i ruhande y’inzira bakazikandagira. Izo zerekeza ku bantu bafise twinshi tubaraje ishinga ku buryo imbuto y’Ubwami idashinga imizi mu mitima yabo. Imbere yuko bashobora gutsimbataza ugukunda Ijambo ry’Imana, “Umurwanizi [ar]aza, agakūra iryo jambo mu mitima yabo, kugira ngo ntibizere ngo bakizwe.” (Luka 8:12) Imbuto zimwe zigwa ku rutare. Izo zerekeza ku bantu bakwegerwa n’ubutumwa bwo muri Bibiliya ariko ntibareke ngo bugire ico bukoze mu mitima yabo. Igihe uruhamo rwadutse canke iyo basanze bigoye gushira mu ngiro impanuro ya Bibiliya, ‘baca barireka’ kubera batagira imizi. (Luka 8:13) Maze hariho abumva iryo jambo ariko bakaremerwa n’ “umwitwarariko wo mur’ubu bu[zima], bo n’ubutunzi n’ibihimbaro vyo muri bgo.” Amaherezo, nka kurya kw’ibiterwa bizitiwe n’amahwa, “baranyohwa”—Luka 8:14.

10, 11. (a) Ni bande bagereranywa n’ivu ryiza? (b) Dutegerezwa gukora iki kugira ngo Ijambo ry’Imana ‘turigumye mu mitima yacu’?

10 Amaherezo, hari imbuto zigwa mw’ivu ryiza. Izo zerekeza ku bantu bakira ubutumwa “mu mitima myiza itunganye.” Mu bisanzwe, umwe wese muri twebwe yoshima kwemera yuko ari muri uyo mugwi. Mugabo, igihambaye ni ukuntu Imana ibibona. (Imigani 17:3; 1 Ab’i Korinto 4:4, 5) Ijambo ryayo rivuga ko ukuba dufise ‘umutima mwiza utunganye’ ari ikintu tugaragariza mu bikorwa dukora guhera ubu gushika ku gupfa kwacu canke gushika Imana izanye iherezo kuri uru runkwekwe rw’ibintu rubi. Nimba tugishikirizwa ubutumwa bw’Ubwami duca tubwakira neza, ivyo ni vyiza. Ariko rero, abantu bafise umutima mwiza utunganye baremera Ijambo ry’Imana kandi “bakarigumya . . . bakāmishwa imbuto n’ukwihangana.”—Luka 8:15.

11 Uburyo bumwe rudende nyabwo bw’ukugumya Ijambo ry’Imana mu mitima yacu ni ukurisoma n’ukuryiga ukwacu twenyene no mu kubigira twifatanije n’abo dusangiye ukwizera. Ivyo birimwo kutagisha na gato imfungurwa z’ivy’impwemu turonka biciye ku muhora wagenywe kugira ngo yitwararike ivyungura mu buryo bw’ivy’impwemu abayoboke b’ukuri ba Yezu. (Matayo 24:45-47) Muri ubwo buryo, abagumya Ijambo ry’Imana mu mitima yabo basunikwa n’urukundo kwama ivyamwa vy’ukwihangana.

12. Ni ivyamwa ibihe dutegerezwa kwama dufise ukwihangana?

12 Ivu ryiza ryama ikihe camwa? Nk’uko bisanzwe bimeze, imbuto zimeze zirakura zigacika ibiterwa vyama ivyamwa birimwo ubwo bwoko nyene bw’imbuto, izishobora rero kubibwa ngo zivemwo ibindi vyamwa. Muri ubwo buryo nyene, ku bafise umutima mwiza utunganye, imbuto z’iryo jambo zirabakuriramwo zigatuma batera imbere mu vy’impwemu gushika aho na bo bashobora kubiba izo mbuto mu mitima y’abandi. (Matayo 28:19, 20) Kandi igikorwa cabo c’ukubiba kirangwa n’ukwihangana. Yezu yarerekanye akamaro ko kwihangana mu kubiba igihe yavuga ati: “Arik uwihangana, agashitsa kw’iherezo, ni we azokira. Kand’ubu butumwa bgiza bg’Ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza.”—Matayo 24:13, 14.

“[K]wama Imbuto mu Bikorwa Vyiza Vyose”

13. Ni isengesho irihe Paulo yatuye rifatanya imbuto n’ukumenya Ijambo ry’Imana?

13 Intumwa Paulo nawe yaravuze ko bikenewe kwama imbuto, ukwo kwama imbuto yagufatanije n’Ijambo ry’Imana. Yasenze ngo abizeye bagenziwe “[bu]zuzwe ukumenya ivy’igomba n’ubgenge bgose no kumenya ivy’impwemu, kugira ngo [ba]gende nk’uko bibereye ab’Umwami wacu, [ba]munezereza muri vyose, [b]ama imbuto mu bikorwa vyiza vyose.”—Ab’i Kolosayi 1:9, 10; Ab’i Filipi 1:9-11.

14-16. Mu buryo bujanye n’isengesho Paulo yatuye, ni ivyamwa ibihe abakunda Ijambo ry’Imana bama?

14 Gutyo Paulo arerekana ko kwunguka ubumenyi bwo muri Bibiliya atari yo ntumbero nyamukuru. Ahubwo, ugukunda Ijambo ry’Imana kudutuma ‘tugenda nk’uko bibereye abantu ba Yehova mu kubandanya kwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose.’ Ni ibikorwa vyiza ibihe? Kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami ni ico gikorwa cibonekeje Abakirisu bashinzwe muri iyi misi y’iherezo. (Mariko 13:10) Vyongeye, abakunda Ijambo ry’Imana barakora uko bashoboye kwose mu gushigikira ico gikorwa mu vy’amafaranga. Baranezererwa ako gateka, bazi yuko “Imana ikunda ūtanga anezerewe.” (2 Ab’i Korinto 9:7) Intererano zabo zirakoreshwa mu kurihira ibitwarwa no gukoresha inyubakwa zirenga ijana za Beteli ziyoborerwamwo ibikorwa vy’ukwamamaza inkuru nziza kandi hamwe muri ho hakaba hasohorerwa Bibiliya n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo. Izo ntererano zabo zirafasha kandi mu kurihira ibitwarwa n’amateraniro maninimanini y’Abakirisu no mu kurungika abacungezi b’ingenzi, abamisiyonari, n’abandi bamamazanjiri b’igihe cose.

15 Ibindi bikorwa vyiza birimwo ukwubaka n’ukubungabunga ahagirirwa ugusenga kw’ukuri. Ugukunda Ijambo ry’Imana gutuma abasavyi bayo bitwararika ko Ingoro z’Amateraniro n’iz’Ubwami bidafatwa minenegwe. (Gereranya na Nehemiya 10:39.) Kubera ko izina ry’Imana riboneka imbere kuri mwene izo nyubakwa, birahambaye ko imbere n’inyuma ziguma zisukuye kandi zibereye ijisho be n’uko inyifato y’abasengera imbere muri mwene izo ngoro itabako umugayo. (2 Ab’i Korinto 6:3) Abakirisu bamwebamwe barashobora kugira n’ibirenze ivyo. Ugukunda Ijambo ry’Imana gutuma bagira ingendo ndende kugira ngo bagire uruhara mu kwubaka ibibanza bishasha vyo gusengeramwo mu mihingo y’isi aho bikenewe kubera ubukene canke ukutamenya kubikora.—2 Ab’i Korinto 8:14.

16 ‘Kwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose’ harimwo kandi ivy’uko umuntu yitaho amabanga yerekeye umuryango, n’ukwerekana ko yitwararika Abakirisu bagenziwe. Ugukunda Ijambo ry’Imana gutuma tutirengagiza inkenero z’ “abo dusangiye ukwemera” kugatuma kandi ‘twubaha Imana ku vyo tugirira abacu.’ (Abagalati 6:10; UB; 1 Timoteyo 5:4, 8) Muri ivyo, kugendera abarwaye no kwirura abagandaye ni igikorwa ciza. Mbega kandi igikorwa ciza kirangurwa n’abakurambere bo mw’ishengero hamwe n’Amakomite Aja Inama n’Ibitaro mu gusahiriza abantu bahanganye n’ibintu bigoye vyerekeye kuvurwa! (Ivyakozwe 15:29) Hariho maze ivyago biguma vyongerekana—bimwe muri vyo bikaba vyiyadukiza ibindi bigaterwa n’ubupfu bw’abantu. Bafashijwe n’impwemu yera, Ivyabona vya Yehova barazwi neza yuko mu mihingo itari mike y’isi bahaye mu maguru masha imfashanyo y’ugutabara abizeye bagenzi babo n’abandi bashikiwe n’ivyago be n’amasanganya. Ivyo vyose ni ivyamwa vyiza bagaragazwa n’abakunda Ijambo ry’Imana.

Ivyiza Biteye Igomwe vyo mu Gihe Kizoza

17, 18. (a) Ni igiki kiriko kirarangurwa n’ibibwa ry’imbuto z’Ubwami? (b) Ni ibintu vyagakomeye ibihe abantu bakunda Ijambo ry’Imana bagiye kwibonera?

17 Ibibwa ry’imbuto z’Ubwami rirabandanya kuzanira ivyiza vyinshi abantu. Muri iyi myaka ya vuba, abantu barenga 300 000 ku mwaka bararetse ubutumwa bwo muri Bibiliya burashinga imizi mu mitima yabo gushika aho beguriye ubuzima bwabo Yehova kandi babigereraniriza mu kubatizwa mu mazi. Mbega kazoza keza kabarindiriye!

18 Abakunda Ijambo ry’Imana barazi ko vuba Yehova Imana agiye guhaguruka kugira aninahaze izina ryiwe. “Babuloni hahambaye,” ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma, izorandurwa. (Ivyahishuriwe 18:2, 8) Maze abanka kubaho bakurikiza Ijambo ry’Imana bazokwicwa n’Umwami Yezu Kirisitu. (Zaburi 2:9-11; Daniyeli 2:44) Mu nyuma, Ubwami bw’Imana buzodutabara budukize rimwe rizima ubukozi bw’ikibi, intambara, n’ibindi vyago. Kuremesha abantu kubera umubabaro, indwara n’urupfu ntibizoba bigikenewe.—Ivyahishuriwe 21:3, 4.

19, 20. Ni kazoza keza akahe kabikiwe abakunda Ijambo ry’Imana vy’ukuri?

19 Ese ibikorwa vyiza bizorangurwa n’abakunda Ijambo ry’Imana! Abazorokoka Harumagedoni bazoca batangurira ku gikorwa kinezereye co guhindura isi iparadizo. Bazogira agateka keza umutima ko gutegura ibizokenerwa n’abantu bapfuye ubu biruhukiye mu mva bari mu bo Imana yibuka, bafise n’icizigiro co kuzoba mu bazozuka kw’izuka ry’abapfuye. (Yohana 5:28, 29) Muri ico gihe, ubuyobozi butunganye zo ababa kw’isi buvuye ku Mukama Segaba Yehova biciye ku Mwana wiwe yashizwe hejuru Yezu Kirisitu. ‘Ibitabu bizozingururwa,’ bihishure amabwirizwa ya Yehova agenga ukubaho kwo mw’isi nshasha.—Ivyahishuriwe 20:12.

20 Mu gihe cashinzwe na Yehova, Umugwi w’Abakirisu bose basizwe b’abizerwa uzoduzwa mw’ijuru kuronka impera yabo y’ukuba “abaraganwa na Kristo.” (Abaroma 8:17) Mu gihe ca ya Ngoma ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi, abantu bose bazoba bari kw’isi bakunda Ijambo ry’Imana bazoshikanwa ku kutagira agasembwa kw’umuzirikanyi n’umubiri. Bamaze kugaragaza ko ari abizerwa muri rya geragezwa rya nyuma, bazoca bahabwa impera y’ubuzima budashira maze bace bagira umwidegemvyo w’ubuninahazwa bw’abana b’Imana. (Abaromani 8:21; Ubwuzure Bushasha; Ivyahishuriwe 20:1-3, 7-10) Ese ingene azoba ari igihe c’igitangaza! Mu vy’ukuri, Yehova yaba yaduhaye icizigiro c’ijuru canke co kw’isi, urukundo ruramba rw’Ijambo ryiwe n’umwiyemezo wo kubaho twisunga ubukerebutsi buva ku Mana bizodukingira. Kandi muri kazoza ‘buzoduhesha icubahiro ni twabugūmbīra.’—Imigani 4:6, 8.

Woshobora Kubisigura?

◻ Ugukunda Ijambo ry’Imana kuzoturinda gute?

◻ Imbuto ivugwa muri wa mugani wa Yezu ni iki, kandi ibibwa gute?

◻ Twoshobora kugaragaza gute ko turi “ivu ryiza”?

◻ Ni ivyiza ibihe abakunda Ijambo ry’Imana bashobora kwitega?

[Abo dukesha ifoto ku rup. 26]

Garo Nalbandian

[Ifoto ku rup. 26]

Imbuto zivugwa muri wa mugani wa Yezu zigereranya ubutumwa bw’inkuru nziza buri mw’Ijambo ry’Imana

[Ifoto ku rup. 27]

Ivyabona vya Yehova barigana wa Mubivyi Mukuru

[Ifoto ku rup. 30]

Abazorokoka Harumagedoni bazonezererwa ivyimburwa vy’isi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika